ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/5 rup. 19-23
  • Ntumature ico Imana yamatanije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntumature ico Imana yamatanije
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutorera umuti ingorane
  • “Mushishikare gukunda abagore banyu”
  • Ushobora gute kuronsa umukenyezi wawe ivyo akeneye?
  • Kubungabungana urukundo umukenyezi wawe bisobanura iki?
  • Abakenyezi babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya
  • Ico indagano y’abubatse imaze
  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 1
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bagabo, nimwemere icese ikibanza Kristu afise co kuba umutwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/5 rup. 19-23

Ntumature ico Imana yamatanije

“[Ntibaba bakiri] babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature”.​—MATAYO 19:6.

1, 2. Ni kubera iki ari ikintu cumvikana kandi gihuza n’Ivyanditswe kwitega ko abubakanye kazoza karacamwo bakagira ingorane?

DUFATE ko ugomba ugire urugendo rurerure n’umuduga. Woba uzogira ingorane muri urwo rugendo? Hamwe wokwiyumvira yuko ata ngorane uzogira woba wihenze. Nk’akarorero, vyoshobora gushika ikirere kikamera nabi cane, maze bikaba ngombwa ko ugenda bukebuke kandi wiyubara cane. Hari n’aho vyoshika umuduga ukagupfana ku buryo wewe utoshobora kuwukwamura, bigasaba ko uwusunikira iruhande y’ibarabara maze ukarondera uwobigufasha. None ivyo vyoba bikwiye gutuma ushika ku ciyumviro c’uko wihenze mu gufata urwo rugendo be n’uko uwo muduga wowuta ng’aho? Oya na we nu! Igihe ufashe urugendo rurerure, uritega kugira ingorane ukongera ugategekanya ukuntu wozitorera umuti mu buryo buranga ubukerebutsi.

2 No ku vyerekeye umubano w’abubatse ni ukwo biri. Ingorane zozo zitegerezwa gushika, kandi abantu babiri bategekanya kwubaka urwabo boba bihenze hamwe bokwitega ko bazogira ubuzima burangwamwo agahimbare gusa. Mu 1 Ab’i Korinto 7:28, Bibiliya iravuga ata guca ku ruhande yuko abagabo n’abagore bubakanye bogize “amagorwa mu mubiri” wabo. Ni kubera iki none vyifashe ukwo? Muri make, ni uko abagabo n’abagore ari abanyagasembwa, kandi tukaba tubayeho mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1; Abaroma 3:23). Ku bw’ivyo, mbere n’abubakanye twovuga ko banama rimwe muri vyose kandi bitaho ivy’impwemu, kazoza karacamwo bagire ingorane.

3. Abantu benshi kw’isi babona gute ivyerekeye umubano? (b) Ni kubera iki abakirisu bihatira kuzigama umubano wabo?

3 Muri iyi si ya none, igihe abubakanye bagize ingorane, kwahukana ni co kintu ca mbere baca bakora. Mu bihugu vyinshi, ibitigiri vy’abahukana biguma biduga bwampi. Ariko abakirisu b’ukuri bobo baratorera umuti ingorane aho kuzihunga. Kubera iki? Kubera yuko babona ko umubano ari ingabirano nyeranda iva kuri Yehova. Yezu yavuze ku bijanye n’abubatse ati: “Ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature” (Matayo 19:6). Ego ni ko, kubaho umuntu yisunga iyo ngingo ngenderwako ntivyama vyoroshe. Nk’akarorero, incuti be n’abandi bantu, ushizemwo n’abahanuzi bamwebamwe bo mu vy’imibano, abo bose bakaba batazi ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, akenshi usanga baremesha abubakanye gutandukana canke kwahukana kandi ata mvo zishingiye ku Vyanditswe zibitumyea. Ariko rero, abakirisu barazi ko ikintu ciza kuruta ibindi ari uko abubatse basubiza hamwe bakanazigama umubano wabo aho kwihutira kuwusambura. Rero, birahambaye cane ko kuva tugishinga umubano twiyemeza gukora ibintu nk’uko Yehova agomba, aho kubikora twisunze impanuro abandi batanga.​—Imigani 14:12.

Gutorera umuti ingorane

4, 5. (a) Ni ingorane izihe zitegerezwa gushika mu mubano w’abubatse? (b) Ni kubera iki ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana vy’ukuri ari ngirakamaro mbere no mu gihe bishitse mu mubano hakaba ingorane?

4 Birazwi yuko rimwe na rimwe abubatse bose hari ibintu bakeneye kwitwararika. Akenshi ivyo bizosaba ko batorera umuti utuntu dutoduto badahurizako. Ariko rero, mu mibano imwimwe hoshobora kwaduka ingorane zikomeye kuruta, ku buryo zibangamira ico ubucuti bwabo bushingiyeko. Rimwe na rimwe, vyoshobora gukenerwa ko musaba ko umukurambere mukirisu azi utuntu n’utundi yubatse abafasha. Yamara rero, ivyo ntibisobanura yuko umubano wanyu ugeze ahatemba. Vyerekana gusa akamaro ko kwiheka cane ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe murondera gutorera umuti ingorane.

5 Kubera yuko Yehova ari we Muremyi w’abantu akaba ari na We yatanguje umubano w’abubatse, ni we azi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese ivyo dukeneye kugira ngo umubano umere neza. Ikibazo rero gica kivyuka ni iki: ‘Twoba tuzotega yompi impanuro dusanga mw’Ijambo ryiwe tukongera tukazigamburuka?’. Nta nkeka ko nitwabikora tuzohungukira. Yehova yabwiye abasavyi biwe ba kera ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga” (Yesaya 48:18). Kwisunga ubuyobozi Bibiliya itanga birashobora gutuma umubano uroranirwa. Reka tubanze twihweze impanuro Bibiliya iha abanega.

“Mushishikare gukunda abagore banyu”

6. Ni impanuro iyihe yo mu Vyanditswe abagabo basabwa gukurikiza?

6 Ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso ririmwo ubuyobozi butomoye abagabo basabwa gukurikiza. Paulo yanditse ati: “Bagabo, [“mushishikare gukunda”, NW] abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura. Ni kw abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda: kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, [“akawubungabungana urukundo”, NW] nk’uko Kristo na we agirira ishengero: Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda”.​—Abanyefeso 5:25, 28, 29, 33.

7. (a) Ikintu nyamukuru umubano w’abakirisu ukwiye kuba ushingiyeko ni ikihe? (b) Ni gute abagabo bashishikara gukunda abagore babo?

7 Paulo ntavuga akagorane ako ari ko kose umugabo n’umugore bashobora kugira. Ahubwo nyabuna, ashira ahabona umuti nyamukuru mu kwerekana ikintu gihambaye cane umubano wose w’abakirisu ukwiye kuba ushingiyeko, ico na co kikaba ari urukundo. Nkako, urukundo ruvugwa incuro umunani muri ico canditswe. Urabona kandi ko Paulo abwira abagabo ati: “Mushishikare gukunda abagore banyu”. Nta nkeka ko Paulo yari azi yuko kugomwa umuntu ukimukubita ijisho bishobora kuba vyoroshe cane kuruta kuguma umukunda. Ivyo biribonekeza canecane muri iyi “misi y’iherezo” aho usanga benshi ari abantu “bikunda gusa” kandi “banka kwuzura” (2 Timoteyo 3:1-3). Muri iki gihe, ingeso nk’izo ziriko ziratuma ingo nyinshi zitituka, ariko umunega munyarukundo ntazoreka ngo ingeso ziranga ubwikunzi z’isi zigire ico zikoze ku vyiyumviro vyiwe be no ku vyo akora.​—Abaroma 12:2.

Ushobora gute kuronsa umukenyezi wawe ivyo akeneye?

8, 9. Umunega mukirisu aronsa umukenyezi wiwe ivyo akeneye mu buryo butandukanye ubuhe?

8 Niba uri umunega mukirisu, ushobora gute kunanira impengamiro z’ubwikunzi maze ukagaragariza umukenyezi wawe urukundo nyakuri? Muri ya majambo Paulo yabwira Abanyefeso twavuze mu ngingo y’imbere y’iyi, yarerekanye ibintu bibiri ukeneye gukora, ivyo na vyo bikaba ari kuronsa umukenyezi wawe ivyo akeneye be no kumubungabungana urukundo nk’uko nyene ubigirira umubiri wawe. Ushobora gute none kuronsa umukenyezi wawe ivyo akeneye? Uburyo bumwe ni mu kumuronsa ivyo akeneye mu vy’umubiri. Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Arik’umuntu [“ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe”, NW], azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera”.​—1 Timoteyo 5:8.

9 Yamara rero, hariho n’ibindi asabwa kumuronsa uretse gusa kumuronsa ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Uti kubera iki? Kubera ko umunega ashobora kuba aronsa neza umukenyezi wiwe ivyo akeneye mu vy’umubiri, ariko ntashobore kumuronsa ivyo akeneye mu vy’inyiyumvo no mu vy’impwemu. Kumuronsa ivyo akeneye mu vy’inyiyumvo no mu vy’impwemu birahambaye cane. Ni ivy’ukuri yuko abagabo benshi bakirisu usanga bafise vyinshi cane bakora bijanye n’ishengero. Ariko, kuba umunega afise amabanga aremereye arangura mw’ishengero ntibisobanura ko akwiye kwirengagiza gushitsa ivyo Imana imusaba bwa mutwe w’urugo (1 Timoteyo 3:5, 12). Mu myaka nk’ingahe iheze, iki kinyamakuru cavuze ku bijanye n’ico kintu giti: “Dukurikije ivyo Bibiliya isaba, twovuga ko igikorwa co ‘kuragira gitangurira mu rugo’. Nk’igihe umukurambere yokwirengagiza urugo rwiwe, vyoshobora gutuma ahakwa guhagarikwa mu mabanga yiwe”b. Uca ubona rero ko utegerezwa kuronsa umukenyezi wawe ivyo akeneye mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo, n’igihambaye kuruta ukamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu.

Kubungabungana urukundo umukenyezi wawe bisobanura iki?

10. Umunega ashobora gute kubungabungana urukundo umukenyezi wiwe?

10 Iyo ubungabungana urukundo umukenyezi wawe, bisobanura ko umwitwararika neza kubera ko umukunda. Hari uburyo bwinshi bwo kubigira. Ubwa mbere, numarane na we umwanya uhagije. Mu gihe wokwirengagiza umukenyezi wawe muri ivyo, urukundo agukunda rwoshobora gutimba. Uramenya kandi ko ivyo wiyumvira ko umukenyezi wawe akeneye mu bijanye n’umwanya mwomarana be n’ingene womwitwararika, bishobora kuba atari vyo we yumva ko akeneye. Kuvuga gusa ko umubungabungana urukundo ntibihagije. Ategerezwa kwiyumvamwo yuko umubungabungana urukundo. Paulo yanditse ati: “Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we” (1 Ab’i Korinto 10:24). Kubera ko uri umunega munyarukundo, urakwiye kuraba neza ko utahura ivyo umukenyezi wawe akeneye koko.​—Ab’i Filipi 2:4.

11. Ukuntu umugabo afata umugore wiwe bigira ico bikoze gute ku bucuti afitaniye n’Imana be n’ubwo afitaniye n’ishengero?

11 Ubundi buryo wokwerekana ko ubungabungana urukundo umukenyezi wawe ni mu kumufatana ikibabarwe mu mvugo no mu ngiro (Imigani 12:18). Paulo yandikiye Abakolosayi ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, ntimubabere umururazi” (Ab’i Kolosayi 3:19). Igitabu kimwe cerekana yuko ako gace ka nyuma k’ayo majambo Paulo yavuze gashobora guhindurwa mu mvugo ncakagani ngo “ntumufate nk’umuyaya” canke ngo “ntumugire umuja”. Umugabo ahahaza umugore wiwe, baba bari ukwa bonyene canke bari kumwe n’abandi bantu, mu vy’ukuri ntaba ariko agaragaza ko amubungabungana urukundo. Mu gihe afashe umugore wiwe nabi, yoshobora kwonona ubucuti afitaniye n’Imana. Intumwa Petero yandikiye abanega ati: “Mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha”c.​—1 Petero 3:7.

12. Ni igiki umunega mukirisu yokwigira ku kuntu Yezu yafata ishengero rya gikirisu?

12 Ntiwigere ufatira mu rwara urukundo umugore wawe agukunda. Numwereke ko uzoguma umukunda. Yezu yarasigiye abanega bakirisu akarorero biciye ku kuntu yafata ishengero rya gikirisu. Yari umuntu yitonda, w’umunyabuntu kandi aharira, n’igihe nyene abayoboke biwe baza baragaragaza incuro n’izindi kamere zitabereye. Ni co gituma Yezu yashoboye kubwira abandi ati: “Ni muze kuri jewe, . . . kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu” (Matayo 11:28, 29). Umunega mukirisu yigana Yezu, afata umukenyezi wiwe nka kurya nyene Yezu yafata ishengero. Umugabo vy’ukuri abungabungana urukundo umugore wiwe mu mvugo no mu ngiro, araheza agatuma uno yumva ko aruhuriwe koko.

Abakenyezi babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

13. Ni ingingo ngenderwako izihe ziri muri Bibiliya zishobora gufasha abakenyezi?

13 Bibiliya kandi irimwo ingingo ngenderwako zishobora gufasha abakenyezi. Mu Banyefeso 5:22-24, 33 (NW), havuga hati: “Abagore bayobokere abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama, kubera ko umugabo ari umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero, akaba umukiza w’uyo mubiri. Nkako, nk’uko ishengero riyobokera Kristu, abe ari ko n’abagore bayobokera abagabo babo muri vyose. . . . Umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure”.

14. Ni kubera iki ingingo ngenderwako yo mu Vyanditswe ijanye n’ivyo kuyoboka idashira hasi abakenyezi?

14 Urabona ko Paulo yashimitse cane ku kuyoboka no ku kwubaha. Umukenyezi yibutswa kuyobokera umunega wiwe. Ivyo birahuye n’indinganizo Imana yashizeho. Ikiremwa cose co mw’ijuru n’ico kw’isi usanga gifise uwo kiyobokera. Mbere na Yezu arayobokera Yehova Imana (1 Ab’i Korinto 11:3). Uca wumva rero ko umunega ayobora neza urugo rwiwe aheza agatuma umukenyezi wiwe birushiriza kumworohera kuguma amuyobokera.

15. Ni impanuro zimwezimwe izihe abakenyezi bahabwa dusanga muri Bibiliya?

15 Paulo yaravuze kandi yuko umugore “ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure”. Umukenyezi mukirisu arakwiye kugaragaza “umutima w’ubugwaneza utekereje”, ntahigishe n’ubwishime n’akantu umunega wiwe canke ngo arondere ubwigenge (1 Petero 3:4). Umukenyezi atinya Imana arakora agatama ku bw’ineza y’urugo rwiwe akongera agatera iteka uwumubereye umutwe (Tito 2:4, 5). Arihatira kuvuga neza umunega wiwe, gutyo akirinda gukora ikintu na kimwe cohava gituma abandi batubaha umunega wiwe. Vyongeye, arakora uko ashoboye kwose kugira ngo ingingo umunega wiwe aba yafashe zivemwo ivyiza.​—Imigani 14:1.

16. Ni igiki abakenyezi bakirisu bashobora kwigira ku karorero ka Sara n’aka Rebeka?

16 Kuba umukenyezi mukirisu afise umutima w’ubugwaneza utekereje ntibisobanura ko ata vyiyumviro afise yoshikiriza canke ko ivyiyumviro vyiwe bidahambaye. Abagore ba kera batinya Imana, nka Sara na Rebeka, baribwirije baraserura ivyari bibabakiye, kandi inkuru zanditse muri Bibiliya zirerekana ko Yehova yashimye ivyo bakoze (Itanguriro 21:8-12; 27:46–28:4). Abakenyezi bakirisu na bo nyene barashobora guserura iryo bagona. Ariko rero, bakwiye kubigirana icubahiro badakoresheje imvugo y’akagaye. Nta nkeka ko bazosanga ukwo guserura akari ku mutima gushobora kurushiriza kuba uguhimbaye no kugira ico kuvuyemwo.

Ico indagano y’abubatse imaze

17, 18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abanega n’abakenyezi bashobora kunanira inyosha mbi Shetani akoresha arondera gusambura umubano wabo?

17 Umubano w’abubatse ni indagano y’ibihe vyose. Ku bw’ivyo, umunega n’umukenyezi bakwiye kuba bafise icipfuzo kivuye ku mutima co gutuma umubano wabo uroranirwa. Mu gihe badaseruriranira akari ku mutima ata guhishanya birashobora gutuma ingorane zikomera kandi bikagora kuzitorera umuti. Akenshi iyo ingorane zadutse, abubakanye baca bareka guseruriranira akari ku mutima, ivyo bigatuma bagiranira inzika. Hari mbere n’abaca barondera uburyo bwo guhagarika ubucuti bafitaniye, kumbure ivyo bakabigira mu kugerageza gukundana n’uwundi muntu batubakanye. Yezu yagabishije ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe”.​—Matayo 5:28.

18 Intumwa Paulo yahanuye abakirisu bose, harimwo n’abubatse, ati: “Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro” (Abanyefeso 4:26, 27). Umwansi wacu mukuru ari we Shetani, aragerageza gufatira ku tuntu abakirisu boshobora kuba badahurizako. Ntureke ngo atsinde! Igihe hadutse ingorane, nurondere ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu Yehova abona ivy’izo ngorane ukoresheje ibitabu bishingiye kuri yo. Nimuganire ku vyo mudahurizako mwitonze kandi mudahishanya. Nukore uhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova umaze kumenya (Yakobo 1:22-25). Ku bijanye n’umubano wanyu na ho, nimwiyemeze kubandanya mugendana n’Imana uko mwubakanye, kandi ntimureke ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe kimatura ico Imana yamatanije.​—Mika 6:8.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba uruzitiro ruvuga ngo “Divorce et séparation” (Ukwahukana n’ugutandukana) ruri muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma 2002, urupapuro rwa 10, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1989, ku rupapuro rwa 14.

c Kugira ngo umugabo akwize ibisabwa vyotuma aterwa uduteka mw’ishengero rya gikirisu, ategerezwa kuba atari “umusinzi”, ni ukuvuga kutaba ari umuntu ahushura abandi canke abarya umutima akoresheje amajambo. Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1990, ku rupapuro rwa 7, uvuga uti: “Umugabo ntiyoba akwije ibisabwa mu gihe yoba akora mu buryo bushimwa n’Imana ari ahandi, ariko mu rugo rwiwe akaba ari umunyagahahazo”.​—1 Timoteyo 3:2-5, 12.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki usanga n’abakirisu bubakanye bagira ingorane?

• Umunega ashobora gute kuronsa umukenyezi wiwe ivyo akeneye, kandi yokwerekana gute ko amubungabungana urukundo?

• Umukenyezi yokora iki kugira ngo yerekane ko agirira umunega wiwe icubahiro kigera kure?

• Umunega n’umukenyezi bashobora gute gukomeza indagano yabo?

[Ifoto ku rup. 20]

Umunega akwiye kuba ari umuntu aronsa neza umukenyezi wiwe ivyo akeneye mu vy’umubiri, ariko kandi n’ivyo akeneye mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 21]

Umugabo abungabungana urukundo umugore wiwe atuma uno yumva aruhuriwe koko

[Ifoto ku rup. 23]

Abakenyezi bakirisu bakwiye guserura iryo bagona babigiranye urupfasoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika