ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/3 rup. 15-19
  • ‘Nurangure bimwe bishitse ubusuku bwawe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nurangure bimwe bishitse ubusuku bwawe’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwerekane ubuninahazwa bw’Imana
  • Nureke umuco wawe ukayanganire mu nyigisho za Bibiliya zo ku mihana
  • Nufashe abo mwigana gutahura ibigereranirizo
  • Nubaze ibibazo bifasha kuzirikana
  • Ubutunzi dukwiye guha agaciro
  • Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Niwiyubare ku bijanye n’‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/3 rup. 15-19

‘Nurangure bimwe bishitse ubusuku bwawe’

‘Ushitse neza igikorwa c’ibango ryawe’.—2 TIMOTEYO 4:5.

1, 2. Naho abakirisu bose ari abamamaji b’inkuru nziza, ni igiki Ivyanditswe bisaba abakurambere?

WOBA uri umwamamaji w’Ubwami? Nimba uri we, nushimire Yehova Imana kubona yaraguteye ako gateka ntangere. Woba uri umukurambere mw’ishengero? Ako ni agateka kiyongereye watewe na Yehova. Mugabo ntidukwiye kwigera twibagira yuko, yaba amashure yo mw’isi, bwaba ubuhanga bwo kuvugira imbere y’abantu, ata na kimwe gituma haba n’umwe muri twebwe akwiza ivyo umusuku canke umucungezi mw’ishengero asabwa. Mu buryo bubereye, Yehova aratuma tuba abashoboye kurangura ubusuku, kandi abagabo bamwebamwe muri twebwe baterwa agateka ko gusukura ari abacungezi kubera bashitsa ibisabwa kanaka vyo mu Vyanditswe.—2 Ab’i Korinto 3:5, 6; 1 Timoteyo 3:1-7.

2 Abakirisu bose biyeguye barakora igikorwa co kuba abamamaji b’inkuru nziza, ariko canecane abacungezi ari bo bakurambere barakeneye kuba akarorero keza mu busuku. Abakurambere “bacumukura mu kuvuga . . . no mu kwigisha”, barashimwa n’Imana na Kirisitu bakongera bagashimwa n’Ivyabona vya Yehova bagenzi babo (1 Timoteyo 5:17; Abanyefeso 5:23; Abaheburayo 6:10-12). Mu bihe vyose, inyigisho umukurambere ashikiriza itegerezwa gutuma abantu bagira amagara meza mu vy’impwemu, kubera ko Paulo yabwiye umucungezi Timoteyo ati: “Igihe kizoza, [aho] batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma. Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, [“urangure bimwe bishitse ubusuku bwawe”, NW]”.—2 Timoteyo 4:3-5.

3. Ni igiki cokorwa kugira ngo inyigisho z’ikinyoma ntizigeramire ishengero mu vy’impwemu?

3 Kugira ngo umucungezi arabe neza ko inyigisho z’ikinyoma zitageramira ishengero mu vy’impwemu, ategerezwa gukurikiza impanuro Paulo yatanze igira iti: “Wirinde muri vyose, . . . ushitse [neza] igikorwa c’ibango ryawe” (2 Timoteyo 4:5). Kukaba nkako, umukurambere arakeneye ‘kurangura bimwe bishitse ubusuku bwiwe’. Ategerezwa kuburangura mu buryo bwuzuye, bunogangije, ni ukuvuga bimwe bishitse. Umukurambere arangura bimwe bishitse ubusuku bwiwe, aritwararika mu buryo bubereye amabanga yose ajejwe ku buryo ata kintu na kimwe afata minenegwe canke adashitsa mu buryo bwuzuye. Bene uwo muntu usanga ari umwizigirwa no mu tuntu dutoduto.—Luka 12:48; 16:10.

4. Ni igiki codufasha kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse?

4 Kurangura bimwe bishitse ubusuku bwacu ntivyama bisaba umwanya munini, ahubwo bisaba ko umuntu akoresha neza umwanya. Akamenyero kadahindagurika karashobora gufasha abakirisu bose kugira ico bashitseko mu busuku. Kugira ngo umukurambere amare umwanya wiyongereye mu murimo wo mu ndimiro, arakeneye kwishingira urutonde rwiza rw’ibikorwa kugira ngo agire urutonde ruri ku burimbane yongere amenye imirimo yoshinga abandi be n’ukuntu yoyibashinga (Abaheburayo 13:17). Ni ivyumvikana ko umukurambere yubahwa na we nyene agira imirimo akora nka kumwe kwa Nehemiya, ubwiwe akaba yarifatanije n’abandi mu gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu (Nehemiya 5:16). Abasavyi ba Yehova bose bakwiye kugira uruhara badahorereza mu gikorwa co kwamamaza Ubwami.—1 Ab’i Korinto 9:16-18.

5. Dukwiye kubona gute ubusuku?

5 Ese ukuntu twajejwe ibanga riteye umunezero ryo kuba turi abamamaji b’Ubwami bwashinzwe mw’ijuru! Nta nkeka turaha agaciro agateka dufise ko kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose, imbere y’uko umuhero uza (Matayo 24:14). Naho turi abanyagasembwa, turashobora kuremeshwa n’amajambo ya Paulo agira ati: “Dufise ubgo butunzi [bw’ubusuku] mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge” (2 Ab’i Korinto 4:7). Emwe, turashobora gukora umurimo wemerwa, ariko tukabishobozwa gusa n’inkomezi be n’ubukerebutsi duhabwa n’Imana.—1 Ab’i Korinto 1:26-31.

Niwerekane ubuninahazwa bw’Imana

6. Ni itandukaniro irihe ryabaye hagati ya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu?

6 Ku vyerekeye abakirisu basizwe, Paulo avuga ati: “[Imana] yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha”. Iyo ntumwa irerekana ko hari itandukaniro hagati y’isezerano rishasha ryagiranywe na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu biciye kuri Yezu Kirisitu be n’isezerano rya kera ry’Ivyagezwe ryagiranywe na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri biciye kuri Musa. Paulo abandanya avuga ko igihe Musa yamanuka avuye ku Musozi Sinayi afise vya bisate biriko ya Mabwirizwa Cumi, mu maso hiwe hakayanganye ku buryo Abisirayeli badashobora kumuhanga amaso. Ariko rero, haciye igihe, hari ikintu gikomeye kuruta cashitse kubera ko ‘imitima yabo yari yarakomantaye’ bituma haba igitwikiro ku mitima yabo. Mugabo rero, igihe umuntu ahindukiriye Yehova n’umutima wiwe wose, ico gitwikiro kirakurwaho. Ku bijanye n’ubusuku abari mw’isezerano rishasha bahawe kurangura, Paulo avuga ati: “Twese, . . . [ntitwi]twikiriye mu maso, [twe]rekana nko mu cirore ubuninahazwa bw’Umukama” (2 Abakorenti 3:6-8, 14-18, UB; Kuvayo 34:29-35). Abagize “izindi ntama” za Yezu zo muri kino gihe na bo nyene baratewe ako gateka ko kwerekana ubuninahazwa bwa Yehova.—Yohana 10:16.

7. Abantu bashobora gute kwerekana ubuninahazwa bw’Imana?

7 Abantu b’abanyavyaha bashobora gute kwerekana ubuninahazwa bw’Imana kandi ata muntu n’umwe yoraba mu nyonga zayo ngo abeho (Kuvayo 33:20)? Urumva, uretse ubuninahazwa bwa Yehova ubwiwe, hariho n’umugambi wiwe uninahaye wo kwemeza ubusegaba bwiwe biciye ku Bwami bwiwe. Ukuri kwerekeye ubwo Bwami ni kimwe mu “bitangaza vy’Imana” vyatanguye kwamamazwa na ba bandi basukwako impwemu yera kuri Pentekote yo mu 33 G.C. (Ivyakozwe 2:11). Bayobowe n’impwemu, barashobora gushitsa mu buryo bwuzuye ubusuku bajejwe.—Ivyakozwe 1:8.

8. Ku bijanye n’ubusuku, ni igiki Paulo yari yariyemeje gukora?

8 Paulo yari yariyemeje kutareka ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kurangura ubusuku bwiwe bimwe bishitse. Yanditse ati: “[Ntitwi]hebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe. Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese” (2 Ab’i Korinto 4:1, 2). Biciye ku co Paulo yise “ubgo busuku”, ukuri kuriko kurashirwa ahabona, umuco wo mu buryo bw’impwemu na wo ugakwiragira hose.

9, 10. Bishoboka gute ko twerekana ubuninahazwa bwa Yehova?

9 Ku biraba umwe Soko ry’umuco nyamuco be n’umuco wo mu buryo bw’impwemu, Paulo yandika ati: “Imana, imwe yavuze ng’Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo” (2 Ab’i Korinto 4:6; Itanguriro 1:2-5). Kubera ko twatewe ako gateka ntangere ko kuba abasuku b’Imana, nimuze tugume tudahumanye kugira ngo dushobore kwerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova.

10 Abantu bari mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu ntibashobora kwibonera ubuninahazwa bwa Yehova canke ngo babubone biciye kuri Yezu Kirisitu, we Musa Mukuru. Ariko, twebwe abasavyi ba Yehova turakirwako n’umuco w’ubuninahazwa wo mu Vyanditswe maze tukawurasira abandi. Kugira ngo abantu muri iki gihe bari mu mwiza wo buryo bw’impwemu ntibaze barandurwe, barakeneye umuco uva ku Mana. Tubigiranye umunezero mwinshi be n’umwete mwinshi rero, turagamburukira itegeko ry’Imana ridusaba kureka umuco ugaca ibibatsi mu mwiza kugira ngo Yehova aninahazwe.

Nureke umuco wawe ukayanganire mu nyigisho za Bibiliya zo ku mihana

11. Yezu yavuze iki ku bijanye no kureka umuco wacu ugakayangana, kandi bumwe mu buryo bwo kubigira mu busuku bwacu ni ubuhe?

11 Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mur’umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru” (Matayo 5:14-16). Twigenjeje neza birashobora gutuma abandi baninahaza Imana (1 Petero 2:12). Ikindi na co, imice itandukanye y’igikorwa cacu co kwamamaza iratuma turonka uturyo twinshi two kureka umuco wacu ugakayangana. Imwe mu ntumbero zacu nyamukuru ni iyo kwerekana umuco wo mu buryo bw’impwemu uva mw’Ijambo ry’Imana mu kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana mu buryo ngirakimazi. Ubwo ni uburyo buhambaye cane bwo kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse. None ni inama izihe tugirwa zodufasha kurongora inyigisho za Bibiliya zikora ku mutima w’abarondera ukuri?

12. Isengesho rijanye gute n’igikorwa co kuyobora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana?

12 Gutura isengesho Yehova tumubwira ivy’ico kibazo, birerekana ko dufise icipfuzo gikomeye co kuyobora inyigisho za Bibiliya. Birerekana kandi ko tubona akamaro ko gufasha abandi kuronka ubumenyi bwerekeye Imana (Ezekiyeli 33:7-9). Nta kabuza ko Yehova azokwishura amasengesho yacu akongera agahezagira utwigoro tuvuye ku mutima tugira mu busuku (1 Yohana 5:14, 15). Yamara rero, ntidusenga dusaba gusa kuronka umuntu twoyoborera inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Inyigisho imaze gutangura nya gutangura, gusenga no kuzirikana ku bijanye neza na neza n’ivyo uwo mwigishwa wa Bibiliya akeneye, bizodufasha kumuyoborera inyigisho mu buryo ngirakimazi igihe cose tugiye kwigana na we.—Abaroma 12:12.

13. Ni ibiki vyodufasha kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana mu buryo ngirakimazi?

13 Kugira ngo turongore inyigisho za Bibiliya zo ku mihana mu buryo ngirakimazi, dutegerezwa kwitegurira neza icigwa kimwekimwe cose. Mu gihe twokwumva hari ukuntu tutabishoboye, kwihweza ingene umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero aca irya n’ino amayagwa aheturwa mu cigwa co ku ndwi, vyodufasha. Rimwe na rimwe, twoshobora kujana n’abamamaji b’Ubwami berewe mu gikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ariko ntiwumve, agatima ka Yezu Kirisitu be n’uburyo bwiwe bwo kwigisha ni vyo canecane tworimbura.

14. Dushobora gute gukora ku mutima umwigishwa wa Bibiliya?

14 Yezu yarahimbarwa no gukora ivyo Se wiwe wo mw’ijuru agomba be no kubwira abandi ivyerekeye Imana (Zaburi 40:8). Yari umugwaneza kandi yarererwa no gukora ku mutima abamwumviriza (Matayo 11:28-30). Nimuze rero twihatire gukora ku mutima abo twigana Bibiliya. Kugira ngo tubashike ku mutima, turakeneye kwitegurira icigwa kimwekimwe cose, dufise ku muzirikanyi ibintu bimwebimwe vyerekeye uwo mwigishwa. Nk’akarorero, nimba mu mico kama y’iwabo batemera Bibiliya, vyoba ngombwa ko tumujijura yuko Bibiliya ari iy’ukuri. Uca wumva rero ko tuzotegerezwa gusoma ivyanditswe vyinshi tukongera tukabisigura.

Nufashe abo mwigana gutahura ibigereranirizo

15, 16. (a) Twofasha gute umwigishwa adatahura ikigereranirizo cakoreshejwe muri Bibiliya? (b) Twokora iki mu gihe kimwe mu bisohokayandikiro vyacu gikoresha ikigereranirizo kigora umwigishwa wa Bibiliya gutahura?

15 Umwigishwa wa Bibiliya ashobora kuba atamenyereye ikigereranirizo kanaka cakoreshejwe mu Vyanditswe. Nk’akarorero, ashobora kuba adatahura ico Yezu yashaka kuvuga igihe yavuga ivyo gushira itara ku gitereko c’itara (Mariko 4:21, 22). Yezu yariko avuga itara rya kera bashiramwo amavuta rikakishwa urutambi. Bene iryo tara barishira ku gitereko cabigenewe ku buryo rishobora kubonesha mu cumba kanaka. Kugira ngo utomore neza ikigereranirizo Yezu yatanze, wosanga bikenewe ko ugira ubushakashatsi ku biganiro bivuga ngo “Lampe” (itara) be na “Porte-lampe” (igitereko c’itara) biri mu bisohokayandikiro nka Étude perspicace des Écrituresa. Naho ari ukwo, urazi ukuntu bihimbaye kuza ku nyigisho ya Bibiliya ufise insobanuro uza guha umwigishwa wa Bibiliya akayitahura kandi akayikenguruka!

16 Igitabu gifasha kwiga Bibiliya gishobora gukoresha ikigereranirizo cogora umwigishwa kanaka gutegera. Nufate umwanya wo kugisobanura canke ukoreshe ikindi kigereranirizo giserura ico ciyumviro nyene. Kumbure hari igisohokayandikiro kiriko gishimika ko kwubakana n’umuntu abereye kandi musenyera ku mugozi umwe, ari ngirakamaro mu mubano. Hashobora kuba hatanzwe akarorero k’umugabo akina agatebetebe afashe ivyuma bimanitse bita Trapèze, akaza kubirekura azi neza ko uwo bari kumwe aca amusama. Ikigereranirizo cosubirira ico mu vyo gusigura ko ari nkenerwa kwubakana n’umuntu abereye kandi musenyera ku mugozi umwe, gishobora kuba ari ikivuga ingene abakozi basenyera ku mugozi umwe mu guhanahana amakarato bariko bapakurura ubwato.

17. Ku bijanye n’ibigereranirizo twokwigira iki kuri Yezu?

17 Kugira ngo ukoreshe ikindi kigereranirizo bisaba kubanza kwitegura imbere y’igihe. Yamara ubwo ni bwo buryo bwo kugaragaza ko ubwacu twitwararika umwigishwa wa Bibiliya. Yezu yakoresha ibigereranirizo vyoroshe kugira atomore ibintu bigoye gutahura. Ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi irimwo uturorero twa mwene ivyo bigereranirizo, kandi Bibiliya irerekana yuko inyigisho yiwe yagira ingaruka nziza ku bamwumviriza (Matayo 5:1–7:29). Yezu yasigura ibintu abigiranye ukwihangana kubera yuko yitwararika cane abandi.—Matayo 16:5-12.

18. Ni ibiki bisabwa ku biraba ivyanditswe vyatanzwe bitarinze gusubirwamwo mu bisohokayandikiro vyacu?

18 Twitwararitse abandi, bizotuvyurira umutima wo ‘kubasobanurira Ivyanditswe’ (Ibikorwa vy’Abatumwa 17:2, 3, UB). Ivyo bisaba kwiga tubifashijwemwo n’isengesho be no gukoresha neza ibisohokayandikiro turonka biciye kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa” (Luka 12:42-44). Nk’akarorero, igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera kirasubiramwo ivyanditswe vyinshib. Kubera ico gitabu ata kibanza gihagije gifise, ivyanditswe bimwebimwe vyaratanzwe bitarinze gusubirwamwo. Mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya, birahambaye ko dusoma tukongera tugasigura n’imiburiburi bikeyi muri ivyo vyanditswe vyatanzwe. Kira noneho, ivyo twigisha bishingiye kw’Ijambo ry’Imana na ryo rikaba rifise ububasha buhambaye (Abaheburayo 4:12). Ku nyigisho iyo ari yo yose, niwerekeze kuri Bibiliya mu kiringo cose c’inyigisho, uze urakoresha kenshikenshi ivyanditswe biri mu ngingo. Nufashe umwigishwa wa Bibiliya kumenya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ikibazo kanaka canke ingendo yinaka. Niwihatire kumwereka ingene azokwungukira ku kugamburukira Imana.—Yesaya 48:17, 18.

Nubaze ibibazo bifasha kuzirikana

19, 20. (a) Ni kubera iki dukwiye gukoresha ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona igihe turongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana? (b) Hokorwa iki nimba bisaba ko ikibazo kanaka kirushiriza kurimburwa?

19 Ukuba Yezu yarakoresha ibibazo abigiranye ubuhanga, vyarafasha abantu kuzirikana (Matayo 17:24-27). Tubajije ibibazo bituma umwigishwa wa Bibiliya aserura iryo agona ariko ntibimutere ubuyega, inyishu ziwe zoshobora guhishura ico yiyumvira ku kintu kanaka. Turashobora kumenya ko agifise ivyiyumviro bitemerwa n’Ivyanditswe. Nk’akarorero, ashobora kuba yemera Ubutatu. Mu kigabane ca 3, igitabu Ubumenyi kirerekana ko ijambo “Ubutatu” ata na hamwe riri muri Bibiliya. Ico gitabu hariho ivyanditswe gisubiramwo be n’ivyo gitanga kitarinze kubisubiramwo, kugira ngo cerekane ko Yehova atandukanye na Yezu kandi ko impwemu yera ari inguvu zikora z’Imana, atari umuperesona. Gusoma no kuganira kuri ivyo vyanditswe vyo muri Bibiliya, vyoshobora kuba bihagije. Ariko none vyogenda gute mu gihe hoba hari ikindi gikenewe? Kumbure niwagaruka, muhejeje inyigisho yanyu, mwoshobora kumara akanya muganira mu buryo ngirakamaro kuri ico kibazo mwishimikije ivyiyumviro bishikirizwa mu kindi gisohokayandikiro c’Ivyabona vya Yehova, nka ka gatabu Doit-on croire à la Trinité?. Ikindi gihe, turashobora kugaruka kuri ca gitabu Ubumenyi.

20 Dufate ko tubajije uwo mwigishwa ikibazo gituma aserura iryo agona, maze agatanga inyishu itangaje canke mbere ica intege. Nka hamwe kwoba ari ukunywa itabi canke ikindi kibazo kanaka c’inkoramutima, vyoba vyiza tumusavye ko twobandanya inyigisho tukazoganira ivy’ico kibazo hanyuma. Tumenye ko uwo mwigishwa akibandanya kunywa itabi, vyodufasha kurondera amakuru yasohowe mu bisohokayandikiro yomufasha gutera imbere mu vy’impwemu. Mu gihe twihatira gukora ku mutima uwo mwigishwa, turashobora gusaba Yehova ngo amufashe gukura mu buryo bw’impwemu.

21. Ni ibiki bishobora gushika mu gihe twohindura uburyo twigisha kugira duhuze neza na neza n’ivyo umwigishwa wa Bibiliya akeneye?

21 Nitwitegura neza vyongeye Yehova akadufasha, nta nkeka ko tuzohindura uburyo twigisha kugira duhuze n’ivyo uwo mwigishwa wa Bibiliya akeneye. Uko bukeye uko bwije, twoshobora kuza turamufasha gukunda Imana bimwe vyimbitse. Twoshobora kandi kwererwa mu gikorwa co kumufasha kwubaha no guha agaciro ishirahamwe rya Yehova. Ese ingene vyeza umutima iyo abigishwa ba Bibiliya bemeye icese ko ‘Imana iri muri twebge vy’ukuri’ (1 Ab’i Korinto 14:24, 25)! Nimuze rero turongore inyigisho za Bibiliya zitera imbere twongere dukore uko dushoboye kugira dufashe abandi gucika abigishwa ba Yezu.

Ubutunzi dukwiye guha agaciro

22, 23. Dukeneye iki nimba dushaka kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse?

22 Kugira ngo turangure ubusuku bwacu bimwe bishitse, dutegerezwa kwiheka ku nkomezi Imana itanga. Ku vyerekeye ubusuku, Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe basizwe ati: “Dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge”.—2 Ab’i Korinto 4:7.

23 Twaba turi mu basizwe canke turi abo mu “zindi ntama”, tumeze nk’inzavya z’ibumba zimeneka (Yohana 10:16). Yamara rero, Yehova arashobora kuduha inkomezi zikenewe kugira ngo turangure igikorwa twashinzwe naho dushirwako imikazo (Yohana 16:13; Ab’i Filipi 4:13). Nimuze rero twizigire Yehova duherejeko, duhe agaciro ubutunzi bwacu ari bwo murimo twongere turangure ubusuku bwacu bimwe bishitse.

[Utujambo tw’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wokwishura gute?

• Abakurambere bokora iki kugira barangure ubusuku bwabo bimwe bishitse?

• Twokora iki kugira ngo inyigisho za Bibiliya zo ku mihana turongora zirushirize kuba ngirakimazi?

• Wokora iki mu gihe umwigishwa wa Bibiliya hari ikigereranirizo adatahura canke hakaba hari ayandi makuru akeneye ku bijanye n’ikibazo kanaka?

[Ifoto ku rup. 16]

Abakurambere bakirisu barigisha mw’ishengero bakongera bagafasha mu vyo kumenyereza mu busuku abo bisangiye ukwizera

[Ifoto ku rup. 18]

Kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana mu buryo ngirakimazi, ni bumwe mu buryo bwo kureka umuco wacu ugaca ibibatsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika