ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 15/10 rup. 32
  • Woba warishingiye umwanya wo kwiga Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba warishingiye umwanya wo kwiga Bibiliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ijambo ry’Imana Riragira Ico Rikoze Uravye Ubuzima Umuntu Agira Imbere yo Kuryiga n’Inyuma Yaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ukwiyigisha Bibiliya be n’ukuyiga mu muryango birahambaye cane!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 15/10 rup. 32

Woba warishingiye umwanya wo kwiga Bibiliya?

MU MWAKA uheze, Inama Nyobozi yaramenyesheje ihinduka ryagizwe ku bijanye n’urutonde rw’amakoraniro y’ishengero, runo rukaba rutuma turonka umwanya wiyongereye wo kwiga Bibiliya no kuyiganirako uko tugize umuryango. Nimba uri serugo, nurabe neza ko wama ugirira hamwe n’umukenyezi wawe be n’abana bawe inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza kandi igira ico ibunguye. Abubakanye badafise abana boshima gukoresha uwo mwanya mu kwigira hamwe Bibiliya. Abavukanyi n’abavukanyikazi b’abirebange ata mabanga yo mu muryango bafise bazoshobora gukoresha neza uwo mwanya mu kwiyigisha Bibiliya.

Abenshi baraseruye ukuntu bakenguruka indinganizo yo kugira umugoroba wagenewe ugusenga kwo mu muryango. Nk’akarorero, uwitwa Kevin, uno akaba ari umukurambere, yanditse ati: “Ijambo ngo ‘murakoze’ ryonyene, ntirihagije kugira ngo duserure ukuntu twumva tumerewe mw’ishengero. Uko turi abakurambere, twaraganiriye ku bijanye n’ukuntu dukoresha wa mugoroba twahora tugiramwo inyigisho y’igitabu kugira ngo dukore nka kurya nyene Inama Nyobozi yabidusavye, ni ukuvuga kwigira hamwe n’abagize imiryango yacu.”

Uwitwa Jodi, uno akaba afise umunega w’umukurambere, yanditse ati: “Dufise abakobwa batatu, umwe akaba afise imyaka 15, uwundi 11, uwundi na we akagira 2. Duherutse kwimukira mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Bidusaba umwanya munini n’utwigoro twinshi kugira ngo dutegure amakoraniro yose. Kubera iryo hinduka, ubu turafise umugoroba wiyongereye utuma dushobora kwitunira ku gusenga kwo mu muryango!”

John na JoAnn, bano bakaba ari umugabo n’umugore wiwe basukura ari abatsimvyi basanzwe, banditse bati: “Inyigisho ya Bibiliya y’umuryango yacu wasanga akenshi iza irasibiriza kubera yuko twabwirizwa kurondera aho tuyisobeka mu bikorwa bitandukanye twakora vy’ishengero. Iyo ndinganizo nshasha ni ingabirano ivuye kuri Yehova ituruhura mu vy’impwemu, igihe dukoresheje uwo mwanya uko tubwirizwa kubigira.”

Uwitwa Tony, uno akaba ari umuvukanyi w’umwirebange afise imyaka nka 25, yarishingiye umugoroba wo ku musi wa kabiri ngo ube uwo azoza arakoresha mu kwiyigisha. Iyindi myanya aronka mw’iyinga ayikoresha mu gutegura amakoraniro y’ishengero. Ariko rero, Tony avuga ati: “Si je mpora mbona canecane ku musi wa kabiri harageze.” Uti kubera iki? Tony asigura ati: “Uwo mugoroba kuri jewe ni umugoroba udasanzwe marana na Yehova. Ndamara nk’amasaha abiri ndiko niga ibiganiro bikomeza ubucuti mfitaniye na Yehova. Kubera yuko mba mfise umwanya wiyongereye wo kwiga, biratuma nshobora kuzirikana ku mirongo yo muri Bibiliya mba ndiko ndasoma.” None ivyo bivamwo iki? Avuga ati: “Impanuro za Yehova zica zishika ibwina mu mutima wanje kuruta uko vyahora.” Yoba ashobora gutanga akarorero? Yigana ati: “Narasomye mu gitabu Étude perspicace ibijanye n’ubugenzi bwari hagati ya Dawidi na Yonatani. Narigiye vyinshi ku gatima Yonatani yari afise k’ukutikunda. Akarorero kiwe karamfashije kubona mu buryo butomoye kuruta ico kuba umugenzi nyakuri bisobanura. Mu vy’ukuri, numva nshashaye kwubura ibindi bintu vyinshi vya mwene ubwo butunzi imisi yose ku wa kabiri mw’ijoro!”

Nta gukeka ko abasavyi ba Yehova bose bazokwungukira cane ku gukoresha neza umwanya wiyongereye dufise ubu kugira ngo tugire inyigisho ya Bibiliya be n’ugusenga kwo mu muryango biri n’ico bivuze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika