ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/11 rup. 8-12
  • Nufashe abazimira bakaja kure y’ubusho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abazimira bakaja kure y’ubusho
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni bande bashobora kugira ico bafashije?
  • Twese turashobora kugira ico dufashije
  • Nubandanye kubagaragariza urukundo
  • “Jewe ubwanje nzorondera intama zanje”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/11 rup. 8-12

Nufashe abazimira bakaja kure y’ubusho

“Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye.”​—LUKA 15:6.

1. Yezu yerekanye gute ko ari umwungere munyarukundo?

UMWANA w’ikinege wa Yehova, ari we Yezu Kristu, yitwa “wa mwungere w’intama mukuru.” (Heb. 13:20) Ivyanditswe vyari vyaravuze ibijanye n’ukuza kwiwe, vyongera birerekana ko yari we Mwungere adasanzwe yarondeye “intama zazimiye” za Isirayeli. (Mat. 2:1-6; 15:24) N’ikindi kandi, nk’uko umwungere bwungere yoshobora guheba ubuzima bwiwe kugira ngo akingire intama ziwe, Yezu yarapfuye kugira ngo abere inkuka y’incungu abantu bameze nk’intama bohavuye bungukira kuri iyo nkuka yatanze.​—Yoh. 10:11, 15; 1 Yoh. 2:1, 2.

2. Ni ibiki vyoshobora kuba vyaratumye abakirisu bamwebamwe bahororokerwa?

2 Ikibabaje ni uko hari abasa n’abari barahaye agaciro inkuka Yezu yatanze bongera bariyegurira Imana, ubu batacifatanya n’ishengero rya gikirisu. Ugucika intege, ingorane z’amagara canke ibindi bintu, vyoshobora kuba vyaragabanije umwete bari bafise, bituma bahororokerwa. Ariko rero, igihe baba bari mu bagize ubusho bw’Imana ni ho honyene bashobora kugira kwa gutekanirwa n’uguhimbarwa Dawidi yavuga muri Zaburi ya 23. Nk’akarorero, yaririmvye ati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.” (Zab. 23:1) Abo mu busho bw’Imana nta kintu na kimwe babura mu buryo bw’impwemu, ariko ukwo si ko bimeze ku ntama zazimiye. Ni bande none bashobora kuzifasha? Boshobora kuzifasha gute? Ni igiki neza na neza coshobora gukorwa kugira ngo zifashwe kugaruka mu busho?

Ni bande bashobora kugira ico bafashije?

3. Yezu yerekanye gute ico bisaba kugira ngo intama yatakaye ikaja kure y’iragiriro ry’Imana itabarwe?

3 Bisaba ko hagirwa utwigoro dukomeye kugira ngo intama yatakaye ikaja kure y’iragiriro ry’Imana itabarwe. (Zab. 100:3) Yezu yarabitangiye akarorero igihe yavuga ati: “Hamwe umuntu yoba afise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntazosiga none zimwe mirongo icenda n’icenda ku misozi hanyuma akaja kurondera imwe yazimira? Kandi bishitse akayitora, ndababwiye ukuri yuko anezerwa kubera yo kuruta zimwe mirongo icenda n’icenda zitazimiye. Na Data ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoya apfa.” (Mat. 18:12-14) Ni bande none bashobora gufasha abantu bameze nk’intama zazimiye zikaja kure y’ubusho?

4, 5. Abakurambere bakwiye kugaragaza agatima akahe ku bijanye n’ubusho bw’Imana?

4 Niba abakurambere bakirisu bashaka gufasha intama zazimiye, bategerezwa kuguma bibuka yuko ubusho bw’Imana ari ishengero rigizwe n’abantu biyeguriye Yehova, emwe, ko ari “intama [z’agaciro] zo mu cibare” c’Imana. (Zab. 79:13) Mwene izo ntama twikundira zirakeneye kwitwararikanwa ikibabarwe, kandi ivyo bisobanura yuko abungere banyarukundo bategerezwa kuzitwararika imwimwe ku giti cayo. Kuzigendera cungere nk’abagenzi bazo birashobora kuba ngirakamaro cane. Indemesho ziranga urukundo umwungere aha izo ntama, zoshobora kuzubaka mu vy’impwemu kandi zigakomeza icipfuzo zifise co kugaruka mu busho.​—1 Kor. 8:1.

5 Abungere b’ubusho bw’Imana bajejwe ibanga ryo kurondera intama zazimiye maze bakagerageza kuzifasha. Intumwa Paulo yaribukije abakurambere bakirisu bo muri Efeso ya kera ibijanye n’ibanga bari bajejwe ry’ukuragira intama igihe yavuga ati: “Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi, ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo bwite.” (Ibik. 20:28) N’intumwa Petero yarahimirije abagabo b’inararibonye basizwe ati: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; atari ku bw’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye; atari nko mu gukandamiza abari intoranwa y’Imana, ahubwo mu gucika uburorero ku busho.”​—1 Pet. 5:1-3.

6. Ni kubera iki intama z’Imana zikeneye bimwe bidasanzwe kwitwararikwa n’abungere muri iki gihe?

6 Abungere bakirisu barakwiye kwigana Yezu, we “mwungere mwiza.” (Yoh. 10:11) Yaritwararika bimwe bigera kure intama z’Imana kandi yarashimitse ku kuntu bihambaye ko zitwararikwa igihe yabwira Simoni Petero ngo ‘naragire intama ziwe ntonto.’ (Soma Yohani 21:15-17.) Izo ntama zirakeneye kwitwararikwa bimwe bidasanzwe muri iki gihe, kubera ko wa Mubesheranyi yongereje utwigoro agira ngo asenyure ukutadohoka kw’abiyeguriye Imana. Shetani arafatira ku bugoyagoye bwacu bw’umubiri akongera agakoresha isi kugira ngo agerageze gutuma intama za Yehova zisuka mu bikorwa bibi. (1 Yoh. 2:15-17; 5:19) Abahororokewe ni bo canecane babangamirwa, bakaba rero bakeneye gufashwa kugira ngo bashire mu ngiro impanuro idusaba ‘kugenda twisunga impwemu.’ (Gal. 5:16-21, 25) Gufasha mwene izo ntama bisaba kwiheka ku Mana biciye mw’isengesho, kuyoborwa n’impwemu yayo be n’ugukoresha Ijambo ryayo tubigiranye ubuhanga.​—Imig. 3:5, 6; Luka 11:13; Heb. 4:12.

7. Abakurambere babona ko kuragira abantu bameze nk’intama bajejwe bihambaye ku rugero rungana iki?

7 Umwungere wo muri Isirayeli ya kera yakoresha inkoni ndende yigonze ku mutwe, canke inkoni y’inyobozo, kugira ngo ayobore ubusho bwiwe. Mu gihe intama zaba ziriko zirinjira mu ruhongore canke zisohoka, ‘zaca munsi y’iyo nkoni y’inyobozo,’ gutyo uwo mwungere agashobora kuziharura. (Lew. 27:32, NW; Mika 2:12; 7:14) Umwungere mukirisu na we nyene arakeneye kumenya neza ubusho bw’Imana ajejwe no kuguma azi neza ingene umwe wese mu babugize amerewe. (Gereranya n’Imigani 27:23.) Ku bw’ivyo rero, kuragira ubusho ni kimwe mu bibazo bihambaye inama y’abakurambere yama irimburira hamwe. Ivyo birimwo n’ivyo kugira indinganizo zo gufasha intama zazimiye. Yehova ubwiwe yaravuze yuko yorondeye intama ziwe kandi akitwararika ivyo zari zikeneye. (Ezk. 34:11) Ni co gituma Imana ihimbarwa igihe abakurambere bagize akigoro nk’ako, barondera gufasha intama zazimiye kugira ngo zigaruke mu busho.

8. Ni mu buryo ubuhe abakurambere bashobora kwitwararika intama imwimwe ku giti cayo?

8 Igihe umwungere w’ubusho bw’Imana agendeye uwo dusangiye ukwizera akitswe n’amagara, birashobora kuba isôko ry’umunezero n’indemesho. Ukwo ni ko nyene bishobora kugenda igihe intama irwaye mu vy’impwemu yitwararitswe ku giti cayo. Igihe abakurambere baba bari kumwe n’uwahororokewe, boshobora gusoma ivyanditswe binaka, gusuzuma ikiganiro kinaka, kuganira ku vyiyumviro nyamukuru vyashikirijwe kw’ikoraniro rinaka, gutura isengesho, n’ibindi. Barashobora kumusigurira yuko abagize ishengero bohimbarwa cane no kumubona asubiye kwitaba amakoraniro y’ishengero. (2 Kor. 1:3-7; Yak. 5:13-15) Kumugendera, kumuterefona canke kumwandikira agakete birashobora gufasha cane! Igihe umwungere mukirisu afise ikibabarwe afashije intama itakiboneka mu busho, birashobora kandi gutuma na we nyene arushiriza kugira umunezero.

Twese turashobora kugira ico dufashije

9, 10. Ni kubera iki wovuga yuko ivyo kwitwararika intama yazimiye bitaraba abakurambere gusa?

9 Tubayeho mu bihe bitoroshe kandi usanga ducurumba muri vyinshi ku buryo bishoboka ko twosanga tutamenye yuko hari uwo dusangiye ukwizera ariko aragenda akayombekere ava mw’ishengero. (Heb. 2:1) Yamara rero, intama za Yehova ni iz’agaciro mu nyonga ziwe. Imwe yose muri zo irafise agaciro, nka kurya kw’igihimba kimwekimwe cose c’umubiri w’umuntu. Ni co gituma twese dukeneye kwerekana ko twitwararika abavukanyi bacu kandi ko tubabarana vy’ukuri. (1 Kor. 12:25) Woba ufise agatima nk’ako?

10 Naho abakurambere ari imboneza mu vyo kurondera no gufasha intama zazimiye, kwitwararika abo dusangiye ukwizera bahororokewe si igikorwa cega abacungezi bakirisu gusa. Abandi bakirisu barashobora gusenyera ku mugozi umwe n’abo bungere. Turashobora kandi turakwiye kuremesha no gufasha mu buryo bw’impwemu abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakeneye gufashwa kugira ngo bagaruke mu busho. None twobafasha gute?

11, 12. Woshobora gute guterwa agateka ko gusahiriza uwukeneye gufashwa mu vy’impwemu?

11 Mu bihe bimwebimwe, abakurambere boshobora gutunganya ivy’uko abamamaji b’Ubwami bazi utuntu n’utundi bagirira inyigisho ya Bibiliya abahororokewe bagaragaje ko bipfuza gufashwa. Intumbero y’utwo twigoro ni iyo kuvyurira mwene abo bantu ‘urukundo bari bafise ubwa mbere.’ (Ivyah. 2:1, 4) Abo bantu dusangiye ukwizera barashobora kwubakwa no gukomezwa mu vy’impwemu biciye ku kurimbura amayagwa aba yarabacitse igihe batifatanya n’ishengero.

12 Niba abakurambere bagusavye kwigana n’uwo dusangiye ukwizera akeneye gufashwa ku rugero runaka mu vy’impwemu, nusenge usaba ko Yehova yoyobora kandi agahezagira utwigoro ugira. Nkako, “[n]uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, ni ho imigabo yawe izokomera.” (Imig. 16:3) Nuzirikane ku mirongo yo muri Bibiliya no ku vyiyumviro bikomeza ukwizera uzokoresha mu biyago uzogirana n’abo bakeneye gufashwa mu vy’impwemu. Nuzirikane ku karorero keza cane intumwa Paulo yatanze. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Paulo yaracambirwa kubona abakirisu b’i Roma kugira ngo abahe ingabirano y’ivy’impwemu maze bashobore kugirwa abashikamye. Vyongeye yari ashashaye guhanahana indemesho na bo. None ntidukwiye kugira agatima nk’ako nyene igihe tuba turiko turarondera gufasha intama yazimiye ikaja kure y’ubusho bw’Imana?

13. Ni ibiki woshobora kuganira n’uwahororokewe?

13 Igihe uganira na we, woshobora kumubaza uti: “Mbega harya wamenye ukuri gute?” Nimuyage n’uwo muntu yahororokewe ku bintu vyamuteye umunezero muri kahise, umuremeshe akwiganire ibintu bihimbaye yiboneye ku makoraniro, mu gikorwa co kwamamaza be no ku mahwaniro. Nugire ico uvuze ku bihe biteye umunezero mushobora kuba mwaraciyemwo muri kumwe mu murimo wa Yehova. Nuvuge ibijanye n’umunezero ugira mu kwiyegereza Yehova. (Yak. 4:8) Niwerekane ko ukenguruka uburyo Imana itwitwararika uko turi abasavyi bayo, na canecane mu kuturonsa uruhoza n’icizigiro mu makuba ducamwo.​—Rom. 15:4; 2 Kor. 1:3, 4.

14, 15. Ni imihezagiro iyihe abahororokewe bigeze kuronka vyoshobora kuba ngirakamaro cane tubibukije?

14 Birashoboka rwose ko bizoba ngirakamaro wibukije uwahororokewe imihezagiro imwimwe yigeze kuba yironkera igihe yari acifatanya cane n’ishengero. Nk’akarorero, yararonse umuhezagiro wo kurushiriza kumenya vyinshi ku vyerekeye Ijambo ry’Imana n’imigambi yayo. (Imig. 4:18) Igihe ‘yagenda yisunga impwemu,’ nta gukeka ko vyamworohera cane gutsinda ivyamwosha gukora icaha. (Gal. 5:22-26) Ivyo vyatuma agira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi ryamushoboza kwiyegereza Yehova mw’isengesho no kugira ‘amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose kandi arinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira.’ (Flp. 4:6, 7) Nufate nka nkama ivyo vyiyumviro, werekane ko witwararika ata buryarya umuvukanyi canke umuvukanyikazi wawe, kandi uko bishoboka kwose umuremeshe ubigiranye urukundo kugira ngo agaruke mu busho.​—Soma Abafilipi 2:4.

15 Dufate ko uri umukurambere ukaba uriko uragendera cungere abahororokewe. Woshobora kuremesha umugabo n’umugore bubakanye ngo bazirikane ku bijanye n’igihe bamenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ari bwo bwa mbere. Ese ukuntu ukwo kuri kwari kwiza igitangaza, gutegereka, kweza umutima kandi kukaba kwarabahaye umwidegemvyo wo mu vy’impwemu! (Yoh. 8:32) Ese ukuntu imitima yabo yuzuye ugukenguruka ku bijanye n’ivyo bariko bariga ku vyerekeye Yehova, urukundo rwiwe be n’imigambi yiwe myiza cane! (Gereranya na Luka 24:32.) Nubibutse ubucuti somambike abakirisu biyeguye bafitaniye na Yehova be n’agateka keza igitangaza batewe ko kumutura amasengesho. Nuremeshe abo bahororokewe ushimitse kugira ngo basubire kwakira neza “inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe,” Yehova.​—1 Tim. 1:11.

Nubandanye kubagaragariza urukundo

16. Tanga akarorero kerekana ko utwigoro two gufasha abandi mu vy’impwemu turi n’ico tuvamwo koko.

16 Izo nama twagiriwe zoba vy’ukuri ari ngirakamaro? Ego cane. Nk’akarorero, umusore umwe yatanguye kuba umwamamaji w’Ubwami agifise imyaka 12, vyarashitse arahororokerwa afise imyaka 15. Ariko, mu nyuma yarasubiye kuba umunyamwete kandi ubu aramaze imyaka irenga 30 mu murimo w’igihe cose. Kuba yarasubiye gutora agatege mu vy’impwemu ahanini abikesha imfashanyo yahawe n’umukurambere mukirisu umwe. Ese ukuntu akenguruka cane iyo mfashanyo yo mu buryo bw’impwemu yahawe!

17, 18. Ni kamere izihe zizogufasha gusahiriza umuntu yazimiye akaja kure y’ubusho bw’Imana?

17 Urukundo ni rwo ruvyurira abakirisu umutima wo gufasha abahororokewe kugira ngo bagaruke mw’ishengero. Ku bijanye n’abayoboke biwe, Yezu yavuze ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Ego cane, urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri. None urwo rukundo nyene si rwo rukwiye kugaragarizwa abakirisu babatijwe boshobora kuba barahororokewe? Nta gukeka ko ari ko bikwiye kumera! Ariko rero, kugira ngo turonse abahororokewe imfashanyo bakeneye, hari aho vyosaba ko tugaragaza kamere zishimwa n’Imana zitandukanye.

18 Ni kamere izihe ukwiye kugaragaza kugira ngo ufashe umuntu yazimiye akaja kure y’ubusho bw’Imana? Uretse urukundo, hari aho wokenera kugira impuhwe, ubuntu, ubwitonzi be n’ukwiyumanganya. Bivanye n’uko ibintu biba vyifashe, hari aho kandi wokenera kuba uwuharira abandi. Paulo yanditse ati: “Nimwambare ikibabarwe c’impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mushishikare kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko na Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko ari umugozi utunganye wunga ubumwe.”​—Kol. 3:12-14.

19. Ni kubera iki ari ngirakamaro kugira akigoro ko gufasha abantu bameze nk’intama kugira ngo bagaruke mu ruhongore rwa gikirisu?

19 Ikiganiro c’ukwiga gikurikira co muri iyi nomero kiraza kurimbura imvo zituma bamwebamwe bazimira bakaja kure y’ubusho bw’Imana. Vyongeye, kiraza kwerekana ingene ababa bagarutse bashobora kwitega ko bakirwa. Igihe uriko wiga ico kiganiro wongera uzirikana no kuri iki, numenye neza yuko akigoro ako ari ko kose ugira urondera gufasha abameze nk’intama kugira ngo bagaruke mu ruhongore rwa gikirisu atari ak’impfagusa. Mw’isi ya kino gihe, abantu benshi usanga bamara ubuzima bwabo nka bwose bariko baragerageza kwirundaniriza ubutunzi, ariko ubuzima bw’umuntu umwe gusa burafise agaciro kanini cane kuruta amahera yose yo kw’isi. Yezu yarashimitse kuri ico kintu mu kigereranyo yatanze kijanye n’intama yazimiye. (Mat. 18:12-14) Ese wogumiza ku muzirikanyi ico ciyumviro uko wihata ubigiranye umwete kandi udatebaganye kugira ngo ufashe abantu bameze nk’intama Yehova yikundira bazimiye kugira ngo bagaruke mu busho!

Wokwishura gute?

• Ni ibanga irihe abungere bakirisu bajejwe ku vyerekeye abantu bameze nk’intama bazimiye bakaja kure y’ubusho?

• Woshobora gute gufasha abantu ubu batacifatanya n’ishengero?

• Ni kamere izihe zishobora kugufasha gusahiriza abazimiye bakaja kure y’ubusho?

[Ifoto ku rup. 10]

Abungere bakirisu barihata babigiranye urukundo kugira ngo bafashe abazimiye bakaja kure y’ubusho bw’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika