ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 10 rup. 22-23
  • Yezu yama agamburuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yama agamburuka
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yarize kugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • ‘Uyu ni Umwana wanje’
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 10 rup. 22-23
Yozefu na Mariya basanze ka Yezu mu rusengero

ICIGWA CA 10

Yezu yama agamburuka

Vyoba vyama bikworohera kugamburukira abavyeyi bawe?— Rimwe na rimwe biragoye. Wari uzi ko Yezu yagamburukira Yehova hamwe n’abavyeyi biwe?— Akarorero kiwe karashobora kugufasha kugamburukira abavyeyi bawe n’igihe biba bitoroshe. Reka tubirabe.

Imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, yabana mw’ijuru na Se wiwe Yehova. Yezu yaragize kandi abavyeyi ng’aha kw’isi. Bitwa Yozefu na Mariya. Woba uzi ingene vyagenze kugira babe abavyeyi biwe?—

Yehova yarakoze igitangaro ku buryo Yezu ashobora gukurira mu nda ya Mariya nka kurya nyene abandi bana bakurira mu nda za ba nyina babo. Haheze nk’amezi icenda, Mariya yaravyaye Yezu. Ukwo ni ko Mariya n’umugabo wiwe Yozefu babaye abavyeyi ba Yezu bo ng’aha kw’isi.

Igihe Yezu yari afise imyaka 12 gusa, yarakoze ikintu cerekanye ukuntu yakunda cane Se wiwe Yehova. Ivyo vyabaye igihe Yezu n’umuryango wiwe bagira urugendo rurerure baja i Yeruzalemu kw’ikoraniro ridasanzwe. Bariko barasubira inyuma, Yozefu na Mariya barabuze iyo Yezu ari. Urazi iyo yari ari?—

Ni kubera iki Yezu yari ku rusengero?

Yozefu na Mariya barasubiye i Yeruzalemu bihuta maze bararondera Yezu ahantu hose. Bari bahagaritse umutima cane kubera ko bari bamubuze. Ariko haheze imisi itatu, bamusanze mu rusengero! None kubera iki Yezu yari ku rusengero?— Ni uko ng’aho yari gushobora kuhigira ivyerekeye Se wiwe Yehova. Yarakunda Yehova kandi yashaka kumenya ukuntu yomuhimbara. Mbere n’igihe yari amaze gukura akaba umugabo, Yezu yama agamburukira Yehova. Yezu yaragamburuka n’igihe bitari vyoroshe kandi bikaba vyamusaba ko ashikirwa n’imibabaro. Yezu yoba kandi yaragamburukira Yozefu na Mariya?— Bibiliya ivuga ko yabagamburukira.

Akarorero ka Yezu kakwigisha iki?— Urakwiye kugamburukira abavyeyi bawe, n’igihe biba bitoroshe. None uzobigira?—

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Luka 1:30-35; 2:45-52

  • Abanyefeso 6:1

  • Abaheburayo 5:8

IBIBAZO:

  • Vyagenze gute ngo Yozefu na Mariya babe abavyeyi ba Yezu bo ng’aha kw’isi?

  • Igihe abavyeyi ba Yezu bariko baramurondera i Yeruzalemu, bamusanze he?

  • Akarorero ka Yezu kakwigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika