Yehova ni Imana ikenguruka
“Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo”.—ABAHEBURAYO 6:10.
1. Yehova yerekanye gute ko yashima wa Munyamowabukazi Rusi?
YEHOVA arakenguruka cane utwigoro tugirwa n’abarondera bimwe bivuye ku mutima gukora ivyo agomba, kandi arabaha impera nyinshi (Abaheburayo 11:6). Wa mugabo w’intahemuka Bowazi yari azi neza uwo muce mwiza wa kamere z’Imana, kubera ko yabwiye wa Munyamowabukazi Rusi yitwararikana urukundo inabukwe yari yarapfakaye, ati: “Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’Uhoraho” (Rusi 2:12). Rusi yoba yarahezagiwe n’Imana? Ego cane! Nkako, inkuru yiwe iranditswe muri Bibiliya! Vyongeye, yarubakanye na Bowazi maze acika inakuruza w’Umwami Dawidi na Yezu Kristu (Rusi 4:13, 17; Matayo 1:5, 6, 16). Ako ni kamwe gusa mu turorero twinshi tuvugwa muri Bibiliya twerekana ukuntu Yehova ashima abasavyi biwe.
2, 3. (a) Ni igiki gituma uburyo Yehova aserura ugukenguruka buba ubutangaje? (b) Ni kubera iki Yehova aserura ugukenguruka kuvuye ku mutima? Nubitangire akarorero.
2 Yehova abona ko yoba agabitanije hamwe vyoshika ntagaragaze ugukenguruka. Mu Baheburayo 6:10 hagira hati: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze”. Igituma ayo majambo atangaje ni uko Imana igaragariza ugukenguruka abasavyi bayo bayiyobokera kandi ari abacumuzi gutyo bakaba badashikira ubwiza bwayo.—Abaroma 3:23.
3 Kubera agasembwa dufise, twoshobora kubona yuko ibikorwa biranga ukuyobokera Imana dukora ata kintu kinini bimaze kandi ko bitabereye umuhezagiro w’Imana. Ariko, Yehova aratahura neza imvo dukorana be n’ukuntu ivyacu vyifashe, akaba ari co gituma mu vy’ukuri aha agaciro umurimo turangura n’ubugingo bwacu bwose (Matayo 22:37). Tubitangire akarorero: Umuvyeyi asanze ku meza yiwe hari ingabirano y’umugufu ugurwa uduhera dukeyi. Yoshobora kubona ko iyo ngabirano ata co imaze, hanyuma agaca araba aho ashira. Ariko rero, aravye agakarata kari kumwe n’uwo mugufu asanze kerekana ko akigeme kiwe ari ko kawumuhaye, kakaba kakoresheje uduhera twose kari kaziganije kugira ngo kawugure. Uwo muvyeyi ubu aca abona iyo ngabirano mu bundi buryo. Aragumbira ako kigeme kiwe akagakengurukira bimwe bivuye ku mutima, kumbure akabigirana amosozi mu maso.
4, 5. Yezu yiganye gute Yehova mu bijanye no kugaragaza ugukenguruka?
4 Kubera ko Yehova azi neza imvo dukorana be n’aho ubushobozi bwacu bugarukira, igihe tumuhaye ibintu vyiza kuruta ibindi dufise, vyaba ari bike canke vyinshi, arabikenguruka. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yaragaragaje neza na neza ukuntu Se wiwe ameze. Niwibuke ya nkuru yo muri Bibiliya yerekeye twa dusenge wa mupfakazi yashikana. Iyo nkuru yigana iti: “[Yezu] yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera. Abona umupfakazi w’umworo ateramw’amasenge abiri. Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’abandi bose: kukw abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose”.—Luka 21:1-4.
5 Egome, kubera yuko Yezu yari azi ukuntu ivy’uwo mugore vyari vyifashe, ko yari umupfakazi w’umworo, yarabonye yuko ico yari atanze cari n’agaciro koko, maze aragikenguruka cane. Twovuga yuko na Yehova ari ukwo ameze (Yohana 14:9). Wumva none bitaremesha kumenya yuko naho ivyawe vyoba vyifashe gute, ushobora gushimwa n’Imana yacu ikenguruka be n’Umwana wayo?
Yehova aha impera Umunyetiyopiya yatinya Imana
6, 7. Ni kubera iki Yehova yerekanye ko akenguruka ivyo Ebedumeleki yagize, kandi yavyerekanye gute?
6 Ivyanditswe birerekana akatari gake yuko Yehova agaragariza ugukenguruka abakora ivyo agomba. Rimbura ivyo yagiriye Umunyetiyopiya yatinya Imana yitwa Ebedumeleki, uwabayeho mu gihe ca Yeremiya akaba yari umusuku wo mu rugo ku kirimba ca wa Mwami w’Ubuyuda w’igihemu Zedekiya. Ebedumeleki yaramenye ko abaganwa b’Ubuyuda bari badendereje umuhanuzi Yeremiya ngo ariko aratera umugararizo be n’uko bari bamutereye mu cobo cimbiwe kubika amazi kugira yicirweyo n’inzara (Yeremiya 38:1-7). Ebedumeleki amenye yuko Yeremiya yankwa urunuka kubera ubutumwa yashikiriza, yaremeye guhakwa kuhasiga ubuzima araja kwitura uwo mwami. Uwo Munyetiyopiya yavuze n’umutima rugabo ati: “Mwami wanje nyen’ingoma, abo bantu bakoze nabi muri vyose bagiriye Yeremiya umuvugishwa, uwo batereye mu cobo; kand’ari mu gupfira aho hantu ari, kubg’inzara”. Umwami yaratanze itegeko maze Ebedumeleki aca ahitana abagabo 30 baja gutabara uwo muhanuzi w’Imana.—Yeremiya 38:8-13.
7 Yehova yarabonye yuko Ebedumeleki yakoranye ukwizera, ukwamufashije gutsinda ubwoba ubwo ari bwo bwose ashobora kuba yaragize. Ku bw’ivyo, Yehova yaragaragaje ko akenguruka ico kintu Ebedumeleki yagize maze amubwira abicishije kuri Yeremiya, ati: “Rāba ngira nshitse kur’iki gisagara ayo nakivuzeko y’ivyago, atar’ay’ivyiza. . . . Ariko weho nzokurokora kur’uwo musi, . . . kandi ntuzotangwa mu maboko y’abo utinya. Kuko ntazobura kugukiza; . . . arikw amagara yawe uzoba uyakijije, kuko wanyizigiye” (Yeremiya 39:16-18). Ni vyo, Yehova yararokoye Ebedumeleki na Yeremiya abakiza abo baganwa b’Ubuyuda b’ababisha, mu nyuma na ho abakiza Abanyababiloni bateye i Yeruzalemu bakahasiga ari ubunywenywe. Ku bijanye na Yehova, muri Zaburi 97:10 havuga hati: “Azigama ubugingo bg’abakunzi biwe, abarokora mu maboko y’abanyakibi”.
‘So akubonera mu mpisho azoguhera’
8, 9. Nk’uko Yezu yavyerekanye, Yehova ashima amasengesho bwoko ki?
8 Ikindi kintu kitwemeza ko Yehova akenguruka akongera agaha agaciro ivyo dukora bigaragaza ko tumuyobokera, dushobora kukibonera mu vyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’isengesho. Wa mugabo w’inkerebutsi yavuze ati: “[Imana i]himbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi” (Imigani 15:8). Mu gihe ca Yezu, indongozi nyinshi z’idini zarasengera ku mugaragaro, zitabitumwe n’ukuyobokera Imana kw’ukuri, ariko zirondera ko abantu bazitangarira. Yezu yavuze ati: “Baramaze guhabga impēra zabo”. Mu guhanura abayoboke biwe, yaciye avuga ati: “Ariko weho, iy’usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra”.—Matayo 6:5, 6.
9 Ariko ntiwumve, Yezu ntiyariko yiyamiriza ivy’ugusengera ku mugaragaro, kuko na we nyene mu bihe bimwebimwe yasengeye ku mugaragaro (Luka 9:16). Igihe na twebwe dusenze Yehova bivuye ku mutima utarimwo uburyarya, tutarondera ko abandi badutangarira, arabikenguruka cane. Mu bisanzwe, amasengesho dutura turi ahiherereye ni ikintu cerekana neza ko dukunda cane Imana be n’uko tuyizigira. Ntibitangaje rero kubona Yezu akenshi yararondera ahantu hiherereye kugira aje gusengerayo. Igihe kimwe, ivyo yabigize “mw ijoro rishīra ubuca”. Ikindi gihe, ‘yaraduze ku musozi gusenga yiherereye’. N’imbere yuko Yezu atoranya za ntumwa ziwe 12, yamaze ijoro ryose ariko arasenga ari wenyene.—Mariko 1:35; Matayo 14:23; Luka 6:12, 13.
10. Mu gihe dutura amasengesho ata buryarya kandi duserura inyiyumvo zacu zigera kure, ni igiki twoshobora kwizigira tudakeka?
10 Iyumvire ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarumviriza yitonze amasengesho avuye ku mutima Umwana wiwe yatura! Nkako, mu bihe bimwebimwe Yezu yaramusenze “atakamba cane arira, kand[i ar]umvirwa kubgo ku[mw]ubaha kwiwe” (Abaheburayo 5:7; Luka 22:41-44). Nk’ukwo kwa Yezu, igihe amasengesho dutura aba ata buryarya arimwo kandi tukayatura duserura inyiyumwo zacu zigera kure, twoshobora kwizigira tudakeka ko Data wa twese wo mw’ijuru ayumviriza yitonze kandi akayashima. Ni vyo, “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza . . . mu vy’ukuri bose”.—Zaburi 145:18.
11. Yehova abona gute ivyo dukora ata muntu n’umwe atubona?
11 Niba igihe dusenze turi ahiherereye Yehova abishima, hari akantu igihe tumugamburukiye ata wutubona! Vy’ukuri, Yehova arabona ivyo dukora ata muntu n’umwe atubona (1 Petero 3:12). Mu bisanzwe, kudahemuka no kugamburuka igihe turi twenyene ni ikintu cerekana neza ko dufise ‘umutima utunganiye’ Yehova, ni ukuvuga umutima utyoroye utuma dukorana imvo zibereye kandi uguma ushikamye ku bigororotse (1 Ngoma 28:9). Ese ukuntu inyifato nk’iyo inezereza umutima wa Yehova yemwe!—Imigani 27:11; 1 Yohana 3:22.
12, 13. Dushobora gute kurinda umuzirikanyi wacu n’umutima wacu maze tukamera nka wa mwigishwa w’intahemuka Natanayeli?
12 Ku bw’ivyo rero, abakirisu b’intahemuka baririnda gukorera mu kinyegero ivyaha vyonona umuzirikanyi n’umutima, nk’ukuraba amashusho n’amasanamu yerekana ubushegabo canke ubukazi. Naho hari ivyaha bishobora guhishwa abantu, turazi yuko “vyose vyambaye ubusa, [bi]garagara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze” (Abaheburayo 4:13; Luka 8:17). Mu kwihatira kwirinda gukora ibidahimbara Yehova, turaguma dufise ijwi ryiza ryo mu mutima tukongera tugahimbarwa no kumenya yuko dushimwa n’Imana. Emwe, nta gukeka ko Yehova ashima vy’ukuri umuntu “[a]gendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe”.—Zaburi 15:1, 2.
13 Dushobora gute none kurinda umuzirikanyi wacu n’umutima wacu mw’isi yuzuyemwo ububi (Imigani 4:23; Abanyefeso 2:2)? Uretse kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zose zo mu vy’impwemu, dutegerezwa kandi kwihatira kwamirira kure ikibi tugakora iciza, tukihutira kugira ico dukoze kugira ngo ivyipfuzo bibi ntibitware inda maze ngo bivyare icaha (Yakobo 1:14, 15). Iyumvire ukuntu wohimbarwa hamwe Yezu yokuvugako ivyo yavuze kuri Natanayeli, akagira ati: “Ehe, [umuntu] vy’ukuri, atarimw’ubugunge” (Yohana 1:47). Natanayeli, uwitwa kandi Barutolomayo, yahavuye aterwa agateka ko kuba umwe muri za ntumwa 12 za Yezu.—Mariko 3:16-19.
‘Umuherezi mukuru w’imbabazi kandi agororoka’
14. Yezu yakiriye gute ikintu Mariya yakoze ugereranije n’ukuntu abandi bacakiriye?
14 Kubera ko Yezu ari “ishusho y’Imana itaboneka” Yehova, yama nantaryo yigana Se wiwe ata gahaze mu bijanye no kugaragariza ugukenguruka abakorera Imana n’umutima utyoroye (Ab’i Kolosayi 1:15). Nk’akarorero, hasigaye imisi itanu ngo Yezu atange ubuzima bwiwe, we na bamwebamwe mu bigishwa biwe baratumiwe i muhira kwa Simoni w’i Betaniya. Mw’ijoro, Mariya mushiki wa Lazaro akaba na mwenewabo na Marita, “[yarabiriye] ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada” (ayari aciye amahera angana nk’umushahara w’umwaka wose), ayasuka ku mutwe wa Yezu yongera ayamusiga ku birenge (Yohana 12:3). Hari abaciye bavuga bati: “Mbeg’ubu buhombe n’ubg’iki?”. Ariko rero, ico kintu Mariya yari akoze Yezu we yakibonye mu bundi buryo. Yabonye ko ico kintu kigaragaza agatima ko gutanga cane kandi ko cari gifise ico kivuze ku bijanye n’urupfu rwiwe be n’uguhambwa kwiwe vyari vyegereje. Aho guca rero anebagura Mariya, yaramuteye iteka. Yezu yavuze ati: “Ah’ubu butumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe”.—Matayo 26:6-13.
15, 16. Twungukira gute ku kuba Yezu yarabayeho akongera agakorera Imana ari umuntu?
15 Ese ukuntu ari agateka kuba Yezu, uwukenguruka gutyo, ari we Ndongozi yacu! Nkako, kuba Yezu yarabayeho ari umuntu nkatwe vyaramuteguye ku bw’igikorwa yoshinzwe co kuba Umuherezi Mukuru n’Umwami, ico ubwa mbere yoranguye ku bw’ineza y’ishengero ry’abakirisu basizwe, mu nyuma na ho akakirangura ku bw’ineza y’isi.—Ab’i Kolosayi 1:13; Abaheburayo 7:26; Ivyahishuriwe 11:15.
16 Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yari asanzwe yitwararika cane abantu akongera akabakunda bimwe bidasanzwe (Imigani 8:31). Kuba yarabayeho ari umuntu vyatumye arushiriza gutahura neza ibintu bigoye bidushikira mu murimo turangurira Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “[Yezu] vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru . . . w’imbabazi kand’agororoka. . . . Kuk’ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa”. Yezu arashobora “kubabarana natwe mu ntege nke zacu” kubera yuko “[ya]geragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we [akaba a]ta caha yakoze”.—Abaheburayo 2:17, 18; 4:15, 16.
17, 18. (a) Amakete yarungikiwe ya mashengero indwi yo muri Aziya Ntoya yerekana iki ku bijanye n’agatima ko gukenguruka cane Yezu afise? (b) Ni igiki abakirisu basizwe bo muri ayo mashengero bariko bategurirwa?
17 Yezu amaze kuzuka vyarigaragaje yuko yari asigaye atahura cane kuruta uko yahora ibintu bigoye bishikira abayoboke biwe. Rimbura amakete yarungikiye ya mashengero indwi yo muri Aziya Ntoya, ayanditswe n’intumwa Yohani. Yezu yabwiye ishengero ry’i Simuruna ati: “Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe”. Ni nk’aho Yezu yariko avuga ati: ‘Ndatahura rwose ingorane ufise; ndazi vy’ukuri ibiriko biragushikira’. Kubera yuko Yezu ubwiwe yari yarashikiwe n’imibabaro gushika ku rupfu, yaciye yongerako abigiranye impuhwe kandi mu buryo bukura amazinda rwose, ati: “Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo”.—Ivyahishuriwe 2:8-10.
18 Amakete yarungikiwe ya mashengero indwi arimwo amajambo yerekana ko Yezu azi neza ingorane z’abigishwa biwe kandi ko ashima bivuye ku mutima ukuntu babayeho ari intadohoka (Ivyahishuriwe 2:1–3:22). Niwibuke yuko abo Yezu yarungikiye ayo makete bari abakirisu basizwe bafise icizigiro co gufadikanya na we kuganza mw’ijuru. Nk’uko vyagenze ku Mukama wabo, abo bakirisu bariko barategurwa ku bw’uruhara ruhambaye bogize rwo gufasha mu bijanye no kuronsa umuryango w’abantu ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Kristu, ivyo bakabigirana ikibabarwe ntangere.—Ivyahishuriwe 5:9, 10; 22:1-5.
19, 20. Abagize “ishengero ryinshi” berekana gute ko bakengurukira Yehova n’Umwana wiwe?
19 Ariko rero, urukundo Yezu akunda abayoboke biwe basizwe ararugirira n’abantu b’intahemuka bo mu bagize “izindi ntama”, bano bakaba ari abantu amamiliyoni ubu bagize rya “shengero ryinshi . . . bo mu mahanga yose” bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” ugiye kuza (Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 7:9, 14). Abo bantu bariko baraza ari benshi ku ruhande rwa Yezu kubera yuko bakenguruka inkuka y’incungu yatanze be n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera bafise. None bagaragaza gute ukwo gukenguruka? Babigira mu ‘gukorera [Imana] ku murango no mw’ijoro’.—Ivyahishuriwe 7:15-17.
20 Raporo yo kw’isi yose y’umwaka w’umurimo wa 2006 dusanga ku rupapuro rwa 27 gushika ku rwa 30, iratanga ikimenyamenya gitomoye c’uko abo basuku b’intahemuka bariko vy’ukuri ‘bakorera [Yehova] ku murango no mw’ijoro’. Nkako, muri uwo mwaka umwe, bo hamwe n’umugwi twovuga ko ari mutoyi ugizwe n’amasigarira y’abakirisu basizwe, baramaze amasaha 1.333.966.199 mu busuku bwo mu ndimiro, akaba ari imyaka irenga 150.000!
Nubandanye kugaragaza ugukenguruka
21, 22. (a) Ku bijanye no kugaragaza ugukenguruka, ni kubera iki abakirisu bategerezwa kuba maso canecane muri iki gihe? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
21 Mu vyo Yehova n’Umwana wiwe bagiye baragiranira n’abantu b’abanyagasembwa, baragaragaje ugukenguruka kugera kure kurengeye ugutahura koko. Ariko rero, ikibabaje ni uko abantu benshi usanga batitaho ivy’Imana, bakitwararika gusa ivyabo. Mu kudondora ukuntu abantu bo mu “misi y’iherezo” bobaye bameze, Paulo yanditse ati: “Abantu bazoba bikunda cane, bakunda amahera. . . . Bazoba badakenguruka namba” (2 Timoteyo 3:1-5, Phillips). Ese ukuntu abo bantu batandukanye n’abakirisu b’ukuri, bobo bagaragaza ko bakenguruka ivyo Imana yabagiriye vyose, bakabigira biciye ku masengesho avuye ku mutima batura, ku kugamburuka babikunze be no ku murimo barangurana ubugingo bwabo bwose!—Zaburi 62:8; Mariko 12:30; 1 Yohana 5:3.
22 Mu kiganiro gikurikira, turihweza zimwezimwe mu ntunganyo nyinshi zo mu vy’impwemu Yehova yadushiriyeho abigiranye urukundo. Uko tuzirikana kuri izo “ngabirano nziza”, ese ugukenguruka kwacu kworushiriza kwongerekana.—Yakobo 1:17, UB.
Wokwishura gute?
• Yehova yagaragaje gute ko ari Imana ikenguruka?
• Dushobora gute kunezereza umutima wa Yehova igihe turi aho ata muntu atubona?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yagaragaje ko akenguruka?
• Kuba Yezu yarabayeho ari umuntu vyamufashije gute kuba umutegetsi w’ikibabarwe kandi akenguruka?
[Ifoto ku rup. 17]
Igihe duhaye Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi dufise, arabikenguruka nka kurya kw’umuvyeyi ashima utuntu tubayabaye umwana wiwe amuha