ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bt ikig. 19 rup. 168-177
  • «Guma uvuga, ntucereze»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Guma uvuga, ntucereze»
  • “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • «Umwuga wabo wari uwo gukora amahema» (Ivyak. 18:1-4)
  • “Benshi mu Bakorinto batangura kwizera” (Ivyak. 18:5-8)
  • «Mfise abantu benshi muri iki gisagara» (Ivyak. 18:9-17)
  • «Yehova niyabigomba» (Ivyak. 18:18-22)
  • «Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Igisagara ca Korinto “ciganzira ibivuko bibiri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
bt ikig. 19 rup. 168-177

IKIGABANE CA 19

«Guma uvuga, ntucereze»

Pawulo arakora kugira ngo aronke ibimubeshaho, yamara ubusuku bwiwe akabugumiza mu kibanza ca mbere

Bishingiye ku Vyakozwe 18:1-22

1-3. Ni kubera iki intumwa Pawulo aja i Korinto, kandi ni ibiki bimuraje ishinga?

UMWAKA wa 50 inyuma ya Kristu uriko urarangira. Intumwa Pawulo ari mu gisagara c’i Korinto, kino kikaba ari ikibanza nyamukuru c’ivy’ubucuruzi gitunze cane, kigwiriyemwo Abagiriki, Abaroma be n’Abayuda.a Pawulo ntiyaje ng’aho i Korinto kugira ngo ahasumire, ahadandarize canke ngo aharonderere akazi. Aje kuharangurira igikorwa gihambaye kuruta, na co kikaba ari ugushinga intahe ku vyerekye Ubwami bw’Imana. Ariko ntiwumve, Pawulo arakeneye aho aba, kandi yiyemeje kutabera abandi umuzigo mu bijanye n’amahera. Ntashaka kwerekana yuko abeshejweho gusa n’ijambo ry’Imana. None aza gukora iki?

2 Pawulo asanzwe azi kujisha amahema. Naho kujisha amahema bitoroshe, arafise umutima ukunze wo gukoresha amaboko yiwe kugira ngo aronke ibimubeshaho. None yoba aza kuronka akazi muri ico gisagara kirimwo abantu benshi gutyo? Yoba aza kuronka ahantu habereye ho kuba? Naho Pawulo ahanzwe n’izo ngorane zose, ntiyibagira igikorwa nyamukuru camuzanye, na co kikaba ari ukwamamaza inkuru nziza.

3 Ariko nk’uko ibintu vyahavuye bigenda, Pawulo yaramaze igihe kinaka aho i Korinto, kandi ubusuku bwiwe bwaravuyemwo ivyiza vyinshi. Ni ibiki dushobora kwigira ku mirimo Pawulo yaranguriye i Korinto bizodufasha gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana mu cibare cacu?

KORINTO, IGISAGARA CIGANZIRA IBIYAGA BIBIRI

Igisagara ca kera c’i Korinto cari cubatswe ku gace k’ubutaka kagabura ibiyaga bibiri kandi kakaba kafatanya igice nyamukuru kigize Ubugiriki be n’igice c’ubutaka cinjira mu mazi co mu Bumanuko citwa Péloponnèse. Kubera ko ahantu hato cane ho kuri ako gace k’ubutaka hari hafise ubwaguke bw’ibilometero hafi 6, ico gisagara c’i Korinto cariko ibivuko bibiri. Hariho ikivuko citwa Léchée, icari ku Kigobe ca Korinto, cakoreshwa n’amato yagira ingendo amaja mu Burengero, nko mu Butaliyano, muri Esupanye n’i Sisile. Hariho n’icitwa Kenkireya, icari ku Kigobe ca Saronike, cakoreshwa n’amato yagira uruja n’uruza mu turere dukukira Ikiyaga Égée, muri Aziya Ntoya, muri Siriya no mu Misiri.

Kubera ko mu duce twinjira mu mazi two mu Bumanuko twa ca gice c’Ubugiriki citwa Péloponnèse wasanga hari ibihuhusi vyinshi be n’ingeramizi nyinshi, akenshi abasozabwato bahitamwo guhagarika amato yabo kuri kimwe muri ivyo bivuko vy’i Korinto, imizigo yaba iri muri nya mato bakayicisha i musozi, maze bagaca bongera kuyipakirira ku kindi kivuko. Mbere n’amato yaba ataremereye cane barayacisha i musozi mw’ibarabara ridasanzwe bubatse ryahuza ivyo biyaga bibiri, bayashize ku kintu kimeze nk’umukogote bagenda barakwega. Aho hantu ico gisagara cari kiri haratuma rero ciganzira urudandaza rw’ibintu vyaca mu mazi rwahuza uturere two mu Buseruko be n’utwo mu Burengero, kikiganzira n’urudandaza rw’ibintu vyaca i musozi rwahuza uturere two mu Buraruko be n’utwo mu Bumanuko. Urwo rudandaza rukomeye ntirwatuma igisagara c’i Korinto gisagamba mu vy’ubutunzi gusa, ariko kandi rwaratuma gitsimbataramwo ububi bwose bwari busanzwe burangwa mu bindi bivuko bitari bike.

Mu gihe c’intumwa Pawulo, igisagara c’i Korinto ni co cari wo murwa mukuru w’intara y’Uburoma ya Akaya, kikaba n’ikibanza nyamukuru mu vy’intwaro. Ukuba ico gisagara carimwo urusengero rwarangurirwamwo ibijanye n’ugusenga umwami w’abami, kikabamwo isinagogi y’Abayuda, utunyabugoro be n’insengero vyari bigenewe ibimana bitandukanye vy’Abagiriki be n’ivy’Abanyamisiri, birerekana ko carimwo amadini injojo.​—Ivyak. 18:4.

Amahiganwa y’ivyo kwinonora imitsi yabera mu gisagara kibanyi citwa Isthmia, ano akaba yaba rimwe mu myaka ibiri, yaza ubugira kabiri inyuma ya za nkino mpuzamakungu bita Jeux olympiques. Intumwa Pawulo ashobora kuba yari i Korinto igihe haba izo nkino mu 51 inyuma ya Kristu. Ni co gituma inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya igira iti: «Si ikintu capfuye guhurirana gusa, kubona Pawulo yatanguye gukoresha imvugo mberanya ijanye n’ivyo kwinonora imitsi, mw’ikete yandikiye Abakorinto.»​—1 Kor. 9:24-27.

«Umwuga wabo wari uwo gukora amahema» (Ivyak. 18:1-4)

4, 5. (a) Pawulo yaba hehe igihe yari i Korinto, kandi ni akazi k’umubiri akahe yakora? (b) Vyagenze gute ngo Pawulo amenye kujisha amahema?

4 Haciye igihe Pawulo ashitse i Korinto, yarabonanye n’umugabo umwe w’Umuyuda yitwa Akwila be n’umukenyezi wiwe Prisila, bano bakaba bari basanzwe ari abakiranyi. Uwo mugabo n’umugore wiwe bari baje kuba aho i Korinto kubera ko Umwami w’abami Kolode yari yategetse «Abayuda bose kuva i Roma.» (Ivyak. 18:1, 2) Akwila na Prisila barakiriye Pawulo iwabo, bongera baramwemerera gufadikanya na bo umwuga wabo. Dusoma duti: «Kubera yuko bari basangiye umwuga, aguma iwabo barakorana. Umwuga wabo wari uwo gukora amahema.» (Ivyak. 18:3) Mu nzu y’abo bubakanye barangwa igishika ni ho Pawulo yagumye aba mu kiringo cose yamaze arangurira ubusuku bwiwe i Korinto. Igihe yaba kwa Akwila na Prisila, Pawulo ashobora kuba yaranditse amwamwe mu makete yahavuye ashirwa mu rutonde rw’ibitabu vyemewe bigize Bibiliya.b

5 Bishoboka bite none ngo Pawulo, umuntu yari yarigishijwe «na Gamaliyeli ubwiwe,» abe kandi yari azi umwuga wo kujisha amahema? (Ivyak. 22:3) Bigaragara ko Abayuda bo mu kinjana ca mbere batabona yuko kwigisha abana babo umwuga munaka ari ikintu kigayitse, naho abo bana bokwize ayandi mashure. Pawulo ashobora kuba yize uwo mwuga wo kujisha amahema mu buto bwiwe kubera ko yaturuka i Taruso muri Silisiya, kano kakaba ari akarere kari kazwi cane kubera ibitambara vyaho vyitwa cilicium bakoresha mu kujisha amahema. None kujisha amahema vyasaba iki? Vyasaba ko umuntu abanza kujisha igitambara cakorwamwo amahema wasanga kigumye cane, akakiringaniza neza hanyuma akagishona kugira ngo kivemwo ihema. Uko biri kwose, nticari igikorwa coroshe.

6, 7. (a) Pawulo yabona gute akazi ko kujisha amahema, kandi ni igiki cerekana ko Akwila na Prisila na bo nyene ari ko bakabona? (b) Abakirisu bo muri iki gihe bigana gute akarorero ka Pawulo, Akwila na Prisila?

6 Kujisha amahema si co gikorwa nyamukuru Pawulo yashira imbere mu buzima bwiwe. Yarakora kugira ngo aronke ibimubeshaho mu busuku yarangura bwo kumenyesha abantu inkuru nziza “ata co barishe.” (2 Kor. 11:7) None Akwila na Prisila bobo babona gute umwuga wabo? Kubera ko bari abakirisu, nta gukeka ko babona akazi k’umubiri nk’uko Pawulo yakabona. Nkako, igihe Pawulo yava i Korinto mu 52 inyuma ya Kristu, Akwila na Prisila baratekeye utwabo bagenda bajanye na we i Efeso, kandi ishengero ry’aho i Efeso ryagirira amakoraniro mu nzu yabo. (1 Kor. 16:19) Haciye igihe, barasubiye i Roma, mu nyuma bongera baragaruka i Efeso. Abo bubakanye b’abanyamwete bashira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere kandi bitanga babikunze kugira ngo basukurire abandi, ivyo bikaba vyatumye «amashengero yose yo mu mahanga» abakengurukira.​—Rom. 16:3-5; 2 Tim. 4:19.

7 Abakirisu bo muri iki gihe barigana akarorero ka Pawulo, Akwila na Prisila. Abasuku b’abanyamwete bo muri iki gihe barakora bagatama “kugira ngo ntihagire n’umwe baremera bamusaba vyinshi.” (1 Tes. 2:9) Birashimishije kubona abamamaji b’Ubwami b’igihe cose batari bake bahitamwo gukora akazi k’amasaha makemake ku musi canke ko mu biringo binaka vyo mu myaka, kugira ngo baronke ikibabeshaho mu busuku bwa gikirisu, ari co gikorwa nyamukuru bashira imbere mu buzima bwabo. Cokimwe na Akwila be na Prisila, abasavyi benshi ba Yehova barangwa igishika barakira iwabo abacungezi b’imizunguruko. “Abama bagaragaza ubwakiranyi” muri ubwo buryo, barazi ukuntu ivyo biremesha kandi vyubaka.​—Rom. 12:13.

AMAKETE AREMESHA YAHUMETSWE

Mu mezi 18 intumwa Pawulo yamaze i Korinto, nko 50-52 inyuma ya Kristu, yaranditse n’imiburiburi amakete abiri yahavuye aja mu rutonde rw’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ayo na yo akaba ari Ikete rya mbere be n’irya kabiri yandikiwe Abatesalonika. Ikete yandikiye Abagalatiya na ryo nyene ashobora kuba yaryanditse muri ico kiringo nyene canke gatoyi inyuma y’aho.

Ikete rya mbere ryandikiwe Abatesalonika ni ryo kete rya mbere ryahumetswe Pawulo yanditse. Pawulo yagendeye i Tesalonika nko mu 50 inyuma ya Kristu, mu gihe c’urugendo rwiwe rwa kabiri rwo kwamamaza inkuru nziza. Ishengero ryari riherutse gushingwa muri ico gisagara ryaciye ritangura kurwanywa, ivyo bikaba vyatumye Pawulo na Silasi babwirizwa kuva muri ico gisagara. (Ivyak. 17:1-10, 13) Kubera ko Pawulo yari arajwe ishinga n’ineza y’iryo shengero ryari riherutse gushingwa, yaragerageje kabiri kose gusubirayo, yamara “Shetani arazibira inzira yiwe.” Pawulo yaciye rero arungika Timoteyo kugira ngo ahumurize abavukanyi yongere abakomeze. Bishoboka ko nko mu mpera y’umwaka wa 50 inyuma ya Kristu, Timoteyo yasanze Pawulo i Korinto, amushiriye agakuru keza kerekeye ishengero ry’i Tesalonika. Inyuma y’aho, ni ho Pawulo yaciye yandika iryo kete.​—1 Tes. 2:17–3:7.

Ikete rya kabiri ryandikiwe Abatesalonika rishobora kuba ryanditswe gatoyi inyuma y’iryo rya mbere, nko mu 51 inyuma ya Kristu. Muri ayo makete yompi, Timoteyo na Silivano (ari we Silasi avugwa mu gitabu c’Ivyakozwe) barifatanije na Pawulo mu kurungika intasho zabo, ariko nta handi Bibiliya isubira kuvuga abo bagabo bari hamwe bose uko ari batatu inyuma y’aho Pawulo aviriye i Korinto. (Ivyak. 18:5, 18; 1 Tes. 1:1; 2 Tes. 1:1) Ni kubera iki none Pawulo yanditse iryo kete rigira kabiri? Biboneka ko yari yaronse ayandi makuru yerekeye iryo shengero, kumbure biciye ku muntu yari yarungikanye ikete ryiwe rya mbere. Ayo makuru yatumye Pawulo akeza abo bavukanyi ku bw’urukundo rwabo n’ukwihangana kwabo, yongera arakosora iciyumviro Abatesalonika bamwebamwe bari bafise c’uko ngo ukugaruka kw’Umukama kwagira gushike.​—2 Tes. 1:3-12; 2:1, 2.

Ikete Pawulo yandikiye Abagalatiya ryerekana ko yaryanditse amaze kubagendera n’imiburiburi incuro zibiri. Mu 47-48 inyuma ya Kristu, Pawulo na Barunaba baragendeye i Antiyokiya h’i Pisidiya, muri Ikoniyo, i Lusitira, n’i Derube, ivyo bisagara vyose bikaba vyari mu ntara y’Uburoma ya Galatiya. Mu 49 inyuma ya Kristu, Pawulo yarasubiye muri iyo ntara ari kumwe na Silasi. (Ivyak. 13:1–14:23; 16:1-6) Pawulo yanditse iryo kete kubera ko Abayuda bumira ku migenzo yabo, bano bakaba baza baraca aho aciye, bariko bigisha yuko vyari ngombwa ko abakirisu bagenyerwa kandi bagakurikiza amategeko ya Musa. Nta gukeka ko Pawulo yandikiye Abagalatiya akimara kwumva ibijanye n’iyo nyigisho y’ikinyoma. Iryo kete ashobora kuba yaryandikiye i Korinto, ariko biranashoboka ko yoba yaryandikiye i Efeso igihe yari aharuhukiye ariko aja i Antiyokiya h’i Siriya, canke na ho akaba yaryandikiye aho i Antiyokiya nyene.​—Ivyak. 18:18-23.

“Benshi mu Bakorinto batangura kwizera” (Ivyak. 18:5-8)

8, 9. Pawulo yavyifashemwo gute igihe yarwanywa bitumwe n’uko yabwira inkuru nziza Abayuda adahorereza, kandi ni hehe yaciye aja kwamamariza?

8 Ivy’uko Pawulo yabona yuko akazi k’umubiri yakora kamufasha kurangura ubusuku bwiwe vyarigaragaje neza igihe Silasi na Timoteyo bashika aho i Korinto bavuye i Masedwane, baje bazanye ingabirano nyinshi cane. (2 Kor. 11:9) Pawulo yaciye «atangura kumara umwanya wiwe wose yigisha ijambo ry’Imana [«ahebera umwanya wiwe wose kwamamaza,» Bible de Jérusalem].» (Ivyak. 18:5) Ariko rero, Pawulo yararwanijwe bimwe bikomeye kubera yabwira inkuru nziza Abayuda adahorereza. Mu kwerekana ko we ata co yohavuye abazwa ku bijanye n’abo Bayuda bamurwanya bitumwe n’uko bari banse kwemera ubutumwa burokora ubuzima yabashikiriza bwerekeye Kristu, yaciye akunkumura impuzu ziwe maze ababwira, ati: «Amaraso yanyu abe ku gatwe kanyu. Jewe ndera. Kuva ubu ngiye ku banyamahanga.»​—Ivyak. 18:6; Ezk. 3:18, 19.

9 None ico gihe Pawulo yaciye aja kwamamaza hehe? Umugabo umwe yitwa Titiyo Yusito, uwushobora kuba yari yinjiye idini ry’Abayuda kandi inzu yiwe ikaba yari ibangikanye n’isinagogi, yarahaye ikaze Pawulo. Ku bw’ivyo rero, Pawulo yaciye aheba kwamamaza mwʼisinagogi, aja kubigirira kwa Yusito. (Ivyak. 18:7) Naho Pawulo yagumye aba kwa Akwila na Prisila igihe yari i Korinto, inzu ya Yusito ni yo yari co kibanza nyamukuru iyo ntumwa yaranguriramwo igikorwa co kwamamaza.

10. Ni igiki cerekana ko Pawulo atari yiyemeje kubwira inkuru nziza abanyamahanga gusa?

10 Kuba Pawulo yavuze yuko guhera ico gihe yari agiye kubwira ubutumwa bwiza abanyamahanga, vyoba vyasobanura yuko atosubiye kuraba n’iryahumye Abayuda bose be n’abantu bose bari binjiye idini ryabo, ushizemwo mbere n’abo muri bo bobwakiriye neza? Habe namba! Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: «Kirisipo umukuru w’isinagogi yizera Umukama, we n’abo mu rugo rwiwe bose.» Biboneka ko benshi mu bahora bikoraniriza muri iyo sinagogi, bakurikiye Kirisipo, kubera ko Bibiliya ivuga iti: «Benshi mu Bakorinto bumvise ubutumwa batangura kwizera, barabatizwa.» (Ivyak. 18:8) Inzu ya Titiyo Yusito yaciye rero iba ho hantu ishengero rya gikirisu ry’i Korinto ryari riherutse gushingwa ryakoranira. Niba iyo nkuru yo mu gitabu c’Ivyakozwe yiganwa hisunzwe uburyo Luka asanzwe akoresha mu kwandika, ni ukuvuga hisunzwe ukuntu ivyabaye bigenda birakurikirana, duca tubona yuko abo Bayuda canke abo bantu bari binjiye idini ryabo babaye abakirisu inyuma y’aho Pawulo akunkumuriye impuzu ziwe. Ivyo birerekana neza ko iyo ntumwa yiyorosha.

11. Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bigana gute akarorero ka Pawulo igihe bagerageza gufasha abantu bo mu madini y’abiyita abakirisu?

11 Muri iki gihe, mu bihugu vyinshi usanga amadini y’abiyita abakirisu yarashinze imizi kandi akagira akosho gakomeye ku bayoboke bayo. Mu bihugu bimwebimwe no mu mazinga amwamwe, abamisiyonari bo muri ayo madini baratumye abantu benshi cane binjira mu madini yabo. Abantu benshi biyita abakirisu usanga akenshi ari abaja b’imigenzo y’abakera, nka kurya kw’Abayuda b’i Korinto mu kinjana ca mbere. Naho ari ukwo, nka kumwe kwa Pawulo, twebwe Ivyabona vya Yehova turafasha mwene abo bantu tubigiranye umwete, ivyo tukabigira dufatiye ku bumenyi ubwo ari bwo bwose bwo mu Vyanditswe baba bafise. Naho mbere boturwanya canke abakuru babo b’amadini bakaduhama, ntiducika intege. Muri abo bantu «bafise umwete wo gukorera Imana, ariko uwo mwete [ntushingire] ku bumenyi butagira amakosa,» hashobora kuba harimwo abicisha bugufi batari bake dukwiye kurondera tutababura.​—Rom. 10:2.

«Mfise abantu benshi muri iki gisagara» (Ivyak. 18:9-17)

12. Ivyo Pawulo yeretswe bimukura amazinda gute?

12 Niba Pawulo yaragize amakenga ku bijanye n’uko yobandanya arangurira ubusuku bwiwe ng’aho i Korinto, ayo makenga ategerezwa kuba yaheze igihe mw’ijoro rimwe Umukama Yezu yamwiyereka nko mu ndoto, maze akamubwira ati: «Ntutinye, ahubwo guma uvuga, ntucereze kubera ko ndi kumwe nawe. Nta n’umwe azogutera ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.» (Ivyak. 18:9, 10) Ese ukuntu yaremeshejwe cane n’ivyo bintu yeretswe! Umukama ubwiwe yarakuye amazinda Pawulo yuko yomukingiye abomugiriye nabi be n’uko ico gisagara cari kirimwo abantu benshi bokwakiriye neza inkuru nziza. None ivyo Pawulo yavyakiriye gute? Dusoma duti: «Aguma ng’aho umwaka umwe n’amezi atandatu, abigisha ijambo ry’Imana.»​—Ivyak. 18:11.

13. Ni ikintu ikihe cabaye Pawulo ashobora kuba yaciye abona mu bwenge igihe yariko aregereza ya ntebe y’imanza, ariko ni igiki catumye abona yuko atari ko vyari bigiye kumugendera?

13 Haciye nk’umwaka Pawulo ari i Korinto, yararonse ikindi kintu kimujijura yuko Umukama yari amufashe mu mugongo. Iyo nkuru igira iti: «Abayuda barwanya Pawulo bahuje inama, bamujana imbere y’intebe y’imanza,» yitwa beʹma. (Ivyak. 18:12) Hari abiyumvira yuko iyo ntebe y’imanza, iyari imeze nk’umukiruruko ukozwe mu mabuye y’agaciro yitwa marimari y’ubururu be n’ayera akorongoshoyeko ibisharizo vyinshi cane, ishobora kuba yari iri amaja hagati na hagati y’akaguriro k’i Korinto. Imbere y’iyo ntebe y’imanza hariho ikibanza kinini cane cashobora gukoraniramwo isinzi rinini ry’abantu. Ivyacukuwe vyerekana ko iyo ntebe ishobora kuba yari ku metero nkeyi uvuye kw’isinagogi, gutyo rero ikaba yari hafi yo kwa Yusito. Igihe Pawulo yegereza iyo ntebe y’imanza, ashobora kuba yaciye abona mu bwenge ukuntu Sitefano yatewe amabuye, uno bikaba bikunze kuvugwa ko ari we mukirisu wa mbere yishwe rumaratiri. Pawulo, uwitwa Sawuli igihe Sitefano yicishwa amabuye, yari yashigikiye «iyicwa rya Sitefano.» (Ivyak. 8:1) None Pawulo yoba na we nyene agiye kwicishwa amabuye? Habe namba, kubera yuko yari yahawe umuhango ugira uti: “Nta n’umwe azokugirira nabi.”​—Ivyak. 18:10.

Galiyo ariko yanka kwakira urubanza rw’abagiriza Pawulo bashangashiwe. Abasoda b’Abaroma bariko bagerageza gutururuza isinzi ry’abagabo bashangashiwe.

«Ni kwo guca abirukana imbere y’intebe y’imanza.»​—Ivyakozwe 18:16

14, 15. (a) Ni ikirego ikihe Abayuda bagirije Pawulo, kandi ni kubera iki Galiyo yavuze ko nya rubanza ruhereye aho? (b) Ni igiki cashikiye Sositene, kandi ni igiki ashobora kuba yarakoze mu nyuma?

14 Vyagenze gute none igihe Pawulo yashika imbere y’iyo ntebe y’imanza? Umucamanza yari ku ntebe y’imanza ni buramatari w’Umuroma yitwa Galiyo yatwara intara ya Akaya, uno akaba yari mukuru wa Seneke, umufilozofe w’Umuroma. Abayuda bagirije Pawulo bati: «Uyu muntu ariko yosha abantu gusenga Imana mu buryo buteye kubiri n’amategeko.» (Ivyak. 18:13) Ni nk’aho abo Bayuda bagirije Pawulo yuko ngo yariko yinjiza abantu mu rindi dini, ivyo akaba yariko abigira mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Yamara rero, Galiyo yabonye ko Pawulo ata «kibi» yari yakoze be n’uko ata «caha gikomeye» camwagira. (Ivyak. 18:14) Galiyo ntiyashaka kwisuka mu matati yega Abayuda. Wanashaka, imbere y’uko Pawulo avuga n’ijambo na rimwe kugira ngo yisigure ku vyo yaregwa, Galiyo yaciye atangaza ko urwo rubanza rurangiye! Abariko bagiriza Pawulo ryaciye riniga. Baciye bata ishavu kuri Sositene, uno akaba kumbure ari we yari yasubiriye Kirisipo mu mabanga yo guhagarikira isinagogi. Baracakiye Sositene, baca «batangura kumukubitira imbere y’intebe y’imanza.»​—Ivyak. 18:17.

15 Ni kubera iki none Galiyo atabujije iryo sinzi ry’abantu ngo rireke gukubita Sositene? Galiyo ashobora kuba yibajije yuko Sositene ari we yari yagumuye iryo sinzi ngo rirwanye Pawulo, akaba rero yariko arishura ivyo yari yakoze. Uko biri kwose, ico kintu cabaye ntihabuze ivyiza cavuyemwo. Mw’ikete rya mbere Pawulo yandikiye ishengero ry’i Korinto, iryo yanditse haciye imyaka itari mike inyuma y’aho, yaravuze ibijanye n’umuvukanyi umwe yitwa Sositene. (1 Kor. 1:1, 2) Uwo Sositene yoba ari wa wundi nyene yakubitirwa i Korinto? Niba ari we, ico kintu kibabaje camushikiye gishobora kuba caratumye ahinduka akaba umukirisu.

16. Amajambo Umukama yavuze ngo «guma uvuga, ntucereze kubera ko ndi kumwe nawe,» aturemesha gute mu busuku turangura?

16 Niwibuke ko inyuma y’aho Abayuda biyamirije igikorwa co kwamamaza ca Pawulo ari ho Umukama Yezu yamukura amazinda ati: «Ntutinye, ahubwo guma uvuga, ntucereze kubera ko ndi kumwe nawe.» (Ivyak. 18:9, 10) Turakwiye kugumiza mu muzirikanyi ayo majambo, na canecane igihe abantu biyamirije ubutumwa dushikiriza. Ntiwigere wibagira ko Yehova ari we asoma ibiri mu mutima, kandi akaba akwegera kuri we abantu b’umutima nziraburyarya. (1 Sam. 16:7; Yoh. 6:44) Ese ukuntu ivyo bituremesha kuguma dufise vyinshi dukora mu busuku! Abantu ibihumbi amajana n’amajana barabatizwa uko umwaka utashe, akaba ari nk’aho ku musi ku musi habatizwa abantu amajana. Abakurikiza itegeko ridusaba «[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa,» Yezu abasubiriza umutima mu nda ati: «Ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.»​—Mat. 28:19, 20.

«Yehova niyabigomba» (Ivyak. 18:18-22)

17, 18. Ni ibiki Pawulo ashobora kuba yarazirikanyeko igihe yari mu bwato ariko aja i Efeso?

17 Ntituzi niba impagararo Galiyo yagize ku bijanye na ba bantu bariko bagiriza Pawulo, yaratumye ishengero rya gikirisu ryari riherutse gushingwa aho i Korinto rimara igihe kinaka riri mu mahoro. Ikizwi coco ni uko Pawulo yahamaze «iyindi misi itari mike» imbere y’uko asezera abavukanyi biwe b’i Korinto. Mu mpeshi yo mu 52 inyuma ya Kristu, yariyumviriye ivyo kuja i Siriya afatiye ubwato ku kivuko c’i Kenkireya, icari mu Buseruko bw’i Korinto nko ku bilometero 11. Ariko imbere y’uko Pawulo ava i Kenkireya, «yari yigabanishije umushatsi . . .  kubera indagano yari yagize.»c (Ivyak. 18:18) Mu nyuma, yarahitanye Akwila na Prisila maze bafata ubwato baja i Efeso muri Aziya Ntoya baciye mu Kiyaga Égée.

18 Igihe Pawulo yafatira ubwato i Kenkireya, ashobora kuba yarazirikanye ku bijanye n’ikiringo yamaze i Korinto. Yaribuka ibintu vyinshi vyiza cane vyatuma agira umunezero ugera kure. Ubusuku yari amaze amezi 18 arangurira muri ico gisagara bwari bwavuyemwo ivyiza. Ishengero rya mbere ry’i Korinto ryari ryashinzwe, rikaba ryagirira amakoraniro kwa Yusito. Mu bari baracitse abemera, hari harimwo Yusito, Kirisipo be n’abo mu rugo rwiwe, hamwe n’abandi benshi. Pawulo yarakunda cane abo bantu bari baherutse gucika abemera, kuko yari yarabafashije bagashika kuri iyo ntambwe. Yahavuye abandikira, hanyuma avuga yuko bari ikete rimushimagiza ryari ryanditse ku mutima wiwe. Na twebwe turumva ko dufitaniye ubucuti bwa hafi n’abo tuba twaratewe agateka ko gufasha kugira ngo baze mu gusenga kw’ukuri. Ese ukuntu twumva dushize akanyota kubona dufise mwene ayo «makete adushimagiza»!​—2 Kor. 3:1-3.

19, 20. Pawulo yakoze iki igihe yashika i Efeso, kandi ni igiki tumwigirako ku bijanye n’ugukurikirana imigambi y’ivy’impwemu?

19 Pawulo ashitse i Efeso, yaciye ubwo nyene yanzika igikorwa ciwe. Yaciye «aja mw’isinagogi, afasha Abayuda kuzirikana.» (Ivyak. 18:19) Aho i Efeso hoho, Pawulo yahamaze igihe gito. Naho bagumye bamusaba kuhamara ikindi gihe, «ntiyavyemeye.» Igihe yasezera, yabwiye Abanyefeso ati: «Nzogaruka kubaraba Yehova niyabigomba.» (Ivyak. 18:20, 21) Nta gukeka ko Pawulo yari azi neza yuko aho i Efeso inkuru nziza yari ikenewe kwamamazwa cane. Iyo ntumwa yarategekanije ivyo gusubirayo, yamara yahisemwo kubirekera mu maboko ya Yehova. Wumva none ako atari akarorero keza twogumiza mu muzirikanyi? Kugira ngo dukurikirane imigambi yacu yo mu vy’impwemu, turakwiye kwibwiriza. Ariko rero, dutegerezwa kwama nantaryo twiheka ku buyobozi Yehova atanga, kandi tukarondera gukora duhuza n’ivyo agomba.​—Yak. 4:15.

20 Pawulo yaciye asiga Akwila na Prisila aho i Efeso, hanyuma afata ubwato amanuka i Sezariya. Biboneka ko avuye i Sezariya, yaciye “aduga” i Yeruzalemu kuramutsa ishengero ry’aho. (Ivyak. 18:22) Mu nyuma Pawulo yaciye aja i Antiyokiya h’i Siriya, ahari urusago rwiwe. Gutyo, yari asozereye neza urugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari. Ni ibiki none vyari biraririye kumushikira mu rugendo rwiwe rwa nyuma rw’ubumisiyonari?

INDAGANO YA PAWULO

Mu Vyakozwe 18:18 havuga yuko igihe Pawulo yari i Kenkireya, «yigabanishije umushatsi . . . , kubera indagano yari yagize.» None iyo yari indagano bwoko ki?

Mu bisanzwe, indagano ni isezerano umuntu agirira Imana avyishakiye kugira ngo ayikorere ikintu kinaka, ayishikanire ishikanwa rinaka, canke abeho mu buryo bunaka. Hari abiyumvira ko Pawulo yari yigabanishije umushatsi kugira ngo ashitse indagano y’Ubunaziri. Yamara, dukwiye kumenya neza yuko Ivyanditswe bivuga yuko Umunaziri yategerezwa kumwera umushatsi wiwe «ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro» kugira ngo yerekane ko arangije ikiringo cose yari amaze arangurira Yehova umurimo udasanzwe. Biboneka ko i Yeruzalemu ari ho honyene umuntu yategerezwa kugirira ico gisabwa, ko rero atari ng’aho i Kenkireya.​—Guh. 6:5, 18.

Inkuru yo mu Vyakozwe nta co ivuga ku bijanye n’igihe Pawulo yagiriyeko iyo ndagano yiwe. Birashoboka ko mbere yoba yari yayigize imbere y’uko acika umukirisu. Iyo nkuru nta co ivuga no ku bijanye niba Pawulo yoba canke atoba yaragize ikintu kidasanzwe asavye Yehova. Igitabu kimwe kivuga yuko ukuba Pawulo yarigabanishije umushatsi, bishobora kuba cari «ikimenyetso co gukengurukira Imana kubera ko yari yaramukingiye, bituma ashobora kurangiza neza ubusuku bwiwe i Korinto.»

a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Korinto, igisagara ciganzira ibiyaga bibiri.»

b Raba uruzitiro ruvuga ngo «Amakete aremesha yahumetswe.»

c Raba uruzitiro ruvuga ngo «Indagano ya Pawulo.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika