Ivyabona vya Yehova boba basambura imibano?
“IGIHE umwe mu bubakanye ahinduye idini, umubano wabo uca usambuka.” Ukwo ni ko abantu batari bake bakunda kuvuga. Rimwe na rimwe, ayo ni yo majambo abantu bamwebamwe babwira umwe mu bubakanye aba ahisemwo kuba Icabona ca Yehova. Yamara ivyo bavuga vyoba vyama ari ivy’ukuri?
Birumvikana yuko igihe umuntu yubatse atanguye kwitaho ivy’idini rinaka canke guhindura ibintu yari amaze igihe kinini yemera mu vy’idini, bishobora kubabaza uwo bubakanye. Vyoshobora gutuma yumva ahagaritse umutima, yihebuye eka mbere ashavuye cane.
Akenshi usanga umukenyezi ari we atangura kwumva ko akeneye guhindura idini. Nimba umukenyezi wawe ariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ivyo vyoshobora gute kugira ico bikoze ku mubano wanyu? Nimba uri umukenyezi ariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, wokora iki kugira ngo ugabanye uguhagarika umutima uwo mwubakanye yoshobora kuba afise?
Ukuntu umunega yovyifatamwo
Uwitwa Mark, uno akaba aba muri Ositaraliya, yari amaze imyaka 12 yubatse igihe umukenyezi wiwe yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mark avuga ati: “Nari mpimbawe mu mubano kandi nari mfise akazi kamara akanyota. Ubuzima bwari bwiza. Hanyuma nza mbona umukenyezi wanje afashe ingingo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naciye numva yuko ntoshoboye kubandanya mbaho nk’uko nari nsanzwe mbayeho. Mu ntango, numva ntamerewe neza kubera yuko umukenyezi wanje yari aherutse gushimishwa n’izindi nyigisho zo muri Bibiliya, mugabo igihe yambwira yuko yari yafashe ingingo yo kubatizwa akaba Icabona ca Yehova, narahagaritse umutima bimwe bidasanzwe.”
Mark yaciye atangura kwiyumvira nimba umubano wabo wari ugiye gusambuka kubera iryo dini rishasha umukenyezi wiwe yari aherutse kujamwo. Yariyumviriye ibijanye no kumubuza kwiga Bibiliya be no kubonana n’Ivyabona. Ariko rero, aho kugira ico akoze gihuruduka, Mark yararetse haraca umwanya. None ni ibiki vyashikiye umubano wabo?
Mark avuga ati: “Igishimishije ni uko ubu umubano wacu warushirije mbere gukomera kuruta uko wari uri ubwa mbere. Warabandanije kumera neza mu myaka 15 ihaciye kuva umukenyezi wanje abatijwe akaba Icabona ca Yehova.” Ni igiki cafashije uwo mubano kuroranirwa? Mark avuga ati: “Ntereje amaso inyuma, novuga ko ahanini vyavuye ku kuba umukenyezi wanje yarashira mu ngiro impanuro nziza ziri muri Bibiliya. Yamye nantaryo agerageza kumfatana icubahiro.”
Impanuro zitangwa n’abakenyezi bavyifashemwo neza
Nimba uri umukenyezi yifatanya n’Ivyabona vya Yehova, wokora iki kandi wovuga iki kugira ngo ugabanye uguhagarika umutima uwo mwubakanye yoshobora kuba afise? Rimbura ivyo aba bakenyezi bo mu mihingo itandukanye yo kw’isi bavuga.
Sakiko wo mu Buyapani avuga ati: “Maze imyaka 31 nubatse kandi mfise abana batatu. Haciye imyaka 22 mbaye Icabona ca Yehova. Kubana n’umugabo tudasangiye ukwizera rimwe na rimwe ni urugamba. Mugabo ndakora uko nshoboye kwose kugira ngo nshire mu ngiro impanuro Bibiliya itanga yo ‘gutebuka kwumva, guteba kuvuga, guteba kuraka.’ (Yakobo 1:19) Ndagerageza kubera umunyabuntu umunega wanje no kutarwanya ivyipfuzo vyiwe igihe biba bidateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo vyaratumye umubano wacu uroranirwa.”
Nadezhda wo mu Burusiya avuga ati: “Maze imyaka 28 nubatse kandi haraheze imyaka 16 ndi Icabona yabatijwe. Ntaratangura kwiga Bibiliya, siniyumvira yuko umunega wanje akwiye kuba umutwe w’umuryango. Narakunda gufata ingingo nyinshi ntanamugishije inama. Ariko rero, buhorobuhoro narabonye ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyatumye umuryango wacu ugira amahoro n’agahimbare. (1 Abakorinto 11:3) Vyahavuye binyorohera kuba umuntu ayoboka, kandi umunega wanje yarabonye ayo mahinduka nagize.”
Marli wo muri Berezile avuga ati: “Mfise abana babiri kandi maze imyaka 21 nubatse. Haraciye imyaka 16 mbaye Icabona yabatijwe. Naramenye yuko Yehova Imana ashaka ko abubakanye bagumana, ntibavane. Rero, naragerageje kuba umukenyezi mwiza, ndagerageza kuvuga no gukora mu buryo butuma Yehova n’umunega wanje banezerwa.”
Larisa wo mu Burusiya avuga ati: “Igihe naba Icabona ca Yehova, ubu hakaba haciye imyaka 19, naratahuye yuko ikintu cari gihambaye cane kwari ukugira amahinduka mu buzima bwanje. Umunega wanje arashobora kubona yuko Bibiliya yamfashije kuba umukenyezi mwiza no kurushiriza kuba umuntu amushima. Mu ntango, ntitwahuza ku bijanye n’ukuntu tworera abana, ariko ubu ukwo kudahuza twaragutunganije. Umunega wanje arareka nkajana n’abana bacu ku makoraniro y’idini ndimwo kubera yuko atahura ko baba bariko barigishwa ibibagirira akamaro gusa.”
Valquíria wo muri Berezile avuga ati: “Mfise umwana umwe kandi maze imyaka 19 nubatse. Haraciye imyaka 13 mbaye Icabona ca Yehova. Mu ntango, umunega wanje ntiyashaka ko nja mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro. Mugabo ku bintu vyaba bimuraje ishinga, narize kumwishura mu buryo bworoheje no kumufasha kubona ko Bibiliya yariko irahindura kamere zanje mu buryo bwiza. Buhorobuhoro, umunega wanje yaratahuye ko bihambaye yuko nja mu gikorwa co kwamamaza. Ubu, aranshigikira bimwe vyuzuye mu bikorwa ndangura bijanye n’ivy’Imana. Igihe ngiye kwigisha Bibiliya abantu bo mu duce turi kure y’igisagara, aranjanayo mbere n’umuduga wiwe maze akandindirira hanze yihanganye gushika mpejeje.”
Ikintu kigira akamaro
Nimba uwo mwubakanye ariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ntutinye ngo ivyo bizohava bisambura umubano wanyu. Nk’uko abanega n’abakenyezi benshi bo mu mihingo yose yo kw’isi bavyiboneye, Bibiliya ni ikintu kigirira akamaro umubano.
Umunega umwe atari Icabona ca Yehova, yariyemereye ata buryarya ati: “Mu ntango naragize umubabaro mwinshi igihe umukenyezi wanje yacika Icabona ca Yehova, mugabo ubu ndabona yuko burya ata gapfuye ata gakira.” Raba ivyo uwundi munega avuga ku bijanye n’umukenyezi wiwe: “Ukudahemuka kw’umukenyezi wanje, umwiyemezo wiwe be n’ukutadohoka kwiwe vyatumye nshima cane Ivyabona vya Yehova. Umubano wacu warahungukiye cane kubera ivyo yemera mu vy’idini. Umwe wese muri twebwe yaragize ivyo ahebeye uwundi kandi umubano wacu twawufashe ko ari uw’ibihe vyose.”
[Ifoto ku rup. 13]
Ivyabona vya Yehova babona gute umubano w’ababiranye?
Ivyabona vya Yehova babona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ku bw’ivyo, barafatana uburemere ivyo rivuga ku bijanye n’umubano w’ababiranye. Raba ivyo Bibiliya ivuga mu kwishura ibi bibazo bikurikira:
▪ Ivyabona vya Yehova boba baremesha abo basangiye ugusenga ngo batandukane n’abo bubakanye batari Ivyabona? Habe namba. Intumwa Paulo yanditse ati: “Nimba umuvukanyi afise umugore atemera, yamara nya mugore agashima kubana na we, ntamute; kandi umugore afise umugabo atemera, yamara nya mugabo agashima kubana na we, ntate umugabo wiwe.” (1 Abakorinto 7:12, 13) Ivyabona vya Yehova barakurikiza iryo bwirizwa.
▪ Icabona ca Yehova w’umukenyezi yoba aremeshwa kwirengagiza ivyo umunega wiwe yipfuza igihe uwo munega aba adasangiye na we ukwemera? Na buhoro. Intumwa Petero yanditse ati: “Namwe bagore, . . . muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo, nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo, kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye ziri kumwe n’icubahiro kigera kure.”—1 Petero 3:1, 2.
▪ Ivyabona vya Yehova boba bigisha ko ubukuru bw’umunega ari ntayegayezwa? Ihibambewe! Intumwa Paulo yavuze ati: “Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.” (1 Abakorinto 11:3) Umukenyezi mukirisu arubaha umunega wiwe kubera ko ari umutwe w’umuryango. Ariko rero, ubukuru bw’umunega si ntayegayezwa. Hari ico abazwa n’Imana na Kristu. Ku bw’ivyo rero, igihe umunega ategetse umukenyezi wiwe gukora ibintu mu buryo burenga kw’itegeko ry’Imana, umukenyezi mukirisu “[azo]gamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu.”—Ibikorwa 5:29.
▪ Ivyabona vya Yehova boba bigisha ko kwahukana bibujijwe? Ekaye. Yezu Kristu yavuze ati: “Ndababwiye yuko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi [ubuhumbu], hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Matayo 19:9) Ku bw’ivyo rero, Ivyabona vya Yehova baremera ukwo kuntu Yezu abona ibintu, yuko ukurenga ibigo gutuma haba impamvu zo kwahukana. Ariko kandi baremera bashimitse ko imibano idakwiye gusamburwa bivuye ku mpamvu zidafise ishingiro. Baremesha abo basangiye ugusenga ngo bakurikize amajambo ya Yezu agira ati: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe. . . . Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”—Matayo 19:5, 6.