ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/2 rup. 22-30
  • Nugume urushiriza gukenguruka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume urushiriza gukenguruka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nukenguruke agateka watewe ko kumenya ukuri kwo muri Bibiliya
  • Abantu bakenguruka baraza ku Mana ari benshi
  • Nukenguruke kuba ‘ufise ibikwiye vyose kugira ngo ukore igikorwa ciza cose’
  • Nukoreshe neza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
  • Nugume urushiriza gukenguruka
  • Kubera iki twogaragaza ko dukenguruka?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yehova ni Imana ikenguruka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bose Nibaninahaze Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/2 rup. 22-30

Nugume urushiriza gukenguruka

“Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’igiciro . . . ! Ereg’igitigiri cavyo ni kinini!”​—ZABURI 139:17.

1, 2. Ni kubera iki dukwiye guha agaciro Ijambo ry’Imana, kandi umwanditsi w’Amazaburi yaseruye gute ukuntu ariha agaciro?

IGIHE urusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu rwariko rurasanurwa, hari ikintu giteye umunezero catowe. Umuherezi mukuru Hilukiya yaratoye “igitabo c’ivyagezwe vy’Uhoraho, ivyo Mose yazanye”, ata gukeka kikaba cari ico Musa ubwiwe yari yaranditse nk’imyaka 800 imbere y’aho! Niwiyumvire ukuntu wa Mwami Yosiya yatinya Imana ategerezwa kuba yarumvise amerewe igihe ico gitabu cazanwa imbere yiwe. Mu vy’ukuri, yarabonye ko gifise agaciro maze ubwo nyene aca asaba umukarani Shafani kukimusomera n’ijwi ryumvikana.​—2 Ngoma 34:14-18.

2 Muri iki gihe, abantu amamiliyaridi barashobora gusoma Ijambo ry’Imana, ryaba ari ryose canke igice caryo. Ariko none ivyo vyoba bituma Ivyanditswe bitakaza agaciro canke bitaba bigihambaye cane? Habe namba! Nakare, birimwo ivyiyumviro vya Mushoboravyose ubwiwe, vyanditswe kugira ngo bitugirire ikimazi (2 Timoteyo 3:16). Umwanditsi w’Amazaburi Dawidi yaseruye ukuntu yabona Ijambo ry’Imana mu kwandika ati: “Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’igiciro kuri jewe! Ereg’igitigiri cavyo ni kinini!”.​—Zaburi 139:17.

3. Ni igiki cerekana ko Dawidi yari umuntu yiyumvamwo cane ivy’impwemu?

3 Dawidi yamye nantaryo abona ko Yehova ahambaye, akama akenguruka Ijambo ryiwe be n’indinganizo yashizeho zijanye n’ugusenga kw’ukuri. Amazaburi menshi meza Dawidi yatunganije yarerekanye ukuntu yakenguruka. Nk’akarorero, muri Zaburi 27:4 yanditse ati: “Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: n’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe”. Mu giheburayo co mu ntango, imvugo yahinduwe ngaha ngo ‘kwihweza’ isobanura kumara umwanya munini uriko uritegereza ikintu, gusuzuma witonze, kuraba ikintu uhimbawe, uryohewe kandi ugitamariye. Biribonekeza yuko Dawidi yari umuntu yiyumvamwo cane ivy’impwemu yakenguruka koko intunganyo zo mu vy’impwemu kandi yinovora akantu ako ari ko kose Imana yahishura kajanye n’ukuri kwo mu vy’impwemu. Birabereye ko twigana ako karorero kiwe ko gukenguruka.​—Zaburi 19:7-11.

Nukenguruke agateka watewe ko kumenya ukuri kwo muri Bibiliya

4. Ni igiki catumye Yezu ‘anezererwa cane mu mpwemu yera’?

4 Umuntu ntatahura Ijambo ry’Imana kubera ubwenge afise canke amashure yo mw’isi yize, ibikunze gutera ubwishime. Ahubwo riho, aritahura bivuye ku buntu tutabereye Yehova agirira abicisha bugufi kandi b’umutima nziraburyarya bazi ko bakeneye ivy’impwemu (Matayo 5:3, NW; 1 Yohana 5:20). Igihe Yezu yazirikana ku kuba abantu b’abanyagasembwa bamwebamwe amazina yabo yariko arandikwa mw’ijuru, yaciye “anezererwa cane [mu m]pwemu [y]era, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya”.​—Luka 10:17-21.

5. Ni kubera iki abigishwa ba Yezu bategerezwa kudafata minenegwe ukuri kw’Ubwami bahishurirwa?

5 Yezu amaze gutura iryo sengesho rivuye ku mutima, yaciye abwira abigishwa biwe ati: “Hahirwa amaso abona ivyo mubona. Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva”. Gutyo, Yezu yari aremesheje abayoboke biwe b’intahemuka kudafata minenegwe ukuri kw’Ubwami kw’agaciro bariko barahishurirwa. Ukwo kuri ntikwari kwarahishuriwe abasavyi b’Imana bo mu gihe c’imbere y’aho, kandi nta gukeka ko kutahishuriwe “abanyabgenge n’abahanga” bo mu gihe ca Yezu.​—Luka 10:23, 24.

6, 7. (a) Ni imvo izihe dufise zotuma tuba abantu bakenguruka ukuri kuva ku Mana? (b) Ni itandukaniro irihe ryibonekeza muri iki gihe hagati y’idini ry’ukuri n’iry’ikinyoma?

6 Muri iki gihe cacu, turafise mbere n’izindi mvo zo gukenguruka ukuri kw’Imana, kubera yuko Yehova, abicishije kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, yafashije abasavyi biwe kurushiriza gutahura Ijambo ryiwe (Matayo 24:45; Daniyeli 12:10). Ku bijanye n’igihe c’iherezo, umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Benshi bazoserangura . . . , kand’ubgenge buzogwira” (Daniyeli 12:4). Ntiwibonera none yuko ubwenge canke ubumenyi bwerekeye ivy’Imana muri iki gihe ‘bwagwiriye’ kandi ko abasavyi ba Yehova bariko bagaburirwa neza mu vy’impwemu?

7 Emwe, turibonera itandukaniro riri hagati y’ugusagamba mu vy’impwemu kw’abasavyi b’Imana be n’umuvurungano wo mu vy’idini uri muri Babiloni Hahambaye! Abantu benshi bavunwa umutima canke bashegeshwa n’idini ry’ikinyoma, bivuye kuri iryo tandukaniro babona bariko baja mu gusenga kw’ukuri. Abo ni abantu bameze nk’intama badashaka “gufatanya n’ivyaha [vya Babiloni hahambaye]” canke “guhabga ku vyago vyiwe”. Yehova be n’abasavyi biwe baratera akamo mwene abo bantu bose ngo baze mw’ishengero rya gikirisu ry’ukuri.​—Ivyahishuriwe 18:2-4; 22:17.

Abantu bakenguruka baraza ku Mana ari benshi

8, 9. Amajambo yo muri Hagayi 2:7 ariko aranguka gute muri iki gihe?

8 Yehova yavuze imbere y’igihe ku bijanye n’inzu yiwe yo mu buryo bw’impwemu yo gusengeramwo ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza” (Hagayi 2:7). Ubwo buhanuzi butangaje bwararangutse mu gihe ca Hagayi, igihe amasigarira y’abasavyi b’Imana bari baragarukanywe mu gihugu cabo basubira kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu. Muri kino gihe, ayo majambo ya Hagayi ariko araranguka mu bundi buryo ku bijanye n’urusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu.

9 Abantu amamiliyoni baramaze kuza mu rusengero rw’ikigereranyo kugira ngo basenge Imana “mu mpwemu no mu kuri”, kandi buri mwaka abantu ibihumbi amajana, abadondorwa ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose”, barabandanya kwisukira muri urwo rusengero (Yohana 4:23, 24). Nk’akarorero, raporo yo kw’isi yose y’umwaka w’umurimo wa 2006 yerekana yuko abantu 248.327 babatijwe mu kwerekana yuko biyeguriye Yehova. Tugize incahagati, ni nk’aho ari abantu 680 babatizwa buri musi! Ukuntu bakunda ukuri be n’icipfuzo bafise co gukorera Yehova ari abamamaji b’Ubwami ni ikimenyamenya c’uko Imana vy’ukuri yabakwegereye.​—Yohana 6:44, 65.

10, 11. Niwigane icabonywe cerekana ukuntu abantu bamwebamwe bahavuye baha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya.

