ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/3 rup. 26-30
  • Dushobora gute kunanira amadayimoni?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dushobora gute kunanira amadayimoni?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Shetani n’amadayimoni batanguye kubaho gute?
  • Shetani afise ububasha bungana gute?
  • Ni ibiki vyodufasha kwikingira?
  • Twoshobora gute kuguma ‘dushikamye’?
  • ‘Musenge ibihe vyose’
  • “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ukuri kwerekeye abamarayika
    Bibiliya itwigisha iki?
  • ‘Nimubandanye kwironsa inkomezi mu Mukama’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yehova adukingira gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/3 rup. 26-30

Dushobora gute kunanira amadayimoni?

“Abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, [Imana] ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza”.​—YUDA 6.

1, 2. Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye na Shetani wa Mucokoranyi be n’amadayimoni?

INTUMWA Petero atugabisha ati: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa” (1 Petero 5:8). Paulo avuga ku bijanye n’amadayimoni ati: “Nanje singomba yuko musangira n’abadayimoni. Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni”.​—1 Ab’i Korinto 10:20, 21.

2 Ariko none, Shetani wa Mucokoranyi be n’amadayimoni ni bande? Batanguye kubaho ryari kandi gute? Imana yoba ari yo yabaremye? Akosho bagira ku bantu gakomeye ku rugero rungana iki? Ni ibintu ibihe, nimba bihari, vyodufasha kubikingira?

Shetani n’amadayimoni batanguye kubaho gute?

3. Vyagenze gute ngo umumarayika w’Imana acike Shetani Umucokoranyi?

3 Abantu bataramara igihe babayeho mw’itongo ry’i Edeni, umumarayika umwe w’Imana yaracitse umugarariji. Kubera iki? Kubera yuko atashimishwa n’uruhara yarangura mu ndinganizo ya Yehova yo mw’ijuru. Adamu na Eva bamaze kuremwa, yararonkeyeho akaryo ko kubatesha kugamburukira Imana y’ukuri no kuyisenga, kugira ngo abe ari we bagamburukira bakongera bagasenga. Mu kugarariza Imana no mu kwosha umugabo n’umugore ba mbere ngo bakurikire ingendo y’icaha, uwo mumarayika yarigize Shetani Umucokoranyi. Mu nyuma, abandi bamarayika baramwiyunzeko muri ubwo bugarariji bwiwe. Uti vyagenze gute?​—Itanguriro 3:1-6; Abaroma 5:12; Ivyahishuriwe 12:9.

4. Abamarayika bamwebamwe b’abagarariji bakoze iki imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa?

4 Ivyanditswe vyahumetswe bitubwira yuko igihe kimwe imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, abamarayika bamwebamwe batanguye kugomwa mu buryo budasanzwe abagore bari kw’isi. Bibiliya ivuga yuko abo “bana b’Imana” bo mw’ijuru, babigiranye intumbero mbi, “bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose”. Ukwo guhuza imibiri kw’abamarayika n’abagore ntikwari guhuje n’uko Imana yategekanije ivyo guhuza imibiri. Kandi bahavuye bavyara abana b’imvange biswe Abanefili (Itanguriro 6:2-4). Mu gukora ivyo, ivyo biremwa vy’impwemu vyaragambarariye Imana, gutyo biba vyiyunze kuri Shetani mu kugarariza Yehova.

5. Vyagendeye gute ba bamarayika b’abagarariji igihe Yehova yasangangura abantu akoresheje wa Mwuzure ukomeye?

5 Igihe Yehova yateza wa Mwuzure kw’isi, abo Banefili be n’abagore bari barabavyaye baratikiye. Abo bamarayika b’abagarariji vyabaye ngombwa ko biyambura imibiri y’abantu maze baca basubira mu karere k’impwemu. Ariko rero, ntibashoboye gusubira “mu bukuru bgabo”, ni ukuvuga mu kibanza Imana yari yarabahaye. Ahubwo riho, baterewe mu kuzimu, aho hakaba hagereranya “umwiza” w’umuzitanya wo mu buryo bw’impwemu.​—Yuda 6; 2 Petero 2:4.

