Woba vy’Ukuri Wizera Inkuru Nziza?
‘Ubwami bw’Imana buri hafi. Mwigaye, mwemere inkuru nziza.’—MARIKO 1:15.
1, 2. Wosigura gute Mariko 1:14, 15?
HARI mu mwaka wa 30 G.C. Yezu Kirisitu yari yaratanguye ubusuku bwiwe buhambaye i Galilaya. Yariko yamamaza ‘inkuru nziza y’Imana,’ kandi Abanyagalilaya benshi barakozwe ku mutima n’aya majambo yavuze agira ati: ‘Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi: Mwigaye, mwemere inkuru nziza.’—Mariko 1:14, 15.
2 Kuri Yezu, ‘igihe cari gishitse’ kugira ngo atangure ubusuku bwiwe. Ku bantu na bo, igihe cari gishitse kugira ngo bafate ingingo yotumye bemerwa n’Imana. (Luka 12:54-56) ‘Ubwami bw’Imana bwari hafi’ kubera Yezu Umwami-mugenwa ari ho yari ari. Igikorwa ciwe co kwamamaza catumye abantu b’imitima igororotse bigaya. Ariko none bagaragaje gute ko ‘bizera inkuru nziza’ kandi na twe twobigaragaza gute?
3. Abantu berekanye ko bizera inkuru nziza mu gukora iki?
3 Nka kumwe kwa Yezu, intumwa Petero yahimirije abantu kwigaya. Igihe yariko abwira Abayuda bari i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Petero yavuze ati: “Ni mwi[gaye], umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo [m]pwemu [y]era.” Abantu ibihumbi n’ibihumbi bigaye barabatijwe maze bacika abayoboke ba Yezu. (Ivyakozwe 2:38, 41; 4:4) Mu 36 G.C., Abanyamahanga bigaye barateye intambwe nk’izo nyene. (Ivyakozwe 10:1-48) Muri iki gihe cacu, ukwizera inkuru nziza kuriko kurasunikira abantu ibihumbi n’ibihumbi ku kwigaya ivyaha vyabo, ku kwiyegurira Imana no ku kubatizwa. Baremeye inkuru nziza y’ubukiriro maze bakaba bariko baragaragaza ko bizera inkuka y’incungu ya Yezu. Ikigeretseko, bariko barakora ibigororotse kandi barafashe impagararo yo kuja ku ruhande rw’Ubwami bw’Imana.
4. Ukwizera ni iki?
4 Mugabo none ukwizera ni iki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, [‘ni ikimenyamenya kiboneka c’ivyo tutarabona,’ UB].” (Abaheburayo 11:1) Ukwizera kwacu kuratuma tudakekeranya yuko ikintu cose Imana isezerana mw’Ijambo ryayo kizoshika ata kabuza tukakibona nk’aho coba caramaze kuranguka. Ni nk’aho twoba dufise urwandiko rwemeza yuko ubwatsi kanaka ari ubwacu. Ukwizera kandi ni ‘ikimenyamenya kiboneka,’ canke ikintu gituma umuntu ajijuka ku biraba ibintu bitaboneka. Ugutegera dukoresheje ubwenge be n’umutima wuzuye ugukenguruka biratujijura yuko ibintu nk’ivyo ari ivy’ukuri, naho tuba tutarabibona.—2 Ab’i Korinto 5:7; Abanyefeso 1:18.
Turakeneye Ukwizera!
5. Ni kubera iki ukwizera guhambaye cane?
5 Gukenera ivy’impwemu twarabivukanye ariko ukwizera ntitwakuvukanye. Kanatsinda, “ukwizera [ntigu]fiswe na bose.” (2 Ab’i Tesalonike 3:2) Ariko rero, Abakirisu bategerezwa kugira ukwizera kugira ngo bazotorane imihango y’Imana. (Abaheburayo 6:12) Amaze gusubiramwo uturorero twinshi tw’ukwizera, Paulo yanditse ati: “Ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye.” (Abaheburayo 12:1, 2) “Icaha gikunda kutwizingirako vuba” ni igiki? Ni ukubura ukwizera, mbere n’ugutakaza ukwizera umuntu yari asanzwe afise. Kugira ngo tugume dufise ukwizera gukomeye, dutegerezwa ‘gutumbera Yezu wenyene’ kandi tugakurikira akarorero kiwe. Turakeneye kandi kwamirira kure ubushegabo, kurwanya ibikorwa vy’umubiri no kwirinda ivy’amaronko, amafilozofiya y’isi be n’imigenzo idashingiye ku vyanditswe. (Ab’i Galatiya 5:19-21; Ab’i Kolosayi 2:8; 1 Timoteyo 6:9, 10; Yuda 3, 4) Vyongeye, dutegerezwa kwemera yuko Imana iri kumwe natwe, tukemera kandi yuko impanuro ziri mw’Ijambo ryayo ari ngirakamaro koko.
6, 7. Ni kubera iki bibereye ko dusenga dusaba ukwizera?
6 Ntidushobora gutuma ukwizera kutuzamwo bivuye ku mwiyemezo wacu bwite. Ukwizera ni kimwe mu vyamwa vy’impwemu yera y’Imana, ari yo nguvu ikora yayo. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) None tuvuge iki mu gihe ukwizera kwacu gukeneye gukomezwa? Yezu yavuze ati: “Ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” (Luka 11:13) Egome, nimuze dusenge dusaba impwemu yera, kubera yuko ishobora kwama muri twebwe ukwizera dukeneye kugira ngo dukore ivyo Imana igomba mbere no mu bihe bigoye cane.—Abanyefeso 3:20.
7 Birabereye ko dusenga dusaba ukwizera kurushirije. Igihe Yezu yagira asende idayimoni mu gahungu gatoyi, se wa nya gahungu yatakamvye ati: “Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.” (Mariko 9:24) Abigishwa ba Yezu bavuze bati: “N’utwongere ukwizera.” (Luka 17:5) Ku bw’ivyo, nimuze dusenge dusaba ukwizera, twizigiye yuko Imana yishura mwene ayo masengesho.—1 Yohana 5:14.
Ukwizera Ijambo ry’Imana Ni Ntahara
8. Ukwizera Ijambo ry’Imana gushobora kudufasha gute?
8 Hasigaye igihe gitoyi ngo Yezu apfe urupfu rwo kwitangako inkuka, yabwiye abayoboke biwe ati: “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.” (Yohana 14:1) Uko turi Abakirisu, turizera Imana n’Umwana wayo. Mugabo tuvuge iki ku vyerekeye Ijambo ry’Imana? Rirashobora kugira akosho gakomeye gatuma tumererwa neza mu buzima mu gihe turyize tukongera tukarishira mu ngiro twizigiye bimwe bishitse yuko rituronsa impanuro n’ubuyobozi bwiza ntangere dushobora kwikorako.—Abaheburayo 4:12.
9, 10. Wosigura gute ibivugwa muri Yakobo 1:5-8 vyerekeye ukwizera?
9 Ubuzima twebwe abantu b’abanyagasembwa dufise bwuzuyemwo umudurumbanyo. Ariko rero, ukwizera Ijambo ry’Imana kurashobora kudufasha vy’ukuri. (Yobu 14:1) Nk’akarorero, tuvuge ko tutazi ukuntu twokwifata mu kigeragezo kinaka. Ijambo ry’Imana riduha iyi mpanuro: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga. Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’azohabga n’Umwami Imana, kukw ar’umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.”—Yakobo 1:5-8.
10 Yehova Imana ntazoduhambarira kubera tubuze ubukerebutsi be n’uko tubumusavye. Ahubwo, azodufasha kubona ikigeragezo mu buryo bubereye. Abo dusangiye ukwemera boshobora kutwereka ivyanditswe ngirakamaro canke tukabibona mu gihe tuba turiko turiga Bibiliya. Canke twoshobora kuyoborwa n’impwemu yera ya Yehova mu bundi buryo bunaka. Data wa twese wo mw’ijuru azoturonsa ubukerebutsi kugira ngo duhangane n’ibigeragezo nimba ‘tuguma dusaba twizeye, ata co dukekeranya.’ Hamwe twomera nk’umupfunda wo mu kiyaga utwarwa n’umuyaga, ntitwoshobora kwitega ko hari ikintu na kimwe Imana yoduha. Kubera iki? Kubera ko ivyo vyoba bisobanura yuko turi ba nyamujiryanino kandi ko tudashikamye mw’isengesho canke mu bundi buryo, emwe mbere ko tutanashikamye mu kugaragaza ukwizera. Ni co gituma dukeneye kugira ukwizera gushikamye mw’Ijambo ry’Imana no mu buyobozi ritanga. Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwerekana ukuntu ritanga imfashanyo be n’ubuyobozi.
Ukwizera be n’Ukuronka Ivyotubeshaho
11. Ukwizera Ijambo ry’Imana kudukura amazinda gute ku biraba ivyo dukenera ku musi ku musi?
11 Bite ho mu gihe twoba turiko turacumukuzwa n’ubukene? Ukwizera Ijambo ry’Imana kuratuma twitega tudakekeranya yuko Yehova azoturonsa ivyo dukenera ku musi ku musi kandi yuko impera n’imperuka azoronsa ibintu vyiza umuyoro abantu bose bamukunda. (Zaburi 72:16; Luka 11:2, 3) Twoshobora gusanga biremesha kuzirikana ku kuntu Yehova yaronkeje imfungurwa umumenyeshakazoza wiwe Eliya mu gihe c’amapfa. Mu nyuma, Imana yaratumye imfungurwa zigizwe n’agafu be n’amavuta ziguma ziboneka ku gitangaro bituma umugore umwe n’umuhungu wiwe be na Eliya baguma ari bazima. (1 Abami 17:2-16) Yehova yaritwararitse muri ubwo buryo nyene ivyo umumenyeshakazoza Yeremiya yari akeneye mu gihe Babiloni yari yugarije Yeruzalemu. (Yeremiya 37:21) Naho Yeremiya na Eliya bari bafise utuntu dukeyi two gufungura, Yehova yarabitwararitse. Ni na kwo abigirira abagaragaza ko bamwizeye muri iki gihe.—Matayo 6:11, 25-34.
12. Ukwizera kuzodufasha gute kuronka ivya nkenerwa?
12 Ukwizera gufatanije n’ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya ntikuzotugira abatunzi mu buryo bw’umubiri, ahubwo kuzodufasha kuronka ivya nkenerwa. Tubitangire akarorero: Bibiliya iduhanura kuba abantu b’inzirabugunge, abantu babishoboye, abantu bakora bagatama. (Imigani 22:29; Umusiguzi 5:18, 19; 2 Ab’i Korinto 8:21) Igihe dukora, ntidukwiye kwigera dufatira mu rwara agaciro ko kugira izina ryiza. Mbere no mu turere aho akazi keza kagoye kuronka, usanga abakozi b’inzirabugunge, bafise ubuhanga be n’abanyamwete bibagendera neza kuruta abandi. Naho abakozi nk’abo boshobora kuba bafise dukeyi mu bintu vy’umubiri, mu bisanzwe bararonka ivya nkenerwa kandi bakamarwa akanyota no gufungura imfungurwa ubwabo babiriye akuya.—2 Ab’i Tesalonike 3:11, 12.
Ukwizera Kuradufasha Kwihanganira Intuntu
13, 14. Ukwizera kudufasha gute kwihanganira intuntu?
13 Ijambo ry’Imana rirerekana mu buryo bwumvikana yuko ari ibisanzwe kugira intuntu igihe uwacu yapfuye. Umwe sokuruza w’umwizerwa Aburahamu yararijijwe cane n’urupfu rwa Sara, umukenyezi wiwe yakunda. (Itanguriro 23:2) Dawidi yarishwe n’intuntu amaze kwumva yuko umuhungu wiwe Abusalomu yapfuye. (2 Samweli 18:33) Mbere na Yezu wa muntu atagira agasembwa yararijijwe n’urupfu rw’umukunzi wiwe Lazaro. (Yohana 11:35, 36) Igihe umuntu twakunda apfuye, twoshobora kwumva nk’aho twishwe n’intuntu, mugabo kwizera imihango Ijambo ry’Imana ritanga birashobora kudufasha kwihanganira intuntu nk’iyo.
14 Paulo yavuze ati: ‘Mfise ivyizigiro ku Mana yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.’ (Ivyakozwe 24:15) Turakeneye kwizera intunganyo Imana yashizeho yo kuzura abantu amasinzi n’amasinzi kugira basubire kuba bazima. (Yohana 5:28, 29) Muri abo, hazoba harimwo Aburahamu na Sara, Isaka na Rebeka, Yakobo na Leya, abo bose bakaba ubu basinziriye mw’itiro ry’urupfu kandi barindiriye kuzukira mw’isi nshasha y’Imana. (Itanguriro 49:29-32) Ese ukuntu bizoba biteye umunezero igihe abacu bazoba bakanguwe bakava mw’itiro ry’urupfu kugira ngo babe hano kw’isi! (Ivyahishuriwe 20:11-15) Mu gihe ivyo bitarashika, ukwizera ntikuzodukuramwo intuntu yose, mugabo kuzotuma tuguma twiyegereje Imana, yo idufasha kwihanganira intuntu duterwa n’ukubura abacu.—Zaburi 121:1-3; 2 Ab’i Korinto 1:3.
Ukwizera Kurakomeza Abafise Intimba
15, 16. (a) Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko, mu bantu bagaragaza ukwizera, intimba atari ikintu kidasanzwe? (b) Umuntu ashobora gukora iki kugira yihanganire intimba?
15 Ijambo ry’Imana kandi rirerekana yuko n’abagaragaza ukwizera boshobora kugira intimba. Mu gihe c’ikigeragezo gikaze Yobu yari arimwo, yumva yuko Imana yari yamutaye. (Yobu 29:2-5) Ukuntu Yeruzalemu be n’impome zaho vyari bisigaye ari umusaka vyatumye Nehemiya agira agahinda kenshi. (Nehemiya 2:1-3) Petero amaze kwihakana Yezu agahinda karamwishe ku buryo “[y]aturi[tse] ararira.” (Luka 22:62) Paulo na we yahimirije abo basangiye ukwemera bari mw’ishengero ry’i Tesalonike “[ku]remesh[a] ubugingo bwishwe n’intimba.” (1 Ab’i Tesalonike 5:14, NW) Ni co gituma intimba abagaragaza ukwizera bagira muri iki gihe atari ikintu kidasanzwe. Ni igiki none dushobora gukora kugira ngo twihanganire intimba?
16 Twoshobora kugira intimba kubera turiko turahangana n’ingorane nyinshi zikomeye. Aho kuzibona nk’ikintu kiturengeye, twoshobora kuzitorera umuti buhorobuhoro mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ivyo vyoshobora gufasha kugabanya intimba dufise. Gukora ibikorwa biri ku burimbane be no kuruhuka mu buryo bubereye vyoshobora kandi kudufasha. Ico tutokeka co ni iki: Ukwizera Imana be n’Ijambo ryayo bituma umuntu amererwa neza mu vy’impwemu kubera bikomeza ukujijuka kwacu yuko itubabara vy’ukuri.
17. Tuzi gute yuko Yehova atubabara?
17 Petero aradukura amazinda mu buryo buhumuriza ati: “Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.” (1 Petero 5:6, 7) Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho aramira abatemba bose, yēmesha abahetamye bose.” (Zaburi 145:14) Dukwiye kwemera ayo majambo adukura amazinda, kubera yuko tuyasanga mw’Ijambo ry’Imana. Naho intimba yoshishikara, ese ukuntu bikomeza ukwizera kumenya yuko dushobora guterera amaganya yacu yose kuri Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo!
Ukwizera be n’Ibindi Bigeragezo
18, 19. Ukwizera kudufasha gute kwihanganira indwara no guhumuriza abo dusangiye ukwizera barwaye?
18 Twoshobora guhura n’ikigeragezo gikomeye c’ukwizera kwacu igihe twebwe canke abacu bacumukujwe n’indwara ikomeye. Naho Bibiliya itavuga yuko Abakirisu nka Epafurodito, Timoteyo, na Tirofimo bakize ku gitangaro, nta gukeka ko Yehova yabafashije kwihangana. (Ab’i Filipi 2:25-30; 1 Timoteyo 5:23; 2 Timoteyo 4:20) Ikigeretseko, ku biraba umuntu “[a]babara umurushwa,” umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye; ni [we a]mworohereza ibisaswa iy’arwaye.” (Zaburi 41:1-3) Amajambo y’umwanditsi wa Zaburi adufasha gute kwirura abo dusangiye ukwizera barwaye?
19 Uburyo bumwe bwo gufasha mu buryo bw’impwemu abarwaye ni ugusengera hamwe na bo be no mu kubasabira. Naho tudasaba ko bakira ku gitangaro muri iki gihe, turashobora gusaba yuko Imana yobaha inkomezi kugira bihanganire indwara yabo yongere ibahe inkomezi zo mu vy’impwemu zikenewe kugira ngo bihanganire mwene ivyo biringo vyo kugira intege nke. Yehova azobabungabunga, kandi ukwizera kwabo kuzokomezwa n’uguhanga amaso imbere aho “uwaho [a]tazovuga, ati Ndarwaye.” (Yesaya 33:24) Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko biciye kuri Yezu Kirisitu yazutse be no ku Bwami bw’Imana, umuryango w’abantu ugamburuka uzokurwako buhere icaha, indwara be n’urupfu! Kubera ivyo vyizigiro vyiza igitangaza, turakurira ubwatsi Yehova, we ‘azodukiza indwara zacu zose.’—Zaburi 103:1-3; Ivyahishuriwe 21:1-5.
20. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko ukwizera gushobora kudufasha kwihanganira “imisi mibi” y’ubusaza?
20 Ukwizera kurashobora kandi kudufasha kwihanganira “imisi mibi” y’ubusaza, igihe amagara n’inkomezi biba biriko bitera biyonga. (Umusiguzi 12:1-7) Ku bw’ivyo, abageze mu zabukuru bari muri twebwe bashobora gusenga nk’uko wa mwanditsi wa Zaburi ageze mu zabukuru yabigize, we yaririmvye ati: “[N]i wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: . . . Ntunte mu gihe c’ubutāma, ntumpebe mu gihe intege zanje zishize.” (Zaburi 71:5, 9) Umwanditsi wa Zaburi yarumva ko akeneye gushigikirwa na Yehova, nk’uko biri ku Bakirisu bagenzi bacu benshi basaziye mu murimo w’Imana. Kubera ukwizera bafise, barashobora kudakeka yuko bashigikirwa n’amaboko atananirwa ya Yehova y’ibihe vyose.—Gusubira mu Vyagezwe 33:27.
Nugume Wizera Ijambo ry’Imana
21, 22. Mu gihe dufise ukwizera bigira ico bikoze gute ku bucuti tugiranira n’Imana?
21 Kwizera inkuru nziza be n’Ijambo ry’Imana ryose uko ryakabaye biradufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. (Yakobo 4:8) Ego ni ko, ni Umukama wacu Segaba, ariko kandi ni we Muremyi wacu akaba na Data wa twese. (Yesaya 64:8; Matayo 6:9; Ivyakozwe 4:24) Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ni wewe Data, Imana yanje, igitandara c’agakiza kanje.” (Zaburi 89:26) Tugaragaje ukwizera Yehova be n’Ijambo ryiwe ryahumetswe, na twebwe turashobora kumubona ko ari ‘igitandara c’ubukiriro bwacu.’ Ese ukuntu ari agateka keza umutima!
22 Yehova ni Se w’Abakirisu bavyawe n’impwemu akaba na Se wa bagenzi babo bafise icizigiro co kuba kw’isi. (Abaroma 8:15) Kandi kwizera Data wa twese wo mw’ijuru ntivyigera bishikana umuntu ku gutaha zirayoye. Dawidi yavuze ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.” (Zaburi 27:10) Ikigeretseko, turafise aya majambo adukura amazinda: “Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’izina ryiwe rikuru.”—1 Samweli 12:22.
23. Ni ibiki dusabwa gukora kugira ngo tugiranire na Yehova ubucuti bwamaho?
23 Kugira ngo tugiranire ubucuti bwamaho na Yehova, birumvikana ko dutegerezwa kwizera inkuru nziza tukongera tukemera ko Ivyanditswe mu vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana. (1 Ab’i Tesalonike 2:13) Dutegerezwa kandi kwizera Yehova tugaherezako tukongera tukareka Ijambo ryiwe rikaba ari ryo rimurika inzira ducamwo. (Zaburi 119:105; Imigani 3:5, 6) Ukwizera kwacu kuzokwongerekana uko tumusenga twizigiye imbabazi ziwe, ikigongwe ciwe be n’imfashanyo yiwe.
24. Ni iciyumviro gihumuriza ikihe gishikirizwa mu Baroma 14:8?
24 Ukwizera kwaradusunikiye ku kwiyegurira Imana ibihe vyose. Dufise ukwizera gukomeye, mbere naho vyosaba ko dupfa, tuguma turi abasavyi bayo bayiyeguriye bafise icizigiro c’izuka. Vyemere, “namba turiho, canke namba dupfa, tur’ab[a Yehova].” (Abaroma 14:8) Nimuze tugumize ico ciyumviro gihumuriza mu mutima wacu uko tuguma twizigira Ijambo ry’Imana hanyuma tubandanye kwizera inkuru nziza.
Wokwishura Gute?
• Ukwizera ni iki, kandi ni kubera iki dukeneye iyo kamere?
• Ni kubera iki bihambaye yuko twizera inkuru nziza be n’Ijambo ry’Imana ryose uko ryakabaye?
• Ukwizera kudufasha gute kwihanganira ibigeragezo bitandukanye?
• Ni igiki kizodufasha kuzigama ukwizera?
[Amafoto ku rup. 12]
Yehova yarabungabunze Yeremiya na Eliya kubera yuko bari bafise ukwizera
[Amafoto ku rup. 13]
Yobu, Petero na Nehemiya bari bafise ukwizera gukomeye
[Amafoto ku rup. 15]
Kugira ngo tugiranire ubucuti bwamaho na Yehova, dutegerezwa kwizera inkuru nziza