ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/4 rup. 12-17
  • Abasavyi b’Imana bategerezwa gukunda kugira ubuntu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasavyi b’Imana bategerezwa gukunda kugira ubuntu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuntu ni iki?
  • Ubuntu nyakuri si ubugoyagoye
  • Ubuntu be n’izindi kamere ziva ku Mana
  • Ni kubera iki isi yuzuye ububisha?
  • Mu gihe c’Ubwami bw’Imana ubuntu buzosasagara
  • Ni kubera iki dukwiye kugaragaza ubuntu?
  • Tubandanye kugaragaza ubuntu muri iyi si yuzuye ububisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ubuntu​—Bugaragazwa mu mvugo no mu ngiro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nureke “itegeko ry’ubuntu” rikuyobore
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ubuntu burahambaye mu nyonga z’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/4 rup. 12-17

Abasavyi b’Imana bategerezwa gukunda kugira ubuntu

“Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, [“atari ugukurikiza ubutungane, no gukunda kugira ubuntu, no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto”, “NW”]”?—Mika 6:8.

1, 2. (a) Ni kubera iki bidakwiye kudutangaza kubona Yehova yitega ko abasavyi biwe bagaragaza ubuntu? (b) Ku vyerekeye ubuntu, ni ibibazo ibihe dukwiye kurimbura?

YEHOVA ni Imana y’ubuntu (Abaroma 2:4; 11:22). Ese ukuntu umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva bategerezwa kuba barakengurutse ico kintu! Mw’itongo ryo muri Edeni, bari bakikujwe n’ibiremwa biboneka vyari ikimenyamenya c’ubuntu Imana igirira abantu, iyari ishoboye kubanezereza. Kandi Imana irabandanya kugaragariza ubuntu abantu bose, mbere n’intashima be n’abanyakibi.

2 Kubera ko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, barafise ubushobozi bwo kugaragaza kamere z’Imana (Itanguriro 1:26). Ntibitangaje kubona Yehova yitega ko tugaragaza ubuntu. Nk’uko muri Mika 6:8, NW habivuga, abasavyi b’Imana bategerezwa “gukunda kugira ubuntu”. Ariko none ubuntu ni iki? Bufitaniye isano gute n’izindi kamere z’Imana? Ko abantu bafise ubushobozi bwo kugaragaza ubuntu, ni kubera iki isi yuzuyemwo ububisha n’ubukazi? Bwa bakirisu, ni kubera iki dukwiye kugira akigoro ko kugaragaza ubuntu mu vyo dukorana n’abandi?

Ubuntu ni iki?

3. Ubuntu wobusigura gute?

3 Ubuntu bugaragazwa mu kurazwa ishinga n’ineza y’abandi. Bwerekanwa n’ibikorwa vyo gufasha be n’amajambo aranga urupfasoni. Kugira ubuntu bisobanura gukora ivyiza ntihagire ikintu na kimwe ukora conona. Umunyabuntu ni umuntu afata abandi kigenzi, yitonda, w’umunyempuhwe kandi w’umugwaneza. Ni umuntu w’inda nziza kandi yubahiriza abandi. Intumwa Paulo yakebuye abakirisu ati: “Mwambare umutima w’ikigongwe, [n’ubuntu], n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana” (Ab’i Kolosayi 3:12). Ubuntu rero ni kimwe mu vyambarwa vy’ikigereranyo vy’umukirisu wese w’ukuri.

4. Yehova yatanze akarorero gute mu vyo kugaragariza abantu ubuntu?

4 Yehova Imana ni we yatanze akarorero mu vyo kugaragaza ubuntu. Nk’uko Paulo yabivuze, “[ubuntu bw’Imana] Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka”, ni ho “[yadukirisha] ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha [n’im]pwemu [y]era” (Tito 3:4, 5). Imana ‘iroza’, canke iruhagira mu maraso ya Yezu abakirisu basizwe, ikaba ikoresheje kuri bo agaciro k’inkuka y’incungu ya Kirisitu. Baragirwa kandi bashasha biciye ku mpwemu yera, bagacika “icaremwe gisha”, bakaba abana b’Imana bavyawe n’impwemu (2 Ab’i Korinto 5:17). Ikindi kandi, ubuntu bw’Imana be n’urukundo rwayo birashika ku bagize “ishengero ryinshi”, “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi”.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 1 Yohana 2:1, 2.

5. Ni kubera iki abarongorwa n’impwemu y’Imana bakwiye kugaragaza ubuntu?

5 Ubuntu kandi ni kimwe mu vyamwa vy’impwemu yera y’Imana ari yo nguvu ikora. Paulo yavuze ati: “Ivyo [im]pwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira [ubuntu], ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza” (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ntiwumva none ko abarongorwa n’impwemu y’Imana bakwiye kugaragariza ubuntu abandi?

Ubuntu nyakuri si ubugoyagoye

6. Ni ryari ubuntu buba ubugoyagoye, kandi aba ari kubera iki?

6 Hari abantu babona ko ubuntu ari ubugoyagoye. Babona ko umuntu ategerezwa gukara, mbere rimwe na rimwe agashira isoni kugira ngo abandi babone ko ari umugabo. Ariko rero, mu vy’ukuri bisaba inkomezi zihambaye kugira umuntu agaragaze ubuntu nyakuri yongere yirinde kugaragaza ubuntu budakwiriye. Kubera ko ubuntu nyakuri buri mu bigize ivyamwa vy’impwemu y’Imana, ntibushobora kuba agatima karanga ukugoyagoya n’uguhemuka mu kwirengagiza inyigenzo mbi. Ku rundi ruhande, kugaragaza ubuntu budakwiriye ni ubugoyagoye butuma umuntu arenza uruho rw’amazi ku bikorwa bibi.

7. (a) Eli yerekanye gute ko arekerana ibintu? (b) Ni kubera iki abakurambere bategerezwa kuba maso kugira ngo ntibasange bagaragaje ubuntu budakwiriye?

7 Rimbura nk’akarorero Eli wa muherezi mukuru wo muri Isirayeli. Yari umuntu arekerana ibintu mu vyo gutoza indero abahungu biwe Hofuni na Finehasi, abakora igikorwa c’ubuherezi kw’itaberenakulo. Kubera ko batabumbwa n’imitigiri y’ibimazi bagenerwa n’Ivyagezwe vy’Imana, baratuma umusuku gusaba inyama mbisi uwaje gutanga ikimazi imbere y’uko ibinure vy’iryo shikanwa vyoserezwa ku gicaniro. Abo bahungu ba Eli baranasambana n’abagore basukurira ku muryango w’itaberenakulo. Yamara rero, aho kubogoza Hofuni na Finehasi, Eli yarabakankamira gusa bimwe bidafashe (1 Samweli 2:12-29). Ntibitangaje kubona “mur’iyo misi ijambo ry’Uhoraho ryari risigaye ar’imbonekarimwe” (1 Samweli 3:1). Abakurambere bakirisu bategerezwa kuba maso kugira ntibagwe mu mutego wo kugaragariza inkozi z’ikibi ubuntu budakwiriye, izo na zo zikaba zoshobora gushira mu kaga ishengero, mu vy’impwemu. Ubuntu nyakuri ntiburenza uruho rw’amazi ku majambo mabi be no ku bikorwa birenga ku ngingo mfatirwako z’Imana.

8. Yezu yagaragaje gute ubuntu nyakuri?

8 Yezu Kirisitu, umwe Karorero kacu ntiyigeze agwa mw’ikosa ryo kugaragaza ubuntu budakwiriye. Yari we karorero ntangere mu vyo kugaragaza ubuntu nyakuri. Nk’akarorero, ‘yaraterwa akagongwe n’abantu kubera ko bari bagowe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere’. Abantu b’umutima nziraburyarya baregera Yezu ata co binona, mbere bakamuzanira abana batobato babo. Niwiyumvire ubuntu be n’imbabazi yagaragaje igihe ‘yakira abo bana akabarera, akabahezagira, abarambitseko ibiganza’ (Matayo 9:36; Mariko 10:13-16). Naho Yezu yari umunyabuntu, yari umuntu ashikama ku bigororotse mu nyonga za Se wiwe wo mw’ijuru. Yezu ntiyigera arenza uruho rw’amazi ku kibi; yari afise inkomezi yahawe n’Imana zo gushira ku kabarore indongozi z’idini zuzuye uburyarya. Nk’uko biboneka muri Matayo 23:13-26, yaravuze akatari gake amajambo agira ati: “Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe”.

Ubuntu be n’izindi kamere ziva ku Mana

9. Ubuntu bufitaniye isano gute n’ukwihangana be n’ukumera neza?

9 Ubuntu burafitaniye isano n’izindi kamere impwemu y’Imana yama, nk’“ukwihangana” be n’“ukumera neza” (NW). Kukaba nkako, umuntu atsimbataza ubuntu agaragaza iyo kamere mu kwihangana. Arihanganira mbere n’abantu batagaragaza ubuntu. Ubuntu bufitaniye isano n’ukumera neza, mu buryo bw’uko kenshi bugaragarira mu bikorwa ngirakamaro bigirwa ku bw’ineza y’abandi. Rimwe na rimwe, ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe muri Bibiliya risobanura “ubuntu”, rishobora guhindurwa ngo “ukumera neza”. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baragaragaza iyo kamere ku rugero rwajoreje abapagani gushika n’aho, nk’uko Terituliyano yabivuze, abo bapagani bita abayoboke ba Yezu ‘abantu bagizwe n’ubuntu’.

10. Ubuntu bufitaniye isano gute n’urukundo?

10 Hariho isano hagati y’ubuntu n’urukundo. Ku biraba abayoboke biwe, Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje” (Yohana 13:35). Kandi ku vyerekeye urwo rukundo, Paulo yavuze ati: “Urukundo rurihangana, rugira [“ubuntu”, NW]” (1 Ab’i Korinto 13:4). Ubuntu kandi burafitaniye isano n’urukundo mw’ijambo “ubuntu-mvarukundo” rikunda gukoreshwa mu Vyanditswe. Ubwo ni ubuntu bukomoka ku rukundo rudahemuka. Izina ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” ntirigarukira gusa ku kibabarwe. Ni ubuntu bwumira ku kintu bubigiranye urukundo gushika umugambi ujanye n’ico kintu urangutse. Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova ari rwo rukundo rwiwe rudahemuka, bugaragazwa mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, rugaragarira mu bikorwa vyiwe vyo kurokora no gukingira.—Zaburi 6:4; 40:11; 143:12.

11. Ubuntu-mvarukundo bw’Imana budukura amazinda gute?

11 Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova buratuma abantu bamwiyegereza (Yeremiya 31:3). Igihe abasavyi b’Imana bakeneye kurokorwa canke gufashwa, baramenya yuko ubuntu-mvarukundo bwayo ari urukundo rudahemuka koko. Ntibuzobahemukira. Ku bw’ivyo, barashobora gusenga bafise ukwizera nk’uko nyene umwanditsi wa Zaburi yabigize. Yavuze ati: “Ariko nizigiye [“ubuntu-mvarukundo bwawe”, NW]; umutima wanje uzonezererwa agakiza kawe” (Zaburi 13:5). Kubera ko urukundo rw’Imana rudahemuka, abasavyi bayo barashobora kuyizigira bagaherezako. Bakurwa amazinda uku: ‘Uhoraho ntazota abantu biwe, kandi ntazoheba ishamvu yiwe’.—Zaburi 94:14.

Ni kubera iki isi yuzuye ububisha?

12. Intwaro y’agacinyizo yatanguye ryari kandi gute?

12 Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano n’ivyabaye muri rya tongo ry’i Edeni. Mu ntango yo kubaho kw’umuntu, hari ikiremwa c’impwemu cari cacitse icikunda n’icishira hejuru, catanguje umugambi w’ukuntu cotegeka isi. Icavuye muri urwo rwenge, ni uko ico kiremwa cacitse “umutware w’iyi si”, umutware acura abantu bufuni na buhoro (Yohana 12:31). Yahavuye yitwa Shetani wa Mucokoranyi, umurwanizi mukuru w’Imana n’abantu (Yohana 8:44; Ivyahishuriwe 12:9). Umugambi wiwe w’ubwikunzi wo gushinga ubutegetsi buhiganwa n’ubutegetsi bwa Yehova buranga ubuntu, wagiye ku mugaragaro Eva amaze igihe gito aremwe. Gutyo rero, ubutegetsi bubi bwatanguye igihe Adamu yahitamwo inzira yo kwigenga ntiyisunge ubutegetsi bw’Imana, aba ateye akagere ubuntu bwayo (Itanguriro 3:1-6). Aho kwitegeka vy’ukuri, Adamu na Eva nyabuna bagiye munsi y’akosho ka Shetani karangwa ubwikunzi n’ubwibone, baba bacitse abatwarwa b’ubutegetsi bwiwe.

13-15. (a) Ingaruka zimwezimwe zavuye ku gutera akagere ubutegetsi bugororotse bwa Yehova zabaye izihe? (b) Ni kubera iki iyi si yuzuye ububisha?

13 Rimbura zimwezimwe mu ngaruka z’ivyo. Adamu na Eva barirukanywe mu gace k’isi kari iparadizo. Bavuye ahantu haboneka bitagoranye ibiterwa nzanamagara n’ivyamwa nzanamagara, baja kubaho nabi hanze y’itongo ry’i Edeni. Imana yabwiye Adamu iti: “Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe; rizohora rikumerera imikere n’ibitovu”. Umuvumo wavumwe isi wasobanura yuko kuva ico gihe, kuyirima vyogoye cane. Ingaruka zashikiye abakomotse kuri Adamu z’umuvumo isi yavumwe, igasigara imera imikere n’ibitovu, zari zikomeye cane ku buryo se wa Nowa, ari we Lameki, yavuze ivyerekeye ‘ubutame bw’amaboko yabo bwatewe n’ivu Yehova yavumye’.—Itanguriro 3:17-19; 5:29.

14 Adamu na Eva kandi bafashe itekane bari bafise barikaba amagorwa. Imana yabwiye Eva iti: “Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza”. Mu nyuma, Kayini, imfura ya Adamu na Eva yarakoze ikintu kiranga ububisha mu kugandagura murumunawe Abeli.—Itanguriro 3:16; 4:8.

15 Intumwa Yohani yavuze ati: “Isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Nka kurya kw’umutware wayo, isi muri iki gihe igaragaza kamere mbi zirimwo ubwikunzi be n’ubwibone. Ntibitangaje kubona yuzuye ububisha n’ubukazi! Yamara rero, ntibizokwama ukwo. Yehova azokora ku buryo ubuntu be n’imbabazi vyiganza mu Bwami bwiwe, hako ububisha be n’ubukazi aba ari vyo vyiganza.

Mu gihe c’Ubwami bw’Imana ubuntu buzosasagara

16. Ni kubera iki ubutegetsi bw’Imana burongowe na Kirisitu Yezu burangwa ubuntu, kandi ivyo bitugobera gukora iki?

16 Yehova hamwe na Yezu Kirisitu yagenywe ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe, basaba abatwarwa babo ko bamenyekanira ku kuba abanyabuntu (Mika 6:8). Yezu Kirisitu yaratweretse akarorero k’ukuntu ubutegetsi yahawe na Se buzorangwa n’ubuntu (Abaheburayo 1:3). Ivyo dushobora kubibonera mu majambo ya Yezu yashize ku kabarore indongozi z’idini y’ikinyoma zaremereza abantu imitwaro iremereye. Yavuze ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze [ingogo] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw [ingogo] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:28-30). Abategetsi benshi bo kw’isi, baba abo mu madini canke bo mu zindi nzego, bararuhisha abantu mu kubikoreza imitwaro inaniza iva ku kubashingira amategeko y’urutavanako be no mu kubakoresha ibikorwa ntibanabashimire. Yamara, ivyo Yezu asaba abayoboke biwe birahuje n’ivyo bakeneye be n’ubushobozi bafise. Ese ukuntu ari ingogo iruhura kandi iranga ubuntu! Ntituvyurirwa none umutima wo kumwigana mu kugaragariza ubuntu abandi?—Yohana 13:15.

17, 18. Ni kubera iki twokwizigira ko abazoganza mw’ijuru bafadikanije na Kirisitu be n’abazoba abaserukizi biwe ngaha kw’isi, bazogaragaza ubuntu?

17 Amajambo yibonekeje Yezu yabwiye intumwa ziwe arashira ahabona ukuntu ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana butandukanye cane n’ubutegetsi bw’abantu. Bibiliya ivuga iti: “Havyuka impāri muri bo [abigishwa], z’uwo bagereranyako kw ar’umukuru uw’ari we. Arababgira, at’Abami b’amahanga bayatwaza amanyama, n’abafise ububasha bgo kuyaganza bitwa ba rutungaboro. Ariko mwebge s’uko: mugab’umukuru muri mwebge abe nk’umuto, n’ūganza abe nk’ūbakorera. Umukuru ni nde, n’ūkorerwa, canke n’ūmukorera? Mbega s’ūkorerwa? Ariko jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera”.—Luka 22:24-27.

18 Abategetsi b’abantu barondera kumenyekanisha ubukuru bwabo mu ‘gutwaza amanyama’ abanyagihugu no mu kurondera amazina y’ivyubahiro, nk’aho umengo ayo mazina atuma baruta abo batwara. Ariko Yezu yavuze ko ubukuru nyakuri buva ku gusukurira abandi, ni ukuvuga kwihatira gukorera abandi n’ubwira kandi udahorereza. Abazoganza bose mw’ijuru bafadikanije na Kirisitu canke abazoba abaserukizi biwe bose ngaha kw’isi, bategerezwa kwihatira gukurikiza akarorero kiwe ko kwicisha bugufi no kugaragaza ubuntu.

19, 20. (a) Yezu yerekanye gute aho ubuntu bw’Imana bugera? (b) Twokwigana gute Yehova mu vyo kugaragaza ubuntu?

19 Reka turabe iyindi mpanuro iranga urukundo Yezu yatanze. Mu kwerekana aho ubuntu bwa Yehova bugera, Yezu yavuze ati: “Ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobaguranura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo baguranurwe nk’ivyabo. Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira [ubuntu] intashima n’ababi. Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi”.—Luka 6:32-36, ni twe tubihiritse.

20 Ubuntu bw’Imana ntiburimwo ubwikunzi. Nta co busaba kandi nta mpera bwitega. Yehova abigiranye ubuntu, “atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya” (Matayo 5:43-45; Ivyakozwe 14:16, 17). Mu kwigana akarorero ka Data wa twese wo mw’ijuru, ntitwirinda gusa kubabaza abantu b’intashima ahubwo turabakorera ivyiza, tukanabikorera n’abakoze ibiranga ko batwanka. Tugaragaje ubuntu, tuba tweretse Yehova na Yezu ko twipfuza kuzobaho dutegekwa n’Ubwami bw’Imana, igihe ubuntu be n’izindi kamere ziva ku Mana zizoba ziganje mu migenderanire yose y’abantu.

Ni kubera iki dukwiye kugaragaza ubuntu?

21, 22. Ni kubera iki dukwiye kugaragaza ubuntu?

21 Ku mukirisu nyakuri, kugaragaza ubuntu birahambaye bimwe bidasanzwe. Ni ikimenyamenya c’uko impwemu y’Imana iriko irakora muri twebwe. Vyongeye, igihe tugaragaza ubuntu nyakuri, tuba twiganye Yehova Imana na Kirisitu Yezu. Ubuntu kandi ni kamere isabwa ku bantu bazoba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Dutegerezwa rero gukunda kugira ubuntu no kwiga kubugaragaza.

22 Ni mu buryo buboneka bumwebumwe ubuhe dushobora kugaragaza ubuntu mu buzima bwacu bwa misi yose? Ikiganiro gikurikira kiraza kwihweza ico kibazo.

Wokwishura gute?

• Ubuntu ni iki?

• Ni kubera iki iyi si irangwa ubukazi n’ububisha?

• Tumenya gute ko ubuntu buzokwiganza mu gihe c’ubutegetsi bw’Imana?

• Ni kubera iki kugaragaza ubuntu bihambaye ku bantu bipfuza kuzobaho batwarwa n’Ubwami bw’Imana?

[Ifoto ku rup. 13]

Abakurambere bakirisu barihatira kuba abanyabuntu igihe bitwararika umukuku

[Ifoto ku rup. 15]

Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova ntibuzohemukira abasavyi biwe mu bihe bigoye

[Amafoto ku rup. 16]

Yehova abigiranye ubuntu, arareka izuba rikakira abantu bose n’imvura ikagwa ku bwabo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika