ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/1 rup. 4-7
  • Woba ushobora kuyobora kazoza kawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora kuyobora kazoza kawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuba umuntu yarandikiwe ibimushikira be n’ukuba yifitiye uburenganzira bwo kwihitiramwo, vyoba bijana?
  • Ni umuntu umwumwe ukwiwe yagenewe canke ni umugwi w’abantu?
  • Ingene ushobora kugira ico uhinduye kuri kazoza kawe
  • Ni igiki kiyobora kazoza kawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ingorane Abantu Bafise Zigiye Guhera!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yehova ‘ahera kw’itanguriro akavuga ivy’iherezo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/1 rup. 4-7

Woba ushobora kuyobora kazoza kawe?

KAZOZA tuzohava tugira koba karamaze gushingwa? Amahitamwo tugira mu buzima yoba ata co ahindura kuri kazoza kacu?

Dufate ko umuntu ari we yishingira ibimushikira. Muri ico gihe none, wumva hari umuntu n’umwe yoba yaragenewe imbere y’igihe kuzokora igikorwa kanaka canke kuronka igiti kanaka? Vyongeye, Imana yorangura gute umugambi ifitiye isi mu gihe abantu boba bifitiye uburenganzira bwo kwitunganiriza kazoza? Ivyo bibazo Bibiliya irabitangira inyishu zimara akanyota.

Ukuba umuntu yarandikiwe ibimushikira be n’ukuba yifitiye uburenganzira bwo kwihitiramwo, vyoba bijana?

Rimbura ukuntu Yehova Imana yaturemye. Bibiliya ivuga iti: “Mw ishusho y’Imana ni ho [ya]remye [umuntu]; irema abantu bar’uburyo bubiri” (Itanguriro 1:27). Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turafise ubushobozi bwo kugaragaza kamere zayo, nk’urukundo, ubutungane, ubukerebutsi n’ububasha. Imana yaraduhaye kandi ingabirano y’uburenganzira canke umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ivyo bituma tuba abatandukanye n’ibindi biremwa vyayo biri kw’isi. Turashobora guhitamwo gukurikiza canke kudakurikiza ubuyobozi Imana itanga bujanye n’inyifato runtu. Ni co gituma umuhanuzi Musa yavuze ati: “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha, n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata”.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.

Ariko rero, ingabirano dufise y’uburenganzira bwo kwihitiramwo ntisobanura ko dufise umwidegemvyo utagira aho ugarukira. Iyo ngabirano ntidukurako amategeko agenga ibiriho be n’ayajanye n’ukwigenza runtu Imana yashizeho kugira habe itekane n’amahoro mu vyaremwe vyose. Ayo mategeko yashizweho ku bw’ineza yacu, kandi kuyarengako mu buryo na bumwe vyokwega akarambaraye. Iyumvire gatoyi ivyoshika hamwe twohitamwo kwirengagiza rya tegeko ry’uko isi yikwegerako ibintu, maze tugasimba tuvuye hejuru ku gisenge c’inyubakwa ndende cane!​—Ab’i Galatiya 6:7.

Umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo uratuma haba ibintu twebwe tureka gukora, ariko ku biremwa bitagira uwo mwidegemvyo hoho si uko bimeze. Wa mwanditsi Corliss Lamont abaza ati: “None twoshobora gute kwagiriza abantu ivyo bakoze, tukabahanira ibibi bakoze niba twemera . . . yuko ivyo bahisemwo be n’ivyo bakoze bari baravyandikiwe?”. Nawe uravyumva ko ata vyo twogira. Ibikoko bigenza itima ntibibazwa ivyo vyakoze, eka mbere n’imashini za orodinateri ntizibazwa ivyo bazitamitse ngo zikore. Umwidegemvyo rero dufise wo kwihitiramwo utuma tugira ibanga riremereye kandi ugatuma tugira ico tubazwa ku vyo dukora.

Mbega ukuntu Yehova Imana yoba adakundana kandi arenganya hamwe yoba yarashinze tutaranavuka ingendo tuzogira hanyuma akaduhora ibikorwa dukoze! Ivyo ntabikora kuko “Imana ar’urukundo” kandi ‘inzira zayo zose zikaba ari ubutungane’ (1 Yohana 4:8; Gusubira mu vyagezwe 32:4, NW). Imana ntiyaduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo hanyuma muri ico gihe nyene ngo ‘ice ishinga kuva ibihe bidahera uwo izokiza n’uwo izohana’, nk’uko bivugwa n’abemera ya nyigisho y’uko ngo abantu baba barandikiwe ibibashikira. Umwidegemvyo wo kwihitiramwo ntushobora kujana n’iciyumviro c’uko ngo umuntu yandikiwe ibizomushikira.

Bibiliya irerekana itomora yuko amahitamwo tugira agira ico ahinduye kuri kazoza kacu. Nk’akarorero, Imana itera aka kamo abakora ibibi: “Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu . . . [kugira simbateze] ivyago” (Yeremiya 25:5, 6). Ako kamo nta co koba kavuze hamwe Imana yoba yaramaze gushinga kazoza k’umuntu wese. Vyongeye, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nuko mwi[gaye], muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana” (Ivyakozwe 3:19). Ni kubera iki Yehova yosaba abantu ngo bigaye hanyuma bahindukire kandi asanzwe azi imbere y’igihe ko ata kintu na kimwe boshobora gukora kugira bahindure kazoza kabo?

Ivyanditswe biravuga ivy’abantu bamwebamwe batumirwa n’Imana gufatanya na Kirisitu kuganza ari abami mw’ijuru (Matayo 22:14; Luka 12:32). Ariko rero, Bibiliya ivuga ko bazotakaza ako gateka baramutse batihanganye gushika kw’iherezo (Ivyahishuriwe 2:10). Kubera iki Imana yobatumira kandi yaramaze gufata ingingo y’uko batotoranywa? Rimbura kandi amajambo intumwa Paulo yabwiye abo bari basangiye ukwemera. Yanditse ati: “Namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha” (Abaheburayo 10:26). Mwene iyo ngabisho nta co yobaye imaze iyo Imana iza kuba yaramaze gushinga imbere y’igihe kazoza kabo. Hari abovuga bati: “None Imana ntiyageneye imbere y’igihe n’imiburiburi abantu bamwebamwe kuzofatanya na Yezu Kirisitu kuganza”?

Ni umuntu umwumwe ukwiwe yagenewe canke ni umugwi w’abantu?

Intumwa Paulo yanditse ati: “[Imana] yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo: nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, . . . Kuko [“yatugeneye”, UB] kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo” (Abanyefeso 1:3-5). Ni igiki Imana yageneye abo bantu imbere y’igihe, kandi gutoranywa “itanguriro ry’isi ritarashirwaho” bisobanura iki?

Ico canditswe kivuga ko Imana yatoranije bamwebamwe mu bakomoka kuri wa muntu wa mbere Adamu kugira bazoganzanye na Kirisitu mw’ijuru (Abaroma 8:14-17, 28-30; Ivyahishuriwe 5:9, 10). Ariko rero, kuvuga yuko Yehova Imana yageneye naka na naka kuzoterwa ako gateka, imyaka ibihumbi imbere y’uko bavuka, birahushanye n’ukuba abantu barahawe umwidegemvyo w’ukwihitiramwo. Imana yageneye imbere y’igihe umugwi w’abantu, si naka na naka.

Reka tubitangire akarorero. Dufate ko Leta kanaka ifashe ingingo yo gushiraho urwego kanaka. Iyo Leta irashinga imbere y’igihe ivyo urwo rwego ruzokora, ububasha ruzoba rufise, be n’igitigiri c’abazoba barugize. Nya rwego amaherezo ruratanguye gukora inyuma gatoyi y’aho rumariye gushirwaho, maze abarugize basohoye urwandiko ruvuga ngo: “Haraciye imyaka kanaka Leta ishinze igikorwa tujejwe. Ubu rero turatanguye igikorwa twashinzwe”. None woca uvuga yuko iyo Leta yashinze imyaka kanaka imbere y’igihe abazokora muri urwo rwego abo ari bo? Eka data! Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarashinze imbere y’igihe ivy’uko yoshizeho urwego rudasanzwe rwo gusubiza mu buryo ivyononywe n’icaha ca Adamu. Yarageneye imbere y’igihe umugwi w’abantu kuzokora muri urwo rwego, ariko ntiyashinze ati ni naka na naka. Abo bantu botowe mu nyuma, kandi amahitamwo bogize mu buzima ni yo yokwerekanye niba amaherezo bokwemewe canke batokwemewe.

Ni isi iyihe intumwa Paulo yari afise mu muzirikanyi igihe yavuga ngo: “[Imana] yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho”? Isi Paulo avuga hano si isi Imana yatanguje igihe yarema Adamu na Eva. Iyo si yari ‘nziza cane’; nta caha canke ukwononekara na gutoyi kwari muri yo (Itanguriro 1:31). Ntiyari ikeneye “gucungurwa” igakurwako icaha.​—Abanyefeso 1:7.

Isi Paulo yariko avuga ni imwe yabaho Adamu na Eva bamaze kugarariza muri Edeni, isi itandukanye cane n’iyo Imana yari yaragabiye mu ntango. Ni ya si yatangurana n’abana ba Adamu na Eva. Iyo si yari igizwe n’abantu bonkowe ku Mana kandi babaye abaja b’icaha n’ukubora. Yari isi y’abantu bashoboye gucungurwa, batameze nka Adamu na Eva ba bacumuzi b’ibigirankana.​—Abaroma 5:12; 8:18-21.

Yehova Imana yari ashoboye buno nyene gushira mu buryo ingorane yari itewe n’ubwo bugarariji bw’i Edeni. Bikimara kuba nkenerwa, yarashinze imbere y’igihe urwego rudasanzwe, ni ukuvuga Ubwami burongowe na Mesiya ari we Yezu Kirisitu, ari na rwo yokoresheje mu kubohora abantu mu caha barazwe na Adamu (Matayo 6:10). Ivyo Imana yabigize “itanguriro ry’isi [y’abantu boshoboye gucungurwa] ritarashirwaho”, ni ukuvuga imbere yuko ba bagarariji Adamu na Eva bavyara abana.

Mu bisanzwe abantu barakenera kubanza gushinga umugambi kugira babone gushitsa ivyo bashaka gukora. Ya nyigisho y’uko ngo umuntu aba yarandikiwe ibimushikira ijanye n’iciyumviro c’uko ngo Imana itegerezwa kuba ifise umugambi yatunganije ido n’ido iwitondeye ku vyerekeye ibintu vyose biriho, aho ikintu kimwekimwe cose muri vyo kiba carashinzwe imbere y’igihe. Umwanditsi Roy Weatherford yanditse ati: “Abafilozofe benshi bamye babona yuko ikintu cose nimba ibicerekeye vyose bitashinzwe ido n’ido imbere y’igihe, ngo ntivyoba bijanye n’ukuba Imana ari yo Nyen’ubukuru bwose”. None vyoba bikenewe koko yuko Imana ishinga akantu kose imbere y’igihe?

Kubera ko Yehova afise ububasha bw’akaburarugero akagira n’ubukerebutsi ntangere, ikintu cose cihutirwa canke ikintu cose coshobora kwaduka bivuye ku kuba ibiremwa vyiwe bikoresha uburenganzira bwo kwihitiramwo, arashobora kugishira mu buryo (Yesaya 40:25, 26; Abaroma 11:33). Ivyo arashobora kubigira buno nyene, atiriwe arategura akantu kose. Imana Mushoboravyose ntimeze nk’abantu bashobora kwihenda, n’ubushobozi bafise bukaba buri n’aho bugarukira. Yoyo ntikeneye urutonde rurimwo akantu kose ido n’ido rwerekana imbere y’igihe ibizoshikira umuntu umwumwe wese ari kw’isi (Imigani 19:21). Mu mpinduro za Bibiliya zitari nke, mu Banyefeso 3:11 havuga ko Imana ifise “umugambi w’ibihe bidahera”, aho kuvuga ko ifise umugambi wamaze gushingwa.

Ingene ushobora kugira ico uhinduye kuri kazoza kawe

Hariho umugambi Imana ifitiye isi, kandi uwo mugambi washinzwe kuva kera. Mu Vyahishuriwe 21:3, 4 havuga hati: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”. Vyemere, iyi si izohinduka iparadizo, nk’uko Yehova yari yabigabiye mu ntango (Itanguriro 1:27, 28). Ikibazo rero ni iki: Wewe woba uzoba uri muri yo? Ivyo bivana n’amahitamwo ugira ubu. Yehova ntiyashinze kazoza kawe uko kazomera.

Inkuka y’incungu yatanzwe na Yezu Kirisitu Umwana w’Imana, ituma uwumwizera wese ashobora kuzoronka ubuzima budahera (Yohana 3:16, 17; Ivyakozwe 10:34, 35). Bibiliya ivuga iti: “Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira, arik’ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima]” (Yohana 3:36). Urashobora guhitamwo ubuzima mu kwiga muri Bibiliya ivyerekeye Imana, Umwana wayo, be n’ivyo igomba no mu gushira mu ngiro ivyo wiga. Umuntu akora ahuza n’ubukerebutsi nyakuri buri mw’Ijambo ry’Imana akurwa amazinda yuko “azoba amahoro, a[ka]zokwama atekereje ata kibi atinya”.​—Imigani 1:20, 33.

[Ifoto ku rup. 5]

Abantu si nk’ibikoko, bo barabazwa ivyo bakora

[Abo dukesha ifoto]

Inkukuma: Foto: Cortesía de GREFA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika