ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/3 rup. 17-19
  • Duhimbarwe no kurindira Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Duhimbarwe no kurindira Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurindira Imana birimwo iki?
  • Duhimbarwe mu gihe turindiriye
  • Ntituve ku cizigiro dufise
  • Kurindira kugira twungukire ku gutozwa indero
  • Gushikira ubuhumure bifata igihe
  • Tugaragaze urukundo mu kurindira
  • Woba Uzi Uburyo bwo Kurindira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nurindire Yehova unezerewe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Nugaragaze Agatima ko Kurindira!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Woba uzorindira wihanganye?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/3 rup. 17-19

Duhimbarwe no kurindira Yehova

WOBA umaze kurya icamwa kidahiye? Nta gukeka ko wumvise kikubihiye. Kugira icamwa gishe bifata igihe, kandi iyo urindiriye kigasha, ntubura gusanga biri n’akamaro. Hariho n’ibindi bihe usanga kurindira biri n’akamaro. Bibiliya ivuga iti: “Ni vyiza k’umuntu [“arindira, mbere acereje”, NW] agakiza k’Uhoraho” (Gucura intimba 3:26; Tito 2:13). Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakirisu bategerezwa kurindira Yehova? Dushobora gute kwungukira ku kumurindira?

Kurindira Imana birimwo iki?

Twebwe abakirisu, ‘turarindiriye kandi turahahamiye ukuza kw’umusi w’Imana’ (UB). Turarindiranye igishika ugutabarwa, Imana ‘niyatikiza abatayubaha’ (2 Petero 3:7, 12). Yehova ubwiwe arashashaye gukuraho ububi bwose, mugabo aracihanganye kugira azokize abakirisu mu buryo buzotuma izina ryiwe rininahazwa. Bibiliya ivuga iti: ‘Naho Imana igomba kwerekana uburake bwayo no kumenyesha ubushobozi bwayo, yarihanganiye n’imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; kugira ngo yerekanire ubutunzi bw’ubwiza bwayo ku nzavya z’ikigongwe’ (Abaroma 9:22, 23). Cokimwe no mu gihe ca Nowa, no muri iki gihe nyene Yehova arazi igihe kibereye co kurokora abasavyi biwe (1 Petero 3:20). Ku bw’ivyo, kurindira Imana birimwo kurindira ko igihe yashinze co kugira ico ikoze kigera.

Uko tubandanya kurindira umusi wa Yehova, vyoshika tukababazwa no kubona ingingo mfatirwako z’ivy’ukwigenza runtu z’iyi si idukikije zitera zitituka. Ivyo biramutse bidushikiye, vyoba vyiza turimbuye amajambo ya Mika, umuhanuzi w’Imana, uwanditse ati: “Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye”. Yaciye yongerako ati: “Jeho nzohanga amaso Uhoraho; [“nzogaragaza agatima ko kurindira”, NW] Imana y’agakiza kanje” (Mika 7:2, 7). Ako “gatima ko kurindira” dukwiye gutsimbataza ni iki? Dushobora gute kunezerwa mu gihe turindiriye Imana narirya tuzi ko igihe dutegerezwa kugira ico turindiriye canke uwo turindiriye kurindira kenshi na kenshi usanga bishavuza?

Duhimbarwe mu gihe turindiriye

Turashobora kwigira kuri Yehova agatima kabereye. Nta ho yigeze areka kuba “Imana ihimbawe” (1 Timote 1:11, UB). Arahimbawe mu gihe akirindiriye, kubera ko abandanya akora cane mu ntumbero yo gushitsa umugambi wiwe wo gushikana abantu bamukunda kuri kwa kutagira agasembwa yashaka ko abantu bagira igihe yabarema (Abaroma 5:12; 6:23). Arabona ibintu bishimishije biva mu gikorwa arangura. Kanatsinda, abantu amamiliyoni baramaze gukwegerwa ku gusenga kw’ukuri. Yezu yavuze ati: “Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora” (Yohana 5:17). Kugira ivyo umuntu akoreye abandi ni ikintu gihambaye gituma agira agahimbare (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’ukuri ntibarindira bareze amaboko. Ahubwo riho, baguma bakora mu gufasha abandi kumenya umugambi Imana ifitiye abantu.

Abantu b’intahemuka bamye nantaryo bahimbarwa no gushemeza Imana mu gihe baba barindiriye ko igihe cayo co kugira ico ikoze gishika. Fata nk’akarorero ka Dawidi wa mwanditsi wa Zaburi. Dawidi yarahamwe n’umwami wiwe, arahemukirwa n’umugenzi wiwe pfampfe, yongera arahemukirwa n’umwana yikuriye mu nda. Muri ivyo bihe vyose, Dawidi yoba yari gushobora guhimbarwa uko yarindira ko yotabawe igihe Yehova yashinze kigeze? Zaburi ya 71, iyiboneka ko yanditswe na Dawidi, ivuga iti: “Jeho nzokwama [“ndindira”, NW] ubudasība, nzokwiyongeranya kugushima. Akanwa kanje kazovuga inkuru y’ukugororoka kwawe, n’iy’agakiza kawe umusi wīre” (Zaburi 71:14, 15). Aho kurindira ashavuye, Dawidi yaragaragaje umunezero kubera ko yaguma ashemeza Yehova yongera akomeza abandi mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri.​—Zaburi 71:23.

Kurindira Yehova ntibitera ishavu nk’ukurindira umuduga watevye. Birasa cane na kurya abavyeyi barindirana umunezero uko akana kabo kagenda karakura gushika kabaye umuntu akuze bashobora kuryoherererwa. Imyaka bamara barindiriye ko umwana akura, usanga irimwo ibintu vyinshi bategerezwa gukora: uri ukumumenyereza, uri ukumwigisha, uri ukumutoza indero, ivyo vyose bakabigira bafise intumbero yo gushika ku co bipfuza. Mu buryo busa n’ubwo, twebwe abarindiriye Yehova turahimbarwa no gufasha abandi kumwiyegereza. Na twebwe nyene turashaka gushimwa n’Imana, maze uburuhiro tuzoronke ubukiriro.

Ntituve ku cizigiro dufise

Kurindira Yehova birimwo kubandanya kumukunda no kumukorera ata kuva ku cizigiro dufise. Ivyo birashobora kuba urugamba. Benshi mu basavyi b’Imana muri iki gihe baba ahantu usanga abantu batwengera mw’ijigo umuntu wese abayeho yizera imihango Imana yatanze. Yamara rero, rimbura akarorero k’Abisirayeli b’intahemuka bagumye bafise icizigiro muri ya myaka 70 Abisirayeli bamara mu bunyagano i Babiloni. Ni igiki cabafashije kuguma bafise ico cizigiro? Nta gukeka ko gusoma amazaburi vyabakomeje. Izaburi imwe iremesha yoba yari imaze kwandikwa ico gihe ivuga iti: “Ijambo ryiwe ni ryo [“narindiriye”, NW]. Umutima wanje [“warindiriye”, NW] Umwami Imana, urusha ukw abateramyi basūra ko buca: eka urusha ukw abateramyi basūra ko buca. Yemwe Bisirayeli, ni [“murindire”, NW] Uhoraho”.​—Zaburi 130:5-7.

Abayuda batumye icizigiro cabo kiguma ari kizima mu gusoma no mu kuvuga ibijanye na co, bariboneye ivyiza igihe amaherezo Babiloni yagwa mu maboko y’abari bayiteye. Abayuda b’intahemuka ibihumbi baciye ubwo nyene bafata urugendo baja i Yeruzalemu. Ku vyerekeye ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’inyagano, . . . akanwa kacu kāri kuzuye ibitwengatwenga” (Zaburi 126:1, 2). Abo Bayuda ntibataye hasi, yamara babandanije gukomeza ukwizera kwabo. Vyongeye, ntibigeze bareka kuririmbira Yehova bamushemeza.

Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’ukuri barindiriye Imana muri iki gihe c’“insozero y’ivy’isi” baguma bakora uko bashoboye kwose kugira ukwizera kwabo kugume ari kuzima. Bariga Ijambo ry’Imana, bakaremeshanya, bakongera bakaguma bashemeza Yehova mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe.​—Matayo 24:3, 14.

Kurindira kugira twungukire ku gutozwa indero

Umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Ni vyiza k’umuntu [“arindira, mbere acereje”, NW] agakiza k’Uhoraho” (Gucura intimba 3:26). Yeremiya yashaka kuvuga yuko vyari kuba vyiza abasavyi b’Imana batidodombeye uburyo Yehova yari yarabatoje indero igihe yareka Yeruzalemu igasangangurwa. Aho kwidodomba, bari bakwiye kugira ico bigiye ku vyabashikiye bakabona ko bagambaraye be n’uko bari bakeneye guhindura agatima.​—Gucura intimba 3:40, 42.

Ukuntu ugutozwa indero na Yehova kutugirira akamaro, kwoshobora gusanishwa n’ukuntu icamwa gikura gushika aho cera. Ku bijanye n’ugutozwa indero n’Imana, Bibiliya ivuga iti: “Abamenyerejwe na [kwo] k[u]bāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka” (Abaheburayo 12:11). Nk’uko icamwa gikeneye umwanya kugira gishe, ni ko na twe dukeneye umwanya kugira ngo duhindure udutima dusanganywe ku bijanye n’ukuntu twakira ukumenyerezwa gutangwa n’Imana. Nk’akarorero, hamwe twokwigenza nabi bigatuma dutakaza amabanga amwamwe twari tujejwe mw’ishengero, umutima ukunze dufise wo kurindira Imana uzotuma tudacika intege wongere utume tudatana n’akabando. Mu bihe nk’ivyo, amajambo Dawidi yanditse ahumekewe usanga aremesha, na yo akaba agira ati: “Uburake [bw’Imana ni] ubg’akanya isase, arik’ubuntu bgiwe bgamah’igihe cose umuntu akiriho. Ukurira kworārira umuntu mw ijoro, ariko mu gitondo impundu zikavuga” (Zaburi 30:5). Dutsimbataje agatima ko kurindira tukongera tugashira mu ngiro impanuro duhabwa n’Ijambo ry’Imana be n’ishirahamwe ryayo, igihe cacu co kuvuza “impundu” kizoza.

Gushikira ubuhumure bifata igihe

Niba ukiri muto canke ukaba ubatijwe vuba, hari aho woba wipfuza cane kurangura amabanga amwamwe mw’ishengero rya gikirisu. Ariko, bifata igihe kugira ushikire ubuhumure bwo mu vy’impwemu bukenewe kugira urangure amabanga nk’ayo. Ku bw’ivyo rero, mu myaka yawe y’ubuto nubonerweho akaryo ko gukura mu vy’impwemu. Nk’akarorero, ubuto ni igihe ciza co gusoma Bibiliya yose, co gutsimbataza kamere za gikirisu be n’ico kwiga ubuhanga bwo guhindura abantu abigishwa (Umusiguzi 12:1). Niba ugaragaza wicishije bugufi agatima ko kurindira, igihe Yehova azoba abona ko kibereye kugira agushinge amabanga yiyongereye kizoshika.

Igikorwa co guhindura abantu abigishwa, na co nyene gisaba ukwihanga. Nk’uko umurimyi ategerezwa kubandanya avomera gushika Imana ikujije imbuto, ni ko biri no ku bijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa (1 Ab’i Korinto 3:7; Yakobo 5:7). Gutsimbataza mu mitima y’abandi ukwizera be n’ugukengurukira Yehova bisaba ko umuntu amara amezi, canke mbere n’imyaka abarongorera inyigisho ya Bibiliya yihanganye. Kurindira Yehova bisaba gukomera kw’ibanga, naho nyene mu ntango abo twigana Bibiliya batoba bashira mu ngiro ivyo biga. Niba hari ukuntu bagaragaza na gatoyi ko bakenguruka, ico coshobora kuba ari icerekana ko bariko bumvira impwemu ya Yehova. Ubandanije kwihangana, woshobora kugira umunezero wo kubona Yehova atumye uwo mwigana Bibiliya ashika ku kuba umwigishwa wa Kristu.​—Matayo 28:20.

Tugaragaze urukundo mu kurindira

Kugira tubone ingene kurindira bishobora kwerekana ko dufise urukundo n’ukwizigira, reka turimbure ivy’umuvukanyikazi umwe ageze mu zabukuru aba mu karere k’ubugaragwa ko mu misozi yitwa Andes yo muri Amerika y’Epfo. We hamwe n’uwundi muvukanyikazi, ni bo bonyene ari Ivyabona vya Yehova mu kagwati babamwo. Woba ushobora kwiyumvira ukuntu iyo biteze kugenderwa n’abakirisu bagenzi babo, usanga babarindirana igishika? Igihe kimwe, hari umucungezi w’ingenzi yariko aja kubagendera ari bwo bwa mbere mugabo arazimira. Yategerejwe gusubira inyuma iyo yazananye, bituma ateba amasaha atari make. Vyatevye, inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro, ni ho yaza abona nya kagwati nka hariya. Kubera ko muri ako karere ata muyagankuba wariho, yaratangaye abonye umuco ukayangana. Iyumvire ntuze ukuntu yanezerewe igiye yaza yashika kw’irembo ry’ako kagwati maze akabona yuko nya muco wari uw’itara ry’amazutu nya muvukanyikazi ageze mu zabukuru yari afatiye hejuru! Uwo muvukanyikazi yari azi neza yuko nya mucungezi aza kuza, ari na co gituma yari akirindiriye.

Turahimbarwa no kurindira Yehova twihanganye nk’ukwo kw’uwo muvukanyikazi ageze mu zabukuru. Turazi tudakeka ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Kandi nk’ukwo kw’uwo mucungezi w’ingenzi, turashima abaguma baturindiranye urukundo. Ntibitangaje rero kuba Imana ishima abayirindiriye. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho anezererwa . . . [“abarindira”, NW] imbabazi ziwe”.​—Zaburi 147:11.

[Ifoto ku rup. 18]

Abantu baguma bashemeza Yehova baranezerwa no kumurindira

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika