ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/12 rup. 3-4
  • Ivuka ukwiye kwibuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivuka ukwiye kwibuka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Noweli y’Abanyesupanye
  • “Igihe co mu mwaka gihimbaye kandi c’ibikorwa vyinshi kuruta ibindi bihe vyose”
  • Yezu Kirisitu akwiye kwibukwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kubera iki abantu bamwebamwe badahimbaza Noweli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/12 rup. 3-4

Ivuka ukwiye kwibuka

‘Uyu musi Umukiza yabavukiye, ni we Kristo Umwami’.—Luka 2:11.

HARACIYE nk’imyaka ibihumbi bibiri umwigeme umwe wo mu gisagara ca Betelehemu yibarutse umwana w’umuhungu. Abantu bakeyi bo muri ico gisagara ni bo batahuye insobanuro y’iryo vuka. Mugabo abungere bakeyi bari baraririye imikuku yabo mu gahinga barabonye abamarayika benshi, bongera babumva baririmba bati: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw isi amahoro abe mu [bo] inezererwa”.—Luka 2:8-14.

Abo bungere bahavuye basanga Mariya n’umugabo wiwe Yozefu mu ruhongore, nk’uko nyene ba bamarayika bari babibabwiye. Mariya, uwari yise uwo mwana Yezu, yari yamuryamitse mu ruhongore mu bwato bw’ibitungwa (Luka 1:31; 2:12). Ubu, inyuma y’imyaka ibihumbi bibiri ivyo bibaye, hafi ica gatatu c’umuryango wose w’abantu, bivugisha yuko bayobokera Yezu Kirisitu. Vyongeye, ibintu vyabaye mu gihe c’ivuka ryiwe, usanga bigize ishimikiro ry’inkuru ishobora kuba ari yo imaze kwiganwa kenshi kuruta izindi zose muri kahise k’abantu.

Igihugu ca Esupanye, icatsimbatayemwo imigenzo ya gatolika, kikaba gifise n’ubuhanga mu vyo guhimbaza ibirori bijanye n’imico kama, kiri n’uburyo bwinshi bwo guhimbaza iryo joro ridasanzwe ryabaye iBetelehemu.

Noweli y’Abanyesupanye

Guhera mu kinjana ca 13, amashusho yerekana ivuka ry’akana Yezu yabaye kimwe mu bintu bikunda kuranga imisi mikuru y’Abanyesupanye. Imiryango myinshi irahingura akantu gatoyi kameze nka bwa bwato bw’ibitungwa baryamikamwo Yezu. Barakora n’ibibumbano vyerekana ba bungere na ba Bamajusi (ari bo “bami batatu”), hamwe n’ivyerekana Yozefu na Mariya be na Yezu. Mu gihe ca Noweli, ibibumbano bininibinini bihakwa kungana n’abantu vyerekana ivuka ry’akana Yezu, kenshi birashirwa hafi y’inyubakwa zirangurirwamwo ibikorwa vya Leta mu gisagara. Biboneka yuko uwitwa Fransisiko w’i Assise ari we yatanguje uwo mugenzo mu Butaliyano kugira ngo atume abantu bitaho inkuru yo mu Njili ivuga ivy’ivuka rya Yezu. Abihebeye Imana bo mu Bene Fransisiko bahavuye bakwiragiza uwo mugenzo muri Esupanye no mu bindi bihugu vyinshi.

Abamajusi barafise uruhara ruhambaye mu birori Abanyesupanye bagira mu guhimbaza Noweli, nka kurya kwa Père Noël mu bindi bihugu. Bivugwa yuko Abamajusi baha utuganuke abana bo muri Esupanye kw’itariki ya 6Nzero, ari wo bita Umusi w’Abami (Día de Reyes), ngo nka kumwe nyene Abamajusi bazanira utuganuke akana Yezu, nk’uko benshi bavyemera. Ariko rero, abantu benshi ntibazi yuko inkuru yo mu Njili itavuga igitigiri c’Abamajusi baje kuraba Yezu. Aho kuvuga ko bari abami, uwobadondora nezayovuga ko bari abaragurishanyenyeria. Bitayeko, inyuma y’urugendo rw’abo Bamajusi, Herodi yaciye yica abana b’abahungu bose b’i Betelehemu “bamaze imyaka ibiri n’abatarayimara”, arondera kugandagura Yezu. Ivyo vyerekana yuko urugendo rwabo rwabaye haciye igihe kitari gito Yezu avutse.—Matayo 2:11,16.

Kuva mu kinjana ca 12, mu bisagara bimwebimwe vyo muri Esupanye baratanguye kugira ibikino vyitwa ko bijanye n’ivuka rya Yezu, ushizemwo na rwa rugendo rwagirwa n’abungere bagiye iBetelehemu, be n’urwahavuye rugirwa na ba Bamajusi. Muri iki gihe, mu bisagara vyinshi vyo muri Esupanye bama bagira ico bita cabalgata ari yo defile, imisi yose ku wa 5Nzero. Mu gihe c’iyo defile, ba “bami batatu” baratemberezwa hagati mu gisagara bari mu miduga isharije, bakagenda baraha imbombo ababashengereye. Ibisharizo be n’indirimbo (izitwa villancicos) vyo ku musi wa Noweli birakoreshwa kugira biryoshe uwo musi mukuru.

Imiryango myinshi yo muri Esupanye ikunda kwihereza ibifungurwa bidasanzwe buca haba Noweli (ni ukuvuga ku wa 24Kigarama). Ibifungurwa bama bihereza kuri uwo musi usanga bigizwe n’ivyo bita turrón (imbombo zikozwe mu camwa bita shakedi no mu buki), ubwoko bw’imbombo bita marzipan, ivyamwa vyumukijwe, inyama z’intama zokeje, be n’udukoko two mu mazi. Abagize umuryango, eka mbere n’ababa kure cane, barigora bakaza kwifatanya n’abandi kuri uwo musi mukuru. Mu gihe c’ibindi bifungurwa bama bihereza ku wa6 Nzero, abagize umuryango bafungura ico bita roscón de reyes, ikaba ari igato bita ngo ni iy’Abami ibehuye irimwo agashusho gatoya bita sorpresa kanyegeje imbere muri yo. Mu gihe c’intwaro y’Abaroma, umugenzo nk’uwo watuma umugurano aronse agahimba ka mwene iyo gato karimwo ako gashusho yitwa ngo ni umwami mu kiringo c’umusi umwe.

“Igihe co mu mwaka gihimbaye kandi c’ibikorwa vyinshi kuruta ibindi bihe vyose”

Imigenzo ijanye na Noweli igirwa aho iwanyu naho yoba imeze gute, Noweli isigaye ari umusi mukuru ukomeye kw’isi yose. Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga yuko Noweli ari co “gihe co mu mwaka gihimbaye kandi c’ibikorwa vyinshi kuruta ibindi bihe vyose, ku bakirisu amamiliyoni no ku bantu bamwebamwe batari abakirisu bakwiragiye kw’isi yose”. Iryo himbaza ryoba ari ikintu ciza?

Si agaseseshwarumuri, ivuka rya Kirisitu ryabaye ikintu c’intibagirwa. Kubona abamarayika baratangaje yuko iryo vuka ari ikimenyetso c’‘amahoro mu bo Imana inezererwa’, birerekana vy’ukuri ko iryo vuka rihambaye.

Yamara rero, nk’uko umumenyeshamakuru w’Umunyesupanye yitwa Juan Arias abivuga, “mu ntango y’ubukirisu, ivuka rya Yezu ntiryahimbazwa nk’umusi mukuru”. Nimba ari ukwo biri, none ivyo guhimbaza Noweli vyavuye hehe? Uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwibuka ivuka rya Yezu n’ubuzima bwiwe ni ubuhe? Mu kiganiro gikurikira, uraza kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu kimwe (La Sagrada Escritura—Texto y comentario por profesores de la Compañía de Jesús) gisigura yuko “mu Baperesi, mu Bamedi no mu Bakaludaya, Abamajusi bari bagize umugwi w’abaherezi washigikira ivy’ubupfumu, ivy’ukuragurisha inyenyeri, be n’ivy’ukuvura”. Ariko rero, gushika kuri ca kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16, ba Bamajusi baja kuraba akana Yezu bari bamaze kugirwa aberanda bongera barahabwa amazina, umwe bamwita Melikiyoro, uwundi Gasupari uwundi na we bamwita Balutazaro. Bivugwa yuko ibisigarira vyabo bibitswe muri katederale y’i Kolonye mu Budagi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika