ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/5 rup. 30-rup. 32 ing. 16
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE PETERO AKORESHA “IMPFUNGURUZO Z’UBWAMI”
  • (Ibik. 1:1–11:18)
  • UBUSUKU PAULO YARANGURANYE UMWETE
  • (Ibik. 11:19–28:31)
  • «Guma uvuga, ntucereze»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • “Barujujwe umunezero be n’impwemu nyeranda”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • «Bavuga badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • “Bakomeza amashengero”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/5 rup. 30-rup. 32 ing. 16

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa

IGITABU ca Bibiliya c’Ibikorwa kirimwo inkuru itomoye yigana ukuntu ishengero rya gikirisu ryashinzwe be n’ukuntu ryagiye rirasagamba. Ico gitabu, icanditswe n’umuganga Luka, kirimwo inkuru ikora ku mutima yerekeye igikorwa abakirisu baranguye mu kiringo c’imyaka 28, kuva mu 33 G.C. gushika mu 61 G.C.

Igice ca mbere c’ico gitabu c’Ibikorwa cigana ahanini ivyerekeye igikorwa intumwa Petero yaranguye, ica nyuma na co kikigana ibijanye n’igikorwa intumwa Paulo yaranguye. Mu gukoresha utujambo nka “twe” canke “tu”, Luka arerekana ko ari ho yari ari igihe ibintu bimwebimwe vyaba. Kwitwararika ubutumwa buri muri ico gitabu c’Ibikorwa bizotuma turushiriza guha agaciro ububasha bw’Ijambo ry’Imana ryanditswe be n’ubw’impwemu nyeranda yayo. (Heb. 4:12) Bizotuma kandi tugira umutima ukunze wo kwitanga vyongere bikomeze ukwizera dufitiye icizigiro c’Ubwami.

INGENE PETERO AKORESHA “IMPFUNGURUZO Z’UBWAMI”

(Ibik. 1:1–11:18)

Intumwa zimaze kuronka impwemu nyeranda, zirashinga intahe n’ubutinyutsi. Petero arakoresha urwa mbere muri za “mpfunguruzo z’ubwami bwo mw’ijuru” kugira ngo Abayuda be n’abari barinjiye idini ry’Abayuda “bakiriye ijambo ryiwe,” abugururire urugi rutuma baronswa ubumenyi be n’akaryo ko kwinjira muri ubwo Bwami. (Mat. 16:19; Ibik. 2:5, 41) Haraduka uruhamo rutuma abigishwa bashwiragira, yamara ivyo bigatuma igikorwa co kwamamaza gitera imbere.

Aho intumwa i Yeruzalemu zumviye ko abantu b’i Samariya bemeye ijambo ry’Imana, ziratuma Petero na Yohani kuri bo. Petero arakoresha urupfunguruzo rugira kabiri mu kuronsa Abasamariya akaryo ko kwinjira mu Bwami. (Ibik. 8:14-17) Kumbure hataraca n’umwaka Yezu azutse, Sauli w’i Taruso aragira ihinduka ritangaje. Mu 36 G.C., Petero arakoresha urupfunguruzo rugira gatatu, maze ingabirano ya gusa y’impwemu nyeranda igasukwa ku banyamahanga batagenyerewe.​—Ibik. 10:45.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

2:44-47; 4:34, 35​—Ni kubera iki abemera bagurisha amatongo yabo maze bakagabura ibivuyemwo? Abantu benshi bacitse abemera bari baje bava mu turere twa kure bakaba kandi batari bafise ivya nkenerwa bikwiye kugira ngo bamare aho i Yeruzalemu igihe ciyongereye. Naho vyari ukwo, baripfuza kugumayo igihe kitari gito kugira ngo bige vyinshi ku bijanye n’ukwizera gushasha bari baherutse kuronka bongere babwire abandi inkuru nziza. Kugira ngo abo bantu bafashwe, abakirisu bamwebamwe baragurisha ivyo bari batunze, maze amahera bakuyemwo bakayagaburira ababa bari n’ivyo bakeneye.

4:13​—Petero na Yonani boba batari bazi gusoma no kwandika canke bakaba batari barize? Habe namba. Bitwa ko bari “abantu batize kandi basanzwe” kubera ko batari baraciye mu mashure y’abarabi yigisha ivy’idini.

5:34-39​—Luka yashoboye gute kumenya ivyo Gamaliyeli yari yaravugiye mu nama Inama Nkuru yari yagiriye mu mwiherero? Nimiburiburi hari ibintu bitatu bishoboka: (1) Paulo, uwigeze kuba umwigishwa wa Gamaliyeli, ashobora kuba ari we yahaye ayo makuru Luka; (2) Luka ashobora kuba yarabajije umuntu umwe w’umutima mwiza mu bari bagize Inama Nkuru, nka Nikodemu; (3) Luka ashobora kuba yaronse ayo makuru biciye ku guhumekerwa n’Imana.

7:59​—Sitefano yoba yariko asenga Yezu? Habe n’intete. Yehova Imana ni we wenyene dukwiye kurangurira imirimo yacu ijanye n’ugusenga, akaba ari co gituma rero ari na we gusa dukwiye gutura amasengesho yacu. (Luka 4:8; 6:12) Iyaba Sitefano yari mu bihe bisanzwe, yari kwitura Yehova mw’izina rya Yezu. (Yoh. 15:16) Ariko ico gihe, Sitefano yari ahejeje kwerekwa “Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.” (Ibik. 7:56) Kubera ko Sitefano yari azi neza ko Yezu yari yarahawe ububasha bwo kuzura abapfuye, yarivuganiye na we amusaba ngo azigame impwemu yiwe, ari kwo kuguma amwibuka, ariko ntiyamusenze.​—Yoh. 5:27-29.

Ivyigwa tuhigira:

1:8. Igikorwa co gushinga intahe abasavyi ba Yehova barangurira kw’isi yose ntibashobora kugikora badafashijwe n’impwemu nyeranda.

4:36–5:11. Yozefu w’i Shipure yarataziriwe Barunaba, iryo zina rikaba risobanura ngo “Umwana w’Uruhoza.” Hari aho intumwa zoba zamwise Barunaba kubera ko yagaragariza abandi igishika, akabagirira umutima mwiza kandi akabafasha. Dukwiye kumera nka we aho kumera nka Ananiya na Safira, abahisemwo ukwiyerekana uko batari, ubwiyorobetsi be n’ubugunge.

9:23-25. Ukuzibukira abansi bacu kugira ngo tubandanye kwamamaza si ukuvuga ko tuba turi abanyabwoba.

9:28-30. Niba gushinga intahe mu turere tunaka canke kubwira inkuru nziza abantu bamwebamwe vyotugirako inkurikizi mbi ku mubiri, mu vy’inyifato runtu kibure mu vy’impwemu, turakwiye kuba abantu biyubara kandi bazi gucagura neza aho twamamariza n’igihe tuhamamariza.

9:31. Igihe turi mu gahengwe, turakwiye kwihatira gukomeza ukwizera kwacu biciye ku kwiyigisha no kuzirikana ku vyo twize. Ivyo bizodufasha kugenda dutinya Yehova mu gukurikiza ivyo twiga no mu kuba abanyamwete mu busuku.

UBUSUKU PAULO YARANGURANYE UMWETE

(Ibik. 11:19–28:31)

Mu 44 G.C., uwitwa Agabo araza i Antiyokiya, aho Barunaba na Sauli bari bamaze “umwaka wose” bigishiriza. Agabo arabura ko hazoba “ikigoyi gikomeye,” ico na co kikaba gishika haciye imyaka ibiri. (Ibik. 11:26-28) Barunaba na Sauli “bamaze gushitsa neza igikorwa co gutanga imfashanyo zo gutabara i Yeruzalemu,” barasubira i Antiyokiya. (Ibik. 12:25) Mu 47 G.C., haciye nk’imyaka 12 Sauli abaye umukirisu, we na Barunaba bararungikwa n’impwemu nyeranda mu rugendo rw’ubumisiyonari. (Ibik. 13:1-4) Mu 48 G.C., baragaruka i Antiyokiya, “aho bari baragijwe ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​—Ibik. 14:26.

Haciye nk’amezi icenda, Paulo (uwuzwi kandi ko ari Sauli) aratora Silasi ngo bajane maze agatangura urugendo rwiwe rugira kabiri. (Ibik.15:40) Timoteyo na Luka barifatanya na Paulo muri urwo rugendo. Luka aguma i Filipi magingo Paulo we abandanya gushika i Atene, mu nyuma agashika i Korinto, aho ahurira na Akwila be na Pirisila maze akahamara umwaka n’amezi atandatu. (Ibik. 18:11) Igihe Paulo asiga Timoteyo na Silasi i Korinto, arajana na Akwila be na Pirisila, maze mu ntango zo mu 52 G.C. na ho agafata ubwato akaja i Siriya. (Ibik. 18:18) Akwila na Pirisila baramuherekeje gushika i Efeso, aho baciye baguma.

Paulo amaze igihe kinaka i Antiyokiya h’i Siriya, aratangura urugendo rwiwe rwa gatatu mu 52 G.C. (Ibik. 18:23) I Efeso, “ijambo rya Yehova ri[ra]guma rikura ryongera rinesha.” (Ibik. 19:20) Paulo aramara imyaka nk’itatu ari aho i Efeso. (Ibik. 20:31) Pentekote yo mu 56 G.C. iba Paulo ari i Yeruzalemu. Inyuma y’aho afatiwe, arashinga intahe ata bwoba imbere y’abategetsi. I Roma, iyo ntumwa irashirwa mu nzu icungirwamwo mu kiringo c’imyaka ibiri (nko mu 59-61 G.C.), iri aho hantu iraronka uturyo two kwamamaza ivyerekeye Ubwami no kwigisha “ibintu vyerekeye Umukama Yezu Kristu.”​—Ibik. 28:30, 31.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

14:8-13​—Ni kubera iki abantu b’i Lisitira bise “Barunaba Zeyu, Paulo na we Herume”? Mu bitito vy’Abagiriki, Zeyu ni co cari ikimana gikuru c’ibindi bimana, icana caco Herume na co kikaba cari kizwi ko kizi kuvuga. Kubera ko Paulo ari we yaja imbere mu kuvuga, abo bantu b’i Lisitira bamwise Herume, Barunaba na we bamwita Zeyu.

16:6, 7​—Ni kubera iki impwemu nyeranda yabujije Paulo be n’abo bari kumwe kwamamaza mu ntara ya Aziya n’i Bitiniya? Bari basanzwe ari abakozi bake. Ni co gituma impwemu nyeranda yabayoboye mu turere twimbuka kuruta utundi.

18:12-17​—Ni kubera iki Buramatari Galiyo atagize ico akoze igihe abarorerezi batangura gukubita Sositeni? Kumbure Galiyo yiyumvira ko uwo mugabo yasa n’uko ari we yari arongoye akagwi k’abantu barwanya Paulo, yariko ahabwa ico yari akwiriye. Ariko rero, bigaragara ko ico kintu cabaye cagize ingaruka nziza mu buryo bw’uko catumye Sositeni ahinduka akaba umukirisu. Mu nyuma, Paulo aravuga ivyerekeye Sositeni mu kumwita ngo “umuvukanyi wacu.”​—1 Kor. 1:1.

18:18​—Ni indagano iyihe Paulo yagize? Hari incabwenge zitanga iciyumviro c’uko Paulo yari yagize indagano y’Ubunaziri. (Guh. 6:1-21) Ariko rero, Bibiliya ntivuga indagano Paulo yagize iyo ari yo. Vyongeye, Ivyanditswe ntibivuga niba iyo ndagano Paulo yayigize imbere y’uko aba umukirisu canke inyuma yaho, kibure ngo bivuge niba igihe ayo majambo yavugwa yari ayitanguye canke ayisozereye. Uko vyari biri kwose, kugira indagano mwene iyo nta caha vyarimwo.

Ivyigwa tuhigira:

12:5-11. Turashobora gusabira abavukanyi bacu kandi ukwo ni ko dukwiye kubigenza.

12:21-23; 14:14-18. Herodi yaremeye ata n’isoni guhabwa ubuninahazwa bukwiye guhabwa Imana gusa. Ese ingene ivyo bitandukanye n’ukuntu Paulo na Barunaba banse bashimitse kandi badatebaganye gushemezwa no guhabwa icubahiro vyari bibarengeye! Ntidukwiye kwipfuza kuninahazwa ku bw’ikintu ico ari co cose twoshobora kuba twaranguye mu murimo wa Yehova.

14:5-7. Kuba abantu biyubara birashobora kudufasha kuguma turi abanyamwete mu murimo turangura.​—Mat. 10:23.

14:22. Abakirisu bama biteze gushikirwa n’amakuba. Ntibagerageza kuyahunga mu kudohoka ku kwizera kwabo.​—2 Tim. 3:12.

16:1, 2. Urwaruka rukirisu rurakwiye kugira umwete mu vy’impwemu kandi rukarondera gufashwa na Yehova kugira ngo rurushirize kuvugwa neza.

16:3. Tutarinze kurenga ku Vyanditswe, turakwiye gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dutume abandi bemera inkuru nziza.​—1 Kor. 9:19-23.

20:20, 21. Ugushinga intahe inzu ku nzu ni umuce uhambaye w’ubusuku turangura.

20:24; 21:13. Kuguma turi intadohoka ku Mana birahambaye kuruta kurondera kuzigama ubuzima bwacu.

21:21-26. Turakwiye kwemera tubikunze kandi tubishashaye impanuro nziza duhabwa.

25:8-12. Abakirisu muri iki gihe barashobora gukoresha amategeko asanzwe ahari “mu kuburanira inkuru nziza be no gutuma yemezwa biciye mu mategeko”, kandi ukwo ni ko bakwiye kubigenza.​—Flp. 1:7.

26:24, 25. Turakwiye gutangaza “amajambo y’ukuri n’ay’ukurorana kw’umuzirikanyi” naho asanzwe ari ubupfu ku “muntu w’umubiri.”​—1 Kor. 2:14.

[Ifoto ku rup. 30]

Ni ryari Petero yakoresheje “impfunguruzo z’ubwami”?

[Ifoto ku rup. 31]

Igikorwa co gushinga intahe kw’isi yose nticoshobora kurangurwa bitavuye ku mfashanyo itangwa n’impwemu nyeranda

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika