Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ngoma za Kabiri
IGITABU ca Bibiliya ca Ngoma za Kabiri gitangurana n’igihe Salomo aganza ari umwami wa Isirayeli. Ico gitabu giherana n’amajambo Umwami Kuro w’Ubuperesi abwira Abayuda batwawe inyagano i Babiloni, na yo akaba agira ati: “[Yehova] yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge aje [i Yeruzalemu]” (2 Ngoma 36:23). Ico gitabu umuherezi Ezira yahejeje kucandika mu 460 B.G.C., kikaba kivuga inkuru z’ivyabaye mu kiringo c’imyaka 500, guhera mu 1037 B.G.C. gushika mu 537 B.G.C.
Itegeko Kuro atanga rituma Abayuda bashobora gusubira i Yeruzalemu maze bagasubizaho ugusenga Yehova. Ariko rero, kumara imyaka myinshi mu bunyagano i Babiloni vyaragize inkurikizi mbi. Abayuda bavuye mu bunyagano ntibazi kahise k’igihugu cabo. Igitabu ca Ngoma za Kabiri kirabaronsa incamake ikabura y’ivyabaye ku ngoma z’abami bakomoka mu muryango wa cami wa Dawidi. Inkuru zivugwamwo ziraturaba natwe kubera yuko zishira ahabona imihezagiro iva ku kugamburukira Imana y’ukuri be n’inkurikizi mbi ziterwa n’ukuyigambararira.
UMWAMI YUBAKIRA INGORO YEHOVA
Yehova araha Umwami Salomo ivyo umutima wiwe ugomba, ni ukuvuga ubwenge n’ugutahura, akamuha n’ubutunzi be n’icubahiro. Uwo mwami arubakira Yehova ingoro nziza igitangaza i Yeruzalemu, kandi abantu ‘baranezerwa, bagahimbarwa mu mitima yabo’ (2 Ngoma 7:10). Salomo arahava “[ak]arusha abami bose bo mw isi ubutunzi n’ubgenge”.—2 Ngoma 9:22.
Salomo amaze imyaka 40 atwara Isirayeli, ‘arahamvya ba sekuruza, maze umwana wiwe Rehobowamu akamusubirira ku ngoma’ (2 Ngoma 9:31). Ezira ntavuga ibijanye n’ukuntu Salomo yataye ugusenga kw’ukuri. Amakosa uwo mwami yakoze Ezira avuga yonyene ni ukuntu yakoze ikintu kitaranga ubukerebutsi mu kwirundaniriza amafarasi menshi ayakuye mu Misiri, hamwe n’ukuntu yabiriye umukobwa wa Farawo. Gutyo, Ezira yigana inkuru yerekeye Salomo mu gushimika ku bintu vyiza yakoze.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:14—Ni kubera iki amamuko y’umuhinga avugwa muri uwu murongo atandukanye n’ayo dusanga mu 1 Abami 7:14? Mu Bami ba Mbere havuga yuko nyina w’uwo muhinga yari “umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali” kubera yuko umugabo bari barubakanye yakomoka kuri uwo muryango. Yamara, nyina w’uwo muhinga we yari uwo mu muryango wa Dani. Umugabo wiwe amaze gupfa, yaciye yubakana n’umugabo w’i Tiro, bakaba rero ari bo bavyaye uwo muhinga.
2:18; 8:10—Iyi mirongo ivuga yuko abahagarikira abakora ibikorwa vy’agahato bari 3.600 kwongerako 250, mu gihe mu 1 Abami 5:16; 9:23 havuga ko bari 3.300 kwongerako 550. Ni kubera iki none ivyo bitigiri bitandukanye? Biboneka yuko iryo tandukaniro rihagaze ku kuntu imigwi yabo igabuwe. Birashoboka ko igitabu ca Ngoma za Kabiri coba gitandukanya abakoresha 3.600 batari Abisirayeli n’abakoresha 250 b’Abisirayeli, mu gihe igitabu c’Abami ba Mbere gitandukanya abakoresha 3.300 batobato n’abakoresha bakuru 550. Uko vyoba biri kwose, abakoresha bose hamwe bari 3.850.
4:2-4—Ni kubera iki mu kwubaka aho igikarabiro citwa ikiyaga cateretswe hakoreshejwe ibishushanyo vy’amapfizi? Mu Vyanditswe, amapfizi y’inka agereranya inkomezi (Ezekiyeli 1:10; Ivyahishuriwe 4:6, 7). Guhitamwo gukoresha ibishushanyo vy’amapfizi vyari bibereye kubera yuko nya mapfizi 12 yo mu muringa yari ateretsweko igikarabiro amahero citwa “ikiyaga” capima nk’amatoni 30. Gukora ibishushanyo vy’amapfizi vyo gukoresha muri ubwo buryo nta ho vyari biteye kubiri n’ibwirizwa rigira kabiri ryabuza gukora ibishushanyo vyo gukoresha mu gusenga.—Kuvayo 20:4, 5.
4:5—Igikarabiro citwa ikiyaga cashobora kwuzuramwo amazi angana gute? Ico kiyaga kiramutse cujujwe, carashobora kujamwo imibindi ibihumbi bitatu, ni ukuvuga nk’amalitiro 66.000. Mugabo rero, amazi akenshi bagishiramwo ashobora kuba yangana hafi na bibiri vya bitatu vy’amazi yose ico gikarabiro cashobora kujamwo. Mu 1 Abami 7:26 hagira hati: “[Ico kiyaga] cuzuzwa n’imibindi ibihumbi bibiri [amalitiro 40.000]”.
5:4, 5, 10—Ni ibikoresho ibihe vyo muri rya hema ryo mu ntango vyahavuye bikoreshwa mu rusengero Salomo yubatse? Ikintu kimwe rudende co muri rya hema ry’ibonaniro cashizwe mu rusengero rwubatswe na Salomo, ni ya Sandugu. Aho urusengero rumariye kwubakwa, ihema ryarakuwe i Gibeyoni rijanwa i Yeruzalemu, kandi biboneka ko aho ari ho ryaciye rishingurwa.—2 Ngoma 1:3, 4.
Ivyigwa tuhigira:
1:11, 12. Ivyo Salomo yasavye vyareretse Yehova yuko ibintu Salomo yari ashizeko umutima kwari ukuronka ubwenge n’ugutahura. Vy’ukuri, amasengesho dutura Imana arahishura ivyo dushirako umutima. Birabereye rero ko dusuzuma ivyo dushira mu masengesho dutura.
6:4. Gukenguruka bivuye ku mutima ubuntu-mvarukundo bwa Yehova be n’ukumera neza kwiwe, bikwiye kutuvyurira umutima wo kumuhimbaza ari kwo kumuhezagira, ni ukuvuga kumushemeza tubitumwe n’urukundo be n’ugukenguruka.
6:18-21. Naho ata nyubakwa n’imwe Imana yokwirwamwo, urusengero rwobaye ikibanza nyamukuru co gusengeramwo Yehova. Muri iki gihe, Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova ni ibibanza vy’ugusenga kw’ukuri mu turere usanga ziherereyemwo.
6:19, 22, 32. Yehova yarumviriza amasengesho y’abantu bose, guhera ku mwami gushika kuri ba nyarucari bo mu gihugu; mbere n’umunyamahanga yaza kuri we ata buryarya yaramwumvirizaa.—Zaburi 65:2.
UKUNTU ABAMI BAKOMOKA MU MURYANGO WA DAWIDI BAGIYE BARAKURIKIRANA
Ubwami bwa Isirayeli bwari busanzwe bwunze ubumwe burigaburamwo kubiri, hakaba ubwami bwo mu Buraruko bugizwe n’imiryango cumi be n’ubwami bwo mu Bumanuko bugizwe n’imiryango ibiri, ni ukuvuga umuryango wa Yuda n’umuryango wa Benyamini. Abaherezi be n’Abalewi bo muri Isirayeli yose, aho gushira imbere ineza y’igihugu, bahitamwo kwumira kw’isezerano ry’Ubwami, maze bakaja ku ruhande rwa Rehobowamu umuhungu wa Salomo. Haciye imyaka irenga gatoyi 30 urusengero rusozerewe, ubutunzi buri muri rwo burasahurwa.
Mu bami 19 batwara inyuma ya Rehobowamu, 5 muri bo baraba intahemuka, 3 batangura neza mugabo amaherezo bagahemuka, umwe na we agaheba ingendo mbi yiwe. Abami basigaye bose barakora ivyo Yehova abona ko ari bibib. Ibikorwa vy’abo bami batanu b’intahemuka bizigiye Yehova birashimikwako cane. Inkuru zivuga ivy’ukuntu Hezekiya yatumye ibikorwa vyo ku rusengero bisubira gukorwa ukuri kwamye, hamwe n’izivuga ukuntu Yosiya yaringanije ivy’uko haba Pasika ikomeye cane, bitegerezwa kuba vyararemesheje rwose Abayuda bipfuza gusubizaho ugusenga Yehova i Yeruzalemu.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
13:5—Imvugo ngo “Isezerano ry’umunyu” (Bibiliya Yera, akajambo k’epfo) isobanura iki? Kubera ko umunyu ushobora gutuma ibintu bitabora, wahavuye uba ikigereranyo c’ukuramba n’ukudahinduka. Ku bw’ivyo rero, “Isezerano ry’umunyu” risobanura isezerano ridahinduka.
14:2-5; 15:17—Umwami Asa yoba yarakuyeho “ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi” vyose? Biboneka ko atabikuyeho vyose. Birashoboka ko Asa yoba yakuyeho gusa ibitabo vyakoreshwa mu gusenga imana z’ikinyoma, mugabo ntiyakuraho ivyo mu bibanza abantu basengeramwo Yehova. Birashoboka kandi ko ivyo bitabo vyoba vyarasubiye kwubakwa mu gice ca nyuma c’ingoma ya Asa. Ivyo bitabo umuhungu wiwe Yehoshafati yarabikuyeho. Mu vy’ukuri, ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi ntivyakuweho vyose, eka mbere no ku ngoma ya Yehoshafati.—2 Ngoma 17:5, 6; 20:31-33.
15:9; 34:6—Umuryango wa Simeyoni wari mu gice ikihe c’ubwami bwa Isirayeli inyuma y’aho ubwo bwami bwigaburiye? Akarere k’umuryango wa Simeyoni kari gaherereye muri bwa bwami bwari bugizwe n’umuryango wa Yuda be n’uwa Benyamini kubera ko wari wahawe amashamvu hirya no hino mw’ishamvu y’umuryango wa Yuda (Yosuwa 19:1). Ariko mu bijanye n’ivy’ugusenga be n’ivya politike, uwo muryango wagiye ku ruhande rwa bwa bwami bwo mu Buraruko (1 Abami 11:30-33; 12:20-24). Ku bw’ivyo, umuryango wa Simeyoni waharurwa muri ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi.
35:3—Isandugu ryeranda ryari riri hehe igihe Yosiya yavuga ko barizana mu rusengero? Bibiliya ntivuga ko hoba hari umwe mu bami babi yoba yararikuye mu rusengero canke ko Yosiya yoba yararyimuriye ahandi kugira rizigamwe mu gihe ca vya bikorwa vyinshi vyo gusanura urusengero. Inyuma y’urupfu rwa Salomo, ivy’iryo Sandugu ntibisubira kuvugwa, uretse igihe Yosiya yarizana mu rusengero.
Ivyigwa tuhigira:
13:13-18; 14:11, 12; 32:9-23. Ese ukuntu dushobora kuhakura icigwa gikomeye c’uko bihambaye ko twiheka kuri Yehova!
16:1-5, 7; 18:1-3, 28-32; 21:4-6; 22:10-12; 28:16-22. Kugiranira amasezerano n’abanyamahanga, ni ukuvuga abantu badasenga Yehova, biragira inkurikizi z’agahomerabunwa. Vyoba biranga ubukerebutsi twirinze kugiranira imigenderanire n’isi mu gihe bidakenewe.—Yohana 17:14, 16; Yakobo 4:4.
16:7-12; 26:16-21; 32:25, 26. Ubwibone bwatumye Umwami Asa yigenza nabi mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe. Agatima k’ubwibone ni ko katumye Uziya amaherezo atemba. Hezekiya yakoze mu buryo butaranga ubukerebutsi kandi kumbure burimwo ubwibone, igihe yereka intumwa z’umwami w’i Babiloni ubutunzi yari afise bwose (Yesaya 39:1-7). Bibiliya igabisha iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”.—Imigani 16:18.
16:9. Yehova aratabara abafise imitima imutunganiye, kandi arashashaye gukoresha ububasha bwiwe kugira abafashe.
18:12, 13, 23, 24, 27. Cokimwe na Mikaya, turakwiye kugira umutima rugabo n’ubushizi bw’amanga igihe tuvuga ivyerekeye Yehova be n’imigambi yiwe.
19:1-3. Yehova araturonderamwo ivyiza mbere n’igihe tuba twatumye araka.
20:1-28. Turashobora kwizigira yuko Yehova azoronkeka nitwamuhindukirira tubigiranye ukwicisha bugufi, turondera ko aduha ubuyobozi.—Imigani 15:29.
20:17. Kugira tuze ‘turabe agakiza k’Uhoraho’, tubwirizwa ‘gutonda urugamba’ mu gushigikira Ubwami bw’Imana twivuye inyuma. Aho kwifatira ibintu mu minwe, dutegerezwa ‘kwihagararira gusa’ mu kwizigira Yehova tugaherezako.
24:17-19; 25:14. Ugusenga ibigirwamana kwarabereye umutego Yowasi n’umuhungu wiwe Amaziya. Muri iki gihe, ugusenga ibigirwamana kurashobora kutubera umutego nk’ukwo nyene, na canecane igihe kwigaragaza mu buryo bwo kunohokera ibintu canke kwiratira igihugu, ubwo bukaba ari uburyo bwo gusenga ibigirwamana budashoka bwibonekeza.—Ab’i Kolosayi 3:5; Ivyahishuriwe 13:4.
32:6, 7. Turakwiye natwe kugira umutima rugabo n’ubushizi bw’amanga, mu ‘kwambara ibirwanishwa vyose vy’Imana’ maze tukabandanya kurwana intambara yo mu buryo bw’impwemu.—Abanyefeso 6:11-18.
33:2-9, 12, 13, 15, 16. Umuntu agaragaza ko yigaye vy’ukuri mu guheba ingendo mbi yahoramwo maze akita ku rutare kugira akore ibigororotse. Yehova arashobora kugirira ikigongwe umuntu yigaye bimwe bivuye ku mutima, naho yoba yarakoze nabi cane nka kumwe kw’Umwami Manase.
34:1-3. Naho umuntu yoba yakuriye mu bintu bitameze neza mu bwana bwiwe, ivyo si ngombwa ngo bimubuze kumenya Imana no kuyikorera. Sekuru wa Yosiya yari amaze kwigaya, ari we Manase, ashobora kuba ari we yagize akosho keza kuri Yosiya igihe yari akiri umwana. Akosho keza ako ari ko kose koba karagize ico gakoze kuri Yosiya karavuyemwo ivyiza mu nyuma. Ukwo ni ko natwe bishobora kutugendera.
36:15-17. Yehova aragira imbabazi n’ukwihangana. Ariko rero, imbabazi ziwe n’ukwihangana kwiwe biragira aho bigarukira. Abantu bategerezwa kwakira neza inkuru nziza y’Ubwami bakagira ico bahinduye nimba bipfuza kurokoka Yehova niyakuraho uru runkwekwe rw’ibintu rubi.
36:17, 22, 23. Iryo Yehova avumereye ryama riranguka.—1 Abami 9:7, 8; Yeremiya 25:9-11.
Hari igitabu camuvyuriye umutima wo kugira ico akoze
Muri 2 Ngoma 34:33 havuga hati: “Yosiya akūra ibizira vyose vy’ubuyobe mu ntāra zose z’Abisirayeli, yemeza abari mu gihugu c’i Bgisirayeli bose gusaba Uhoraho Imana ya ba sekuruza”. Ni igiki none cavyuriye Yosiya umutima wo kugira ivyo? Igihe wa mukarani Shafani yazanira Umwami Yosiya igitabu c’Ivyagezwe vya Yehova cari cubuwe, uwo mwami yaciye asaba ko bakimusomera. Amajambo Yosiya yumvise yaramukoze ku mutima ku buryo mu buzima bwiwe bwose yaremesheje yivuye inyuma ugusenga gutyoroye.
Gusoma Ijambo ry’Imana no kuzirikana ku vyo dusoma birashobora kugira ikintu gikomeye bikoze kuri twebwe. Si ivy’ukuri none yuko kuzirikana ku nkuru zivuga ivy’abami bo mu muryango wa Dawidi bituremesha kwigana akarorero k’abizigiye Yehova no kwirinda ingendo y’abatamwizigiye? Igitabu ca Ngoma za Kabiri kiratuvyurira umutima wo kuyobokera Imana y’ukuri ata kindi tuyibangikanije no kuguma turi intahemuka kuri yo. Ubutumwa buri muri ico gitabu ni buzima koko, kandi burafise ububasha.—Abaheburayo 4:12.
[Utujambo tw’epfo]
a Ugomba kubona ibibazo bijanye n’ukwinjira urusengero be n’ibindi vyigwa twigira kw’isengesho Salomo yatuye ku musi rwinjirwa, raba Umunara w’Inderetsi wo ku 1 Mukakaro 2005, urupapuro rwa 28-31.
b Ugomba kubona urutonde rw’abami batwaye i Buyuda rwerekana ukuntu bagiye barakurikirana, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2005, urupapuro rwa 12.
[Ifoto ku rup. 18]
Woba uzi igituma ya mapfizi yari ateretsweko igikarabiro citwa ikiyaga yari ikigereranyo kibereye?
[Ifoto ku rup. 21]
Naho Yosiya yafashijwe n’abantu bake igihe yari akiri umwana, amaze gukura yarabaye intahemuka kuri Yehova