ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/12 rup. 7-11
  • Woba uzogumya ugutungana kwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uzogumya ugutungana kwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Dushobora gute kuba abantu bafise ugutungana?
  • Dushobora gute kuzigama ugutungana kwacu?
  • Vyogenda gute mu gihe hari uwunaniwe kuguma afise ugutungana?
  • Ni kubera iki wogumana ugutungana kwawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nugumane ugutungana kwawe!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nugendere mu nzira y’ukutadohoka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Tuzogendera mu gutungana kwacu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/12 rup. 7-11

Woba uzogumya ugutungana kwawe?

“Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje.”​—YOBU 27:5.

1, 2. Ni igikorwa ikihe cogereranywa n’ukwubaka dukwiye gukora, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

DUFATE ko uriko urihweza imigero y’inzu. Uratangariye ukuntu iyo migero ari ngirakamaro. Urahimbawe no kwiyumvira ukuntu wewe n’umuryango wawe iyo nzu ishobora kubagirira akamaro mu mice itandukanye. Ariko none, ntiwokwemera yuko iyo migero be n’ikintu cose woyiyumvirako ata co vyomara mu gihe vy’ukuri utokwubaka iyo nzu, ukayimukiramwo hanyuma ukayibungabunga?

2 Mu buryo busa n’ubwo, twoshobora gutangarira ugutungana tukabona ko ari kamere ntahara ishobora gutuma twebwe be n’abo dukunda twironkera ivyiza vyinshi cane. Ariko, kwumva ko dukwegerewe n’iyo kamere nta kintu kinini vyotwungura mu gihe tutotsimbataza ugutungana kwacu kwa gikirisu tukongera tukakuzigama. Muri iyi si ya none, ivyo kwubaka inzu akenshi usanga bisaba uburyo bwinshi. (Luka 14:28, 29) Gutsimbataza ugutungana na vyo nyene bisaba umwanya n’akigoro, yamara ivyo ntibiba ari impfagusa. Ku bw’ivyo, nimuze turimbure ibi bibazo bitatu: Dushobora gute kuba abantu bafise ugutungana? Dushobora gute kuzigama ugutungana kwacu kwa gikirisu? Ni igiki gishobora gukorwa niba vyashitse umuntu ntazigame ugutungana kwiwe?

Dushobora gute kuba abantu bafise ugutungana?

3, 4. (a) Ni mu buryo ubuhe Yehova adufasha gutsimbataza ugutungana? (b) Dushobora gute gutsimbataza ugutungana, nk’uko Yezu yabitangiye akarorero?

3 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye yuko Yehova adutera agateka ko kwihitiramwo niba twoba abantu bafise ugutungana. Ariko rero igishimishije, ntaturekerana urwo rugamba twenyene. Aratwigisha ukuntu twotsimbataza iyo kamere y’igiciro, akongera akaturonsa impwemu yiwe nyeranda abigiranye ubuntu, ino ikaba idufasha gushira mu ngiro ivyo atwigisha. (Luka 11:13) Aranakingira mu buryo bw’impwemu abihatira kugendera mu gutungana.​—Imig. 2:7.

4 Yehova yatwigishije gute kuba abantu baguma bafise ugutungana? Uburyo nyamukuru yakoresheje, ni mu kurungika Umwana wiwe Yezu ngaha kw’isi. Yezu yabayeho agamburuka mu buryo butagira agahaze. ‘Yaragamburutse gushika no ku rupfu.’ (Flp. 2:8) Mu bintu vyose Yezu yakora, yaragamburukiye Se wiwe wo mw’ijuru, n’igihe nyene vyaba bigoye cane rwose. Yabariye Yehova ati: “Ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo ugomba.” (Luka 22:42) Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba mfise agatima nk’ako k’ukugamburuka?’ Nitwakurikirana ingendo y’ukugamburuka tubigiranye imvo zibereye, tuzoba abantu baguma bafise ugutungana. Rimbura imice imwimwe y’ubuzima aho usanga ukugamburuka ari ikintu gihambaye bimwe bidasanzwe.

5, 6. (a) Dawidi yashimitse gute ku kamaro ko kuguma dufise ugutungana n’igihe nyene abandi bantu baba batatubona? (b) Abakirisu muri iki gihe bahangana n’ingorane izihe zibabuza kuguma bafise ugutungana igihe ari bonyene?

5 Turakeneye kugamburukira Yehova n’igihe mbere bisa nk’aho turi twenyene. Umwanditsi wa zaburi Dawidi yarabonye akamaro k’ugutungana mu bihe bimwebimwe yoshoboye kuba ari wenyene. (Soma Zaburi 101:2.) Kubera ko Dawidi yari umwami, ni gake wasanga mu buzima bwiwe ari we nyene. Nta gukeka ko ibihe vyinshi yaba ari imbere y’abantu amajana, canke mbere abashika ibihumbi. (Gereranya na Zaburi 26:12.) Kugumana ugutungana muri mwene ivyo bihe uwo mwami yabona ko bihambaye, kuko yari akeneye kubera abanyagihugu biwe akarorero keza. (Gus. 17:18, 19) Ariko rero, Dawidi yaratahuye ko n’igihe yoshoboye kuba ari wenyene, ni ukuvuga ‘mu nzu yiwe’, yogumye akenera kugendera mu gutungana. Tweho bite?

6 Muri Zaburi 101:3, turahasanga aya majambo Dawidi yavuze, ati: “Sinzogira ikibi nshira imbere y’amaso yanje.” Muri iki gihe, hariho uturyo twinshi aho wosanga twashize imbere y’amaso yacu ibintu ata co bimaze, na canecane igihe turi twenyene. Kuba hariho Internet vyatumye ibijanye no kugumya ugutungana bibera urugamba abatari bake. Biroroshe gukwegakwegwa n’ukuraba ibintu bitabereye, canke mbere n’ivyerekana ubushegabo. Ariko none, gukora ivyo coba ari igikorwa c’ukugamburukira Imana, iyahumekeye Dawidi kwandika ayo majambo? Amashusho yerekana ubushegabo arateza ingaruka mbi, kubera ko akabura ivyipfuzo bibi kandi agatuma umuntu anohokera ivy’igitsina, akonona ijwi ryo mu mutima, agasambura imibano y’abubatse kandi agahumanya uwo wese ayaraba.​—Imig. 4:23; 2 Kor. 7:1; 1 Tes. 4:3-5.

7. Ni ingingo ngenderwako iyihe ishobora kudufasha kuguma dufise ugutungana igihe turi twenyene?

7 Mu bisanzwe, nta musavyi n’umwe wa Yehova yigera aba ari wenyene vy’ukuri. Dawe wa twese aduhozako ijisho abigiranye urukundo. (Soma Zaburi 11:4.) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa igihe akubona uriko uratsinda inyosha mbi! Mu kubigenza gutyo, uba wumviye ingabisho itibonekeza yo mu majambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 5:28. Uko vyogenda kwose, niwiyemeze kutaraba amashusho yokwosha gukora ikibi. Ese ukwo gutungana kwawe kw’agaciro utokuguza n’ico kintu gishisha kijanye no kuraba amashusho yerekana ubushegabo canke gusoma ibitabu birimwo ayo mashusho!

8, 9. (a) Daniyeli na bagenziwe bashikiwe n’ingorane iyihe yagerageje ugutungana kwabo? (b) Abakirisu bakiri bato bahimbara gute Yehova be n’abakirisu bagenzi babo?

8 Turashobora kandi kuguma dufise ugutungana mu kugamburukira Yehova igihe turi kumwe n’abatizera. Zirikana ku vyashikiye Daniyeli na bagenziwe batatu. Igihe bari bakiri bato, barajanywe ari inyagano i Babiloni. Aho i Babiloni, kubera ko abo Baheburayo bane bari bakikujwe n’abatizera, bano bakaba bari bazi bike canke bakaba batari bazi na kimwe ku vyerekeye Yehova, barashizweko umukazo wo kurya ibifungurwa Itegeko ry’Imana ryabuza. Kumbure vyari kworoha ko abo bahungu bisigura bavuga yuko kurya ivyo bifungurwa atari ikintu kibi. Nakare, abavyeyi babo, abantu b’inararibonye be n’abaherezi ntibashobora kubona ivyo abo Baheburayo bane b’iwabo baba bariko barakora. Ni nde yobimenye? Nta wundi atari Yehova ubwiwe. Ni co gituma bahagaze bashikamye bongera baramugamburukira naho bari mu mikazo no mu kaga.​—Dan. 1:3-9.

9 Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bakiri bato na bonyene bariko barigana abo Baheburayo mu gushigikira ingingo mfatirwako z’Imana zigenga abakirisu, maze bakanka gutwarwa n’akosho konona k’urunganwe rwabo. Igihe mwebwe urwaruka mwanse kwisuka mu vyo kunywa ibiyayuramutwe, mu bukazi, mu vyo gutukana, mu buhumbu be no mu bindi bibi, muba muriko muragamburukira Yehova. Mu kubigenza gutyo, muba muriko muragerageza kuguma mufise ugutungana. Murahungukira, kandi mugahimbara Yehova n’abakirisu bagenzi banyu.​—Zab. 110:3.

10. (a) Ni ukubona ibintu mu buryo butari bwo ukuhe ku bijanye n’ubusambanyi kwatumye abakiri bato bamwebamwe batakaza ugutungana kwabo? (b) Ugutungana gutuma tugira inyifato iyihe ku bijanye n’akaga kari mu busambanyi?

10 Turakeneye kandi kuba abantu bagamburuka mu migenderanire tugiranira n’abo tudasangiye igitsina. Turazi ko Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ubusambanyi. Ariko rero, biroroshe ko agatima k’ukugamburuka gahinduka kagacika ako kurekerana ibintu. Nk’akarorero, abakiri bato bamwebamwe barisutse mu vyo kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke mu kubicisha mu kibuno kibure mu kuza barabikuyakuyana, bakisigura bavuga yuko ivyo bintu atari bibi kuko biyumvira yuko ngo ata guhuza ibitsina kuba kwahabaye. Abo bakiri bato baribagira canke kumbure bagahitamwo kwirengagiza yuko ijambo Bibiliya ikoresha ku bijanye n’ubusambanyi ryerekeza kuri izo ngeso zose, umuntu akaba yoshobora gucibwa mw’ishengero igihe amogoreye izo ngeso mbi.a Ariko n’ikibabaje kuruta, ni uko birengagiza yuko bakeneye kuguma bafise ugutungana. Kubera ko twihatira kugumana ugutungana kwacu, ntiturondera kwisigura ku bibi tuba twakoze. Ntitugerageza kwegereza gukora icaha uko bishoboka kwose ngo ni uko ata gihano bica bidukwegera. Ntitwibanda gusa ku gihano twohabwa kubera ikibi kinaka twoba twakoze. Ahubwo riho, twibanda ku gukora ivyohimbara Yehova, tukirinda ivyomubabaza. Aho kugerageza kwisuka mu ngendo yodushikana ku gukora igicumuro, tuguma twitandukanije na co kandi ‘tugahunga ubusambanyi.’ (1 Kor. 6:18) Gutyo, tuba twerekanye yuko turi abantu bafise ugutungana nyakwo.

Dushobora gute kuzigama ugutungana kwacu?

11. Ni kubera iki igikorwa cose c’ukugamburuka gihambaye? Bitangire akarorero.

11 Ugutungana tugutsimbataza mu kugamburuka, maze tukakuzigama biciye ku kwihangana mu kubaho tugamburuka. Igikorwa kimwe kiranga ukugamburuka coshobora gusa n’aho ata co kivuze, kikabonwa nk’ikintu gitoyi cane. Ariko rero, ibikorwa mwene ivyo biranga ukugamburuka bigenda birongerekana uko igihe kirengana. Tubitangire akarorero: Itafari rimwe ryoshobora gusa n’aho ata co rimaze, mugabo mu gihe twogerekeranya amatafari menshi tuvyitondeye, turashobora kwubaka inzu nziza. Ku bw’ivyo, turazigama ugutungana kwacu mu kubandanya tugwiza ibikorwa biranga ukugamburuka.​—Luka 16:10.

