Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
“Tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.”—YOH. 6:68.
1. Petero yavuze iki igihe abigishwa benshi baheba gukurikira Yezu?
IGIHE kimwe, abigishwa benshi ba Yezu Kristu barahevye kumukurikira kubera ko bari banse imwe mu nyigisho ziwe. Yaciye abaza intumwa ziwe ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?” Petero yaciye yishura ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.” (Yoh. 6:51-69) Nta handi bari kuja. Ico gihe, idini ry’Abayuda nta “majambo y’ubuzima budahera” ryari rifise, kandi muri kino gihe, nta gukeka ko mwene ayo majambo tudashobora kuyasanga muri Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Kuri uwo wese yazimiye akaja kure y’ubusho bw’Imana ariko akaba yipfuza guhimbara Yehova, “igihe [kira]shitse co kwikangura” no kugaruka mu ruhongore.—Rom. 13:11, Bibiliya Yera.
2. Ni igiki umuntu yogumiza ku muzirikanyi ku vyerekeye ibintu yagize akabanga canke vyosaba ko vyicarirwa na komite ncarubanza?
2 Yehova yaragaragaje ko yitwararika intama za Isirayeli zari zazimiye. (Soma Ezekiyeli 34:15, 16.) Mu buryo busa n’ubwo, abakurambere bakirisu barafise icipfuzo co gufasha uwumeze nk’intama yazimiye akaja kure y’ubusho kandi iryo ni ibanga bajejwe. Bishitse umwamamaji agashingwa ibanga ryo kwigana Bibiliya n’umuntu yahororokewe yipfuza gufashwa, ni igiki cokorwa igihe uwo mwamamaji yomenya ko uwo muntu yakoze icaha gikomeye? Uwo mwamamaji ntiyoca amuhanura ku bijanye n’ikintu ico ari co cose vyosaba ko cicarirwa na komite ncarubanza canke ico yoba yaragize akabanga; ahubwo riho akwiye kumugira inama yo kubiyaga n’abakurambere. Aramutse atabigize, uwo mwamamaji ubwiwe akwiye guca abimenyesha abakurambere.—Lew. 5:1; Gal. 6:1.
3. Wa mugabo yari afise intama 100, yavyifashemwo gute igihe yatora imwe yari yatakaye?
3 Mu kiganiro c’imbere y’iki, havuzwe ibijanye n’ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umuntu yari afise intama 100. Igihe yabona ko hariho imwe itakiri mu ruhongore, yaciye asiga zimwe 99, maze aja kurondera iyo yari yatakaye. Ese ingene uwo muntu yanezerewe igihe yayitora! (Luka 15:4-7) Na twebwe turagira mwene uwo munezero nyene igihe imwe mu ntama z’Imana yahororokewe, iba igarutse. Abakurambere be n’abandi bagize ishengero boshobora kuba bamaze kugendera uwahororokewe babitumwe n’urukundo bamukunda. Na bo nyene baba bipfuza kubona uwo muntu agarutse mu busho kugira ngo Imana imushigikire, imukingire yongere imuhezagire. (Gus. 33:27; Zab. 91:14; Imig. 10:22) Bishitse bakaronka akaryo ko gufasha umuntu kugira ngo agaruke mw’ishengero, ni igiki bashobora gukora?
4. Ni igiki dushobora gutahura twisunze Abagalatiya 6:2, 5?
4 Kumbure barashobora kuremesha umuntu kugaruka mw’ishengero, bakamwereka babigiranye umutima mwiza yuko Yehova akunda intama ziwe be n’uko atadusaba ibirenze ivyo dushobora gukora. Ivyo birimwo kwiga Ivyanditswe, kwitaba amakoraniro ya gikiristu be no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Hari aho wosanga bibereye ko musoma mu Bagalatiya 6:2, 5 maze mukerekana ko abakirisu bashobora gufashanya mu kwikoreranira imizigo, ariko ko “umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite” ku bijanye n’amabanga yo mu vy’impwemu tujejwe. Nta n’umwe ashobora kuja mu kibanza cacu ngo atubere umwizigirwa ku Mana.
“Amaganya y’ubuzima” yoba ari yo yatumye bahororokerwa?
5, 6. (a) Ni kubera iki bihambaye ko dutega yompi igihe abo dusangiye ukwizera bahororokewe baserura iryo bagona? (b) Woshobora gute gufasha abahororokewe kugira ngo babone yuko hari ico batakaje kubera ko batacifatanya n’abasavyi b’Imana?
5 Kugira ngo abakurambere be n’abandi bamamaji bahumuye bamenye neza ingene bofasha abo basangiye ukwizera bahororokewe, barakeneye gutega yompi igihe mwene abo bantu baserura akari ku mutima. Dufate ko uri umukurambere agendeye abubakanye batakiboneka mw’ishengero kubera “amaganya y’ubuzima” yatumye bahororokerwa. (Luka 21:34) Hari aho ingorane z’ivy’ubutunzi canke amabanga yo mu muryango aguma yongerekana vyoba vyaratumye bahororokerwa mu vy’impwemu. Boshobora kwumva ko bakeneye kuba baramira amate gatoyi, mugabo vyoba vyiza uberetse ko ukwigungira ukwa bonyene atari wo muti. (Soma Imigani 18:1.) Woshobora kubabaza ubigiranye ubugenge uti: “Umunezero wanyu woba warongerekanye kuva aho muhagarikiye kwitaba amakoraniro? Ubuzima bwanyu bwo mu rugo bwoba bwararushirije kuba bwiza? Umunezero wa Yehova woba ukiri inkomezi zanyu?”—Neh. 8:10.
6 Kuzirikana kuri mwene ivyo bibazo vyoshobora gufasha abahororokewe kubona ko, bitumwe n’uko batacifatanya n’ishengero, ubu batagifise kamere zo mu vy’impwemu be n’umunezero bahorana. (Mat. 5:3; Heb. 10:24, 25) Vyoshoboka ko ubafasha gutahura yuko kuba bararetse kwamamaza inkuru nziza vyatumye batakaza umunezero. (Mat. 28:19, 20) Ni ikintu ikihe none kiranga ubukerebutsi abo bantu bokora?
7. Abazimiye bakaja kure y’ubusho twobaremesha gukora iki?
7 Yezu yavuze ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa no kurira agahokero no kunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima . . . Mugume muri maso rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba.” (Luka 21:34-36) Abazimiye bakaja kure y’ubusho ariko bakaba bipfuza gusubira kugira umunezero bahorana, barashobora kuremeshwa gusenga basaba impwemu nyeranda be n’imfashanyo Imana itanga maze bagakora bahuza n’amasengesho batura.—Luka 11:13.
Hoba hari icabatsitaje?
8, 9. Umukurambere yoshobora gute kuzirikana n’umuntu aba yaratsitajwe n’ikintu kinaka?
8 Bitumwe n’uko abantu ari abanyagasembwa, birashika hakaba ukudahuza hagati yabo kandi ivyo vyoshobora gutsitaza umuntu. Hari abatsitajwe no kubona umuntu afise amabanga mw’ishengero akoze ibidashimwa n’Imana. Niba mwene ico kintu ari co catsitaje uwo muntu yahororokewe, igihe umukurambere amugendeye, yomwereka neza ko Yehova ata muntu n’umwe atsitaza. None ni kubera iki umuntu yoca ahagarika ubucuti afitaniye n’Imana be n’abasavyi bayo? Ahubwo nyabuna, uwo muntu ntiyari akwiye kuguma asukurira Imana, yizigiye yuko “Umucamanza w’isi yose” azi ivyabaye kandi ko azotunganya ibintu mu buryo bubereye? (Ita. 18:25; Kol. 3:23-25) Bishitse umuntu agatsitara butsitare maze akagwa, nawe nu ntiyoca aguma yiryamiye, ntaninanate ngo avyuke.
9 Igihe umukurambere agira utwigoro kugira ngo afashe abahororokewe, yoshobora kuvuga yuko, uko igihe kigenda kirahaca, hari abasanze ivyari vyarabatsitaje bisa n’ibitagihambaye cane. Nkako, hari aho icatumye bareka gusukurira Yehova kitoba kikiriho. Igihe umuntu atsitajwe n’uko yatojwe indero, kuzirikana abijanishije n’isengesho vyoshobora gutuma yemera ko we ubwiwe hari ukuntu vyari bikenewe ko atozwa iyo ndero kandi ko atari akwiye kureka ngo ivyo bimutsitaze.—Zab. 119:165; Heb. 12:5-13.
Vyoba vyatumwe n’ukutemera inyigisho yinaka?
10, 11. Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe bwoshobora kuba ngirakamaro igihe ugerageza gufasha umuntu yatahuye ukundi inyigisho yinaka yo muri Bibiliya?
10 Hari aboba baravuye mu busho bw’Imana kubera yuko batemeye inyigisho yinaka yo mu Vyanditswe. Abisirayeli bari bavuye mu buja bwo mu Misiri ‘baribagiye ibikorwa’ Imana yabakoreye, maze ‘ntibarorera ko ishitsa imigabo yayo.’ (Zab. 106:13) Vyoshobora kuba ngirakamaro uwo yahororokewe yibukijwe ko “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ariko aratanga imfungurwa zo mu vy’impwemu zinoboye. (Mat. 24:45) Ukwo ni na ko vyari vyifashe igihe uwo muntu yatangura kwiga ukuri. Ni kubera iki none atogira umwiyemezo wo gusubira kugendera mu kuri?—2 Yoh. 4.
11 Igihe umukurambere yihata kugira ngo afashe abazimiye bakaja kure y’ubusho bw’Imana, yoshobora gufatira kuri ba bigishwa ba Yezu bamuta kubera bari banse imwe mu nyigisho ziwe. (Yoh. 6:53, 66) Bivanye n’uko baretse kwifatanya na Kristu hamwe n’abayoboke biwe b’abizigirwa, bararetse guha agaciro ivy’impwemu bongera baratakaza umunezero bari bafise. Abaretse kwifatanya n’ishengero rya gikiristu, boba bararonse ahandi hantu bokura imfungurwa zo mu vy’impwemu zinuze? Habe namba, kubera yuko ata handi habaho!
Vyoba vyatumwe n’icaha gikomeye bakoze?
12, 13. Niba umuntu yazimiye akaja kure y’ubusho yiyemereye yuko yakoze icaha gikomeye, vyoshoboka gute ko afashwa?
12 Abantu bamwebamwe barahagarika kwamamaza no kwitaba amakoraniro kubera ko baba barakoze icaha gikomeye. Hari aho boba biyumvira ko baramutse baturiye abakurambere icaha bakoze, boca bacibwa mw’ishengero. Ariko rero, ntibashobora kwirukanwa mw’ishengero niba barahevye gukora ico kintu Ivyanditswe vyiyamiriza, kandi bakaba barigaye vy’ukuri. (2 Kor. 7:10, 11) Ahubwo riho, bazohabwa ikaze ngo bagaruke, kandi abakurambere bazobaronsa imfashanyo yo mu vy’impwemu bakeneye.
13 Niba uri umwamamaji w’Ubwami ahumuye yashinzwe gufasha umuntu yahororokewe, ni ibiki ukwiye gukora bishitse akakubwira yuko yigeze gukora icaha gikomeye? Nk’uko twabibonye mu ntango, aho kuvyinjiramwo wewe ubwawe, numuhimirize nyabuna aje kubibwira abakurambere. Niba na ho adashaka kubibabwira, uzoba ugaragaje ko witwararika izina rya Yehova be n’ukumererwa neza kw’ishengero mu vy’impwemu niwisunga ubuyobozi Imana itanga ku bijanye n’ibibazo mwene ivyo. (Soma Abalewi 5:1.) Abakurambere ni bo bazomenya ingene bofasha umuntu wese yipfuza kugaruka no kubaho ahuza n’ivyo Imana igomba. Ugutozwa indero kurangwa urukundo kwoshobora kuba ngombwa. (Heb. 12:7-11) Niba uwo muntu yemera neza yuko yacumuye ku Mana, akaba yarahagaritse ivyo kwisuka mu bikorwa bibi kandi akaba yarigaye vy’ukuri, abakurambere bazomufasha, kandi arashobora guharirwa na Yehova.—Yes. 1:18; 55:7; Yak. 5:13-16.
Ukugaruka kw’umwana gutuma haba umunezero
14. Mu majambo yawe bwite, niwigane ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umwana w’icangazi.
14 Igihe uwashinzwe gufasha intama yazimiye arondera ingene yoyisahiriza, yoshobora gufatira ku kigereranyo Yezu yatanze dusanga muri Luka 15:11-24. Muri uwo mugani, umuhungu muto arasesagura umugabane wiwe mu kubaho ata co yibanga. Arahava akazinukwa ingendo yiwe yo kubaho mu buhumbu yari amaze igihe arimwo. Inzara iri mu kumwica, arakumbuye cane ab’iwabo, kandi yamaze gufata ingingo yo gusubira i muhira! Akiri kure, se wiwe aramubona, akiruka maze akamurwa mw’izosi, akamugumbira n’ikigumbagumba cinshi kandi yuzuye umunezero. Kuzirikana kuri uwo mugani vyoshobora gutuma uwo yahororokewe agaruka mu ruhongore. Kubera yuko ivy’iyi si vuba bigiye kuranduranwa n’imizi, akwiye ‘kugaruka’ mu maguru masha mw’ishengero, aho twovuga ko ari i muhira.
15. Ni kubera iki bamwebamwe biyonjorora bakava mw’ishengero?
15 Abenshi mu biyonjorora bakava mw’ishengero ntibameze neza na neza nka wa mwana w’icangazi. Kuri bamwe, ivyo guhororokerwa biza bukebuke, nka kurya nyene ubwato bureremba ku mazi usanga bukebuke bwamaze kugera kure y’i musozi. Abandi usanga baremerwa cane n’amaganya y’ubuzima ku buryo basigara batacitaho ivy’impwemu. Abandi na bo barareka ubwabo bagatsitazwa n’uwo bari kumwe mw’ishengero, canke bagahororokerwa kubera batemera inyigisho yinaka ishingiye ku vyanditswe. Hari n’abandi bakeyi usanga bisutse mu bintu Ivyanditswe vyiyamiriza. Yamara rero, ivyiyumviro vyashikirijwe kuri kimwekimwe muri ivyo bintu, vyoshobora kubafasha gusahiriza abataye uruhongore babitumwe n’izo mvo canke izindi kugira ngo bagaruke amazi atararenga inkombe.
“Kibondo, urahawe ikaze i muhira!”
16-18. (a) Umukurambere umwe yafashije gute umuvukanyi yari amaze imyaka n’iyindi yarahororokewe? (b) Ni igiki catumye uwo muvukanyi ahororokerwa, yafashijwe gute, kandi ishengero ryamwakiriye gute?
16 Umukurambere mukirisu umwe avuga ati: “Inama y’abakurambere yo mw’ishengero iwacu iritwararika cane kugendera ababa barahororokewe. Narazirikanye ku bijanye n’umuvukanyi umwe twari twarigeze kwigana Bibiliya maze ndamufasha kumenya ukuri. Yaramaze imyaka nka 25 yarahororokewe kandi yariko arashikirwa n’ibintu bigoye cane, maze ndamusigurira ukuntu ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyoshoboye kumufasha. Haciye igihe, yaratanguye kuza ku Ngoro y’Ubwami, maze aremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya kugira ngo akomeze umwiyemezo yari afise wo kugaruka mu busho.”
17 Ni igiki catumye uwo muvukanyi ahororokerwa? Yiyemerera ati: “Natanguye gushira cane umutima ku bintu vyo muri ino si kuruta ivy’impwemu. Mu nyuma narahagaritse kwiyigisha, kuja mu ndimiro no kwitaba amakoraniro. Nahavuye kandi ntangura kubona ko ntakiri mu bagize ishengero rya gikirisu. Ariko rero, narafashijwe kugaruka biciye ku kuntu uwo mukurambere ubwiwe yanyitwararitse ata buryarya.” Ingorane uwo muvukanyi yari afise zaratanguye kugabanuka inyuma y’aho yemereye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Avuga ati: “Naratahuye yuko ico nari mbuze mu buzima bwanje rwari urukundo be n’ubuyobozi biva kuri Yehova be n’ishirahamwe ryiwe.”
18 None uwo muvukanyi yakiriwe gute mw’ishengero? Avuga ati: “Numva meze nka wa mwana w’icangazi Yezu yavuga. Nkako, umwe mu bavukanyikazi bageze mu zabukuru yari amaze imyaka 30 muri iryo shengero kandi akaba yari agisukurira Yehova adahemuka, yambwiye ati: ‘Kibondo, urahawe ikaze i muhira!’ Ivyo vyarankoze ku mutima koko. Mu vy’ukuri nari ngarutse i muhira. Vyongeye, ndashaka guserura ukuntu nkenguruka bimwe bivuye ku mutima urukundo, igishika, ukwihangana, be n’ubwitwararitsi uwo mukurambere be n’abagize ishengero bose bangaragarije. Urukundo bakunda Yehova be na bagenzi babo, vy’ukuri rwaramfashije kugaruka mu busho.”
Tubahimirize kugira ico bakoze badatevye!
19, 20. Ushobora gute kuremesha abahororokewe kugira ngo bagaruke mu busho mu maguru masha, kandi ushobora gute kubereka ko Imana itatwitegako ivyo tudashoboye?
19 Tubayeho mu misi ya nyuma, kandi iherezo ry’ivy’isi ya none riregereje. Ku bw’ivyo, nuremeshe abahororokewe kugira ngo bitabe amakoraniro ya gikirisu. Nubahimirize gutangura kuyitaba badatevye. Nubereke yuko Shetani ariko aragerageza kwonona ubucuti bafitaniye n’Imana be no gutuma biyumvira ko ukuruhurirwa imizigo y’ubuzima bashobora kubishikako bahevye ugusenga kw’ukuri. Urashobora kubakura amazinda yuko kuba abayoboke b’intahemuka ba Yezu ari vyo vyonyene bishobora gutuma bumva baruhuriwe vy’ukuri.—Soma Matayo 11:28-30.
20 Niwibutse abahororokewe yuko Imana yitega ko dukora ivyo dushoboye. Igihe mushiki wa Lazaro Mariya yanebagurwa kubera ko yari asize Yezu amavuta amota y’igiciro kinini gatoyi imbere y’uko apfa, Yezu yavuze ati: “Mureke. . . . Yakoze ivyo ashoboye.” (Mrk. 14:6-8) Yezu yarashemagije wa mupfakazi w’umukene yatanze intererano y’udufaranga dukeyi cane ku rusengero. Na we nyene yakoze ivyo yari ashoboye. (Luka 21:1-4) Abenshi muri twebwe barashoboye kwitaba amakoraniro ya gikirisu be no kugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami. Benshi mu bahororokewe, barashobora gukora nk’ukwo nyene babifashijwemwo na Yehova.
21, 22. Abagaruka kuri Yehova ushobora kubakura amazinda ku biki?
21 Igihe uwumeze nk’intama yazimiye akaja kure y’ubusho yoba yumva ubwoba bwo gusubira kubonana n’abavukanyi biwe, woshobora kumwibutsa umunezero wahabaye igihe wa mwana w’icangazi yagaruka i muhira. Abagaruka mw’ishengero baratuma haba umunezero nk’uwo. Nubaremeshe kugira ico bakoze badatebaganye kugira ngo barwanye wa Mubesheranyi, maze biyegereze Imana.—Yak. 4:7, 8.
22 Abagaruka kuri Yehova biteganywe umunezero mwinshi. (Int. 3:40) Nta gukeka ko ivyo bari bariboneye mu murimo w’Imana vyabazaniye umunezero mwinshi. Abagaruka mu busho mu maguru masha bazokwironkera imihezagiro itovugwa!
Wokwishura gute?
• Woshobora gute gufasha umukirisu yatsitaye agaca ahororokerwa?
• Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe bwofasha umuntu yataye ubusho bw’Imana kubera ukuntu we ubwiwe yatahuye inyigisho yinaka?
• Vyoshoboka gute ko ufasha umuntu akigonanwa ku bijanye n’ukugaruka mw’ishengero?
[Ifoto ku rup. 13]
Nutege yompi igihe uwo musangiye ukwizera yahororokewe aserura akari ku mutima
[Ifoto ku rup. 15]
Kuzirikana ku kigereranyo Yezu yatanze c’umwana w’icangazi vyoshobora gutuma bamwebamwe bagaruka mu busho