10 Benshi muri abo bantu b’umutima nziraburyarya bakwegerewe n’ukuri kubera yuko biboneye “itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera” (Malaki 3:18). Rimbura ivyashikiye Wayne n’umukenyezi wiwe Virginia bahora bari mw’ishengero ry’abaporotisanti, ariko bakaba bari bafise ibibazo vyinshi bataronkera inyishu. Baranka intambara kandi mu gihe baba babonye abakuru b’idini bahezagira abasoda n’ibirwanisho, vyarabavuruga mu bwenge bikongera bikababuza amahoro. Bamaze kwiterera mu myaka, biyumvisemwo yuko abo bari basangiye idini batabitaho kandi Virginia yari yamaze imyaka itari mike yigisha ivyigwa vyo ku w’iyinga vyerekeye ivy’Imana. Bavuze bati: “Nta n’umwe yaza kuturaba canke ngo yerekane ko yitwararika uko tumerewe mu vy’impwemu. Nta kindi iryo shengero ryaturonderako atari amahera yacu gusa. Twaribaza duti none tubaye abande”. N’icaje gisongera isibe mu kubavuna umutima, ni ukubona idini barimwo ryaratanguye kuza rirarenza uruho rw’amazi ku vy’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina.

11 Muri ico gihe, umwuzukuru wa Wayne na Virginia yarabaye Icabona ca Yehova, mu nyuma na ho umukobwa wabo arakurikira. Naho mu ntango Wayne na Virginia bababajwe n’ico kintu, mu nyuma barahinduye ivyiyumviro maze baremera kwiga Bibiliya. Wayne avuga ati: “Mu mezi atatu gusa, twari tumaze kwiga vyinshi ku vyerekeye Bibiliya kuruta ivyo twari twarize mu myaka 70 yari iheze! Ntitwari bwigere tumenya ko Imana yitwa Yehova, kandi nta n’akavungutse twari tuzi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’Iparadizo izoba kw’isi”. Butaraca na kabiri, uwo mugabo n’umugore b’umutima nziraburyarya baratanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kugira uruhara mu busuku. Virginia yavuze ati: “Twipfuza kubwira uwo ari we wese ivyerekeye ukuri”. Bompi babatijwe mu 2005 bageze mu myaka 80 y’amavuka. Bavuze bati: “Twarironkeye umuryango w’abakirisu w’ukuri”.

Nukenguruke kuba ‘ufise ibikwiye vyose kugira ngo ukore igikorwa ciza cose’

12. Ni ibiki Yehova yama aronsa abasavyi biwe, kandi dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuvyungukireko?

12 Yehova yama afasha abasavyi biwe gukora ivyo agomba. Nk’akarorero, Nowa yarahawe ubuyobozi butomoye kandi bw’ido n’ido bujanye n’ukuntu yokwubatse ubwato, ico kikaba cari igikorwa categerezwa gukorwa neza ata kwihenda! Kandi ni ko vyagenze. Uti kubera iki? Kubera yuko Nowa ‘yabigenjeje ukw’Imana yamubariye kwose. Ni ko yakoze’ (Itanguriro 6:14-22). No muri iki gihe, Yehova araronsa abasavyi biwe ibikwiye vyose kugira ngo bakore ivyo agomba. Turazi yuko igikorwa nyamukuru cacu ari ico kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwashinzwe n’Imana no gufasha ababereye gucika abigishwa ba Yezu Kristu. Nk’uko vyagenze kuri Nowa, ukugamburuka ni kwo gutuma turoranirwa. Dutegerezwa kugamburuka tugakurikiza ubuyobozi Yehova atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe.​—Matayo 24:14; 28:19, 20.

13. Yehova atwigisha akongera akatumenyereza abicishije ku biki?

13 Kugira ngo turangure ico gikorwa, dutegerezwa kwiga ‘kuramiriza neza’ mw’Ijambo ry’Imana, ryo gikoresho nyamukuru cacu, “[iri]gira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 2:15; 3:16, 17). Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, Yehova aratwigisha akongera akatumenyereza mu buryo ngirakamaro biciye kw’ishengero rya gikirisu. Muri iki gihe, mu mashengero 99.770 yo hirya no hino kw’isi, haraba ku ndwi ku ndwi Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo bidufasha mu busuku. Woba ugaragaza ko ukenguruka ayo makoraniro ahambaye mu kuyitaba ubudasiba no mu gushira mu ngiro ivyo uyigiramwo?​—Abaheburayo 10:24, 25.

14. Abasavyi ba Yehova berekana gute ko bakenguruka agateka batewe ko gukorera Imana? (Nugire ico uvuze ku ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 27-30.)

14 Abasavyi b’Imana amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bariko baragaragaza ko bakenguruka inyigisho n’ukumenyerezwa baronka, mu gukora ubusuku bivuye inyuma. Nk’akarorero, mu mwaka w’umurimo wa 2006, abamamaji b’Ubwami 6.741.444 bamaze amasaha 1.333.966.199 bariko barangura ico gikorwa mu mice yaco yose, harimwo n’uwo kuyobora inyigisho za Bibiliya 6.286.618 zo ku muhana. Ivyo ni bimwe gusa mu bintu biremesha dusanga muri raporo yo kw’isi yose. Turagusavye wihweze witonze iyo raporo maze iheze ikuremeshe, nk’uko n’abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kuba bararemeshwa cane n’amaraporo yavuga ibijanye n’ukuntu igikorwa co kwamamaza cariko gitera imbere mu gihe cabo.​—Ivyakozwe n’intumwa 1:15; 2:5-11, 41, 47; 4:4; 6:7.

15. Ni kubera iki ata n’umwe akwiye kwumva acitse intege ku bijanye n’umurimo arangurira Yehova n’ubugingo bwiwe bwose?

15 Amajwi menshi abasavyi ba Yehova baduza buri mwaka yo kumushemeza, arerekana ukuntu bakenguruka bimwe bigera kure agateka batewe ko kumumenya no kumushingira intahe (Yesaya 43:10). Ni ivy’ukuri yuko ikimazi co gushemeza bamwebamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bageze mu zabukuru barwaye canke bafise amagara make batanga gishobora kugereranywa na twa dusenge twa wa mupfakazi. Ariko ntitwibagire yuko Yehova n’Umwana wiwe bashima vy’ukuri abo bose bakorera Imana n’ubugingo bwabo bwose, bagakora ivyo bashoboye vyose.​—Luka 21:1-4; Ab’i Galatiya 6:4.

16. Ni ibikoresho ibihe Imana yaturonkeje mu myaka iheze bidufasha kwigisha?

16 Uretse ukutwigisha n’ukutumenyereza ku bijanye n’ubusuku, Yehova araturonsa kandi ibikoresho kirumara vyo gukoresha mu kwigisha, abicishije kw’ishirahamwe ryiwe. Mu myaka mirongo iheze, muri ivyo bikoresho harimwo ibitabu La vérite qui conduit à la vie éternelle, Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera be n’igiherutse gusohoka, ari co Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Abaha vy’ukuri agaciro ivyo vyose twaronkejwe ni ababikoresha neza mu busuku.

Nukoreshe neza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha

17, 18. (a) Ni ibice ibihe vy’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ukunda gukoresha cane mu busuku? (b) Umucungezi umwe w’umuzunguruko yavuze iki ku bijanye n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?

17 Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, igifise ibigabane 19 n’amayagwa y’inyongera yimbitse kandi kikaba gikoresha imvugo itomoye kandi yoroshe, kiriko kiraba ngirakamaro cane mu busuku. Nk’akarorero, ikigabane ca 12 kiraca irya n’ino ikiganiro kivuga ngo “Tubeho mu buryo buhimbara Imana”. Ico kiganiro kirasigura ukuntu umutohoji ashobora gucika umukunzi w’Imana, ico kikaba ari ikintu abantu benshi batarigera biyumvira canke ngo babone ko gishoboka (Yakobo 2:23). None abantu bariko bakira gute ico gitabu gifasha kwiga Bibiliya?

18 Umucungezi umwe w’umuzunguruko wo muri Ositaraliya avuga yuko igitabu Ivyo Bibiliya yigisha “gikwegēra ningoga abo tubwira inkuru nziza ku buryo bica vyoroha ko dutangura kuyaga na bo”. Avuga kandi yuko ico gitabu coroshe cane gukoresha ku buryo “catumye abamamaji b’Ubwami benshi barushiriza gushira umutima mu nda be n’umunezero igihe bari mu busuku. Ntibitangaje kubona bamwebamwe basigaye bacita ngo ni ubutare bw’inzahabu”!

19-21. Niwigane uburorero bumwebumwe bwerekana yuko igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ari ngirakamaro.

19 Umugore umwe wo muri Giyana yabwiye umutsimvyi umwe yadodoye ku muryango ati: “Basha, uko biri kwose, Imana ni yo yakurungitse”. Hari haciye igihe gito umugabo yari abanye n’uwo mugore amutanye utwana tubiri. Uwo mutsimvyi yarazinguruye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ku kigabane ca 1 aca asoma n’ijwi ryumvikana ingingo ya 11, munsi y’agatwe gatoyi kavuga ngo “Imana imererwa gute igihe turenganywa?”. Uwo mutsimvyi yavuze ati: “Ivyiyumviro birimwo vyaramukoze ku mutima cane. Ushima vyaramukoze ku mutima, yaciye ahaguruka agenda amaja inyuma y’iduka ryiwe ariyuha iryosozi”. Uwo mugore yaremeye kuza aragirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza n’umuvukanyikazi aba mu karere uwo mugore abamwo, kandi ubu ariko aratera imbere.

20 Uwitwa José aba muri Esupanye, yarabuze umukenyezi wiwe ahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Yaratanguye gufata ibiyayuramutwe kugira ngo yimare intuntu, yongera arafashwa n’abahinga mu vy’inyifato y’abantu. Ariko rero, abo bahinga ntibashoboye kwishura ikibazo cavuruga rwose umutwe José kuruta ibindi, na co kikaba cari iki: “Ni kubera iki Imana yaretse umugore wanje agahwera?”. Umusi umwe José yarahuye na Francesc, uwo akaba yakorera mw’ishirahamwe José yakoramwo. Francesc yamusavye ko boganira ku kigabane ca 11 co mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, ico kigabane kikaba gifise umutwe uvuga ngo “Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura?”. Ukuntu Ivyanditswe bisigura ico kibazo be n’akarorero k’umwigisha n’umunyeshure biri muri ico kigabane, vyaramukoze ku mutima cane. Yaciye atangura kwigana umwete, aritaba iteraniro ry’umuzunguruko, ubu na ho akaba yitaba amakoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere abamwo.

21 Uwitwa Roman, ni umudandaza w’imyaka 40 wo muri Polonye, akaba ari umuntu yamye yubaha Ijambo ry’Imana. Ariko, kubera yuko umwanya munini cane yawumara mu vy’ukudandaza, ntiyateye imbere cane mu nyigisho yiwe ya Bibiliya. Yamara, yaritavye ihwaniro ry’intara maze araronka igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Mu nyuma, yaragize ihinduka rikomeye. Avuga ati: “Iki gitabu gituma umuntu aca abona neza ukuntu inyigisho zose za Bibiliya z’ishimikiro zija hamwe zikagira ikintu kimwe”. Ubu, Roman ariga Bibiliya adahorereza kandi ariko aratera imbere neza.

Nugume urushiriza gukenguruka

22, 23. Dushobora gute kubandanya kwerekana ko dukenguruka icizigiro dufise?

22 Nk’uko vyasiguwe kuri rya Hwaniro ry’intara riteye umunezero ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”, abakirisu b’ukuri bariteganye umushasharo “ugucungurwa kw’ibihe bidashira” Imana yasezeranye kandi yatumye gushoboka biciye ku maraso ya Yezu Kristu yasesetse. Uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwerekana ko dukenguruka bivuye ku mutima ico cizigiro ciza cane, ni mu kubandanya guhumanurwa ‘ibikorwa vy’impfagusa, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana nzima’.​—Abaheburayo 9:12, 14.

23 Mu vy’ukuri, kuba abamamaji b’Ubwami barenga imiliyoni zitandatu babandanya kurangura umurimo w’Imana badahemuka narirya igihe cose abantu baguma boshwa cane gushira imbere ivyabo, emwe ni igitangaza koko! Vyongeye, birerekana yuko abasavyi ba Yehova bakenguruka cane agateka batewe ko gukorera Imana, bazi yuko “ubutame bga[bo] atar’ubg’ubusa mu Mwami”. Ese ukwo gukenguruka kutokwigera kureka kwongerekana!​—1 Ab’i Korinto 15:58; Zaburi 110:3.

Wokwishura gute?

• Umwanditsi w’Amazaburi atwigisha iki ku bijanye no kubona ko Imana ihambaye be no gukenguruka intunganyo zo mu vy’impwemu yashizeho?

• Amajambo yo muri Hagayi 2:7 ariko aranguka gute muri iki gihe?

• Yehova yaronkeje gute abasavyi biwe ibikwiye vyose kugira ngo bamukorere mu buryo kirumara?

• Wokora iki kugira ngo werekane ko ukenguruka ukugira neza kwa Yehova?

[Igicapo ku rup. 27-30]

RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE WA 2006

(For fully formatted chart, see magazine)

[Amafoto ku rup. 25]

Yehova araturonsa ibikwiye vyose kugira ngo dukore ivyo agomba

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika