ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/12 rup. 4-6
  • Yezu Kirisitu akwiye kwibukwa gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kirisitu akwiye kwibukwa gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Umusi mukuru bashima w’ukwidagadura n’ukudandaza
  • Umwana yatuvukiye
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/12 rup. 4-6

Yezu Kirisitu akwiye kwibukwa gute?

Yezu Kirisitu “nta nkeka yari umwe mu bantu bakomakomeye bigeze kubaho”.—“The World Book Encyclopedia”.

ABANTU bahambaye kenshi usanga bibukirwa ku vyo bakoze. Ni kubera iki none benshi bibukira Yezu kw’ivuka ryiwe, aho kumwibukira ku bikorwa vyiwe? Mu biyita abakirisu, benshi barashobora kudonda ibintu vyabaye mu gihe c’ivuka ryiwe. Ariko ni bangahe bibuka bakongera bakihatira gushira mu ngiro inyigisho ziwe ntangere ziri muri ya Nsiguro yo ku Musozi?

Ni ivy’ukuri yuko ivuka rya Yezu cari ikintu gihambaye, mugabo abigishwa biwe bo mu ntango bashira imbere cane ivyo yakoze be n’ivyo yigishije. Nta gukeka, Imana ntiyigeze ishaka yuko ivuka rya Kirisitu ritwikira ubuzima yagize amaze gukura. Yamara, Noweli yoyo yarashoboye gutwikira akaranga ka Kirisitu mu nkuru z’urusobangane z’ibitito zerekeye ivuka ryiwe.

Hari ikindi kibazo kivuruga ubwenge kivyuka umuntu aravye ukuntu Noweli ihimbazwa. Nk’ubu Yezu yogaruka kw’isi, yobona gute ukudandaza Noweli kugirwa izuba riva? Haraciye imyaka 2.000 Yezu agendeye urusengero rw’i Yeruzalemu. Yararakajwe n’abavunja amahera be n’abadandaza bariko bikika mu kiza ku musi mukuru w’idini ry’Abayuda kugira bironkere inyungu. Yavuze ati: “Ni mukūreh’ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro” (Yohana 2:13-16). Biribonekeza yuko Yezu atemera ivyo gusukiranya urudandaza n’ivy’idini.

Abagatolika benshi b’inziraburyarya bo muri Esupanye baraserura ko barajwe ishinga n’ukuntu Noweli iguma irushiriza kuba iy’urudandaza. Yamara, ukwo kugenda baragira Noweli iy’urudandaza bisa n’ibitobura kugirwa, uravye inkomoko y’imigenzo myinshi igirwa ijanye na Noweli. Umumenyeshamakuru Juan Arias avuga ati: “Abo mu bakirisu banegura ingene Noweli yagizwe ‘iya gipagani’ be n’ingene irushiriza kwibanda cane ku vy’ukwidagadura n’ivyo kugura ibigezweko aho kwibanda kw’idini, usanga mu bisanzwe batazi yuko no mu nkomoko yavyo, ivyo kwerekana ivuka rya Yezu . . . vyari bimaze kujamwo ibintu vyinshi vyaranga umusi mukuru [w’izuba] wahimbazwa n’Abaroma b’abapagani”.—Ikinyamakuru El País co ku wa 24 Kigarama 2001.

Mu myaka iheze, abamenyeshamakuru benshi bo muri Esupanye be n’ibitabu vyaho vyinshi vyaragize ico bivuze ku nkomoko ya gipagani y’imisi mikuru ya Noweli yamye igirwa kuva kera na rindi, be no ku kuntu iyo misi imota ivy’ubudandaji. Ku biraba itariki bahimbarizako Noweli, igitabu kimwe (Enciclopedia de la Religión Católica) kivuga kidakikiriza giti: “Icatumye Ekeleziya Gatolika ya Roma ishinga ko iyo tariki iba ari yo iberako uwo musi mukuru, biboneka ko ari ya mpengamiro yayo yo gufata imisi mikuru ya gipagani ikayisubiriza iya gikirisu. . . . Turazi yuko ico gihe i Roma, abapagani bafata igenekerezo rya 25 Kigarama nka wo musi bahimbarizako natalis invicti, bisigura ivuka ry’‘izuba mudatsindwa’”.

Hari ikindi gitabu (Enciclopedia Hispánica) gishikiriza iciyumviro gisa n’ico mu kuvuga giti: “Igenekerezo rya 25 Kigarama bahimbarizako Noweli ntiryavuye ku gihe gihura neza na neza n’umusi [Yezu] yavukiyeko. Ahubwo ryavuye ku gufata imisi mikuru bahimbaza mu Baroma mu rushana igihe baba batarasirwa n’imishwarara y’izuba bivanye n’ukuntu isi ihagaze, bakayigira iya gikirisu”. None Abaroma bahimbaza gute iseruka ry’izuba mu kirere co mu rushana? Barihimbaza mu kwitereka ibifungurwa, mu kudandahirwa, no mu guhanahana utuganuke. Kubera yuko abakuru ba Ekeleziya bagonanwa gukuraho umusi mukuru nk’uwo wakundwa n’abantu benshi, baciye “bawuhindura uwa gikirisu” mu kuwita umusi w’ivuka rya Yezu aho kuwita umusi w’ivuka ry’izuba.

Mu ntango, ni ukuvuga mu kinjana ca kane n’ica gatanu, ivy’ukwibanda ku gusenga izuba no ku migenzo bijanye, vyaragoranye kuvaho. Umugatolika Augustino yitwa ngo ni umweranda (uwabayeho kuva mu 354 gushika mu 430 G.C.) yumvise agoberewe gusaba abo basangiye ukwemera ngo ntibahimbaze igenekerezo rya 25 Kigarama nk’uko abapagani barihimbaza mu gutera iteka izuba. No muri iki gihe, imigenzo ya kera y’Abaroma ijanye n’ugusenga izuba isa n’uko ari yo yiganje.

Umusi mukuru bashima w’ukwidagadura n’ukudandaza

Uko imyaka yagiye irarengana, hari ibintu vyinshi vyagize uruhara rukomeye mu gutuma Noweli iba wo musi mukuru ukundwa na benshi kandi ugirwa kw’isi yose, uronsa abantu akaryo k’ukwidagadura n’ukudandaza. Ikindi kandi, imigenzo igirwa mu yindi misi mikuru yo mu gihe c’urushana, canecane mu misi mikuru igirwa mu Buraya bwo mu Buraruko, yagiye irinjizwa mw’ihimbaza Abaroma bagiraa. Mu kinjana ca 20 na ho, abadandaza be n’abahinga mu vy’ukudandaza bararemesheje babigiranye umwete ubwoko bwose bw’imigenzo bushobora gutuma bironkera inyungu y’umurengera biteye akoba.

None vyavuyemwo iki? Ico vyavuyemwo ni uko uguhimbaza ivuka rya Kirisitu ari vyo vyashizwe imbere cane kuruta insobanuro yaryo. Akenshi, mbere n’izina rya Kirisitu bararetse kuricisha mu kanwa igihe bahimbaza Noweli. “[Noweli] ni umusi mukuru ugirwa kw’isi yose mu muryango, kandi umwumwe wese awuhimbaza uko awumva”. Ivyo bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (El País) co muri Esupanye.

Ayo majambo arerekana ukuntu ihimbazwa ry’uwo musi rigenda riramera muri Esupanye no mu bindi bihugu vyinshi kw’isi yose. Mu gihe ivyo guhimbaza Noweli biguma birushiriza kuba ivy’agatangaza birenze, ubumenyi bwerekeye Kirisitu bwobwo butera bugabanuka. Mu vy’ukiri, ivyo guhimbaza Noweli vyarasubiye kumera nk’uko vyari mu gihe c’Abaroma, ni ukuvuga ukwitereka ibifungurwa, ukudandahirwa, n’uguhanahana utuganuke.

Umwana yatuvukiye

Asangwa Noweli ata ho ihuriye na Kirisitu, none abakirisu b’ukuri bakwiye kwibuka gute ivuka rya Kirisitu be n’ubuzima bwiwe? Hagisigaye ibinjana indwi ngo Yezu avuke, Yesaya yabuye ibimwerekeye mu kuvuga ati: “Kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe” (Yesaya 9:6). Ni kubera iki Yesaya yavuze yuko ivuka rya Yezu be n’uruhara yohavuye agira vyobaye ibihambaye gutyo? Ni kubera yuko Yezu yobaye umutware akomeye. Yokwiswe Umukama w’amahoro, kandi ukugwira kw’ubutware bwiwe n’amahoro ntivyogize iherezo. Vyongeye, intwaro ya Yezu yoshigikiwe n’“[u]guca imanza zibereye n’ukugororoka”.—Yesaya 9:7.

Umumarayika Gaburiyeli yarasubiyemwo ayo majambo ya Yesaya igihe yamenyesha Mariya ibijanye n’ivuka rya Yezu ryari rigiye gushika. Yabuye ati: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo” (Luka 1:32, 33). Biraboneka yuko insobanuro nyamukuru y’ivuka rya Yezu iri mu gikorwa Kirisitu yoranguye ari Umwami yagenywe w’Ubwami bw’Imana. Ubutegetsi bwa Kirisitu burashobora kugirira akamaro abantu bose, utibagiye wewe hamwe n’abawe. Kukaba nkako, abamarayika bavuze yuko ivuka ryiwe ryotumye “mwisi [haba] amahoro . . . mu [bo Imana] inezererwa”.—Luka 2:14.

Ni nde atanyotewe kuba mw’isi irangwamwo amahoro n’ubutungane? Ariko kugira tuze twinovore ayo mahoro azozanwa n’ubutegetsi bwa Kirisitu, turakeneye guhimbara Imana no kugiranira ubucuti bwiza na yo. Yezu yavuze yuko intambwe ya mbere ishikana umuntu ku kwunga ubucuti nk’ubwo, ari ukwiga ivyerekeye Imana na Kirisitu. Yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.—Yohana 17:3.

Tumaze kumenya Yezu neza, ntituba tugikekeranya ku kugene yoshima ko tumwibuka. Yoba yoshima ko tumwibuka mu kurya no mu kunywa no mu guhanahana utuganuke ku musi nyene abapagani ba kera bagirirako umusi mukuru? Ivyo bisa n’ibidashoboka. Mw’ijoro buca Yezu apfa, yarabwiye abigishwa ico yashaka ko bogira. Yavuze ati: “Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda”.—Yohana 14:21.

Ivyabona vya Yehova barize Ivyanditswe Vyeranda mu buryo bushika kure, ivyo bikaba vyarabafashije gutahura insobanuro nyakuri y’ivyagezwe vy’Imana be n’ivya Yezu. Bazohimbarwa no kugufasha kurushiriza gutahura ivyo vyagezwe bihambaye kugira ushobore kwibuka Yezu nk’uko bikwiriye.

[Akajambo k’epfo]

a Igiti ca Noweli be n’igishushanyo ca Père Noël ni uburorero bwibonekeje buvyerekana.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 6, 7]

Bibiliya yoba ibuza ivy’ukwitereka ibifungurwa n’ivy’uguhanahana ingabire?

Ivy’uguhanahana ingabire

Bibiliya irashigikira ivy’uguhanahana ingabire canke utuganuke. Yehova ubwiwe imwita Nyene “gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose” (Yakobo 1:17). Yezu yavuze yuko abavyeyi beza boha ingabire abana babo (Luka 11:11-13). Abagenzi ba Yobu hamwe n’abo mu muryango wiwe baramuhaye ingabire igihe yakira indwara (Yobu 42:11). Ariko rero, nta n’imwe muri izo ngabire yasavye ko harinda gushingwa imisi minaka yo kugira umusi mukuru. Ingabire nk’izo zatangwa bivuye ku mutima.—2 Ab’i Korinto 9:7.

Ugutororokanira hamwe kw’abagize umuryango

Ugutororokanira hamwe kw’abagize umuryango kurashobora gufasha cane mu gutuma bashikirana, canecane igihe baba batakiba mu nzu imwe. Yezu n’abigishwa biwe baratashe ubugeni bwabereye iKana, kandi nta gukeka hari hatororokaniye abantu benshi b’incuti n’abagenzi (Yohana 2:1-10). No muri wa mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi, se wiwe yaragize umusi mukuru kubera umwana wiwe yagarutse mu kwihereza amazimano mu muryango, ayo mazimano akaba yarimwo umuziki n’ugutamba.—Luka 15:21-25.

Ukwinovora ibifungurwa biryoshe

Bibiliya kenshi iravuga ivy’abasavyi b’Imana bariko barinovora ibifungurwa biryoshe bari mu muryango, bari kumwe n’abagenzi canke abo basenga hamwe. Igihe abamarayika batatu bagendera Aburahamu, yarabateguriye amazimano, ayo mazimano akaba yarimwo inyama z’inka, amata, amavuta y’inka hamwe n’udukate tubehuye (Itanguriro 18:6-8). Salomo yavuze yuko ‘ukurya, ukunywa be n’ukunezerwa’ ari ingabire ziva ku Mana.—Umusiguzi 3:13; 8:15.

Biribonekeza yuko Imana ishaka ko twinovora ibifungurwa biryoshe turi kumwe n’incuti n’abagenzi, kandi ntibuza ivyo guhanahana ingabire. Turafise uturyo umuyoro two kubigira mu mwaka wose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika