Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni impamvu zimwezimwe izihe zituma abantu bakora amabi menshi ukuraho muri iki gihe?
Impamvu imwe ituma haba ubugizi bwa nabi ni impengamiro abantu bafise yo gukora ikibi (Itanguriro 8:21). Iyindi mpamvu ni iy’uko abantu benshi usanga batagira ubumenyi butarimwo agakosa bujanye n’ivyo Imana igomba. Ikigeretse kuri ivyo, Shetani, umwe ikibi gikomokako, abandanya kwisuka mu vyo abantu bakora.—1/1, urupapuro rwa 4-6.
• Ijambo riziye mu gihe kibereye rishobora kuvamwo ivyiza ibihe (Imigani 12:25)?
Birashobora gutuma uwo uribwiye yiyizigira, bikamuremesha kandi bikamuvyurira umutima wo kugira ico akoze, bikongera bigatuma yumva ko hari ico amariye abandi. N’ikindi kandi, igihe turondera gukeza abandi biradufasha kubabonamwo iciza.—1/1, urupapuro rwa 16-17.
• Ya sandugu y’isezerano yarimwo iki?
Yarimwo vya bisate bibiri vy’amabuye vyariko Ivyagezwe ikabamwo na manu nkeya. Inyuma ya bwa bugarariji bwa Kora, ya nkoni ya Aroni yarashizwe muri iyo Sandugu kugira ibere icagirizi urunganwe rwariho muri ico gihe (Abaheburayo 9:4). Iyo nkoni n’iyo manu bishobora kuba vyarakuwe muri iyo Sandugu imbere y’uko rwa rusengero Salomo yubaka rwegurirwa Yehova.—15/1, urupapuro rwa 31.
• Ni kubera iki Abayuda bo mu gihe ca Nehemiya bategerezwa kuzana inkwi ku rusengero?
Ivyagezwe vya Musa ntivyasaba ko hatangwa ishikanwa ry’inkwi. Ariko mu gihe ca Nehemiya vyari bikenewe ko haguma hatangwa inkwi zo kwotsa ibimazi ku gicaniro.—1/2, urupapuro rwa 11.
• Urutonde rw’ibitabu rwa Muratori ni iki?
Urwo rutonde ruri mu bigize igitabu ca kera c’ikilatini candikishijwe iminwe. Mu ntango ico gisomwa canditswe mu kigiriki, nko mu mpera y’ikinjana ca kabiri G.C. Urwo rutonde rwa kera cane kuruta izindi rurimwo ibitabu vyemewe ko bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, rukagira kandi ico ruvuze kuri ivyo bitabu no ku bavyanditse.—15/2, urupapuro rwa 13-14.
• Ni kubera iki Umwamikazi w’Umuperesi Vashiti yagumye yanka kuza aho umwami ari (Esiteri 1:10-12)?
Bibiliya ntivuga icatumye yanka kuza. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko uwo mwamikazi yanse kuza kubera ko atashaka kwisuzuguza imbere y’abatumire b’umwami, abo inzoga zagera i mutwe. Canke kumbure, uwo mwamikazi yasa neza ku rukoba mu vy’ukuri ntiyagamburuka, gutyo akaba yaratanze akarorero kabi ku bandi bagore bo mu Nganji y’Ubuperesi.—1/3, urupapuro rwa 9.
• Incungu idukiza gute?
Inkuka ya Yezu irashobora kudukiza icaha twarazwe be n’ingaruka zaco zizana urupfu (Abaroma 6:23). Iyo nkuka ituma abakirisu b’ukuri batagira ijwi ryo mu mutima ribagiriza ikibi. N’ikindi kandi, twizeye iyo ncungu turakizwa ubwoba twoshobora kugira ku bijanye n’impagararo dufise imbere y’Imana (1 Yohana 2:1).—15/3, urupapuro rwa 8.
• Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko ryo mu Vyagezwe ryabuza gutekesha umwagazi w’impene amata ya nyina (Kuvayo 23:19)?
Ukwo guteka umwagazi mu mata ya nyina ushobora kuba wari umugenzo wa gipagani wagirwa mu ntumbero yo gutuma hagwa imvura (Abalewi 20:23). Imana yatanze ayo mata kugira agaburire umwagazi yongere awufashe gukura. Guteka umwagazi w’impene mu mata ya nyina vyokwerekanye ukutubaha ubucuti Imana yashize hagati y’igitungwa n’umwagazi waco. Iryo tegeko ryabuza ico kintu rirerekana imbabazi ziranga ikibabarwe za Yehova.—1/4, urupapuro rwa 31.