ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/9 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • ‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Umushumba” w’umwizerwa akaba n’incabwenge
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ni nde?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • “Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/9 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko umushumba wiwe w’umwizigirwa yobaye ari “uw’ubwenge”?

Yezu yabajije ati: “Ni nde vy’ukuri ari umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abo mu rugo rwiwe, kugira ngo abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye?” (Matayo 24:45, NW). Uwo “mushumba” atanga “ibifungurwa” vy’impwemu ni ishengero ry’abakirisu basizwe impwemu. Ni kubera iki none Yezu yavuze ko bafise ubwengea?

Dufatiye ku vyo Yezu ubwiwe yigishije, turashobora gutahura neza ico yashaka kuvuga igihe yakoresha ijambo “ubwenge”. Nk’akarorero, igihe Yezu yavuga ivy’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”, yaravuze umugani w’inkumi cumi zari zirindiriye ugushika kw’umukwe. Izo nkumi zitwibutsa abakirisu basizwe b’imbere y’umwaka wa 1914, abari barindiranye umushasharo ugushika kw’Umukwe mukuru ari we Yezu Kristu. Zitanu muri izo nkumi cumi ntizari zifise amavuta akwiye igihe umukwe yashika, ivyo bikaba vyatumye zitinjira mu bukwe. Zindi zitanu zozo zaragaragaye ko zifise ubwenge. Zari zibangikanije amavuta akwiye kugira ngo zishobore kubandanya kumurika igihe umukwe ashika kandi zaremerewe kwinjira mu bukwe.​—Matayo 25:10-12.

Igihe Yezu yaza mu bubasha bwiwe bw’Ubwami mu 1914, benshi mu bakirisu basizwe bari biteze guca baja kwifatanya na we mw’ijuru. Ariko rero, bari bagifise vyinshi vyo gukora kw’isi, mugabo bamwebamwe muri bo ntibari biteguriye kubikora. Cokimwe na za nkumi z’ibijuju, ntibari barikomeje mu vy’impwemu imbere y’igihe, kikaba ari co gituma batari biteguriye kubandanya bamurika. Mugabo rero hariho benshi bari barakoranye ubwenge, ni ukuvuga ko bakoranye ubukerebutsi n’ukubona kure, kandi barakomejwe mu vy’impwemu. Igihe bamenya ko hari hagisigaye vyinshi vyo gukora, baciye batangura kubirangura babigiranye umunezero. Kubera ico, bagaragaye ko ari bo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”.

Rimbura kandi ukuntu Yezu yakoresheje ijambo “ubwenge” muri Matayo 7:24, NW. Yavuze ati: “Umuntu wese rero yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara”. Uwo mugabo w’ubwenge arakomeza inzu yiwe mu kuyubaka, kubera ko azi yuko hashobora kwaduka igihuhusi. Umugabo w’ikijuju wewe yubaka inzu yiwe ku musenyi maze igasenyagurika. Rero, umuyoboke wa Yezu w’ubwenge ni urya abona imbere y’igihe akaga kari mu kwisunga ubwenge bw’abantu. Ukuba atahura ibintu kandi akabibona mu buryo bubereye, bituma ukwizera kwiwe, ibikorwa vyiwe be n’inyigisho ziwe abishingira bimwe bishitse ku vyo Yezu yigishije. Ukwo ni kwo “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” akora.

Raba kandi uko ijambo “ubwenge” rikoreshwa mu mirongo itari mike y’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Nk’akarorero, Farawo yaragenye Yozefu ngo ahagarikire igikorwa co gutanga ibifungurwa mu Misiri. Iyo yari intunganyo Yehova yagize kugira ngo aronse ibifungurwa abasavyi biwe. Ni kubera iki none ari Yozefu yatowe? Farawo yamubwiye ati: “Nta wundi munyabgenge w’umuhanga muhwanye” (Itanguriro 41:33-39; 45:5, ni twe dushimitse.). Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya ivuga ko Abigayili yari “umunyabgenge”. Yararonkeje ibifungurwa Dawidi, uwasizwe wa Yehova, hamwe n’abantu biwe (1 Samweli 25:3, 11, 18). Vyari bikwiriye ko Yozefu na Abigayili bitwa abanyabwenge kubera ko batahuye ivyo Imana igomba bakongera bagakora ibintu mu buryo bwerekana ko babona kure kandi ko babona ibintu mu buryo bubereye.

Ku bw’ivyo, igihe Yezu yavuga yuko wa mushumba w’umwizigirwa ari uw’ubwenge, yari yerekanye ko abagereranywa n’uwo mushumba bogaragaje ugutahura, ukubona kure be n’ukubona ibintu mu buryo bubereye kubera ko bashingira ukwizera kwabo, ibikorwa vyabo, be n’inyigisho zabo kw’Ijambo ry’Imana ry’ukuri.

[Akajambo k’epfo]

a Ijambo “ubwenge” ryahinduwe rikuwe mw’ijambo ry’ikigiriki phroʹni·mos. Igitabu kimwe (Word Studies in the New Testamen) canditswe na M. R. Vincent, kivuga yuko iryo jambo akenshi ryerekeza ku bukerebutsi ngirakimazi no ku kwiyubara.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika