“Mwiyegereze Imana, na Yo Izobēgēra”
Ijambo ry’Imana Riragira Ico Rikoze Uravye Ubuzima Umuntu Agira Imbere yo Kuryiga n’Inyuma Yaho
IYO uza kuba warahuye na Tony agitangura ubuyabaga, wari gusanga ari umuhungu agoye kandi w’inkazi akunda kuja mu bibanza bivugwa nabi vyo mu gisagara ca Sydney co mu gihugu ca Ostraliya. Mu bagenzi biwe, harimwo inkozi z’ikibi. Kenshi baraja mu vyo gusenya inzugi, kurwana hagati yabo no kurasira mw’ibarabara.
Tony yatanguye kunywa itabi afise imyaka icenda. Kuva ku myaka 14 y’amavuka, yama anywa ibiyayura umutwe vyitwa marijuwana kandi akaba yari afise ubuzima burangwa ubuhumbu. Igihe yari afise imyaka 16, yariziziwe n’ibiyayura umutwe bita heroyine, kandi ivyo vyamushikanye ku kwihereza n’ivyo bita kokayine be na bimwe bikaze cane bita LSD, “emwe, ikintu cose cashobora kumuyayura umutwe” nk’uko Tony abisigura. Ico gihe yaratanguye kugira imigenderanire y’ivy’ugucuruza ibiyayura umutwe n’amashirahamwe rurangiranwa abiri y’inkozi z’ikibi. Bidatevye, Tony yabaye umwe mu bantu bizigirwa kuruta abandi mu bazana ibiyayura umutwe ku nkengera y’igice ca Ostraliya co mu burengero.
Ibiyayura umutwe vyitwa heroyine na marijuwana Tony yari amenyereye kwihereza vyamutwara amadolari y’Abanyamerika ari hagati y’160 (ni ukuvuga hafi amafaranga y’amarundi 176.000) n’320 (ni ukuvuga hafi amafaranga y’amarundi 352.000) ku musi. Ariko ntiwumve ivyo vyarateza amakuba umuryango wiwe no mu bundi buryo buruta ubwo. Avuga ati: “Jewe n’umukenyezi wanje inkozi z’ikibi zaradufatiyeko inkoho be n’imbugita akatari gake, zirondera ibiyayura umutwe be n’amahera dutunze mu nzu.” Tony amaze gupfungwa incuro zitatu, yarumvise avyuriwe umutima wo gusuzuma iyo ubuzima bwiwe buriko buraja.
Naho Tony yahora aja mu misa, yarumva ko yonkowe ku Mana, iyafatwa ko mu guhana abacumuzi, ibaturirira mu muriro udahera. Ariko rero, igihe Tony yagenderwa n’Ivyabona vya Yehova babiri, yaratangajwe n’ukumenya yuko Imana itameze ukwo. Vyongeye, Tony yarahimbawe n’uko yari gushobora vy’ukuri kubogora ubuzima bwiwe, maze akaronka imihezagiro iva ku Mana. Tony yarakwegerewe n’amajambo ya Yezu Kirisitu avuga ati: ‘Ku Mana vyose birashoboka.’ (Mariko 10:27) Tony yarakozwe ku mutima canecane n’aya majambo aremesha agira ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”—Yakobo 4:8.
Ico gihe Tony yaciye arwana urugamba rwo guhuza ubuzima bwiwe n’ingingo mfatirwako za Bibiliya. Avuga ati: “Ikintu ca mbere nahevye kwari ukunywa itabi, kikaba cari ikintu ntari bwigere ngira, naho nari naragerageje akatari gake. Kubera ububasha buva kuri Yehova, narashoboye guheba utumenyero two kunywa ibiyayura umutwe vyitwa heroyine na marijuwana twari twaranyiziziye mu myaka 15 yose. Sinigera niyumvira yuko vyoshobotse ko mpeba utwo tumenyero.”
Aho gutinya ivy’uko ngo hariho Imana ibabaza abantu ibihe bidahera mu muriro, inyigisho ata ho iboneka muri Bibiliya, Tony n’umugore wiwe bahavuye bagira icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera mw’iparadizo kw’isi. (Zaburi 37:10, 11; Imigani 2:21) Tony yiyemerera ibi: “Vyansavye umwanya munini be n’akigoro gakomeye kugira ngo mpuze ubuzima bwanje n’ingingo mfatirwako z’Imana. Mugabo ndabifashijwemwo na Yehova, narabishoboye.”
Ni vyo, uwo yahoze yiziziwe n’ibiyayura umutwe yaracitse Umukirisu. Kubera yuko we hamwe n’umukenyezi wiwe batanze bavyishakiye umwanya wabo n’ubutunzi bwabo, baramaze amasaha ibihumbi n’ibihumbi mu gikorwa c’ukwigisha Bibiliya. Ubu barakora kandi cane kugira barere abana babo babiri batinya Imana. Iryo hinduka rikomeye ryagizwe biciye ku bubasha butananirwa bw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. Nkako, nk’uko intumwa Paulo ibivuga, “ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba.”—Abaheburayo 4:12.
Naho hariho uburorero buremesha nk’ubwo, bamwebamwe baraharira ata n’ishingiro bafise bivugisha yuko igikorwa c’ukwigisha gishingiye kuri Bibiliya Ivyabona vya Yehova barangura, gisambura imiryango kandi kigatitura imico kama myiza mu rwaruka. Nta nkeka ko ivyashikiye Tony bibeshuza ivyo bemeza.
Nka kumwe kwa Tony, abenshi baramenye yuko umuntu ashobora gutsinda ukwizizirwa n’ibintu vyica. Gute? Mu kwizera Imana, mu kwiheka kuri yo no kw’Ijambo ryayo be no mu gushigikirwa n’abagenzi bakirisu bitwararikana kandi bakundana. Tony asozera mu buryo bushimishije avuga ati: “Narabonye ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zakingiye abana banje. Inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zararokoye umubano wanje. Vyongeye ababanyi banje barasinzira neza kubera yuko ntakibabangamira.”
[Iciyumviro ku rup. 9]
‘Kubera ububasha buva kuri Yehova, narashoboye guheba akamenyero ko kwihereza ibiyayura umutwe vyari vyaranyiziziye mu myaka 15 yose
[Uruzitiro ku rup. 9]
Ingingo Ngenderwako za Bibiliya Ziragira Ico Zikoze ku Buzima bw’Abantu
Ingingo ngenderwako za Bibiliya zitandukanye zarafashije abantu benshi biziziwe n’ibiyayura umutwe guheba ako kamenyero kamugaza. Muri izo ngingo ngenderwako harimwo izi:
“Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.” (2 Ab’i Korinto 7:1) Kwihereza ibiyayura umutwe birateye kubiri n’itegeko ry’Imana.
“[“Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi,” “NW”], kand’ukumenya Uwera ni kwo kumenya ubgenge.” (Imigani 9:10) Ukwibanga Yehova gushingiye ku bumenyi ntagakosa bwerekeye we n’inzira ziwe kwarafashije benshi kuvavanura n’akosho k’ibiyayura umutwe.
“Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Utumenyero twonona umuntu arashobora kuduheba biciye ku kwizigira Imana bimwe bivuye ku mutima no ku kwiheka kuri yo bimwe bishitse.