6. Amadayimoni ahenda abantu gute?

6 Kuva aho abo bamarayika b’ababisha batakarije “ubukuru bgabo”, bacitse amadayimoni akorana na Shetani kandi ashigikira imigambi yiwe y’ububisha. Kuva ico gihe, amadayimoni ntagifise ububasha bwo kwiyambika imibiri y’abantu. Ariko rero, arashobora kwosha abagabo n’abagore kwisuka mu buhumbu bw’ubwoko butandukanye. Vyongeye, amadayimoni arakora yivuye inyuma mu guhenda abantu biciye ku vy’amareba, aho hakaba harimwo n’imitongero, insengo y’ibintazi be n’ukuja mu bapfumu (Gusubira mu vyagezwe 18:10-13; 2 Ngoma 33:6). Ibiraririye gushikira Shetani ni na vyo biraririye gushikira abo bamarayika b’ababisha, ivyo na vyo bikaba ari ugusangangurwa ubutagisubira kubaho (Matayo 25:41; Ivyahishuriwe 20:10). Ariko mu gihe ivyo bitarashika, turakeneye guhagarara dushikamye tukongera tukananira ivyo biremwa. Vyoba vyiza turimbuye ububasha Shetani afise uko bungana be n’ukuntu twoshobora kumunanira tukongera tukananira n’amadayimoni yiwe.

Shetani afise ububasha bungana gute?

7. Isi, Shetani ayifiseko ububasha bungana gute?

7 Kuva kera na rindi, Shetani yamye yambika ibara Yehova (Imigani 27:11). Kandi yarigaruriye igice kinini c’umuryango w’abantu. Muri 1 Yohana 5:19 hagira hati: “Isi yose iri muri wa Mubi”. Ni co gituma Shetani yashoboye kugerageza Yezu mu kwemera kumuha ububasha be n’ubwiza bw’“ubgami bgose bgo mw isi” (Luka 4:5-7). Intumwa Paulo avuga ku bijanye na Shetani ati: “Namb’ubutumwa bgiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona, ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, . . . we shusho y’Imana” (2 Ab’i Korinto 4:3, 4). Shetani ni “umunyabinyoma, kandi [ni] we se wavyo”, yamara yiyerekana ko ari “umumarayika w’umuco” (Yohana 8:44; 2 Ab’i Korinto 11:14). Arafise ububasha be n’uburyo butandukanye bwo guhuma imizirikanyi abategetsi b’isi be n’abatwarwa babo. Yarayobeje abantu akoresheje amakuru y’uruhendo, ibinyoma be n’inyigisho zidafise ishingiro vyigishwa n’amadini.

8. Bibiliya yerekana iki ku bijanye n’akosho ka Shetani?

8 Ububasha bwa Shetani be n’akosho kiwe vyarigaragaje mu gihe c’umuhanuzi Daniyeli, ibinjana nka bitanu imbere y’igihe cacu. Igihe Yehova yarungika umumarayika kubwira Daniyeli ubutumwa bwo kumuremesha, uwo mumarayika yararwanijwe na “segaba w’ubgami bg’i Buperesi”, uwo segaba akaba yari ikiremwa c’impwemu. Uwo mumarayika w’intahemuka yararwanijwe n’uwo segaba w’Ubuperesi imisi 21 kugeza aho “Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye” yaziriye kumutabara. Iyo nkuru nyene iravuga ibijanye na “segaba w’i Bugiriki”, iyo ikaba yari idayimoni (Daniyeli 10:12, 13, 20). Mu Vyahishuriwe 13:1, 2 na ho, hadondora Shetani ko ari “igisato” giha ca gikoko kigereranya inzego z’ivya politike “ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye”.

9. Abakirisu banyinyana na bande?

9 Ntibitangaje kubona intumwa Paulo yaranditse ati: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru” (Abanyefeso 6:12, ni twe dushimitse.). No muri kino gihe, amadayimoni, ayobowe na Shetani wa Mucokoranyi, aragira akosho ku bategetsi no ku bantu muri rusangi, akabosha gukora ibikorwa vy’agahomerabunwa vy’ihonyabwoko, vy’iterabwoba be n’ivy’ubundi bwicanyi, ivyo akabigira atibonekeza. Reka rero twihweze ukuntu twoshobora kunanira ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha.

Ni ibiki vyodufasha kwikingira?

10, 11. Dushobora gute kunanira Shetani n’abamarayika biwe b’ababisha?

10 Ntidushobora kunanira Shetani n’abamarayika biwe b’ababisha dukoresheje inguvu zacu bwite canke ubwenge bwacu. Paulo aduhanura ati: “[“Mubandanye kwironsa ububasha”, NW] mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi”. Turakeneye rero kurondera gukingirwa n’Imana. Paulo yongerako ati: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi. . . . Mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye”.​—Abanyefeso 6:10, 11, 13.

11 Paulo aremesha incuro zibiri abakirisu bagenziwe ngo bambare “ibirwanishwa vyose vy’Imana” (Ni twe dushimitse.). Iryo jambo “vyose” ryerekana yuko tudashobora kunanira ibitero vy’amadayimoni mu gihe twoba dufata ibintu minenegwe. Ni ibirwanishwa vyo mu buryo bw’impwemu bihambaye ibihe abakirisu muri kino gihe bakeneye cane kugira ngo bananire amadayimoni?

Twoshobora gute kuguma ‘dushikamye’?

12. Abakirisu bashobora gute gukenyera ukuri?

12 Paulo asigura ati: “Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza” (Abanyefeso 6:14). Ibirwanishwa bibiri vyerekezwako ng’aho ni umukanda be n’icuma gikingira igikiriza. Umusoda yategerezwa kuguma akenyeye neza umukanda kugira ngo yikingire mu mafyinga no kugira ngo uwo mukanda ufate neza inkota yiwe. Nk’ukwo kw’uwo musoda, turakeneye gukenyera neza (mu buryo bw’ikigereranyo) ukuri kwa Bibiliya ku buryo tukugendera mu buzima bwacu. Twoba dufise urutonde rwo gusoma Bibiliya ku musi ku musi? Abagize umuryango bose boba babigiramwo uruhara? Twoba twama dusuzuma icanditswe c’umusi turi hamwe uko tugize umuryango? Vyongeye, twoba tuguma dukurikiranira hafi ivyo wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” agenda arasigura mu bitabu aguma aturonsa (Matayo 24:45)? Nimba tubigira, ni ivyerekana ko turiko turihatira gushira mu ngiro impanuro Paulo atanga. Turafise kandi amakaseti ya videwo be n’utudisiki twitwa DVD bishobora kuturonsa ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe. Kuguma twumiye ku kuri birashobora kudufasha gufata ingingo nziza bikongera bikaturinda gukurikira ingendo itabereye.

13. Dushobora gute gukingira umutima wacu w’ikigereranyo?

13 Icuma gikingira igikiriza umusoda yambara camufasha gukingira igikiriza, umutima be n’ibindi bihimba bihambaye. Umukirisu ashobora gukingira umutima wiwe w’ikigereranyo, ni ukuvuga umuntu wiwe w’imbere, mu gutsimbataza ugukunda ubugororotsi bw’Imana no mu kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Ico cuma c’ikigereranyo gikingira igikiriza, kiraturinda ukudaha agaciro Ijambo ry’Imana. Mu gihe ‘twanka ibibi, tugakunda ivyiza’, turabuza ibirenge vyacu “inzira mbi yose”.​—Amosi 5:15; Zaburi 119:101.

14. Bisobanura iki ‘kwambara inkweto z’ivy’ubutumwa bwiza bw’amahoro’?

14 Umusoda w’Umuroma akenshi yarambara inkweto zibereye zamufasha kugira ingendo ndende z’ibirometero amajana n’amajana mu mabarabara y’Abaroma yanyuragirana mu karere kose k’inganji yabo. Amajambo avuga ngo “mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza”, asobanura iki kuri twebwe abakirisu (Abanyefeso 6:15)? Asobanura yuko twiteguriye igikorwa kinaka. Turiteguriye kuvuga inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana igihe cose habonetse akaryo kabereye (Abaroma 10:13-15). Kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu biradukingira “ubugunge” bwa Shetani, ni ukuvuga ibikorwa vyiwe vy’uruyeri.​—Abanyefeso 6:11.

15. (a) Ni igiki cerekana yuko inkinzo yagutse y’ukwizera ihambaye cane? (b) Ni ‘imyampi bwoko ki yaka umuriro’ ishobora kugira ingaruka mbi ku kwizera kwacu?

15 Paulo abandanya ati: “[“Hejuru ya vyose”, UB] mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro” (Abanyefeso 6:16). Iyo mpanuro yo kwabīra inkinzo yagutse y’ukwizera itanguzwa n’amajambo avuga ngo “hejuru ya vyose”, ivyo bikaba vyerekana ko ico kirwanishwa gihambaye cane. Ukwizera kwacu gutegerezwa kutagira agahaze. Nka kurya kw’inkinzo yagutse yakingira umusoda, ukwizera kwacu kurashobora kudukingira ‘imyampi yaka umuriro’ ya Shetani. Iyo myampi yaka umuriro ishobora kugereranya iki muri kino gihe? Ishobora kuba ari ibitutsi, ibinyoma be n’ukuri kw’igice bicumita bivugwa n’abaturwanya be n’abahuni, barondera gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Iyo “myampi” ishobora kandi kuba ari akosho ko kuba abahahamira amaronko, ivyo bigatuma twitwararika cane ukugura ibintu vyinshi bigatuma mbere turondera guhiganwa n’abandi babaho mu buryo bwo kwiyerekana ko batunze. Mwene abo bantu kumbure biyubakiye canke bigurira amazu maninimanini kandi mezameza, bigurira n’imiduga mininiminini kandi myizamyiza, canke kumbure ugasanga bambara, mu buryo bwo kwiyerekana, utuntu two gushaza tuzimvye be n’impuzu zigezweho. Naho abandi bogira gute, dutegerezwa kugira ukwizera gukomeye gushobora gukevya iyo ‘myampi yaka umuriro’. Dushobora gute kwubaka ukwizera gukomeye tukongera tukakugumana?​—1 Petero 3:3-5; 1 Yohana 2:15-17.

16. Ni ibiki bishobora kudufasha kwubaka ukwizera gukomeye?

16 Turashobora kwiyegereza Imana biciye ku kwiyigisha Bibiliya ubudahorereza no mu gutura amasengesho tubigiranye ubwira. Turashobora kwinginga Yehova ngo adufashe kugira ukwizera gukomeye kandi tugahuza n’ayo masengesho mu gukora ibikenewe. Nk’akarorero, twoba dutegura neza inyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwa buri ndwi dufise intumbero yo kuzoyigiramwo uruhara? Mu gihe twiga Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo, ukwizera kwacu kuraheza kugakomera.​—Abaheburayo 10:38, 39; 11:6.

17. Twoshobora gute ‘kwabīra inkofero y’agakiza’?

17 Mu kudondora ibirwanishwa vy’impwemu, Paulo asozera atanga iyi mpanuro igira iti: “Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota [y’im]pwemu, ni yo jambo ry’Imana” (Abanyefeso 6:17). Inkofero yakingira umusoda mu mutwe, ahari ubwonko, co gihimba nyamukuru kidufasha gufata ingingo. Nk’ukwo kw’iyo nkofero, icizigiro cacu ca gikirisu kirakingira ububasha bwacu bwo kwiyumvira (1 Ab’i Tesalonike 5:8). Aho kwuzuza imizirikanyi yacu imigambi ijanye n’ivy’isi be n’ivyipfuzo vy’ukwiruka inyuma y’amaronko, dukwiye nyabuna gushingira ivyiyumviro vyacu ku cizigiro twahawe n’Imana, nka kumwe Yezu yabigira.​—Abaheburayo 12:2.

18. Ni kubera iki tudakwiye gufata minenegwe urutonde rwacu rwo gusoma Bibiliya tudahorereza?

18 Ikintu ca nyuma kidukingira akosho ka Shetani n’amadayimoni yiwe ni ijambo ry’Imana, ni ukuvuga ubutumwa bwayo buri muri Bibiliya. Iyo ni iyindi impamvu yotuma tudafata minenegwe urutonde rwacu rwo gusoma Bibiliya tudahorereza. Ubumenyi bwimbitse bw’Ijambo ry’Imana burashobora kudukingira ibinyoma vya Shetani be n’amakuru y’uruhendo aturuka ku madayimoni, tutibagiye n’amajambo y’urwanko abahuni bavuga canke bandika.

‘Musenge ibihe vyose’

19, 20. (a) Ni igiki kiraririye gushikira Shetani n’amadayimoni yiwe? (b) Ni igiki gishobora kudukomeza mu vy’impwemu?

19 Shetani, amadayimoni yiwe be n’iyi si mbi bigiye kuvaho vuba. Shetani arazi ko afise “igihe gito”. Ishavu afise riraniga kandi ararwanya “[a]bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:12, 17). Birahambaye cane ko tunanira Shetani n’amadayimoni yiwe.

20 Ese ukuntu dukenguruka impanuro duhabwa yo kwambara ibirwanishwa vyose biva ku Mana! Paulo ahejeje kuvuga ibijanye n’ibirwanishwa vyo mu buryo bw’impwemu, atanga iyi mpanuro igira iti: “Musengere m[u m]pwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose” (Abanyefeso 6:18). Isengesho rirashobora kudukomeza mu vy’impwemu rikongera rikadufasha kuguma tugavye. Nimuze rero dufate nka nkama amajambo Paulo yavuze twongere tugume dusenga, kuko ivyo bizodufasha kunanira Shetani n’amadayimoni yiwe.

Wize iki?

• Shetani n’amadayimoni yiwe babayeho gute?

• Shetani afise ububasha bungana gute?

• Ni ibiki vyodufasha kwikingira Shetani n’amadayimoni yiwe?

• Dushobora gute kwambara ibirwanishwa vyose biva ku Mana?

[Amafoto ku rup. 26]

“Abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu”

[Ifoto ku rup. 28]

Woba woshobora kuvuga ukongera ugasigura vya birwanishwa vyacu bitandatu vyo mu buryo bw’impwemu?

[Amafoto ku rup. 29]

Gukora ivyo bintu vyerekanywe ngaha, bidukingira gute Shetani n’amadayimoni yiwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika