ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/7 rup. 3-5
  • Woba ufise impwemu idapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise impwemu idapfa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Umubiri utarimw’impwemu uba upfuye”
  • Ni igiki gishikira iyo mpwemu igihe dupfuye?
  • Impwemu ico ari co
  • Ico Bibiliya Ivuga ku Bugingo
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Bibiliya Ibuvugako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
    Be maso!—2015
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/7 rup. 3-5

Woba ufise impwemu idapfa?

WOBA tugizwe n’inyama n’amaraso gusa? Canke hoba hari ikindi kintu ciyongera ku bitugize? Twoba turiho ubu, ejo tukazoba tutakiriho? Canke hoba hari ikintu kitaboneka kiri muri twebwe kibandanya kubaho iyo dupfuye?

Naho amadini yo mw’isi yakwiragije inyigisho nyinshi z’urusobangane ku bijanye n’ibishikira umuntu igihe apfuye, nka yose ahuriza kuri iki ciyumviro kimwe c’ishimikiro: Hariho ikintu kidapfa kiri mu muntu kibandanya kubaho iyo apfuye. Abantu benshi bemera yuko ico “kintu” ari umutima w’ubwenge canke impwemu ibandanya kubaho igihe umuntu apfuye. None wewe wemera iki? Impwemu yo ni iki? Hoba hari impwemu iri mu muntu, maze iyo apfuye igaca imuvamwo? Niba ari uko biri, none ivy’iyo mpwemu bica bigenda gute?

“Umubiri utarimw’impwemu uba upfuye”

Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki ahindurwa ngo “impwemu”, muri rusangi asobanura “impemu” canke “umuyaga”. Ariko rero, ijambo “impwemu” ntirisobanura ibijanye n’uguhema gusa. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Umubiri utarimw’impwemu uba upfuye” (Yakobo 2:26). Ku bw’ivyo rero, impwemu ni yo ituma umubiri ugira ubuzima. Ni inguvu ituma umubiri ushobora gukora.

Ivy’uko iyo nguvu ituma umubiri ukora idasobanura gusa impemu zica mu mahaha, turashobora kubitahura neza igihe turimbuye ibimushikira ubwo nyene ivyo guhema bigihagarara. Haciye akanya gatoyi cane ivyo guhema bihagaze, yoshobora gusubira gutora akenge igihe hagizwe utwigoro two gutuma asubira guhumeka. Uti kubera iki? Kubera yuko agasase k’ubuzima kaba kakiri mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri. Yamara rero, ako gasase kamaze kuzima, gufasha uwo muntu ngo asubire guhumeka ntibiba bigishoboka. Naho bomushiramwo impemu zingana gute, izo mpemu ntizoshobora gutuma utugingo ngengabuzima twapfuye dusubira kuba tuzima. Ku bw’ivyo rero, impwemu ni agasase k’ubuzima gatuma, twaba utugingo ngengabuzima canke umuntu, bibandanya kubaho. Ni inguvu y’ubuzima abavyeyi baha abana babo mu gihe c’isama, ikabeshwaho n’uguhumeka.​—Yobu 34:14, 15.

None umuntu umwumwe wese ukwiwe yoba afise impwemu yisangije? Canke iyo nguvu ituma ubuzima bushoboka, yoba ari imwe ku bantu bose? Bibiliya iraturonsa inyishu zitomoye z’ivyo bibazo. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yarerekanye ko ibifise ubuzima vyose bifise impwemu imwe, igihe yavuga ati: “Iherezo ry’abana b’abantu [ni] ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, . . . Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene. Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?” (Umusiguzi 3:19-21). Egome, ibikoko n’abantu muri rusangi bifise impwemu imwe, ari yo nguvu y’ubuzima.

Iyo mpwemu iri mu mubiri ishobora kugereranywa n’umuyagankuba utuma icuma kinaka gikora. Umuyagankuba, uwutaboneka unyuragirana mu cuma canke mu mashini, urashobora gutuma icuma canke imashini ikora ibikorwa bitandukanye bivanye n’ico ico cuma canke iyo mashini yagenewe gukora. Nk’akarorero, umuyagankuba urashobora gutuma itara ryaka canke icuma gitanga umuyaga gikora, iradiyo ivuga, televiziyo yaka canke orodinateri ikora. Ariko rero, uwo muyagankuba ntiwigera ugira imero canke akaranga k’ico cuma. Umuyagankuba uguma uri ico uri, ni ukuvuga inguvu. Uko ni ko bimeze no ku bijanye n’impwemu, ari yo nguvu y’ubuzima. Ntigira akaranga k’umubiri, uwo ituma ubaho. Iyo nguvu y’ubuzima, ari yo mpwemu, ntigira kamere y’umuntu canke ngo igire ubushobozi bwo kwiyumvira; ni inguvu zibereye aho gusa. Baba abantu, vyaba ibikoko, vyose bifise impwemu imwe. Ni co gituma igihe umuntu apfuye, impwemu yiwe itabandanya kuba ahandi hantu nko mu kindi kiremwa canke ngo ibe ikiremwa c’impwemu.

Ni igiki gishikira iyo mpwemu igihe dupfuye?

Mu Musiguzi 12:7 havuga yuko igihe umuntu apfuye “umukungugu [usubira] mw ivu aho wahoze, umushaha [ari yo mpwemu] ugasubira ku Mana yawutanze”. Ariko, ivyo ntibisobanura yuko iyo mpwemu iva mu mubiri maze igaca ica mu kirere yerekeza iyo Imana iri. Nk’akarorero, raba ivyo Yehova yabwiye Abisirayeli b’abahemu abicishije ku muhanuzi wiwe Malaki. Yavuze ati: “Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako” (Malaki 3:7). Kugira ngo Abisirayeli ‘bagaruke’ kuri Yehova, bategerezwa guhindukira bakavavanura n’ingendo yo gukora ivyaha maze bagasubira gukurikiza ibintu bigororotse Imana yabasaba. Yehova ‘yogarutse’ ku Bisirayeli mu gusubira kubatonesha. Muri ubwo buryo bwompi, nta ciyumviro co kuva ahantu ukaja ahandi kirimwo. Ukwo ‘kugaruka’ kwasobanura gusa guhindura ukuntu umuntu yahora abona ibintu. Ivyo birerekana ko uburyo Bibiliya ikoresha ijambo ‘kugaruka’ butama bwerekeza ku kuva ahantu ukaja ahandi.

Nk’ukwo nyene, iyo umuntu apfuye, ‘umushaha usubira ku Mana yawutanze’ mu buryo bw’uko mu gihe impwemu ari yo nguvu y’ubuzima, ivuye muri we, Imana yonyene y’ukuri yayitanze ubwa mbere, ari yo ifise ubushobozi bwo gusubira kuyigarukana. Ivyo bisobanura yuko ku muntu apfuye, icizigiro ico ari co cose co gusubira kubaho kiba kiri mu minwe y’Imana ubwayo.

Nk’akarorero, raba ico Injili ya Luka ivuga ku vyerekeye urupfu rwa Yezu Kristu. Iyo nkuru igira iti: “Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“umutima wanje”, UB]. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna” (Luka 23:46). Igihe Yezu yapfa maze umutima wiwe ari yo mpwemu yiwe, ni ukuvuga inguvu yiwe y’ubuzima ikamuvamwo, ntiyaciye afata urugendo yerekeza kwa Se wiwe mw’ijuru. Mu vy’ukuri, Yezu yari mu mva, ni ukuvuga ko atari akiriho, gushika azuwe mu bapfuye ku musi ugira gatatu inyuma y’aho apfiriye (Umusiguzi 9:5, 10). N’inyuma y’aho Yezu azuriwe, ntiyaciye ubwo nyene aduzwa mw’ijuru. Ahubwo riho, ‘yariyeretse ari muzima’ abigishwa biwe mu “misi mirongwine”, hanyuma abona ‘kuduzwa’ (Ivyakozwe n’intumwa 1:3, 9). Igihe Yezu yapfa, ‘yarashize umutima wiwe’, ni ukuvuga impwemu yiwe, ‘mu maboko ya Se wiwe’ yizigiye aherejeko yuko Yehova yosubiye kumugira muzima.

Impwemu ico ari co

Bibiliya irerekana neza impwemu ico ari co. Ni inguvu y’ubuzima gusa umuntu ategerezwa kuba afise kugira ngo abandanye kubaho. Impemu zirakenewe kugira ngo zibesheho iyo nguvu y’ubuzima. Uca wumva rero ko ata kintu na kimwe kiri mu muntu kibandanya kubaho iyo apfuye.

Ni co gituma icizigiro ico ari co cose kiriho ku bapfuye gishingiye kw’izuka. Bibiliya isezerana iti: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi [rya Yezu], bakazivamwo” (Yohana 5:28, 29). Uwo muhango ntakekeranywa werekeye izuka, uwutandukanye n’inyigisho ivuga ngo hariho impwemu idapfa, ni ryo shimikiro ry’icizigiro nyakuri ku bapfuye.

Ese ukuntu bihambaye cane kwironsa ubumenyi butarimwo amakosa bwerekena ico ari co izuka be n’ico risobanura ku muryango w’abantu! Ni ikindi kandi, birahambaye kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana na Kristu (Yohana 17:3). Ivyabona vya Yehova bo ngaho iwanyu bazohimbarwa no kugufasha kwiga Bibiliya kugira ngo ushobore kurushiriza kumenya Imana, Umwana wayo be n’ivyo yadusezeraniye. Turaguteye akamo ngo wegere Ivyabona canke wandikire abasohora iki kinyamakuru.

[Amafoto ku rup. 4]

Vyose bifise impwemu imwe

[Credit]

Impene: CNPC​—Centro Nacional de Pesquisa de Caprinos (Sobral, CE, Brasil)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika