Woba witeguriye umusi wa Yehova?
“Umusi uhambaye [“wa Yehova”, “NW”] uri hafi; uri hafi kand’urihuta”. —ZEFANIYA 1:14.
1-3. (a) Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umusi wa Yehova? (b) Ni “umusi wa Yehova” uwuhe twiteze?
UMUSI uhambaye wa Yehova si umusi w’amasaha 24. Ni ikiringo kirekire, muri ico kiringo akaba ari ho Imana ishitsa urubanza rwayo ku banyakibi. Abantu batubaha Imana barafise imvo zo gutinya uwo musi w’umwiza, w’ishavu, w’uburake bw’inkazi, w’amagorwa be n’imisaka (Yesaya 13:9; Amosi 5:18-20; Zefaniya 1:15). Ubuhanuzi bwa Yoweli bugira buti: “Ewe wa musi mubi! Kuk’umusi [“wa Yehova”, NW] uri hafi; uzoza ar’umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose” (Yoweli 1:15). Ariko rero kuri uwo musi uhambaye, Imana izoba Umurokozi w’abafise “imitima itunganye”.—Zaburi 7:10.
2 Imvugo “umusi wa Yehova” yerekeza ku gushitswa kw’imanza z’Imana mu bihe bitandukanye. Nk’akarorero, “umusi wa Yehova” warashitse ku bantu baba i Yeruzalemu igihe Abanyababiloni bahasangangura mu 607 B.G.C. (Zefaniya 1:4-7). Urundi rubanza rw’Imana nk’urwo rwarashikijwe mu 70 G.C. igihe Imana yakoresha Abaroma kugira ngo ishitse urubanza rwayo kw’ihanga ry’Abayuda ryari ryateye akagere Umwana wayo (Daniyeli 9:24-27; Yohani 19:15). Bibiliya iravuga kandi “umusi wa Yehova” uzoba igihe ‘azorwana n’amahanga yose’ (Zekariya 14:1-3). Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yarerekanye isano riri hagati y’uwo musi be n’ukuhaba kwa Kristu, ukwatanguranye n’igihe Yezu yimikwa kugira ngo abe Umwami mw’ijuru mu 1914 (2 Abanyatesalonika 2:1, 2). Icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova mu 2007 cari kibereye koko, narirya umusi wa Yehova uri ku rugi. Ico canditswe cakuwe muri Zefaniya 1:14, kikaba kigira giti: ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’.
3 Kubera yuko umusi uhambaye w’Imana uri hafi, ubu ni co gihe co kuguma witeguye. None wokwitegurira gute uwo musi? Hoba hari ibindi bintu ukeneye gukora kugira ngo witegurire umusi wa Yehova?
Mwame mwiteguye
4. Ni ikigeragezo gikomeye ikihe Yezu yiteguriye?
4 Mu buhanuzi Yezu Kristu yashikirije ku bijanye n’insozero ry’ivy’iyi si, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwame mwiteguye” (Matayo 24:44). Igihe Yezu yavuga ayo majambo, ubwiwe yari yiteguriye ikigeragezo gikomeye, ico na co kikaba kwari ugupfa kugira ngo atange inkuka y’incungu (Matayo 20:28). None twokwigira iki ku kuntu Yezu yari yavyiteguriye?
5, 6. (a) Urukundo dukunda Imana n’abantu rudufasha gute kuba abiteguriye umusi wa Yehova? (b) Ku bijanye no gukunda bagenzi bacu, ni akarorero akahe Yezu yadusigiye?
5 Yezu yarakunda Yehova n’ingingo mfatirwako ziwe zigororotse, ivyo akabigira n’umutima wiwe wose. Ku bijanye na Yezu, mu Baheburayo 1:9 hagira hati: “Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta y’akamwemwe kuruta bagenzawe”. Kubera yuko Yezu yakunda Se wiwe wo mw’ijuru, yagumye ari intadohoka kuri we. Nimba dufitiye Imana urukundo nk’urwo kandi tukabaho twisunga ivyo idusaba, izotuzigama (Zaburi 31:23). Urukundo mwene urwo be n’ukugamburuka mwene ukwo bizodufasha kwitegurira umusi uhambaye wa Yehova.
6 Ugukunda abantu cari ikintu cibonekeza muri kamere za Yezu. Nkako, “ba[ra]mutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Ni co gituma Yezu yabwira abantu inkuru nziza, nka kurya nyene na twebwe urukundo rutuvyurira umutima wo kubwira abandi ubutumwa bw’Ubwami. Urukundo dukunda Imana be na bagenzi bacu rutuma tuguma dukora nk’abasuku bakirisu, gutyo rukadufasha kwitegurira umusi uhambaye wa Yehova.—Matayo 22:37-39.
7. Magingo tukirindiriye umusi wa Yehova, ni kubera iki dushobora kugira umunezero?
7 Yezu yarahimbarwa cane no gukora ivyo Yehova agomba (Zaburi 40:8). Nimba na twebwe tubona ibintu muri ubwo buryo, tuzohimbarwa no kurangurira Imana umurimo mweranda. Nk’ukwo kwa Yezu, tuzoba abantu batanga batitangiriye itama, maze ivyo bitume tugira agahimbare nyakuri (Ibikorwa 20:35). Ni vyo, ‘umunezero wa [Yehova] ni zo nkomezi zacu’. Nitwaronka uwo munezero, bizotuma turushiriza kwitegurira umusi uhambaye w’Imana.—Nehemiya 8:10.
8. Ni kubera iki dukwiye kurushiriza kwiyegereza Yehova mw’isengesho?
8 Amasengesho Yezu yatura Imana abigiranye ubwira yaramufashije kwitegurira ivyagerageje ukwizera kwiwe. Yezu yarasenze igihe Yohani yamubatiza. Yaramaze ijoro ryose ariko arasenga imbere y’uko atoranya intumwa ziwe (Luka 6:12-16). N’ikindi kandi, ni umusomyi wa Bibiliya uwuhe ga yemwe adakorwa ku mutima n’amasengesho avuye ku mutima Yezu yatuye mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi (Mariko 14:32-42; Yohani 17:1-26)? Woba uri umuntu akunda gusenga nk’ukwo kwa Yezu? Niwiyegereze Yehova kenshi. Nufate umwanya uhagije igihe usenga. Nurondere ubuyobozi bw’impwemu nyeranda, wongere wihutire gukurikiza ubwo buyobozi igihe bubonetse. Kugiranira ubucuti bukomeye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru birahambaye cane muri kino gihe kitoroshe, aho umusi uhambaye w’Imana uriko uregereza wihuta. Uko vyogenda kwose rero, nugume wiyegereza Yehova mw’isengesho.—Yakobo 4:8.
9. Kwitwararika ivy’uko izina rya Yehova ryezwa bihambaye ku rugero uruhe?
9 Ukwitwararika ivy’uko izina ryeranda rya Yehova ryokwezwa, na vyo nyene vyarafashije Yezu kwitegurira ibigeragezo vyamushikiye. Nkako, yigishije abayoboke biwe yuko mu masengesho batura Imana bosaba bati: “Izina ryawe niryezwe” (Matayo 6:9). Nimba twipfuza cane ko izina rya Yehova ryezwa, canke rigirwa ryeranda, tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo twirinde gukora ikintu ico ari co cose cotuma risigwa iceyi. Ivyo bizotuma turushiriza kwitegurira umusi uhambaye wa Yehova.
Woba ukwiye kugira ivyo uhinduye?
10. Ni kubera iki bibereye ko dusuzuma uburyo tubayeho?
10 Hamwe umusi wa Yehova woza ejo, ubwo wosanga vy’ukuri uwiteguriye? Vyoba vyiza umwumwe wese muri twebwe asuzumye uburyo abayeho kugira ngo arabe nimba hoba hari ibikorwa binaka canke ingendo zinaka akwiye guhindura. Kubera yuko ubuzima bwo muri kino gihe ari bugufi kandi ata wumenya ico buca bucana, umwumwe wese muri twebwe arakeneye kwama ari maso mu vy’impwemu uko bukeye uko bwije (Umusiguzi 9:11, 12; Yakobo 4:13-15). Ku bw’ivyo rero, nimuze turimbure ibintu bimwebimwe dukwiye kwitwararika mu buzima bwacu.
11. Ni umugambi uwuhe wishingiye mu bijanye no gusoma Bibiliya?
11 Kimwe mu bintu bihambaye dukwiye kwitwararika ni impanuro duhabwa na wa “mushumba w’umwizigirwa” yo gusoma Bibiliya ku musi ku musi (Matayo 24:45). Vyoba vyiza wishingiye umugambi wo gusoma no kuzirikana ku Vyanditswe kuva mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuwe, ivyo ukabigira ku mwaka ku mwaka. Hamwe woza urasoma nk’ibigabane bine ku musi, mu mwaka umwe urashobora guhetura ibigabane vya Bibiliya uko ari 1.189. Umwami wese wa Isirayeli yategerezwa gusoma Itegeko rya Yehova “imisi yose y’ukubaho kwiwe”. Biboneka ko na Yosuwa yagize ikintu nk’ico (Gusubira mu vyagezwe 17:14-20; Yosuwa 1:7, 8). Ese ukuntu bihambaye ko abungere bo mu vy’impwemu basoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, kubera yuko ivyo biheza bikabafasha gushikiriza “inyigisho ngirakamaro”!—Tito 2:1.
12. Kuba umusi wa Yehova wegereje bikwiye kukuvyurira umutima wo kugira iki?
12 Kuba umusi wa Yehova wegereje bikwiye kukuvyurira umutima wo kwitaba amakoraniro ya gikirisu udahorereza be no kuyagiramwo uruhara uko bishoboka kwose (Abaheburayo 10:24, 25). Kubigenza gutyo bizogufasha kuryohora ubuhanga ufise bwa mwamamaji w’Ubwami arondera gushikira no gufasha abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera (Ibikorwa 13:48). Kumbure urashobora kurushiriza gukora vyinshi mw’ishengero no mu bundi buryo, nko mu gufasha abageze mu zabukuru no mu kuremesha abakiri bato. Ese ukuntu utwo twigoro dushobora gutuma ushira akanyota!
Ubucuti ufitaniye n’abandi
13. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza ku bijanye no kwambara kamere nshasha?
13 Ko umusi wa Yehova uri hafi, woba ukeneye kurushiriza kugira akigoro kugira ngo “[wambare] kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri” (Abanyefeso 4:20-24)? Niwatsimbataza kamere nk’iz’Imana, abandi ntibazobura kubona yuko uriko ‘uragenda wisunga impwemu y’Imana’ be n’uko uriko uragaragaza ivyamwa vyayo (Abagalatiya 5:16, 22-25). Woba ushobora kudoma urutoke ku bintu kandondwa vyerekana ko wewe n’umuryango wawe mumaze kwambara kamere nshasha (Abakolosayi 3:9, 10)? Nk’akarorero, woba uzwi ko uri umuntu akorera ibikorwa biranga ubuntu abo musangiye ukwizera be n’abandi (Abagalatiya 6:10)? Kwiga Ivyanditswe ubudasiba bizogufasha gutsimbataza kamere nk’iz’Imana zizotuma witegurira umusi wa Yehova.
14. Ni kubera iki umuntu akwiye gusenga asaba impwemu nyeranda igihe yihata kugira ngo atsimbataze ukwigumya?
14 Gute ho nka hamwe woba uri inkomwahato, gutyo ukaba ubona ko ukeneye kurushiriza kugira ukwigumya? Iyo kamere ni imwe mu vyamwa impwemu nyeranda y’Imana ishobora gutuma vyama muri wewe. Ku bw’ivyo rero, nusenge usaba impwemu nyeranda, nk’uko Yezu yabivuze muri aya majambo agira ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. . . . Nimba . . . mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”.—Luka 11:9-13.
15. Ni igiki gikwiye gukorwa mu gihe woba ufitaniye ubucuti butosekaye n’uwo musangiye ukwizera?
15 Dufate yuko ubucuti buri hagati yawe n’uwundi muntu munaka musangiye ukwizera bwatosekaye. Muri ico gihe, nukore uko ushoboye kwose kugira ngo unagure ubwo bucuti, gutyo uremeshe amahoro n’ubumwe mw’ishengero (Zaburi 133:1-3). Nushire mu ngiro impanuro Yezu yatanze iboneka muri Matayo 5:23, 24 canke muri Matayo 18:15-17. Nimba wari umaze igihe ureka izuba rikarenga ugishavuye, nuze urihutira gutunganya ingorane. Akenshi usanga igikenewe gusa ari ukugira umutima ukunze wo guharira. Paulo yanditse ati: “Mucike abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu”.—Abanyefeso 4:25, 26, 32.
16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abubakanye basabwa kugaragaza impuhwe?
16 Ubucuti buri hagati y’abubakanye busaba ko umwe wese muri bo agaragaza impuhwe zirangwa ikibabarwe, eka mbere rimwe na rimwe, agaharira. Nimba ukeneye kurushiriza gukunda no kugaragariza impuhwe uwo mwubakanye, nugire utwigoro kugira ngo ushikire iryo hangiro ubifashijwemwo n’Imana be n’Ijambo ryayo. Hoba hari ikintu ubona ukeneye gukora kugira ngo uhuze n’ibivugwa mu 1 Abakorinto 7:1-5, gutyo ugabanye umukazo wongere wirinde guhemuka? Nta nkeka ko uwo ari umuce w’ubuzima usaba ko umunega canke umukenyezi agaragaza “impuhwe z’ikibabarwe”.
17. Ni intambwe izihe umuntu yotera hamwe yoba yaracumuye bimwe bikomeye?
17 Tuvuge iki mu gihe woba yaracumuye bimwe bikomeye mu buryo bunaka? Nutere intambwe kugira ngo usubize ibintu mu buryo udatebaganye. Uko vyoba biri kwose, nurondere imfashanyo y’abakurambere bakirisu. Amasengesho batura be n’impanuro baguha bizogufasha gusubira kugira amagara meza mu vy’impwemu (Yakobo 5:13-16). Nusenge Yehova ubigiranye agatima ko kwigaya. Hamwe utobigira vyoshobora gutuma uguma wiyagiriza ukagira n’ijwi ryo mu mutima ridatekanye. Ibintu nk’ivyo vyarashikiye Dawidi, ariko ntiworaba ukuntu yumvise amerewe neza amaze kwaturira icaha ciwe Yehova! Dawidi yanditse ati: “Hahirwa uwahariwe ugucumura kwiwe, icaha ciwe kigatwikirwa. Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ukugabitanya, umutima wiwe ntubemw’ubugunge” (Zaburi 32:1-5). Yehova araharira abacumura mugabo bakigaya bimwe bivuye ku mutima.—Zaburi 103:8-14; Imigani 28:13.
Nugume witandukanije n’isi
18. Ukwiye kubona gute isi?
18 Nta nkeka ko witeganye umushasharo isi nshasha nziza igitangaza yasezeranywe n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. None, ubona gute isi igizwe n’ikibano c’abantu kitagororotse conkowe ku Mana? Shetani wa “mutware w’iyi si”, nta bubasha yari afise kuri Yezu Kristu (Yohani 12:31; 14:30). Nta nkeka ko na wewe utipfuza ko uwo Mubesheranyi be n’isi yiwe bikugirako ububasha. Ku bw’ivyo rero, nushire ku muzirikanyi amajambo yavuzwe n’intumwa Yohani agira ati: “Ntimukunde isi canke ibintu biri mw’isi”. Iyo ni ingendo iranga ubukerebutsi narirya “isi iriko irarengana, n’icipfuzo cayo [kikaba ari] ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana [akaba] agumaho ibihe vyose”.—1 Yohani 2:15-17.
19. Ni imigambi iyihe urwaruka rukirisu ruremeshwa kwishingira?
19 Woba uriko urafasha abana bawe ‘kuguma birinze batagirako agatosi ku bijanye n’isi’ (Yakobo 1:27)? Shetani ashaka gukwegakwega abana bawe nk’uko umuntu akwegakwega ifi akoresheje icambo. Hari imihari be n’ayandi mashirahamwe bitandukanye usanga bifise intumbero yo gutuma abakiri bato bakurikira inyifato y’isi ya Shetani. Ariko rero, abasavyi ba Yehova bo basanzwe bari mw’ishirahamwe rimwe rudende rizorokoka iherezo ry’ivy’iyi si mbi. Ni co gituma urwaruka rukirisu rukwiye kuremeshwa ‘kugira vyinshi rukora mu gikorwa c’Umukama’ (1 Abakorinto 15:58). Abavyeyi bubaha Imana barakwiye gufasha abana babo kwishingira imigambi izotuma babaho bafise ubuzima bumara akanyota kandi buhimbaye, butera iteka Imana bukongera bukabafasha kwitegurira umusi wa Yehova.
Nubone ibizoba inyuma y’umusi uhambaye wa Yehova
20. Ni kubera iki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ivyerekeye ubuzima budahera?
20 Hamwe wogumiza mu muzirikanyi ivyerekeye ubuzima budahera, urashobora kurindira umusi wa Yehova ufise umutima utekanye (Yuda 20, 21). Urashashaye kuronka ubuzima budahera mw’Iparadizo, gutyo ukaba ufise icizigiro co kuzosubirana ingoga zo mu buto be no kuzoronka umwanya utagira uko ungana wo gukurikirana imigambi myiza hamwe no kwiga vyinshi ku vyerekeye Yehova. Uzoba ufise akaryo ko kubandanya wiga ivyerekeye Imana ibihe bidahera, kubera yuko muri kino gihe abantu bazi gusa “ubusunwa . . . bg’inzira zayo” (Yobu 26:14). Ese ukuntu ivyo ari ivyizigiro biteye umunezero cane yemwe!
21, 22. Ni uguhanahana amakuru ukuhe gushobora kuzoba hagati yawe be n’abazoba bazutse?
21 Mw’Iparadizo, abazoba bazutse bazoshobora kuduha amakuru tutamenye ku bijanye n’ivyabaye muri kahise. Henoki ni ho azoba ari kugira ngo asigure ingene yaronse uburindutsi yari akeneye kugira ngo amenyeshe ubutumwa bwa Yehova abantu batubaha Imana (Yuda 14, 15). Nta nkeka ko Nowa azokwigana ukuntu igikorwa co kwubaka ubwato cari kimeze. Aburahamu na Sara bazoshobora kutumenyesha ukuntu bumvise bamerewe igihe basabwa guheba ubuzima bwo kwidibamira bw’i Uri maze bakaja kuba mu mahema. Niwihe ishusho Esiteri ariko aratanga amakuru y’ido n’ido y’ukuntu yaburaniye abantu bo mu bwoko bwiwe be n’ukuntu yahinduye ubusa umugambi wa Hamani wo kugirira nabi abo bantu (Esiteri 7:1-6). Niwiyumvire Yona ariko arigana ivyerekeye imisi itatu yamaze mu nda ya rwa rufi runini canke Yohani Umubatizi ariko aravuga ingene yumvise amerewe igihe yabatiza Yezu (Luka 3:21, 22; 7:28). Ese ukuntu tuzokwiga ibintu vyinshi kandi bishimishije!
22 Mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, hari aho woterwa agateka ko gufasha abazoba bazutse kugira ngo bashike ku “kumenya Imana” (Imigani 2:1-6). Ese ukuntu muri kino gihe bihimbaye kubona abantu bariko barironsa ubumenyi bwerekeye Yehova Imana kandi bakabaho babwisunga! Mugabo rero, niwiyumvire umunezero uzogira muri ico gihe kiri imbere, Yehova niyahezagira utwigoro uzoba wagize kugira ngo wigishe abantu babayeho mu bihe vya kera cane, bagatako bakavyakirana umutima ushima!
23. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?
23 Ivyiza twironkera muri kino gihe kubera yuko turi abasavyi ba Yehova ni vyinshi cane ku buryo twebwe abantu b’abanyagasembwa tutoshobora kubidonda ngo tubiheze (Zaburi 40:5). Turakenguruka canecane ivyo Imana ituronsa ngo bidufashe mu vy’impwemu (Yesaya 48:17, 18). Naho ivyacu vyoba vyifashe gute, nimuze turangurire Imana umurimo mweranda tubigiranye umutima wacu wose, magingo tukirindiriye umusi uhambaye wa Yehova.
Wokwishura gute?
• “Umusi wa Yehova” ni iki?
• Wokwerekana gute ko witeguriye umusi wa Yehova?
• Ko umusi uhambaye w’Imana uri hafi cane, ni ibintu bimwebimwe ibihe twoshobora kuba dukeneye guhindura?
• Ni igiki witeganye umushasharo umusi wa Yehova niwarangira?
[Ifoto ku rup. 12]
Yezu yarerekanye ko yari yiteguriye ibigeragezo vyari bigiye kumushikira
[Ifoto ku rup. 15]
Ese ukuntu kazoba ari agateka gufasha abazoba bazutse kugira ngo baronke ubumenyi bwerekeye Yehova!