Yobu yari umuntu afise ukwihangana kandi w’intadohoka
“Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?”.—YOBU 1:8.
1, 2. (a) Ni ivyago ibihe Yobu yagiye abona bimushikira? (b) Vuga ukuntu ubuzima bwa Yobu bwari bumeze imbere y’uko ashikirwa n’ivyo vyago.
HARI umugabo yasa nk’aho ata kintu na kimwe abuze: yari afise ubutunzi, iteka, amagara meza, n’ubuzima bwo mu rugo buhimbaye. Hinge rero ashikirwe n’ivyago incuro zitatu zikurikiranya. Ubutunzi bwiwe, yagiye abona buyonga nk’aka kanya. Hanyuma y’ivyo, igihuhusi kidasanzwe carahitanye abana biwe bose. Butaraca na kabiri, indwara isinzikaza na yo ngo natanzwe, umubiri wiwe wose usigara wuzuyeko ibihute bibabaza. Ngira ngo uca ubona ko uwo mugabo yari Yobu, umwe avugwa cane mu gitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe.—Yobu, ikigabane ca 1 n’ica 2.
2 Yavuganye umubabaro ati: “Icompa nkaba nari mmeze nk’uko nari ndi mu mezi yahise” (Yobu 3:3; 29:2). Iyo icago gishitse, mbega ni nde atipfuza ko ibintu vyomera nk’uko vyahora ico cago kitaramushikira? Yobu, yari afise ubuzima bwiza, ameze nk’uwukingiwe ibintu bibabaje. Abantu bakomakomeye baramwubaha bakongera bakamuhanuza (Yobu 29:5-11). Yari atunze, mugabo ubutunzi si bwo yashira imbere y’ibindi (Yobu 31:24, 25, 28). Abonye abapfakazi canke impfuvyi bakenye, yaca abafasha (Yobu 29:12-16). Kandi ntiyigera ahemukira umugore wiwe.—Yobu 31:1, 9, 11.
3. Yehova yabona gute Yobu?
3 Yobu yari intungane mu buzima bwiwe kubera yuko yasenga Imana. Yehova yavuze ati: ‘Nta wuhwanye na we mw’isi, ni umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana kandi yitandukanya n’ikibi’ (Yobu 1:1, 8). Ariko, naho yari intadohoka, ivyago vyamushikiye vyarononye ubuzima bwiza yari afise. Ivyo yari yarabiriye akuya vyose vyarayonze, kandi yarashikiwe n’umubabaro, intuntu n’ukuvunika umutima vyagaragaje ukuntu ameze vy’ukuri.
4. Ni kubera iki kurimbura ibijanye n’ikigeragezo gikomeye cashikiye Yobu biza kudufasha?
4 Ariko ntiwumve, Yobu si we musavyi w’Imana wenyene yashikiwe n’ivyago. Hari abakirisu benshi muri iki gihe bashikiwe n’ibintu bisa n’ivyamushikiye. Ku bw’ivyo rero, hari ibibazo bibiri bihambaye dukwiye kurimbura: Kwibuka ikigeragezo gikomeye cashikiye Yobu bishobora gute kudufasha igihe dushikiwe n’icago? Kandi ico kigeragezo gishobora gute kudufasha kurushiriza kwumvira impuhwe abandi bari mu mubabaro?
Ikibazo cerekeye ukudahemuka be n’ikigeragezo c’ukutadohoka
5. Shetani yavuze ko Yobu yakorera Imana kubera iki?
5 Ivyashikiye Yobu vyari ibintu bidasanzwe. Yobu atanabizi, Shetani yaravyuye ibibazo ku bijanye n’imvo zatuma Yobu akorera Imana. Igihe Yehova yavuga kamere nziza za Yobu ibiremwa vyo mw’ijuru bikoranye, Shetani yaciye yishura ati: “Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivyo atunze vyose?”. Gutyo, ni nk’aho Shetani yari avuze yuko ubwikunzi ari bwo bwatuma Yobu akorera Imana, aba yerekanye ko n’abandi basavyi b’Imana bose ari ukwo nyene. Shetani yabwiye Yehova ati: “Pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone”.—Yobu 1:8-11.
6. Ni ikibazo gihambaye ikihe Shetani yavyuye?
6 Ikibazo cavyuwe cari gihambaye. Shetani yaravyuye ibihari ku bijanye n’ukuntu Yehova agaba akaganza. Vyoba vy’ukuri bishoboka ko Imana iganza ibiriho vyose ibigiranye urukundo? Canke, ubwikunzi bwoba ari bwo buzokwama butsinda nk’uko Shetani yashatse kuvyerekana? Yehova yararekuriye Shetani kugerageza Yobu ngo abe akarorero mfatirwako, yizigiye neza yuko uwo musavyi wiwe yogumye ari intadohoka akaguma kandi ari intahemuka. Shetani ubwiwe yaciye rero ateza Yobu vya vyago, kimwe kikimushikira, ikindi na co ngo nakubonye. Shetani abonye ko ivyo bitero vyiwe vya mbere ata co bivuyemwo, yaciye ateza Yobu indwara ibabaza cane. Shetani yavuze ngo: “Amagara akābga ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe”.—Yobu 2:4.
7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bashikirwa n’ibigeragezo bisa n’ivyashikiye Yobu?
7 Naho abakirisu benshi muri iki gihe badashikirwa n’umubabaro ungana n’uwo Yobu yagize, barashikirwa n’amarushwa atandukanye. Benshi usanga bahamwa canke bahanzwe n’ingorane zo mu muryango. Abafise ingorane z’ivy’ubutunzi canke amagara make ushobora gusanga bibababaza cane. Bamwebamwe baremeye guheba ubuzima bwabo kubera ukwizera kwabo. Naho ari ukwo, ntidukwiye kwiyumvira yuko Shetani ubwiwe ari we aduteza ingorane iyo ari yo yose idushikira. Mu vy’ukuri, ingorane zimwezimwe zoshobora guterwa n’amakosa twebwe ubwacu dukora canke zikava ku bumuga twavukanye (Ab’i Galatiya 6:7). Kandi twese turashikirwa n’ingaruka mbi z’ubusaza be n’iziterwa n’ivyago bituruka ku bidukikije. Bibiliya irerekana neza yuko Yehova adakingira ku gitangaro abasavyi biwe ayo marushwa muri iki gihe.—Umusiguzi 9:11.
8. Shetani yoshobora gute kurondera gufatira ku marushwa turimwo?
8 Ariko rero, Shetani arashobora gufatira ku marushwa turimwo kugira ngo atume ukwizera kwacu kugoyagoya. Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’ukuntu yababazwa n’“[“ihwa”, NW] mu mubiri, intumwa ya Satani”, iyaguma ‘imukubita ibipfunsi’ (2 Ab’i Korinto 12:7). Iryo hwa, bwaba bwari ubumuga bwo ku mubiri, nk’akarorero ingorane y’amaso, canke iyindi ngorane iyo ari yo yose, Paulo yaratahura yuko Shetani yashobora gufatira kuri iyo ngorane be no ku kuvunika umutima guturutse kuri yo, kugira ngo atume atakaza umunezero yari afise yongere ave ku kutadohoka kwiwe (Imigani 24:10). Muri iki gihe, Shetani yoshobora kwosha abo mu muryango w’abasavyi b’Imana, abo bigana, canke mbere intwaro zikoresha agakandamizo, kugira ngo abahame mu buryo bumwe canke mu bundi.
9. Ni kubera iki ingorane zidushikira canke uruhamo bidakwiye kudutangaza cane?
9 None dushobora gute kuvyifatamwo neza igihe turi muri izo ngorane? Mu kubona yuko izo ngorane turimwo ari akaryo turonse ko kwerekana yuko tudashobora kureka gukunda Yehova no kuyoboka ubusegaba bwiwe (Yakobo 1:2-4). Naho icodutera umubabaro coba ikihe, gutahura yuko bihambaye ko tuguma turi intahemuka ku Mana biradufasha kugumana uburimbane mu vy’impwemu. Intumwa Petero yandikiye abakirisu ati: “Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse” (1 Petero 4:12). Paulo na we yasiguye ati: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa” (2 Timoteyo 3:12). Shetani aracabandanya kuvyura ibihari ku bijanye n’ukutadohoka kw’Ivyabona vya Yehova, nk’uko yabigize kuri Yobu. Nkako, Bibiliya yerekana yuko muri iyi misi y’iherezo Shetani yarushirije kugaba ibitero ku basavyi b’Imana.—Ivyahishuriwe 12:9, 17.
Ugutahura ibintu ukutari kwo be n’impanuro zitari zo
10. Ni ingorane iyihe Yobu yagize?
10 Yobu, hariho ingorane yagize, kandi iyo ngorane si ngombwa ngo natwe tuyigire. Ntiyari azi igituma ivyo vyago vyari vyamushikiye. Yobu yarihenze yiyumvira yuko mu buryo bunaka ‘Uhoraho ari we yagavye, kandi ko Uhoraho ari we yagaburuje’ (Yobu 1:21). Shetani ashobora kuba yararondeye gutuma Yobu abona ko umengo Imana ni yo yari yamuteje ayo marushwa yarimwo.
11. Yobu yumvise amerewe gute kubera ivyago vyari vyamushikiye?
11 Yobu yaracitse intege cane, naho yanse gutuka Imana nk’uko umugore wiwe yamwoheje kubigira (Yobu 2:9, 10). Yibwiye ati: ‘Abanyakibi basa n’abaguwe neza cane kundusha’ (Yobu 21:7-9). Ategerezwa kuba yaribaza ati: ‘Ni kubera iki Imana iriko irampana?’. Vyarashika akumva yokwipfira akavaho. Yavuganye umubabaro ati: “Icompa ukampisha i kuzimu, ukandindira ahihishije, gushitsa ah’uburake bgawe buzoshirira”.—Yobu 14:13.
12, 13. Ivyo ba bagenzi ba Yobu batatu bavuze vyatumye amererwa gute?
12 Hari abagenzi batatu ba Yobu baje kumuraba, bibwira ko baje “kumugarukirako no kumugandaza”, ni ukuvuga kumuhumuriza (Yobu 2:11). Yamara, vyabonetse ko bari “abagandazi” canke abiruzi “bagorana” (Yobu 16:2). Yobu, kugira abagenzi yoserurira ayo agowe vyari gushobora kumugirira akamaro, mugabo abo bagenzi biwe batatu bobo baje basongera isibe, batuma arushiriza guta umutwe no kuvunika umutima.—Yobu 19:2; 26:2.
13 Birumvikana ko Yobu ashobora kuba yaribajije ati: ‘None, ni kubera iki ari jewe bishikiye? Nakoze iki ngo nshikirwe n’ibi vyago vyose?’. Abo bagenzi biwe basiguye impamvu zitari zo na gato zitwa ko ari zo zatumye ivyo vyago bimushikira. Bavuze yuko Yobu ari we ubwiwe yari yikwegeye uwo mubabaro mu gukora icaha kinaka gikomeye. Elifazi yabajije ati: “Ni nde yigeze kugesera atācumuye?”. Yongeyeko ati: “Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura”.—Yobu 4:7, 8.
14. Ni kubera iki iyo umuntu ari mu mubabaro tudakwiye guca twibwira yuko vyatewe n’uko yigenjeje mu buryo butabereye?
14 Ni ivy’ukuri yuko twoshobora gushikirwa n’ingorane igihe tubivye mu mubiri aho kubiba mu mpwemu (Ab’i Galatiya 6:7, 8). Yamara, mw’isi ya kino gihe, ingorane zirashobora kudushikira naho twoba twigenza neza. Vyongeye, nta woshobora kuvuga ko abatagira ikibagira ata cago na kimwe gishobora kubashikira. Yezu Kirisitu, uwari asanzwe “atanduye, [a]tandukanijwe n’abanyavyaha”, yarapfuye urupfu rubi ku giti co kubabarizwako, intumwa Yakobo na yo ipfa rumaratiri (Abaheburayo 7:26; Ivyakozwe n’intumwa 12:1, 2). Ivyiyumviro bitari vyo Elifazi na bagenzi biwe babiri bashikirije vyatumye Yobu arondera kuburanira izina ryiza yari afise, vyongera bituma ashimika cane ku vy’uko ata camwagira. Yamara, kuba baguma bamwagiriza yuko ngo umubabaro yarimwo yari awukwiriye, bishobora kuba vyaragize ico bikoze ku kuntu yabona ubutungane bw’Imana.—Yobu 34:5; 35:2.
Aho tworonderera imfashanyo igihe turi mu marushwa
15. Ni ukubona ibintu ukuhe kuzodufasha igihe tuzoba turi mu bintu bitera umubabaro?
15 Hoba hari icigwa twomwigirako? Ivyago, indwara, canke uruhamo vyoshobora gutuma tubona umengo twebwe ntivyari bikwiye kudushikira, tukabona ko abandi bobo ingorane nyinshi mwene izo umengo ntizibashikira (Zaburi 73:3-12). Rimwe na rimwe, vyoba ngombwa ko twibaza ibi bibazo bihambaye cane: ‘Urukundo mfitiye Imana, rwoba rumvyurira umutima wo kuyikorera naho vyogenda gute? Noba mfise icipfuzo gikomeye co gutuma Yehova agira “ico yishura uwumutuka”’ (Imigani 27:11; Matayo 22:37)? Dukwiye kutigera tureka ngo ivyo abandi bapfa kuvuga bitume dukekeranya ku vyerekeye Data wa twese wo mw’ijuru. Umukirisukazi umwe w’intahemuka yamaze imyaka myinshi arwaye indwara idakira, yavuze ati: “Ndazi yuko ico Yehova azoreka cose kigashika nzocihanganira. Ndazi yuko atazobura kumpa inkomezi nkeneye. Yamye ampa inkomezi”.
16. Ijambo ry’Imana rifasha gute abari mu bintu bigoye?
16 Ku bijanye n’amayeri Shetani akoresha, hari ivyo dutahura Yobu we atatahura. “[Ntitu]yobewe imigabo yiwe”, ni ukuvuga imigambi yiwe y’ububisha (2 Ab’i Korinto 2:11). N’ikindi kandi, turafise ibintu vyinshi cane dushobora kwikorako bituronsa ubukerebutsi ngirakimazi. Muri Bibiliya, harimwo inkuru zerekeye abagabo n’abagore b’intahemuka bihanganiye ibintu bigoye vy’ubwoko bwose. Intumwa Paulo, uwashikiwe n’amarushwa kuruta abakirisu batari bake, yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba” (Abaroma 15:4). Icabona umwe wo mu gihugu kimwe ca Buraya yapfunzwe ahowe ukwizera kwiwe mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, yaremeye gutanga ibifungurwa vyiwe vy’imisi itatu kugira aronke Bibiliya. Avuga ati: “Ntiworaba ukuntu ukwo guheba ivyokurya nkabikaba Bibiliya kwavuyemwo ivyiza! Naho natubitse uwa vubi, nararonse imfungurwa zo mu vy’impwemu zankomeje zongera zirakomeza n’abandi mu bigeragezo twarimwo muri ivyo bihe bigoye. Iyo Bibiliya gushika n’ubu ndacayifise”.
17. Ni intunganyo izihe zashizweho n’Imana zishobora kudufasha kwihangana?
17 Uretse uguhumurizwa dukura mu Vyanditswe, turi n’ibikoresho vyinshi bidufasha kwiga Bibiliya bituronsa ubuyobozi bw’ukuntu twovyifatamwo mu ngorane. Uravye ca gitabu c’amaronderero (Index des publications Watch Tower), hari aho wosangamwo inkuru yerekeye umukirisu nkawe yashikiwe n’ikigeragezo gisa n’ico urimwo (1 Petero 5:9). Vyoshobora kandi kuba ngirakamaro uyagiye ukuntu ivyawe vyifashe abakurambere b’abanyempuhwe canke abandi bakirisu bahumuye mu vy’impwemu. N’ikiruta vyose, biciye mw’isengesho, urashobora kwizigira gufashwa na Yehova be n’impwemu yiwe yera. Paulo yihanganiye gute “ibipfunsi” vya Shetani? Mu kwiga kwiheka ku bubasha bw’Imana (2 Ab’i Korinto 12:9, 10). Yanditse ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”.—Ab’i Filipi 4:13.
18. Abakirisu bagenzi bacu bashobora gute kuturonsa indemesho z’agaciro kanini?
18 Urumva rero ko imfashanyo yoyo itabuze, kandi ntukwiye kwigera witinya kuyirondera. Umugani umwe ugira uti: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizo[ca ziba] nke” (Imigani 24:10). Nka kurya nyene umuswa ushobora gutuma inzu yubakishije ibiti isenyuka, ni ko n’ukudendebukirwa gushobora gusenyura ukutadohoka kwacu kwa gikirisu. Kugira ngo ntitugwe muri ako kaga, Yehova aradushigikira biciye ku basavyi biwe nkatwe. Muri rya joro Yezu yafatwa, hari umumarayika yamubonekeye aramukomeza (Luka 22:43). Paulo na we, ariko aja i Roma ari imbohe, “[yarashimiye] Imana, umutima urarema” igihe yasanganirwa n’abavukanyi ahitwa Akaguriro ka Apiyo n’ahitwa Amaduka Atatu (Ivyakozwe n’intumwa 28:15). Icabona umwe w’Umudagikazi n’ubu aracibuka uburyo yafashijwe agishika mw’ikambi y’itunatuniro y’i Ravensbrück, ico gihe akaba yari umuyabaga agitinyatinya. Yibuka ati: “Hari umukirisukazi umwe yaciye ubwo nyene ansanga aho ndi, maze anyakirana igishika cinshi. Uwundi muvukanyikazi w’intahemuka na we yaranyitaheyo cane ku buryo yabaye nka mawe mu vy’impwemu”.
“Wame uyoboka”
19. Ni igiki cafashije Yobu kunanira utwigoro twa Shetani?
19 Yehova yavuze yuko Yobu yari umuntu “yakome[za] ukugororoka kwiwe”, ni ukuvuga ukutadohoka kwiwe (Yobu 2:3). Yobu, naho yadendebukiwe akaba kandi atatahura igituma yariko arashikirwa n’ibintu biteye umubabaro, ntiyigeze anyiganyiga ku bijanye na ca kibazo gihambaye cane cerekeye ukudahemuka. Yobu yaranse kwihakana ico yari amaze ubuzima bwiwe bwose yumiyeko. Yavuganye umwiyemezo ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku [“kutadohoka”, NW] kwanje”.—Yobu 27:5.
20. Ni kubera iki kwihangana biri n’akamaro?
20 Umwiyemezo nk’uwo urashobora natwe kudufasha kuguma turi intadohoka naho twoba turi mu bihe bimeze gute, twaba turi mu bigeragezo, twaba turwanywa, canke twaba turi mu ngorane. Yezu yabwiye ishengero ry’i Simuruna ati: “Ntutinye ivy’ugira ubabazwe. Eh’uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa [ni ukuvuga, ingorane, ibintu bitera umubabaro, canke uguhahazwa] imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo”.—Ivyahishuriwe 2:10.
21, 22. Igihe twoba turiko twihanganira amarushwa, dushobora guhumurizwa no kumenya iki?
21 Muri ino si itwarwa na Shetani, ukwihangana kwacu be n’ukutadohoka kwacu bizogeragezwa. Ariko rero, Yezu aradusubiriza umutima mu nda yuko ku bijanye na kazoza ata mpamvu n’imwe yotuma tugira ubwoba. Igikuru ni uko twama tuyoboka, ni ukuvuga tukaguma turi intahemuka. Nk’uko Paulo yabivuze, ‘amarushwa yacu ni ay’akanya ka none’, mu gihe “ubgiza”, ari yo mpera Yehova adusezeranira, bwobwo ‘buremereye kandi bukaba ari ubw’ibihe bidahera’ (2 Ab’i Korinto 4:17, 18). N’amarushwa yashikiye Yobu yari ay’akanya gato ugereranije igihe ayo marushwa yamaze n’imyaka y’agahimbare Yobu yamaze imbere y’uko ashikirwa n’ibigeragezo be n’inyuma yaho.—Yobu 42:16.
22 Yamara, vyoshobora gushika tukabona umengo ibigeragezo turimwo ntibihera, n’umubabaro turimwo tukumva umengo ntitwoshobora kuwihanganira. Mu kiganiro gikurikira, turabona ukuntu ivyashikiye Yobu bishobora kutwigisha ibindi vyigwa ku bijanye n’ukwihangana. Turabona kandi n’uburyo butandukanye dushobora gukomeza abandi bari mu ngorane.
[Wokwishura gute?
• Ni ikibazo gihambaye cane ikihe Shetani yavyuye ku bijanye n’ukutadohoka kwa Yobu?
• Ni kubera iki ingorane zidushikira zidakwiye kudutangaza cane?
• Yehova adufasha gute kwihangana?
[Ifoto ku rup. 23]
Kugira ubushakashatsi, kuganira n’abakirisu bahumuye mu vy’impwemu, hamwe no guserurira Imana akari ku mutima mw’isengesho birashobora kudufasha kwihangana