Ukwizera Kwawe Gukomeye ku Rugero Rungana Iki?
“Ukwizera [n]i kwo muhagazemwo.”—2 AB’I KORINTO 1:24.
1, 2. Ni kubera iki dutegerezwa kugira ukwizera, kandi ukwo kwizera gushobora kurushiriza gukomera gute?
ABASAVYI ba Yehova barazi yuko bategerezwa kugira ukwizera. Kukaba nkako, ‘uwutizera ntibishoboka ko ahimbara Imana.’ (Abaheburayo 11:6) Ku bw’ivyo, turasengana ubukerebutsi dusaba impwemu yera be n’ukwizera, na kwo akaba ari kimwe mu bigize ivyamwa vyayo vyiza. (Luka 11:13; Ab’i Galatiya 5:22, 23) Kwigana ukwizera kw’abo dusangiye ukwemera birashobora kandi gukomeza iyo kamere muri twebwe.—2 Timoteyo 1:5; Abaheburayo 13:7.
2 Ukwizera kwacu kuzorushiriza gukomera turamutse dukomeye ku muheto mu gukurikirana ingendo Ijambo ry’Imana ryereka Abakirisu bose. Ukwizera gushobora kwongerekana mu gusoma Bibiliya ku musi ku musi no mu kwiga Ivyanditswe dushirutse ubute tubifashijwemwo n’ibisohokayandikiro bitangwa biciye kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa.” (Luka 12:42-44; Yosuwa 1:7, 8) Turaremeshwa n’ukwizera kw’abandi, na bo bakaremeshwa n’ukwacu biciye ku kwama ari ho turi ku makoraniro ya gikirisu, ku materaniro no ku mahwaniro. (Abaroma 1:11, 12; Abaheburayo 10:24, 25) Ikindi kandi, ukwizera kwacu kurakomezwa igihe tuganiriza abandi mu busuku turangura.—Zaburi 145:10-13; Abaroma 10:11-15.
3. Mu bijanye n’ukwizera, ni imfashanyo iyihe dukura ku bakurambere bakirisu b’abanyarukundo?
3 Biciye ku mpanuro n’indemesho zishingiye ku Vyanditswe batanga, abakurambere bakirisu b’abanyarukundo baradufasha kwubaka ukwizera kwacu. Bafise agatima nka kamwe k’intumwa Paulo, we yabwiye Abanyakorinto ati: “Dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ukwizera ari kwo muhagazemwo.” (2 Ab’i Korinto 1:23, 24) Mu yindi mpinduro hasomwa uku: “Turiko dukorana namwe kugira ngo bitume munezerwa, kubera yuko ukwizera kwanyu gukomeye.” (Contemporary English Version) Umugororotsi abeshwaho n’ukwizera. Birumvikana yuko ata wundi muntu n’umwe ashobora kugaragaza ukwizera mu gishingo cacu canke ngo atume tuguma turi intadohoka. Muri ivyo, ‘dutegerezwa kwikorera umutwaro wacu bwite.’—Ab’i Galatiya 3:11; 6:5.
4. Inkuru zo mu Vyanditswe zerekeye abasavyi b’Imana b’abizerwa zidufasha gute gukomeza ukwizera kwacu?
4 Ivyanditswe biruzuyemwo inkuru z’abantu bari bafise ukwizera. Twoshobora kuba tuzi vyinshi mu bikorwa vyibonekeje bakoze, mugabo tuvuge iki ku vyerekeye ukwizera bagaragaje ku musi ku musi, kumbure mu buzima bwabo bwose? Kuzirikana ubu ku kuntu bagaragaje iyo kamere mu bihe bimeze nk’ivyo turimwo birashobora kudufasha gukomeza ukwizera kwacu.
Ukwizera Gutuma Tugira Umutima Rugabo
5. Ni ikimenyamenya co mu Vyanditswe ikihe kihari cerekana yuko ukwizera kudukomeza kugira ngo tuvugane umutima rugabo ijambo ry’Imana?
5 Ukwizera kuradukomeza kugira ngo tuvugane umutima rugabo Ijambo ry’Imana. Henoki yarabuye n’umutima rugabo ishitswa ry’urubanza rw’Imana. Yavuze ati: “Eh’Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe, kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.” (Yuda 14, 15) Bamaze kwumva amajambo nk’ayo, abansi ba Henoki batubaha Imana nta gukeka bashatse kumwica. Yamara rero, yaravuganye ukwizera ashize amanga, maze Imana ‘iramujana’ mu kumusinziriza mw’itiro ry’urupfu, biboneka ko itamuretse ngo acumukuzwe n’umubabaro rutera. (Itanguriro 5:24; Abaheburayo 11:5) Ntidushikirwa n’ibitangaro nk’ivyo, ariko Yehova arishura amasengesho yacu kugira ngo dushobora kuvuga ijambo ryiwe dufise ukwizera n’umutima rugabo.—Ivyakozwe 4:24-31.
6. Ukwizera be n’umutima rugabo Nowa yahawe n’Imana vyamufashije gute?
6 Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa “abāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe.” (Abaheburayo 11:7; Itanguriro 6:13-22) Nowa kandi yari “umwigisha w’ivyo kugororoka,” akaba yaravuze imburizi y’Imana ayibwira abo mu gihe ciwe abigiranye umutima rugabo. (2 Petero 2:5) Bategerezwa kuba baratwengeye mw’ijigo ubutumwa bwiwe bwerekeye ukuza kw’Umwuzure, nk’uko nyene bamwebamwe batwengera mw’ijigo igihe tubaha ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe vyerekana yuko uru runkwekwe rw’ibintu vuba rugiye gusangangurwa. (2 Petero 3:3-12) Ariko rero, nka kumwe kwa Henoki na Nowa, dushobora gushikiriza ubutumwa nk’ubwo kubera ukwizera be n’umutima rugabo twahawe n’Imana.
Ukwizera Gutuma Twihangana
7. Aburahamu n’abandi bagaragaje gute ukwizera be n’ukwihangana?
7 Turakeneye ukwizera be n’ukwihangana, canecane mu gihe tukirindiriye iherezo ry’uru runkwekwe rubi. Mu bantu “baheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe” harimwo umwe sokuruza Aburahamu yatinya Imana. (Abaheburayo 6:11, 12) Ukwizera kwatumye ava mu gisagara c’i Uri, aheba n’inyungu zose zari zihari, maze acika inyambukira mu gihugu kitari ic’iwabo Imana yari yaramusezeraniye. Isaka na Yakobo barahawe uwo muhango nyene. Ariko rero, “abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe.” Bivuye ku kwizera ‘baripfuza igihugu kirushirije kuba ciza, igihugu cegukira ijuru.’ Ku bw’ivyo, Imana “ya[ra]bateguriye igisagara.” (Abaheburayo 11:8-16) Vyemere, Aburahamu, Isaka na Yakobo be n’abagore babo bubaha Imana, bararindiriye bihanganye Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, mu gihe c’ubwo Bwami bakazozurirwa ubuzima bwo kw’isi.
8. Aburahamu, Isaka na Yakobo baragaragaje ukwizera be n’ukwihangana naho batabonye ibiki?
8 Aburahamu, Isaka na Yakobo ntibatakaje ukwizera. Igihugu c’Isezerano ntibacegukiye kandi ntibabonye amahanga yose yihesha umuhezagiro biciye ku rubuto rwa Aburahamu. (Itanguriro 15:5-7; 22:15-18) Naho hociye ibinjana n’ibindi ico ‘gisagara cubatswe n’Imana’ kitaraboneka, abo bagabo barabandanije kugaragaza ukwizera be n’ukwihangana mu buzima bwabo bwose. Mu vy’ukuri dukwiye kugira nk’uko nyene muri iki gihe Ubwami burongowe na Mesiya buganza mw’ijuru.—Zaburi 42:5, 11; 43:5.
Ukwizera Kuratuma Tugira Amahangiro Ntangere
9. Ukwizera kugira ico gukoze gute ku mahangiro n’intumbero?
9 Basokuruza b’abizerwa ntibigeze bakurikira uburyo bwo kubaho bwononekaye bw’Abanyakanani, kubera bari bafise amahangiro n’intumbero vyiza ntangere. Muri ubwo buryo nyene, ukwizera kuratuma tugira amahangiro yo mu vy’impwemu atuma tutisuka mw’isi iri mu bubasha bwa wa mubi, ari we Shetani wa Mucokoranyi.—1 Yohana 2:15-17; 5:19.
10. Tuzi gute yuko Yozefu yakurikiranye ihangiro ryiza ntangere riruta kure n’iyo ivy’ukuba rurangiranwa mw’isi?
10 Bivuye ku buyobozi bw’Imana, umuhungu wa Yakobo, ari we Yozefu yarakoze ari umuhagarikizi w’ibifungurwa mu Misiri, ariko ihangiro ryiwe ntiryari iryo kuba umuntu ahambaye muri ico gihugu. Yizeye yuko imihango ya Yehova izoranguka, Yozefu afise imyaka 110 y’amavuka yabwiye benewabo ati: “Ndi hafi gupfa; arikw Imana ntizobura kubagendera, ikabakūra mur’iki gihugu, ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo kw izobaha.” Yozefu yasavye ko yohambwe mu gihugu c’isezerano. Amaze gupfa, baramusize amavuta hanyuma bamuryamika mw’isandugu mu Misiri. Mugabo igihe Abisirayeli babohorwa bakava mu buja bwo mu Misiri, umuhanuzi Musa yasavye ko bagenda bajanye amagufa ya Yozefu kugira ngo bayahambe mu Gihugu c’Isezerano. (Itanguriro 50:22-26; Kuvayo 13:19) Ukwizera kumeze nk’ukwo kwa Yozefu gukwiye kudusunikira ku gukurikirana amahangiro meza ntangere aruta kure n’iyo ivy’ukuba rurangiranwa mw’isi.—1 Ab’i Korinto 7:29-31.
11. Ni mu buryo ubuhe Musa yatanze ikimenyamenya c’uko yari afise amahangiro yo mu vy’impwemu?
11 Musa ‘yahisemwo kugirirwa nabi ari kumwe n’abantu b’Imana, abirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’ivyaha’ ari umuntu yize cane wo mu muryango wa cami mu Misiri. (Abaheburayo 11:23-26; Ivyakozwe 7:20-22) Ivyo vyatumye aheba icubahiro c’isi kandi kumbure aheba n’ivy’uguhambanwa iteka mw’isandugu isharijwe mu gace kanaka kazwi cane ko mu Misiri. Mugabo ivyo vyogize agaciro akahe ubigereranije n’agateka ko kuba “umuntu w’Imana,” umuhuza w’isezerano ry’Ivyagezwe, umumenyeshakazoza wa Yehova be n’umwanditsi wa Bibiliya? (Ezira 3:2) Ico wipfuza coba ari icubahiro kiva ku kuduzwa igiti mw’isi, canke ukwizera kwoba kwaratumye ugira amahangiro menshi meza yo mu vy’impwemu?
Ukwizera Kuvamwo Ubuzima Bumara Akanyota
12. Ukwizera kwagize ingaruka iyihe ku buzima bwa Rahabu?
12 Ukwizera ntigutuma gusa abantu barushiriza kugira amahangiro ntangere, ariko kandi gutuma bagira ubuzima bumara akanyota. Rahabu w’i Yeriko ategerezwa kuba yasanze ubuzima bwiwe bwo kuba maraya ata co buvuze. Yamara rero, ese ukuntu ubwo buzima bwahindutse igihe yagaragaza ukwizera! ‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa [vy’ukwizera], amaze guha za ntumwa [za Isirayeli] indaro, akazirangira iyindi nzira,’ kugira ngo zihunge abansi bazo b’abanyakanani. (Yakobo 2:24-26) Kubera yemeye icese Yehova ko ari Imana y’ukuri, Rahabu yaragaragaje kandi ukwizera mu guheba ubuzima yari afise bw’ukuba maraya. (Yosuwa 2:9-11; Abaheburayo 11:30, 31) Yubakanye n’umusavyi wa Yehova, ntiyubakanye n’Umunyakanani atizera. (Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4; 1 Ab’i Korinto 7:39) Rahabu yaragize agateka gahambaye ko gucika inakuruza wa Mesiya. (1 Ngoma 2:3-15; Rusi 4:20-22; Matayo 1:5, 6) Cokimwe n’abandi, bamwebamwe muri bo bahevye ubuzima bw’ubushegabo, azoronka n’iyindi mpera, ni ukuvuga azozukira kuronka ubuzima bwo kw’isi y’iparadizo.
13. Dawidi yakoranye icaha gute na Batisheba, mugabo ni agatima akahe yagaragaje?
13 Amaze guheba ubuzima bwiwe bwo gukora icaha, biboneka ko Rahabu yagumanye ingendo igororotse. Ariko rero, bamwebamwe bari bamaze igihe kirekire biyeguriye Imana baracumuye bikomeye. Umwami Dawidi yararenze ibigo na Batisheba, aricisha umugabo wiwe mu ntambara, aca aramutwara amugira umugore wiwe. (2 Samweli 11:1-27) Igihe Dawidi yariko arigaya n’intuntu nyinshi, yinginze Yehova ati: “Ntunkūreko [im]pwemu yawe [y]era.” Impwemu y’Imana ntiyavuye kuri Dawidi. Yarizera yuko Yehova, kubera ikigongwe ciwe, atokwirengagije “umutima umenetse, ujanjaguwe” kubera icaha. (Zaburi 51:11, 17; 103:10-14) Kubera ukwizera Dawidi na Batisheba bari bafise, baragize ikibanza giteye akanyamuneza mu kuba mu bo Mesiya yakomotseko.—1 Ngoma 3:5; Matayo 1:6, 16; Luka 3:23, 31.
Ugukurwa Amazinda Kurakomeza Ukwizera
14. Ni ibintu bikura amazinda ibihe Gideyoni yaronse, kandi iyo nkuru yoshobora kugira ico ikoze gute ku kwizera kwacu?
14 Naho turongorwa n’ukwizera, twoshobora rimwe na rimwe gukenera gukurwa amazinda yuko dufashwa n’Imana. Ivyo ni ko vyagendeye Umucamanza Gideyoni, umwe muri ba bandi “bāhesh[wa] n’ukwizera gutsinda abami.” (Abaheburayo 11:32, 33) Igihe Abamidiyani be n’abari bifatanije na bo batera Isirayeli, impwemu y’Imana yaratwikiriye Gideyoni. Kubera yipfuza yuko Yehova amukura amazinda ko yari kumwe na we, yasavye ko yogira ibigeragezo vyari vyerekeye ugushira ubwoya bw’intama ku mbuga bukamara ijoro ryose. Mu kigeragezo ca mbere, urume rwatonze gusa ku bwoya mu gihe hasi hagumye humye. Mu kigeragezo kigira kabiri, hasi ni ho hatonze urume mu gihe ubwoya bwo bwagumye bwumye. Amaze gukomezwa n’ivyo bintu bikura amazinda, uwo Gideyoni yiyubara yarakoranye ukwizera, maze aranesha abansi ba Isirayeli. (Abacamanza 6:33-40; 7:19-25) Nimba turondera icodukura amazinda mu gihe duhanganye no gufata ingingo, ntibisobanura yuko tubuze ukwizera. Ku bwa ngingo, turagaragaza ukwizera mu gusuzuma Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vya gikirisu no mu gusenga dusaba ubuyobozi bw’impwemu yera igihe dufata ingingo.—Abaroma 8:26, 27.
15. Kuzirikana ku kwizera kwa Baraki bishobora kudufasha gute?
15 Ukwizera kw’Umucamanza Baraki kwarakomejwe n’ugukurwa amazinda mu buryo bwo kuremeshwa. Umuhanuzikazi Debora yamuhimirije kwibwiriza kuja kubohoza Abisirayeli mu gahahazo k’Umwami w’Umunyakanani yitwa Yabini. Abigiranye ukwizera be n’ukumenya adakekeranya ko afashwe mu mugongo n’Imana, Baraki yarayoboye abantu 10.000 bafise uturwanisho dukeyi ngo baje mu ntambara, maze baranesha ingabo za Yabini zikomeye kubaruta kure n’iyo zari zirongowe na Sisera. Iyo ntsinzi yariginywe mu ruririmbo rukora ku mutima Debora na Baraki baririmvye. (Abacamanza 4:1–5:31) Debora yaremesheje Baraki gukora bwa ndongozi ya Isirayeli yagenywe n’Imana, kandi uwo Baraki yabaye umwe mu basavyi ba Yehova ‘banesheje ingabo z’abanyamahanga’ biciye ku kwizera. (Abaheburayo 11:34) Kuzirikana ku kuntu Imana yahezagiye Baraki kubera yakoze mu buryo buhuye n’ukwizera vyoshobora kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze niba hari ukuntu tugonanwa kurangura igikebere kigoye mu murimo wa Yehova.
Ukwizera Kuratsimbataza Amahoro
16. Ni akarorero keza akahe Aburahamu yasize mu vyo kurondera kugiranira amahoro na Loti?
16 Nk’uko nyene ukwizera kudufasha kurangura ibikebere bigoye mu murimo w’Imana, ni na ko kudufasha gutsimbataza amahoro n’itekane. Aburahamu ageze mu zabukuru yararetse umuhungwabo akiri muto Loti arahitamwo uburagiro bwiza igihe abungere babo batata hanyuma bikaba nkenerwa ko haba ugutandukana. (Itanguriro 13:7-12) Aburahamu ategerezwa kuba yarasenganye ukwizera asaba ko Imana imufasha gutorera umuti iyo ngorane. Aho gushira imbere inyungu ziwe bwite, yaratoreye umuti ivyo bintu mu mahoro. Mu gihe twosanga turi mu bihari n’umuvukanyi wacu mukirisu, nimuze dusengane ukwizera hanyuma ‘turondere amahoro,’ tugumiza mu muzirikanyi akarorero ka Aburahamu ko gutera iteka abandi abigiranye urukundo.—1 Petero 3:10-12.
17. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko umukokwe usa n’uwari hagati ya Paulo, Barunaba na Mariko watorewe umuti mu buryo buranga amahoro?
17 Rimbura ukuntu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za gikirisu tubigiranye ukwizera bishobora kudufasha gutsimbataza amahoro. Igihe Paulo yari hafi gutangura urugendo rugira kabiri rw’ubumisiyonari, Barunaba yaremeye inama Paulo yatanze yo gusubira kugendera amashengero y’i Kupuro no muri Aziya Ntoyi. Ariko rero, Barunaba yashaka ko bajana na muvyarawe Mariko. Paulo yaravyanse kubera Mariko yari yarabataye igihe bari i Pamfiliya. Haravyutse “imitongano,” maze iyo mitongano ituma batandukana. Barunaba yajanye na Mariko i Kupuro, mu gihe Paulo yahisemwo Sila ko ari we amubera umugenzi maze “aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.” (Ivyakozwe 15:36-41) Haciye igihe, umukokwe wasa n’uwuhari waratorewe umuti, kubera yuko Mariko yari kumwe na Paulo i Roma, kandi iyo ntumwa yaramuvuze neza. (Ab’i Kolosayi 4:10; Filemoni 23, 24) Igihe Paulo yari apfungiwe i Roma nko mu 65 G.C., yabwiye Timoteyo ati: “Hitana Mariko, umuzane, kukw angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje.” (2 Timoteyo 4:11) Paulo biboneka yuko yari yaratumye ubucuti afitaniye na Barunaba be na Mariko buba co kintu ashira imbere mu masengesho yiwe aranga ukwizera, kandi ivyo vyatumye haba itekane rifitaniye isano n’“amahoro y’Imana.”—Ab’i Filipi 4:6, 7.
18. Ni ibiki bishobora kuba vyarabaye ku bijanye na Ewodiya be na Sintike?
18 Kubera turi abanyagasembwa, birumvikana ko “dutsitara muri vyinshi.” (Yakobo 3:2) Ingorane zaradutse hagati y’abagore bakirisu babiri, abo Paulo yandikiye ati: “Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu. . . . Wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza.” (Ab’i Filipi 4:1-3) Birashoboka rwose yuko abo bagore bubaha Imana batoreye umuti ingorane yabo mu buryo buranga amahoro mu gushira mu ngiro mwene iyi mpanuro nk’uko yanditswe muri Matayo 5:23, 24. Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe tubigiranye ukwizera, bizodufasha cane gutsimbataza amahoro muri iki gihe.
Ukwizera Gutuma Twihangana
19. Ni ibintu bitoroshe ibihe bitigeze bisenyura ukwizera kwa Isaka na Rebeka?
19 Bivuye ku kwizera turashobora kandi kwihanganira amagorwa. Kumbure turababaye kubera uwo mu muryango wacu yabatijwe yagambarariye Imana mu kwubakana n’uwutizera. (1 Ab’i Korinto 7:39) Isaka na Rebeka baracumukuye kubera umuhungu wabo Esau yubakanye n’abagore batubaha Imana. Abagore biwe b’Abaheti ‘barabatuntuza’ cane ku buryo Rebeka yavuze ati: “Numva ndundumiwe kubg’abo Bahetikazi, nopfuma mpfa! Yakobo yorongora Umuhetikazi nka ba bandi, noba nkibēreyeh’iki?” (Itanguriro 26:34, 35; 27:46) Yamara, ivyo bintu bitoroshe ntivyigeze bisenyura ukwizera kwa Isaka na Rebeka. Ese twozigama ukwizera gukomeye mu gihe ibintu bigoye bitubereye urugamba.
20. Ni akarorero akahe k’ukwizera dukura kuri Rusi no kuri na Nawomi?
20 Wa mupfakazi ageze mu zabukuru, ari we Nawomi yari Umuyudakazi kandi akaba yari azi yuko i Buyuda hari abagore bari gushobora kuvyara abana bobaye ba sekuruza wa Mesiya. Ariko rero, kubera yuko abahungu biwe bari barapfuye ata kana basize kandi akaba yari yararenganye imyaka yo kuvyara, iciyumviro c’uko umuryango wiwe woshoboye kugira uruhara mu kuba mu bo Mesiya yokomotseko nticari gifashe koko. Naho ari ukwo, umukazana wiwe Rusi w’umupfakazi yarabaye umugore w’umutama Bowazi, amuvyarira umuhungu, maze acika inakuruza wa Yezu, umwe Mesiya! (Itanguriro 49:10, 33; Rusi 1:3-5; 4:13-22; Matayo 1:1, 5) Ukwizera kwa Nawomi na Rusi kwarabafashije gusimba amarushwa barimwo maze gutuma bagira umunezero. Na twebwe tuzogira umunezero mwinshi nitwazigama ukwizera mu gihe duhanganye n’amarushwa.
21. Ukwizera kudufitiye akamaro gaki, kandi umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe?
21 Naho tudashobora kuvuga ico ejo hatubikiye, bivuye ku kwizera turashobora guhangana n’ingorane iyo ari yo yose tukererwa. Ukwizera gutuma tugira umutima rugabo kandi tukihangana. Kuratuma tugira amahangiro meza ntangere be n’ubuzima bumara akanyota. Ukwizera kuragira iciza gukoze ku bucuti tugirana n’abandi kandi kurarinda amarushwa. Ese rero twoba “abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.” (Abaheburayo 10:39) Tubifashijwemwo n’inkomezi duhabwa n’Imana yacu y’inyarukundo Yehova, nimuze tubandanye kugaragaza ukwizera gukomeye ku bw’ubuninahazwa bwiwe.
Wokwishura Gute?
• Ni ibimenyamenya ibihe vyo mu Vyanditswe bihari vyerekana ko ukwizera gushobora gutuma tugira umutima rugabo?
• Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko ukwizera gutuma tugira ubuzima bumara akanyota?
• Ukwizera gutsimbataza amahoro gute?
• Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko ukwizera gutuma dushobora kwihanganira amarushwa?
[Amafoto ku rup. 16]
Ukwizera kwaratumye Nowa na Henoki bavugana umutima rugabo ubutumwa bwa Yehova
[Amafoto ku rup. 17]
Ukwizera nka kumwe kwa Musa kuratuvyurira umutima wo gukurikirana amahangiro yo mu vy’impwemu
[Amafoto ku rup. 18]
Kubera Baraki, Debora na Gideyoni bakuwe amazinda ko Imana yobafashije vyarakomeje ukwizera kwabo