ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 25-29
  • “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Tugerageze gutahura ibintu uko biri muri rusangi
  • Ivyodufasha kwihangana
  • Abahanuzi b’inkerebutsi badufasha kwihangana
  • Hahiriwe uwihangana
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yobu yari umuntu afise ukwihangana kandi w’intadohoka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 25-29

“Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”

“Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwa[ra]bonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe”.​—YAKOBO 5:11.

1, 2. Ni ikigeragezo ikihe cashikiye umugabo umwe n’umugore wiwe bo muri Polonye?

UWITWA HARALD ABT ntiyari bwamare n’umwaka abaye Icabona ca Yehova igihe ingabo za Hitler zigarurira akarere ka Danzig (kitwa ubu Gdańsk) kari mu Buraruko bwa Polonye. Ibintu vyaciye bitangura gukomera ku buryo abakirisu b’ukuri bo muri ico gihugu bari basigaye batorohewe na gato, emwe, n’ukugeramirwa bakaba bari bageramiwe. Ca gipolisi c’Abanazi citwa Gestapo caragerageje gusinyisha Harald ku nguvu icete cemeza ko yihakanye ukwizera kwiwe, ariko aranka. Harald amaze amayinga nk’angahe mw’ibohero, yararungitswe mw’ikambi y’itunatuniro y’i Sachsenhausen, aho akatari gake yagizweko iterabwoba yongera arakubagurwa. Umukuru umwe w’abapolisi yareretse Harald ikintu gisohora umwotsi c’ikizu batuririramwo imivyimba, maze aca amubwira ati: “Niwaguma wumiye ku kwizera kwawe, mu misi 14 uzoba uriko uradugana harya uja kuri uyo Yehova wawe”.

2 Igihe Harald yafatwa, umukenyezi wiwe Elsa yari afise akana k’agakobwa k’amezi cumi kari kakiri kw’ibere. Mugabo ico gipolisi c’Abanazi nticamwirengagije. Butaraca na kabiri, baramutwaye ako kana kiwe, maze bamurungika mw’ikambi yo guhonerezamwo abantu y’i Auschwitz. Yamara, yarashoboye kumara imyaka n’iyindi akiri muzima, cokimwe na Harald. Mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1980, urashobora kwisomera inkuru yigana ukuntu Harald n’umukenyezi wiwe bihanganye. Harald yanditse ati: “Imyaka yose hamwe namaze mu makambi y’itunatuniro no mu mabohero yabaye 14, nkaba nayimaze mpfunzwe mpowe ukwizera kwanje. Narabajijwe nimba umukenyezi wanje yoba yaramfashije kwihanganira ivyo vyose. Emwe, yaramfashije rwose! Nari nzi kuva mu ntango ko atokwigeze yihakana ukwizera kwiwe, kandi kuba ivyo nari ndabizi vyarankomeje. Nari nzi ko yari gushima kubona ndambitse ku nderuzo napfuye aho kumenya ko narekuwe kubera nemeye guhemuka. . . . Elsa yarihanganiye amarushwa menshi mu myaka yose yamaze mu makambi y’itunatuniro yo mu Budagi”.

3, 4. (a) Ni uburorero bwasizwe na bande bushobora kuremesha abakirisu kwihangana? (b) Ni kubera iki Bibiliya iduhimiriza kwihweza ivyashikiye Yobu?

3 Nk’uko Ivyabona benshi bashobora kuvyivugira, kwihanganira ikibi, emwe, si icoroshe. Ni co gituma Bibiliya ihanura abakirisu bose iti: “Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo . . . co kubabazwa no kwihangana” (Yakobo 5:10). Mu binjana n’ibindi, abasavyi b’Imana benshi barahamwe ata co bazira. Uburorero bwiza ico “gipfungu c’ivyabona” kinini cadusigiye burashobora kuturemesha kubandanya isiganwa ryacu rya gikirisu twihanganye.​—Abaheburayo 11:32-38; 12:1.

4 Uravye inkuru zo muri Bibiliya, urabona ko Yobu ari akarorero kadasanzwe k’ukwihangana. Yakobo yanditse ati: “Eh’abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwa[ra]bonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe” (Yakobo 5:11). Ivyashikiye Yobu biradufasha kubona gatoyi impera irindiriye abaguma ari intahemuka, abo bakaba ari bo Yehova ahezagira. N’igihambaye kuruta, birashira ahabona ibintu vy’ukuri bizodufasha mu bihe bigoye. Igitabu ca Yobu kiradufasha kwishura ibi bibazo: Igihe turi mu kigeragezo, ni kubera iki dutegerezwa kugerageza gutahura ibibazo nyamukuru bijanye na co? Ni kamere izihe be n’agatima akahe bizodufasha kwihangana? Dushobora gute gukomeza abakirisu bagenzi bacu bashikiwe n’ibintu bitera umubabaro?

Tugerageze gutahura ibintu uko biri muri rusangi

5. Ni ikibazo nyamukuru ikihe dukwiye kwama twibuka igihe turi mu bigeragezo canke mu nyosha mbi?

5 Kugira ngo tugumane uburimbane mu vy’impwemu igihe dushikiwe n’ibintu bigoye, turakenera gutahura ibintu uko biri muri rusangi. Atari ukwo na ho, ingorane zidushikira ubwacu zoshobora kutubuza kubona neza mu buryo bw’impwemu. Ca kibazo kijanye n’ukudahemuka ku Mana ni co gihambaye kuruta ibindi vyose. Data wa twese wo mw’ijuru aradutera akamo umwumwe wese muri twebwe ashobora gufata nka nkama, na ko kakaba kagira gati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka” (Imigani 27:11). Umve nawe ntuze ako gateka kadasanzwe! Naho dufise ubugoyagoye n’utunenge, turashobora kunezereza Umuremyi wacu. Ivyo tubigira igihe urukundo dukunda Yehova rudushoboza kwihanganira ibigeragezo n’inyosha mbi. Urukundo rwa gikirisu rw’ukuri rwihanganira vyose. Ntirwigera ruhera.​—1 Ab’i Korinto 13:7, 8.

6. Shetani acokora Yehova gute, kandi ivyo abigira ku rugero rungana iki?

6 Igitabu ca Yobu kirerekana neza ko Shetani ari we atuka canke acokora Yehova. Kirerekana kandi ko uwo mwansi ataboneka ari umubisha be n’uko ico yipfuza ari ugusenyura ubucuti dufitaniye n’Imana. Nk’uko ivyashikiye Yobu bivyerekana, Shetani ahanini yagiriza abasavyi ba Yehova bose yuko ngo bamukorera babitumwe n’ubwikunzi, akaba kandi arondera kwerekana yuko urukundo bakunda Imana rushobora gutimba. Aramaze imyaka ibihumbi acokora Imana. Igihe Shetani yirukanwa mw’ijuru, hari ijwi ryavuye mw’ijuru ryavuze yuko ari “Umurezi wa bene Data”, ryongera rivuga yuko abarega gutyo “ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu” (Ivyahishuriwe 12:10). Mu kwihangana tudahemuka, turashobora kwerekana ko ivyo birego vyiwe ata shingiro bifise.

7. Dushobora gute kuvyifatamwo neza igihe turi n’ubugoyagoye bunaka bw’umubiri?

7 Turakwiye kwibuka yuko Shetani afatira ku marushwa ayo ari yo yose yoshobora kudushikira, arondera kudutandukanya na Yehova. Ni ryari yagerageje Yezu? Igihe yamugerageje yari ashonje, amaze imisi myinshi atarya (Luka 4:1-3). Ariko rero, inkomezi zo mu buryo bw’impwemu Yezu yari afise zaramushoboje kwamirira kure inyosha mbi za Shetani yivuye inyuma. Ese ukuntu bihambaye ko tunanira ubugoyagoye ubwo ari bwo bwose bw’umubiri, kumbure buterwa n’indwara canke ubusaza, tubishobojwe n’inkomezi zo mu buryo bw’impwemu! Naho “umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora”, ntiduta hasi, kubera yuko “umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye”.​—2 Ab’i Korinto 4:16.

8. (a) Ukuvunika umutima gushobora gute kugira ingaruka mbi? (b) Ni agatima akahe Yezu yari afise?

8 Ikigeretseko, ukuvunika umutima kurashobora kugirira nabi umuntu mu vy’impwemu. Hari uwoshobora kwibaza ati: ‘Ni kubera iki none Yehova areka ibi bikaba?’. Uwundi na we, bitumwe n’uko hari umuvukanyi kanaka yamugiriye ikintu kibabaje, yoshobora kwibaza ati: ‘Umuvukanyi ashobora gute vy’ukuri kungirira ikintu nk’ico?’. Ukuvunika umutima mwene ukwo kwoshobora gutuma twibagira vya bibazo nyamukuru maze tukiyumvira gusa uko ivyacu vyifashe. Umubabaro Yobu yagize kubera ba bagenzi biwe batatu babona ibintu ukutari kwo, biboneka ko watumye yumva amerewe nabi cane ku mutima nka kurya nyene indwara yari arwaye yatuma yumva ababaye cane ku mubiri (Yobu 16:20; 19:2). Intumwa Paulo na we yarerekanye yuko kuguma umuntu ashavuye bishobora “[guha] wa Murwanizi icicaro” canke akaryo (Abanyefeso 4:26, 27). Abakirisu, aho guta ishavu canke umwikomo ku bantu kanaka canke kwiyumvira birenze urugero ukuntu barenganijwe ku bijanye n’ibintu binaka vyabashikiye, biraba vyiza kuruta biganye Yezu mu “[kw]iha Īdaca urwa nkuzi”, ni ukuvuga Yehova Imana (1 Petero 2:21-23). Kugira ‘agatima’ nk’aka Yezu birashobora kutubera uburyo buhambaye cane bwo kwikingira ibitero vya Shetani.​—1 Petero 4:1.

9. Imana idusezeranira iki ku bijanye n’imitwaro tubwirizwa kwikorera canke ibigeragezo bidushikira?

9 Igihambaye kuruta vyose, ntidukwiye kwigera twiyumvira yuko ingorane zadushikiye ari ikimenyamenya cerekana neza yuko Imana itadushima. Ukwo kubona ibintu mu buryo butari bwo kwaratuntuje Yobu igihe yariko acucagirwa amajambo ababaza n’abitwa ngo ni abiruzi biwe (Yobu 19:21, 22). Bibiliya idukura amazinda iti: “Imana [nti]geragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha” (Yakobo 1:13). Ahubwo riho, Yehova adusezeranira kudufasha kwikorera umutwaro uwo ari wo wose vyoshika tukabwirizwa kwikorera, akadusezeranira kandi kuducira icanzo mu kigeragezo ico ari co cose codushikira (Zaburi 55:22; 1 Ab’i Korinto 10:13). Twiyegereje Imana igihe turi mu mubabaro, turashobora kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza tukongera tugashobora kurwanya Shetani.​—Yakobo 4:7, 8.

Ivyodufasha kwihangana

10, 11. (a) Ni igiki cafashije Yobu kwihangana? (b) Kuba Yobu yari afise ijwi ryiza ryo mu mutima vyamufashije gute?

10 Naho Yobu yashikiwe n’ibintu bigoye cane, harimwo na ya majambo avuna umutima yabwirwa n’abitwa ngo ni abiruzi be n’ukuba atatahura impamvu nyakuri y’ivyago yarimwo, yagumye ari intadohoka. None ni igiki dushobora kwigira kuri ukwo kwihangana kwiwe? Nta gukeka ko ikintu nyamukuru camufashije kwihangana ari uko yari intahemuka kuri Yehova. Yari umuntu “yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi” (Yobu 1:1). Ni ko yama abigenza mu buzima bwiwe. Yaranse gutera Yehova umugongo naho atatahura igituma ibintu vyari vyabaye nabi giturumbuka. Yobu yabona yuko akwiye gukorera Imana mu mahirwe no mu magorwa.​—Yobu 1:21; 2:10.

11 Kugira ijwi ryiza ryo mu mutima na vyo nyene vyarahumurije Yobu. Mu gihe ubuzima bwiwe bwasa nk’aho bugeze ku munwa w’icobo, yarahumurijwe no kumenya yuko yari yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo afashe abandi, yuko yari yarumiye ku ngingo mfatirwako zigororotse za Yehova, be n’uko yari yaririnze ugusenga kw’ikinyoma ukwo ari kwo kwose.​—Yobu 31:4-11.

12. Yobu yakiriye gute imfashanyo yahawe na Elihu?

12 Ariko ntiwumve, Yobu yari akeneye vy’ukuri gufashwa kugira ngo abogore uburyo yabona ibintu mu mice imwimwe. Kandi iyo mfashanyo yarayakiranye ukwicisha bugufi, ico kikaba ari ikindi kintu camufashije kwihangana. Yobu yarateze yompi abigiranye icubahiro impanuro yahawe na Elihu, kandi yarakiriye neza uburyo Yehova yamukosoye. Ubwiwe yavuze ati: ‘Navuze ivyo ntatahuye, bintera kwizinukwa, nkigaya, nigaragura mu mukungugu no mu munyota’ (Yobu 42:3, 6). Yobu, naho indwara yari ikimurembeje, yaranezerejwe n’uko ukwo gukosorwa mu buryo yabona ibintu kwamufashije kurushiriza kwiyegereza Imana. Yavuze ati: ‘Namenye yuko [wewe Yehova] ushobora vyose’ (Yobu 42:2). Yobu afashijwe n’ukuntu Yehova yadondoye igitinyiro ciwe, yararushirije gutahura neza ikibanza yari afise yigereranije n’Umuremyi.

13. Kugirira abandi ikigongwe vyagiriye akamaro gute Yobu?

13 N’ikindi twovuga, Yobu aratubera akarorero kadasanzwe mu bijanye no kugaragariza abandi ikigongwe. Bamwe bitwa ngo ni abiruzi biwe baramuvunye umutima rwose. Yamara, igihe Yehova yasaba Yobu ngo abasabire, yarabigize. Mu nyuma, Yehova yaratumye Yobu asubira kugira amagara meza (Yobu 42:8, 10). Vy’ukuri, umujinya ntudufasha kwihangana, ariko urukundo n’ikigongwe vyovyo biradufasha kwihangana. Kureka kugira umujinya biratuma twumva tumerewe neza mu vy’impwemu, kandi abafise agatima nk’ako, Yehova arabahezagira.​—Mariko 11:25.

Abahanuzi b’inkerebutsi badufasha kwihangana

14, 15. (a) Ni kamere izihe zifasha umuhanuzi kuvura abandi? (b) Sigura ivyatumye Elihu ashobora gufasha Yobu.

14 Ikindi cigwa dushobora kwigira ku nkuru ya Yobu ni uko abahanuzi b’inkerebutsi ari ngirakamaro. Mwene abo usanga ‘bavukiye [umuntu] kumubera nk’abo bivukana mu magorwa’ (Imigani 17:17). Ariko rero, nk’uko ivyashikiye Yobu bivyerekana, abahanuzi bamwebamwe barashobora kubabaza umuntu aho kumuvura. Umuhanuzi mwiza akwiye kugaragaza impuhwe, icubahiro n’ubuntu, nk’uko Elihu yabigize. Abakurambere hamwe n’abandi bakirisu bahumuye mu vy’impwemu, vyoshobora kuba ngombwa ko babogora ukuntu abavukanyi banaka baremerewe n’ingorane babona ibintu, kandi igihe abo bahanuzi barondera kubogora abo bavukanyi, hari vyinshi bashobora kwigira ku gitabu ca Yobu.​—Ab’i Galatiya 6:1; Abaheburayo 12:12, 13.

15 Hari ivyigwa vyiza vyinshi twokwigira ku buryo Elihu yavyifashemwo. Imbere y’uko agira ico avuze ku majambo atari yo ya ba bagenzi batatu ba Yobu, yabanje kumara umwanya utari muto ateze ugutwi (Yobu 32:11; Imigani 18:13). Elihu yarahamagaye Yobu mw’izina yongera amuyagisha kigenzi (Yobu 33:1). We ntiyabaye nk’abo bantu batatu bitwa ngo ni abiruzi, ngo abone yuko aruta Yobu. Yavuze ati: “Nanje . . . nabumbge mw ibumba”. Ntiyipfuza kwunyura umubabaro Yobu yari yifitiye mu kuvuga amajambo asunitswe n’impemu (Yobu 33:6, 7; Imigani 12:18). Elihu ntiyaneguye Yobu ku bijanye n’ivyo yahora akora, ahubwo riho yaramukeje ku bw’ubugororotsi bwiwe (Yobu 33:32). N’igihambaye kuruta vyose, Elihu yaragerageje kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, maze arafasha Yobu kuzirikana canecane ku kuntu Yehova atokwigera akora ivy’ukugabitanya (Yobu 34:10-12). Yararemesheje Yobu kwiheka kuri Yehova aho kurondera kwerekana ubwiwe ko agororotse (Yobu 35:2; 37:14, 23). Nta gukeka ko abakurambere bakirisu hamwe n’abandi bashobora kwungukira kuri ivyo vyigwa.

16. Ba bantu batatu bitwa ngo ni abiruzi ba Yobu babaye gute ibikoresho vya Shetani?

16 Impanuro y’ubukerebutsi Elihu yatanze nta ho ihuriye n’amajambo ababaza Elifazi, Biludadi na Zofari bavuze. Yehova yababwiye ati: “[Ntimwa]mvuzekw ibiroranye” (Yobu 42:7). Naho bibwira yuko bari bafise intumbero nziza, babaye nk’ibikoresho vya Shetani aho kubera Yobu abagenzi b’intahemuka. Bose uko ari batatu bavuze kuva mu ntango yuko ivyago Yobu yarimwo ari we ubwiwe yari yavyikwegeye (Yobu 4:7, 8; 8:6; 20:22, 29). Elifazi we yavuze yuko ngo Imana itizigira abasavyi bayo, be n’uko ngo kuba turi abagororotsi canke tutari bo ata co biyibwira (Yobu 15:15; 22:2, 3). Yaranagirije Yobu amakosa atari yarakoze (Yobu 22:5, 9). Ariko Elihu wewe, yarafashije Yobu mu buryo bw’impwemu, iyo ikaba ari yo ntumbero umuhanuzi w’umunyarukundo yama afise.

17. Ni igiki dukwiye kwama twibuka igihe turi mu kigeragezo?

17 Ku bijanye n’ukwihangana, hariho n’ikindi cigwa dushobora kwigira ku gitabu ca Yobu. Imana yacu y’inyarukundo irihweza ivyacu uko vyifashe. Vyongeye, iripfuza kudufasha mu buryo butandukanye kandi irabishoboye. Mu ntango, twabonye ivyashikiye Elsa Abt. Zirikana kuri iki kintu yahavuye atahura: “Imbere y’uko mfatwa, nari narasomye mw’ikete rimwe ryanditswe n’umuvukanyikazi umwe yuko igihe umuntu ari mu kigeragezo gikomeye impwemu ya Yehova ituma yumva atekanye. Niyumviriye yuko uwo muvukanyikazi hari ukuntu yagomba gusa kuba araryosha inkuru. Ariko igihe ubwanje nashikirwa n’ibigeragezo, nariboneye yuko ivyo yari yaravuze vyari ivy’ukuri. Emwe, ni uko nyene bigenda! Mu bisanzwe biragoye kubitahura bitaragushikira. Ariko vy’ukuri naravyiboneye. Yehova arafasha”. Elsa ntiyariko avuga ivyo Yehova yashobora gukora canke ivyo yakoze mu gihe ca Yobu, ubu hakaba hashize imyaka ibihumbi. Yariko avuga ibijanye n’iki gihe cacu. Vy’ukuri, “Yehova arafasha”.

Hahiriwe uwihangana

18. Ukwihangana kwa Yobu kwatumye aronka ivyiza ibihe?

18 Ni bake muri twebwe bazoshikirwa n’amarushwa akomeye nk’ayashikiye Yobu. Ariko, naho ino si yoduteza ibigeragezo bimeze gute, turi n’imvo zumvikana zo kuguma turi intadohoka nka Yobu. Mu vy’ukuri, ukwihangana kwarazaniye ivyiza Yobu mu buzima bwiwe. Kwaramutyoroye, gutuma atungana rwose (Yakobo 1:2-4). Kwarakomeje ubucuti yari afitaniye n’Imana. Yobu yemeje ati: “Nari narumvishije ivyawe ugutwi, ariko noneh’ijisho ryanje rirakwiboneye” (Yobu 42:5). Kuba Shetani atashoboye gusenyura ukutadohoka kwa Yobu, vyagaragaje ko ari umubeshi. N’igihe hari hamaze guhera imyaka amajana, Yehova yarerekanye yuko umusavyi wiwe Yobu ari akarorero mu vy’ukugororoka (Ezekiyeli 14:14). Ukutadohoka kwiwe be n’ukwihangana kwiwe biraremesha abasavyi b’Imana no muri iki gihe.

19. Wewe ubona ari kubera iki ukwihangana ari ngirakamaro?

19 Igihe Yakobo yandikira abakirisu bo mu kinjana ca mbere ku bijanye n’ukwihangana, yaravuze ivyerekeye agahimbare kazanwa n’ukwo kwihangana. Kandi yarakoresheje akarorero ka Yobu mu kubibutsa yuko Yehova ahezagira cane abasavyi biwe b’intahemuka (Yakobo 5:11). Muri Yobu 42:12 dusoma duti: “Nuk’Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere”. Imana yarahaye Yobu ibingana ibihetangabo kabiri ivyo yari yaratakaje. N’ikindi kandi, Yobu yarabayeho imyaka myinshi afise ubuzima buhimbaye (Yobu 42:16, 17). Na twebwe nyene, umubabaro uwo ari wo wose, amarushwa ayo ari yo yose, canke ukuvunika umutima ukwo ari kwo kwose vyodushikira mu nsozero y’ino si, mw’isi nshasha y’Imana bizokurwaho vyibagirane (Yesaya 65:17; Ivyahishuriwe 21:4). Turumvise ukwihangana kwa Yobu, kandi, tubifashijwemwo na Yehova, twiyemeje kwigana akarorero kiwe. Bibiliya isezerana iti: “Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda”.​—Yakobo 1:12.

Wokwishura gute?

• Dushobora gute kunezereza umutima wa Yehova?

• Ni kubera iki tudakwiye kwiyumvira yuko ingorane turimwo zerekana ko Imana itadushima?

• Ni ibintu ibihe vyafashije Yobu kwihangana?

• Dushobora gute kwigana Elihu igihe dukomeza abo dusangiye ukwizera?

[Ifoto ku rup. 28]

Umuhanuzi mwiza aragaragaza impuhwe, icubahiro n’ubuntu

[Ifoto ku rup. 29]

Elsa Abt n’umunega wiwe Harald Abt

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika