Woba ubaza uti: ‘Yehova ari hehe?’
‘Bangiye kure . . . ko batārushe bībaza, bati Yehova ari hehe?’—YEREMIYA 2:5, 6.
1. Iyo abantu babajije ngo “Imana iri hehe?”, bashobora kuba bafise iki mu muzirikanyi?
“IMANA iri hehe?” Ico kibazo camye kibazwa n’abantu benshi. Bamwebamwe muri bo bamye bagerageza gusa gutahura ikintu nyamukuru mu bijanye n’Umuremyi, ni ukuvuga aho aba. Abandi babajije ico kibazo bamaze kubona ivyago bikwiragiye, canke igihe ubwabo bari mu mukazo ukomeye, ntibaheza ngo batahure igituma Imana itahaserutse ngo ibatabare. Mbere hari n’abandi batirirwa barabaza ico kibazo kubera bamirira kure iciyumviro c’uko Imana ibaho.—Zaburi 10:4.
2. Ni bande berewe mu kurondera Imana kwabo?
2 Ariko ntiwumve, hariho abantu benshi bemera icese ibimenyamenya umuyoro bihari vy’uko Imana iriho (Zaburi 19:1; 104:24). Bamwebamwe muri abo usanga bamarwa akanyota gusa no kuba hari idini barimwo. Ariko ugukunda cane ukuri kwaratumye abandi amamiliyoni baturuka mu bihugu vyose barondera Imana y’ukuri. Akigoro kabo ntikabaye ak’ubusa kubera yuko “itari kure y’umuntu n’umwe muri twebge”.—Ivyakozwe 17:26-28.
3. (a) Ikibanza Imana ibamwo kiri hehe? (b) Ikibazo co mu Vyanditswe kibaza ngo ‘Yehova ari hehe?’ gishaka kuvuga iki?
3 Igihe umuntu arondeye Yehova akamuronka koko, aratahura yuko ‘Imana ari impwemu’, idashobora kubonwa n’amaso y’umuntu (Yohana 4:24). Yezu yavuze Imana y’ukuri ko ari ‘Data wo mw’ijuru’. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko aho Data wa twese wo mw’ijuru aba, tubivuze mu buryo bw’impwemu, ari ikibanza kiri hejuru nk’uko nyene iki kirere tubona kiri hejuru y’isi (Matayo 12:50; Yesaya 63:15). Ariko rero, naho tudashobora kubona Imana n’amaso yacu bwite, iratuma bishoboka ko tuyimenya tukongera tukiga vyinshi ku vyerekeye imigambi yayo (Kuvayo 33:20; 34:6, 7). Irishura ibibazo bibazwa n’abantu b’imitima nziraburyarya barondera kumenya insobanuro y’ubuzima. Ku bijanye n’ibintu vyogira ico bikoze ku buzima bwacu, iraturonsa ikintu c’ishimikiro co kwizigirwa gituma tumenya ico ivyiyumvirako, ni ukuvuga ukuntu ibona ibintu nk’ivyo be n’uko ivyipfuzo vyacu vyoba bihuye n’imigambi yayo. Ishaka ko dusiguza ku bijanye n’ibintu nk’ivyo kandi tukagira akigoro gakomeye ngo turonke inyishu. Yehova abicishije ku muhanuzi Yeremiya, yarakangiriye abantu bo muri Isirayeli ya kera kubera bananiwe no kubigenza gutyo. Bari bazi izina ry’Imana, mugabo ntibabajije bati: ‘Yehova ari hehe?’ (Yeremiya 2:6). Umugambi wa Yehova si co kintu nyamukuru cari kibaraje ishinga. Ntibariko barondera ubuyobozi bwiwe. Igihe uhanganye no gufata ingingo, zaba izihambaye canke izidahambaye, woba ubaza uti: ‘Yehova ari hehe?’.
Abasiguje Imana
4. Twokwungukira gute ku karorero ka Dawidi mu bijanye no gusiguza Yehova?
4 Igihe Dawidi mwene Isayi yari akiri umusore, yaratsimbataje ukwizera Yehova gukomeye. Yari azi yuko Yehova ari “Imana nzima”. Dawidi ubwiwe yari yarakingiwe na Yehova. Asunitswe n’ukwizera be n’urukundo afitiye ‘izina rya Yehova’, yararyamitse hasi ca kigatanya c’Igifilisitiya Goliyati cari gifise ibirwanisho bikomakomeye (1 Samweli 17:26, 34-51). Ariko rero, kubona Dawidi yararoraniwe ntivyatumye aca yiyizigira. Ntiyiyumviriye yuko ivyo yokoze vyose ico gihe, Yehova yomuhezagiye. Mu myaka yakurikiye, Dawidi yagumye aza arasiguza Yehova igihe yaba ahanganye no gufata ingingo (1 Samweli 23:2; 30:8; 2 Samweli 2:1; 5:19). Yabandanije gusenga ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe. Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje; ni wewe nirirwa niteze.” (Zaburi 25:4, 5). Ese ukuntu ari akarorero keza dukwiye gukurikira!
5, 6. Yehoshafati yarondeye gute Yehova mu bihe bitandukanye vyo mu buzima bwiwe?
5 Mu misi y’umwami Yehoshafati, akaba yari umwami agira gatanu mu bakomoka kuri Dawidi, ingabo z’amahanga atatu zikoranye zaraje gutera Ubuyuda. Igihe Yehoshafati yari ahanganye n’ico kintu cihutirwa mu gihugu, ‘yaciye agira umwete wo kurondera Yehova’ (2 Ngoma 20:1-3). Ubwo ntibwari bwo bwa mbere Yehoshafati arondera Yehova. Uwo mwami yari yariyamirije ugusenga Bayali kwagirwa n’ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bwarahunye, maze ahitamwo kugendera mu nzira za Yehova (2 Ngoma 17:3, 4). None ico gihe Yehoshafati yari ahanganye n’amakuba, ‘yarondeye Yehova gute’?
6 Mw’isengesho yatuye ku mugaragaro i Yeruzalemu muri ico gihe c’amakuba, yarerekanye yuko yibutse ububasha budasumbwa bwa Yehova. Yari yariyumviriye bimwe bigera ibwina ibijanye n’umugambi wa Yehova nk’uko wahishuwe igihe yirukana ayandi mahanga hanyuma agaha Abisirayeli kw’intoranwa igihugu kanaka. Uwo mwami yaremeye icese ko akeneye gufashwa na Yehova (2 Ngoma 20:6-12). Yehova yoba yararonketse ico gihe? Cane nyene. Yehova, abicishije ku Mulewi Yahaziyeli, yaratanze ubuyobozi butomoye, hanyuma ku musi ukurikira araronsa intsinzi igisata ciwe (2 Ngoma 20:14-28). Ushobora gute kumenya udakekeranya yuko Yehova azoronkeka niwamuhindukirira kugira ngo aguhe ubuyobozi?
7. Ni amasengesho ya bande Imana yumviriza?
7 Yehova ntagira nkunzi. Aratumira abantu bo mu mahanga yose ngo bamurondere biciye mw’isengesho (Zaburi 65:2; Ivyakozwe 10:34, 35). Arabona ibiri mu mitima y’abamwinginga. Aradukura amazinda yuko yumva amasengesho y’abagororotsi (Imigani 15:29). Araronkeka ku bantu batahora bitwararika na gatoyi ibimwerekeye, mugabo ubu barondera ubuyobozi bwiwe bicishije bugufi (Yesaya 65:1). Arumviriza mbere n’amasengesho y’abantu bari barananiwe no kwitondera amategeko yiwe ariko ubu bigaye babigiranye ukwicisha bugufi (Zaburi 32:5, 6; Ivyakozwe 3:19). Yamara, mu gihe umutima w’umuntu utiyorosha ku Mana, amasengesho uwo muntu atura aba ari impfagusa (Mariko 7:6, 7). Rimbura uburorero bumwebumwe.
Barabajije ariko ntibishurwa
8. Ni igiki catumye Yehova atemera amasengesho y’umwami Sauli?
8 Umuhanuzi Samweli amaze kubwira umwami Sauli yuko Imana yari yamushibuye kubera ukugambarara kwiwe, Sauli yaciye akubita inkoro hasi imbere ya Yehova (1 Samweli 15:30, 31). Mugabo kwari ukwigirisha. Icipfuzo Sauli yari afise nticari ico kugamburukira Imana, mugabo cari ico kwihesha icubahiro imbere y’abantu. Mu nyuma, igihe Abafilisitiya bariko barwana na Isirayeli, Sauli yaragiye gusiguza Yehova mu buryo bwo guheza umwuga. Ariko rero, abonye atishuwe, yaciye aja kubaza umupfumu, naho yari asanzwe azi ko Yehova avyiyamiriza (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; 1 Samweli 28:6, 7). Muri 1 Ngoma 10:14 havuga mu ncamake ivyerekeye Sauli hati: ‘Ntiyasiguje Yehova’. Kubera iki? Kubera yuko amasengesho ya Sauli atari ashingiye ku kwizera. Ku bw’ivyo, vyasa n’uko atasenze.
9. Ni igiki kitagenda neza mu bijanye n’intakambo Zedekiya yatuye asaba ubuyobozi Yehova?
9 Mu buryo nk’ubwo nyene, igihe iherezo ry’ubwami bw’Ubuyuda ryari ryegereje, haratuwe amasengesho menshi, n’abamenyeshakazoza ba Yehova barasiguzwa. Ariko rero, abantu bariko baravangatiranya ugusenga ibigirwamana be n’icitwa ngo ni ugutinya Yehova (Zefaniya 1:4-6). Naho bagiye mu vyo gusiguza Imana buheze umwuga, ntibateguye imitima yabo ngo yorohere ukugomba kwayo. Umwami Zedekiya yaringinze Yeremiya ngo amubarize Yehova ivyiwe. Yehova yari amaze kubwira uwo mwami ivyo yabwirizwa gukora. Mugabo kubera ukubura ukwizera no gutinya abantu, uwo mwami ntiyumviye ijwi rya Yehova, maze Yehova ntiyamuha iyindi nyishu ihuje n’ico yipfuza.—Yeremiya 21:1-12; 38:14-19.
10. Ni igiki kitagenda neza mu buryo Yohanani yarondeye kuyoborwa na Yehova, kandi ikosa yagize turyigirako iki?
10 Yeruzalemu hamaze gusangangurwa, n’ingabo za Babiloni zimaze gusubira inyuma zijanye Abayuda bagizwe inyagano, Yohanani yaciye ategura kujana mu Misiri umugwi mutoyi w’Abayuda bari basigaye mu Buyuda. Baragize imigambi, mugabo imbere yo guhaguruka, barasavye Yeremiya ngo ature isengesho ku bwabo, arondere ubuyobozi kuri Yehova. Ariko rero, babonye ko bataronse inyishu bipfuza, baciye bigira bakora ivyo bari bateguye (Yeremiya 41:16–43:7). Muri ivyo vyabaye, hoba hari ivyigwa ubona bishobora kukugirira akamaro ku buryo bw’uko niwarondera Yehova azoronkeka?
‘Guma wiyemeza neza’
11. Ni kubera iki dukeneye gushira mu ngiro ibivugwa mu Banyefeso 5:10?
11 Ugusenga kw’ukuri kurimwo vyinshi uretse ukugereranya ukwiyegura kwacu mu kwibizwa mu mazi, ukwitaba amakoraniro y’ishengero n’ukugira uruhara mu busuku burangurwa ku mugaragaro. Harimwo uburyo tubayeho bwose. Ku musi ku musi, turahura n’imikazo, imwimwe ntiyibonekeza, iyindi ikaba yibonekeza rwose, iyo mikazo ikaba ishobora kudukura mu nzira ihuye n’ukwibanga Imana. Tuzovyifatamwo gute? Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu b’abizerwa bo muri Efeso, yabahimirije ati: “Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu.” (Abanyefeso 5:10). Ubukerebutsi buri mu kubigenza gutyo burabonekera mu bintu vyiganwa mu Vyanditswe.
12. Ni kubera iki Yehova bitamuhimbaye igihe Dawidi yimuza isandugu y’isezerano ikajanwa i Yeruzalemu?
12 Isandugu y’isezerano imaze kugarukanwa muri Isirayeli, hagaca n’imyaka myinshi ibitswe i Kireyati-yeyarimu, umwami Dawidi yaripfuje kuyimurira i Yeruzalemu. Yaragishije inama abakuru b’imiryango ababwira yuko iyo Sandugu yoyimuye ‘nimba bumva babishimye, kandi nimba bivuye kuri Yehova’. Mugabo yarafashe minenegwe ivyo kurondera bimwe bihagije kugira yiyemeze neza ico Yehova ashaka ko gikorwa mu bijanye n’ico kibazo. Iyo abigira, Isandugu ntiyari gutwarwa ku mukogote. Yari gutwarwa n’Abalewi bo mu ba Kohati ku bitugu, nk’uko Imana yari yarabitegetse mu buryo butomoye. Naho Dawidi yama yasiguje Yehova, ico gihe yarananiwe no kubigira mu buryo bubereye. Ingaruka yabaye iy’agahomerabunwa. Mu nyuma Dawidi yiyemereye icese ibi: ‘Yehova Imana yacu yaraduhwikiye, kuko tutayigenjeje nk’uko vyashinzwe.’—1 Ngoma 13:1-3; 15:11-13; Guharūra 4:4-6, 15; 7:1-9.
13. Mu ruririmbo rwaririmbwe igihe Isandugu yimurwa igashikanwa iyo ija, ni icibutswa ikihe carimwo?
13 Igihe amaherezo Abalewi batwara i Yeruzalemu Isandugu bayikuye mu nzu ya Obedi-edomu, hararirimbwe ururirimbo rwatunganijwe na Dawidi. Urwo ruririmbo rwarimwo icibutswa nkoramutima: “Murondere [Yehova] n’inkomezi ziwe; murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira. Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze; ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe.”—1 Ngoma 16:11, 12.
14. Dushobora kwungukira gute ku karorero keza ka Salomo no ku makosa yakoze hanyuma mu buzima bwiwe?
14 Imbere y’uko Dawidi apfa, yahanuye umuhungu wiwe Salomo ati: ‘Niwarondera Yehova uzomubona.’ (1 Ngoma 28:9). Salomo amaze kuja ku bwami, yaragiye i Gibeyoni, aho ihema ry’ibonaniro ryari riri, arahashikanira ibimazi Yehova. Ari aho i Gibeyoni, Yehova yamubwiye ati: “Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.” Mu kwishura ivyo Salomo amusavye, Yehova yaramuvotororeye ubukerebutsi be n’ubumenyi bwo gucira Isirayeli imanza, kandi aca yongera amuha n’ubutunzi be n’icubahiro (2 Ngoma 1:3-12). Salomo akoresheje imigero Yehova yahaye Dawidi, yarubatse urusengero rwakaka. Ariko mu bijanye n’umubano wiwe bwite, Salomo yarananiwe no kurondera Yehova. Yabiriye abagore batasenga Yehova. Amaze gusaza, barahindukije umutima wiwe bawukura kuri Yehova (1 Abami 11:1-10). Naho twoba dusa nk’aho turi agakomeye gute, inkerebutsi gute canke nk’aho turi abantu bamenyekana cane gute, birahambaye ko ‘tuguma tumenya neza ibihimbara Umwami wacu’!
15. Igihe Zera Umunyetiyopiya yaza gutera Ubuyuda, ni kubera iki Asa yasenze afise ukwizera yuko Yehova yokijije Ubuyuda?
15 Ivy’uko ivyo vyari bikenewe birashimikwako cane n’inkuru yerekeye ubwami bwa Asa, umwuzukuruza wa Salomo. Haciye imyaka 11 Asa abaye umwami, Zera Umunyetiyopiya yarayoboye ingabo zingana umuliyoni baja gutera Ubuyuda. Yehova yoba yari gukiza Ubuyuda? Mu myaka irenga 500 imbere y’aho, Yehova yari yaravuze mu buryo butomoye ivyo igisata ciwe cokwiteze kiramutse kimwumviye kikongera kikitondera amabwirizwa yiwe be n’ivyo cokwiteze kiramutse kitabigize (Gusubira mu vyagezwe 28:1, 7, 15, 25). Agitangura kuganza, Asa yari yarakuye mu bwami bwiwe bwose ibicaniro be n’inkingi zakoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma. Yari yarahimirije abo atwara ‘kurondera Yehova’. Asa ntiyari yararindiriye ngo abanze gushikirwa n’icago imbere yo kubikora. Gutyo, Asa yaratuye isengesho Yehova afise ukwizera muri we, amusaba ko yobatabara. Vyavuyemwo iki? Ubuyuda bwarahawe intsinzi ikomeye.—2 Ngoma 14:2-12.
16, 17. (a) Naho Asa yatahukanye intsinzi, ni icibutsa ikihe Yehova yamuhaye? (b) Igihe Asa yakora mu buryo butaranga ubukerebutsi, ni imfashanyo iyihe yahawe, mugabo yavyakiriye gute? (c) Dushobora kwungukira gute ku kurimbura inyifato ya Asa?
16 Ariko rero, igihe Asa yatahukana intsinzi, Yehova yararungitse Azariya guhura n’umwami kugira ngo amubwire ibi: “Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: [Yehova] azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.” (2 Ngoma 15:2). Amaze gusubira kuvyura umwete, Asa yararemesheje ugusenga kw’ukuri. Mugabo haciye imyaka 24, igihe yasubira guhangana n’intambara, Asa yarananiwe kurondera Yehova. Ntiyasuzumye mw’Ijambo ry’Imana, kandi ntiyibutse ivyo Yehova yari yarakoze igihe ingabo z’Abanyetiyopiya zatera Ubuyuda. N’ubujuju n’akantu, yaragiraniye isezerano na Siriya.—2 Ngoma 16:1-6.
17 Kubera ico, Yehova yatumye Hanani kamenyi akangira Asa. N’ico gihe nyene, aho asiguriwe ukuntu Yehova abona ibintu, Asa yari gushobora kuvyungukirako. Aho kuvyungukirako, yumvise ko Hanani amututse, aca amushira mw’ibohero mu mpatane z’ibiti (2 Ngoma 16:7-10). Ese ukuntu bibabaje! Tweho bite? Twoba turondera Imana mugabo tukanka kwemera impanuro? Igihe umukurambere w’umwitwararitsi kandi yitaho ibintu aduhanuye akoresheje Bibiliya kubera yuko turiko turivanga n’isi, twoba twerekana ko dukenguruka iyo mfashanyo aba ariko araduha iranga urukundo yo ‘kumenya neza ibihimbara Umwami wacu’?
Ntiwibagire kubaza
18. Dushobora gute kwungukira ku majambo Elihu yabwiye Yobu?
18 N’umuntu yihesheje izina ryiza mu murimo wa Yehova, igihe ari mu mukazo arashobora gutirimuka gatoyi. Igihe Yobu yashikirwa n’indwara iteye iseseme, akabura abana biwe n’ivyo atunze kandi akagirizwa n’abagenzi biwe ibinyoma, yaratwawe n’ivyiyumviro. Elihu yamwibukije ati: “Nta wuvuga, at’Imana Umuremyi wanje iri hehe?” (Yobu 35:10). Yobu yari akeneye gushira ivyiyumviro vyiwe kuri Yehova no kurimbura ukuntu Yehova abona ivyo bintu. Yobu n’ukwicisha bugufi kwinshi yaremeye ivyo yibukijwe, kandi akarorero kiwe karashobora kudufasha natwe kubigenza nk’uko nyene.
19. Ni igiki igisata ca Isirayeli akenshi cananirwa gukora?
19 Igisata ca Isirayeli cari kizi inkuru zivuga ivyo Imana yakoreye ihanga ryabo. Ariko kenshi cane ntibaruha banavyibuka igihe baba bariko baratorera umuti ibintu binaka vyo mu buzima bwabo (Yeremiya 2:5, 6, 8). Igihe baba bahanganye no gufata ingingo mu buzima, bakurikira ibihimbaro vyabo bwite aho kubaza bati: ‘Yehova ari hehe?’.—Yesaya 5:11, 12.
Guma ubaza uti: ‘Yehova ari hehe?’
20, 21. (a) Ni bande muri kino gihe berekanye agatima ka Elisa mu kurondera kuyoborwa na Yehova? (b) Dushobora gute kwigana no kwungukira ku karorero kabo k’ukwizera?
20 Igihe ubusuku Eliya yarangura ku mugaragaro bwarangira, umusuku wiwe Elisa yaratoye umutamana wari wakorokanye Eliya, agenda ku ruzi Yorodani, awukubitisha amazi hanyuma abaza ati: “[Yehova], Imana ya Eliya, ari hehe?” (2 Abami 2:14). Yehova yishuye mu kwerekana yuko impwemu yiwe ubwo rero yari iri kuri Elisa. Ni igiki dushobora kuvyigirako?
21 Ikintu gisa n’ico carashitse mu bihe vya none. Abakirisu bamwebamwe basizwe bahora baja imbere mu gikorwa co kwamamaza bararangije ubuzima bwabo bwo kw’isi. Abaciye bashingwa amabanga y’ubucungezi barasuzumye Ivyanditswe bongera barasenga Yehova kugira ngo abahe ubuyobozi. Ntibananiwe no kubaza bati: ‘Yehova ari hehe?’. Ico vyavuyemwo, Yehova yarabandanije kuyobora abasavyi biwe no gutuma igikorwa cabo gisagamba. Twoba twigana ukwizera kwabo (Abaheburayo 13:7)? Nimba tukwigana, tuzoguma twiyegereje ishirahamwe rya Yehova, dukurikize ubuyobozi ritanga twongere tugire uruhara bimwe bishitse mu gikorwa kiriko kirangurwa kiyobowe na Yezu Kirisitu.—Zekariya 8:23.
Wokwishura gute?
• Dukwiye kubaza duti: ‘Yehova ari hehe?’ dufise iyihe ntumbero?
• Muri iki gihe, dushobora gute kuronka inyishu y’iki kibazo kibaza giti: ‘Yehova ari hehe?’
• Ni kubera iki amasengesho amwamwe aturwa yo gusaba ubuyobozi bw’Imana atishurwa?
• Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekana yuko bikenewe ko ‘tuguma tumenya neza ibihimbara Umwami wacu’?
[Ifoto ku rup. 9]
Umwami Yehoshafati yarondeye Yehova gute?
[Ifoto ku rup. 10]
Ni kubera iki Sauli yagiye kubaza umupfumu?
[Amafoto ku rup. 12]
Nusenge, wige wongere uzirikane kugira ngo umenye neza ‘aho Yehova ari’