12. Ni mu buryo ki Dawidi yatanze akarorero mu vyo kuzigama ugutungana igihe yafatwa nabi akongera akarenganywa?

12 Ugutungana kwacu kuribonekeza canecane igihe twihangana turi mu bihe bigoye, igihe dufashwe nabi canke turenganijwe. Rimbura akarorero ko muri Bibiliya kerekeye Dawidi. Akiri umusore, yarihanganiye uguhamwa n’umwami yabonwa ko yaserukira ubukuru bwa Yehova. Ariko rero, Umwami Sauli ntiyari agitoneshwa na Yehova maze agirira inzika Dawidi, uwo Imana yemera. Naho vyari ukwo, Sauli yagumye afise ubukuru mu kiringo kinaka maze arakoresha ingabo za Isirayeli kugira ngo ahige buhongo Dawidi. Yehova yararetse ako karenganyo karamara imyaka nk’ingahe. Dawidi yoba yarashavuriye Imana? Yoba yabona ko ata co vyari bimaze kwihangana? Habe n’intete. Yagumye yubaha cane ikibanza Sauli yari afise c’ukuba yararobanuwe n’Imana, aranka kumwihora igihe yari aronse akaryo ko kubigira.​—1 Sam. 24:2-7.

13. Dushobora gute kuzigama ugutungana kwacu niba hari uwutugiriye nabi canke akatubabaza?

13 Ese ukuntu akarorero ka Dawidi gahambaye cane kuri twebwe muri iki gihe! Turi mu bagize ishengero rikwiye hirya no hino kw’isi ry’abantu badatunganye, umwe wese muri bo akaba yoshobora kudufata nabi canke mbere agahemuka. Ego ni ko twarahezagiwe kuba tubayeho mu gihe abasavyi ba Yehova badashobora kwigera na rimwe bahumanywa uko bagize umugwi. (Yes. 54:17) Yamara none, tuzovyifatamwo gute nihagira uwuduhemukira canke akatubabaza? Nka hamwe twobikira inzika uwo dusangiye ugusenga, twoba dutakaje ugutungana kwacu imbere y’Imana. Ukuntu abandi bifata ntibikwiye kwigera biba icitwazo c’uko twoshavurira Imana canke co guheba ingendo iranga ukwizigirwa. (Zab. 119:165) Kwihangana n’igihe nyene dushikiwe n’ibigeragezo, bizodufasha kuzigama ugutungana kwacu.

14. Ni mu buryo ubuhe abaguma bafise ugutungana bakira amahinduka agirwa mu vyo kwungunganya ibintu be n’ibijanye n’uko inyigisho ziza ziraryohorwa?

14 Turashobora kandi kuzigama ugutungana mu kwirinda agatima ko kwama twatoye abandi amahinyu. Nkako, ivyo bisobanura kuba intahemuka kuri Yehova. Ubu ariko arahezagira abasavyi biwe kuruta ikindi gihe cose. Kuva muri kahise kose, ugusenga gutyoroye ntikwari bwashirwe hejuru cane ngaha kw’isi nk’uko biri muri iki gihe. (Yes. 2:2-4) Igihe hari amahinduka agizwe mu bijanye n’ukuntu ivyanditswe vyo muri Bibiliya bisobanurwa canke mu bijanye n’ukuntu ibintu bibwirizwa gukorwa, dukwiye kwemera ayo mahinduka. Turahimbarwa no kubona ikimenyamenya c’uko umuco wo mu buryo bw’impwemu uguma wongerekana. (Imig. 4:18) Bishitse bikatugora gutahura amahinduka yagizwe, turakwiye gusaba Yehova kugira ngo adufashe gutegera ico ciyumviro. Muri ico gihe nyene, tuguma tugamburuka, tukazigama ugutungana kwacu.

Vyogenda gute mu gihe hari uwunaniwe kuguma afise ugutungana?

15. Ni nde muntu wenyene ashobora kukwaka ugutungana kwawe?

15 Ico ni ikibazo c’inkoramutima, si ko none? Nk’uko twabibonye mu cigwa c’imbere y’iki, ugutungana kurahambaye. Tutagufise, nta bucuti twogiranira na Yehova kandi nta cizigiro nyakuri twogira. Urama wibuka iki kintu: Hari umuntu umwe gusa kw’isi no mw’ijuru ashobora kukwaka ugutungana kwawe, uwo na we akaba ari wewe ubwawe. Yobu yaratahura neza ukwo kuri. Yavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje.” (Yobu 27:5) Niwaguma ufise mwene uwo mwiyemezo kandi ukaguma wiyegereza Yehova, bizogufasha kuzigama ugutungana kwawe.​—Yak. 4:8.

16, 17. (a) Igihe umuntu akoze igicumuro gikomeye, ni ingendo mbi iyihe yohava akurikirana? (b) Ni ingendo nziza iyihe akwiye gukurikirana?

16 Yamara rero, hari abananirwa kuzigama ugutungana kwabo. Nk’uko nyene vyashika mu gihe intumwa zari zikiriho, n’ubu hariho abaguma bakora ibicumuro bikomeye. Hamwe vyoshika ugakora igicumuro gikomeye, mbega koba kabaye? Si ngombwa. None umuntu yokora iki? Reka tubanze turabe ico atokora. Twebwe abantu dusanzwe dufise impengamiro yo kunyegeza ikibi twakoze, tukagihisha abavyeyi, abakirisu bagenzi bacu canke abakurambere. Yamara rero, Bibiliya itwibutsa iti: “Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, arik’ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.” (Imig. 28:13) Abarondera gupfukapfuka ibicumuro vyabo baba bakoze ikosa rikomeye cane, kuko ata muntu ashobora kunyegeza ikintu na kimwe Imana. (Soma Abaheburayo 4:13.) Hari n’abagerageza kugira ubuzima burimwo tubiri, bakerekana ko bariko bakorera Yehova mugabo bagikurikirana ingendo iranga icaha. Mwene ubwo buzima ntiburanga ugutungana. Ahubwo nyabuna, ni igihushane c’ugutungana. Yehova ntahimbarwa n’ibikorwa bijanye n’ugusenga bikorwa n’abantu bahisha ibicumuro bikomeye bakora. Ahubwo riho, mwene ubwo bwiyorobetsi buramushavuza cane.​—Imig. 21:27; Yes. 1:11-16.

17 Igihe umukirisu akoze ikibi gikomeye, ingendo yokurikiza iratomoye cane. Kiba ari igihe co kurondera gufashwa n’abakurambere bakirisu. Yehova yarashizeho intunganyo yo kwitwararika abasinzikaye mu buryo bw’impwemu. (Soma Yakobo 5:14.) Ntureke ngo ubwoba bw’uko woshobora gutozwa indero canke gukosorwa ngo bukubuze kubandanya ubungabunga amagara yawe yo mu vy’impwemu. Nakare, hari umuntu w’inkerebutsi none yoreka umubabaro w’umwanya mutoyi yogira ariko aterwa urushinge canke mbere ariko arabagwa ngo umubuze gutorera umuti ingorane y’amagara igeramiye ubuzima bwiwe?​—Heb. 12:11.

18, 19. (a) Akarorero ka Dawidi kerekana gute ko umuntu ashobora gusubira kugira ugutungana? (b) Ni umwiyemezo uwuhe ufise ku bijanye n’ugutungana kwawe?

18 Hoba hari icizigiro c’uko umuntu yosubirana bimwe vyuzuye? Umuntu yoba ashobora gusubira kugira ugutungana igihe vyoba vyarashitse akagutakaza? Subira urimbure akarorero ka Dawidi. Yarigeze gukora igicumuro gikomeye. Yaripfuje umugore w’uwundi mugabo, ararenga ibigo, yongera aratunganya ivy’uko nya mugabo ata co azira yicwa. Biragoye kwiyumvira yuko Dawidi ico gihe yari umuntu afise ugutungana, si ko none? Yamara, ivyiwe vyoba vyahereye aho? Dawidi yari akeneye gutozwa indero bimwe bikomeye kandi ni ko vyagenze. Gutyo, ukwigaya kwiwe nyakuri kwatumye Yehova amugirira imbabazi. Dawidi yarungukiye kuri nya gutozwa indero maze arasubira kugira ugutungana mu kuguma agamburukira Imana uko vyari vyifashe kwose. Ubuzima bwa Dawidi bwarabaye akarorero k’ivyo dusoma mu Migani 24:16, ahagira hati: “Umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, a[ra]subira kuvyuka.” None vyavuyemwo iki? Rimbura amajambo Yehova yabwiye Salomo ku vyerekeye Dawidi amaze gupfa. (Soma 1 Abami 9:4.) Imana yagumye yibuka ko Dawidi yari umuntu afise ugutungana. Mu vy’ukuri, Yehova arashobora guhumanura abacumuzi bigaya akabakurako ikirabagu c’ibicumuro binakomeye cane.​—Yes. 1:18.

19 Egome, urashobora kuba umuntu afise ugutungana mu kugamburuka ubikuye ku mutima. Nugume wihangana udahemuka, bishitse naho ugakora igicumuro gikomeye, nugaragaze ukwigaya nyakuri. Uzi ukuntu ugutungana ari ikintu c’agaciro kanini! Ese umwe wese muri twebwe yogira umwiyemezo nk’uwa Dawidi, uwavuze ati: “Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo nzogenderamwo.”​—Zab. 26:11, NW.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2004, urupapuro rwa 13, ingingo ya 15.

Wokwishura gute?

• Ushobora gute kuba umuntu afise ugutungana?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe ushobora kuzigama ugutungana kwawe?

• Bishoboka gute ko umuntu asubira kugira ugutungana?

[Uruzitiro ku rup. 8]

‘Cari Ikintu Gihimbaye’

Umukenyezi umwe yari afise inda y’amezi atanu ni we yavuze ayo majambo ku bijanye n’ubuntu be n’ugutungana vyaranga umuntu atari azi. Yari yamye aho abantu bafatira agakawa, maze haciye amasaha nk’angahe asanga yahibagiriye ikotomoni yiwe. Iyo kotomoni yarimwo amadolari 2.000 (nk’amarundi arenga 2.000.000), ayo akaba yari amahera arengeye cane ayo yari amenyereye kugenda yitwaje. Mu nyuma, yabwiye ikinyamakuru co ngaho iwabo ati: “Numvise umengo ijuru ringuyeko!” Yamara rero, hari umugore akiri muto yatoye ako gasakoshi maze aca yihutira kurondera nyeneko. Yaramurondeye aramubura, hanyuma aca akajana ku biro vy’abapolisi maze abapolisi baratevye baratora uwo mukenyezi yari yibungenze. Nyene ka gasakoshi yuzuye ugukenguruka, yavuze ati: “Emwe, vy’ukuri, cari ikintu gihimbaye gukora!” Ni kubera iki none uwo mugore akiri muto yagize ako kigoro kose kugira ngo asubize ayo mahera? Bitumwe n’uko yari Icabona ca Yehova, ca kinyamakuru cavuze yuko “yagaragaje ugutungana mwene ukwo kubera idini yakuriyemwo.”

[Ifoto ku rup. 9]

Abakiri bato barashobora kuguma bafise ugutungana igihe bari mu kigeragezo

[Ifoto ku rup. 10]

Vyarashitse Dawidi arananirwa kugumana ugutungana kwiwe, ariko yarasubiranye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika