Uruhara impwemu nyeranda igira mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova
“Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . rizosozera ico naritumye.”—Yes. 55:11.
1. Tanga akarorero kerekana itandukaniro riri hagati yo gutegura imbere y’igihe akantu kose no kugira umugambi.
IYUMVIRE abantu babiri, umwumwe wese ariko aritegurira gufata urugendo n’umuduga. Umwe aracapura inzira kandondwa yerekana utuntu twose izomushikana iyo agira aje. Uwundi arabona neza mu bwenge iyo agira aje, mugabo arazi kandi izindi nzira nyinshi yoshobora gucamwo. Ariteguriye guhindura inzira yiwe uko bikenewe kugira ngo atorere umuti ikintu cose coshobora gushika. Mu buryo bunaka, ukwo kuntu abo bantu babiri bavyifatamwo mu buryo butandukanye birerekana itandukaniro riri hagati yo gutegura imbere y’igihe akantu kose no kugira umugambi. Gutegura imbere y’igihe akantu kose vyoshobora kugereranywa no gucapura inzira yerekana utuntu twose, mu gihe kugira umugambi vyo bishobora gusobanura kugira mu bwenge intumbero yinaka mugabo ntibibe ngombwa ko haba hariho uburyo kandondwa bwo kuyishikako.
2, 3. (a) Umugambi wa Yehova urimwo iki, kandi yatoreye umuti gute ingorane yavyutse igihe Adamu na Eva bacumura? (b) Kubera iki dukwiye guhuza n’ukuntu umugambi wa Yehova ugenda urahishurwa?
2 Yehova, ku bijanye no gushitsa ivyo agomba, ntiyashinze imbere y’igihe akantu kose, ahubwo arafise umugambi ugenda urahishurwa. (Ef. 3:11) Uwo mugambi urimwo ivyo yari yarateguriye abantu n’isi kuva mu ntango, ko iyi si ihinduka iparadizo, aho abantu batagira agasembwa bashobora kuba mu mahoro kandi bahimbawe ibihe bidahera. (Ita. 1:28) Igihe Adamu na Eva bacumura, Yehova yaciye atorera umuti iyo ngorane, arashiraho intunganyo kugira umugambi wiwe uzoranguke ata kabuza. (Soma Itanguriro 3:15.) Yehova yashinze ko umugore wiwe w’ikigereranyo yovyaye “uruvyaro,” ni ukuvuga Umwana yohavuye akuraho inkwezi y’ingorane, ari yo Shetani, akongera agakuraho amabi yose uno yateje.—Heb. 2:14; 1 Yoh. 3:8.
3 Nta bubasha na bumwe bwo mw’ijuru canke kw’isi bushobora kubuza ko umugambi Imana yavumereye uranguka. (Yes. 46:9-11) Uti kubera iki? Kubera ko impwemu nyeranda ya Yehova ibigiramwo uruhara. Iyo nguvu idashobora gutangirwa ni ikimenyamenya c’uko umugambi w’Imana ‘uzosozerwa.’ (Yes. 55:10, 11) Dukwiye kuguma duhuza bimwe bishitse n’ukuntu umugambi w’Imana ugenda urahishurwa. Ivyizigiro vyacu vyo kubaho muri kazoza bihagaze kw’iranguka ry’uwo mugambi. Vyongeye, kubona ingene Yehova akoresha impwemu nyeranda birakomeza ukwizera. Nimuze rero twihweze uruhara iyo mpwemu yagize muri kahise, urwo igira muri iki gihe, be n’urwo izogira muri kazoza, mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova.
Uruhara impwemu nyeranda yagize muri kahise
4. Yehova yahishuye gute umugambi wiwe intambwe ku yindi?
4 Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yarahishuye umugambi wiwe intambwe ku yindi. Mu ntango, akaranga ka rwa Ruvyaro rwasezeranywe kari “ibanga ryeranda.” (1 Kor. 2:7) Haheze nk’imyaka 2.000 ni ho Yehova yasubira kuvuga ibijanye n’uruvyaro. (Soma Itanguriro 12:7; 22:15-18.) Yehova yarahaye Aburahamu umuhango wogize iranguka ryagutse. Amajambo avuga ngo “mu ruvyaro rwawe” yarerekana mu buryo butomoye yuko nya Ruvyaro rwoje ari umuntu, akomoka kuri Aburahamu. Turashobora kwemera tudakeka ko Shetani yariko arihweza abishashaye cane igihe ico kintu cahishurwa. Nta nkeka ko uwo Mwansi ata kindi yarondera atari ugukuraho canke kwonona abokomotse kuri Aburahamu gutyo akaba atumye umugambi w’Imana utaranguka. Mugabo ico kintu nticari gushoboka, kuko impwemu y’Imana itaboneka yariko irakora. Mu buryo ubuhe?
5, 6. Yehova yakoresheje gute impwemu yiwe kugira ngo akingire abantu rwa Ruvyaro rwokomotseko?
5 Yehova yarakoresheje impwemu yiwe kugira ngo akingire abantu rwa Ruvyaro rwokomotseko. Yehova yabwiye Aburamu (ari we Aburahamu), ati: “Ni jewe nkinzo yawe.” (Ita. 15:1) Ako ntikari akarimi gusa. Rimbura nk’akarorero ivyashitse nko mu 1919 B.G.C. igihe Aburahamu na Sara baja kuba barabaye i Gerari. Kubera ko Abimeleki umwami wa Gerari atari azi yuko Sara ari umugore wa Aburahamu yaratwaye Sara arondera kumugira umugore wiwe. None Shetani yoba yariko ayobora ibintu ku rwenge batabizi, arondera gutuma Sara atavyara uruvyaro rwa Aburahamu? Bibiliya nta vyo ivuga. Ico itubwira coco ni uko Yehova yahaserutse. Yaragabishije Abimeleki mu ndoto ngo ntakore kuri Sara.—Ita. 20:1-18.
6 Ntivyabaye ivyo gusa. Yehova yararokoye Aburahamu n’abagize umuryango wiwe akatari gake. (Ita. 12:14-20; 14:13-20; 26:26-29) Ni co gituma umwanditsi wa Zaburi yashoboye kuvuga ku bijanye na Aburahamu be n’abamukomotseko, ati: “[Yehova] ntiyakundira umuntu n’umwe kw abazingirikira, mbere yahannye abami ababahōra, ati Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, ntimugire ico mugira abavugishwa nanje.”—Zab. 105:14, 15.
7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yakingiye ihanga rya Isirayeli?
7 Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, yarakingiye ihanga rya Isirayeli ya kera, iryo rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe rwovukiyemwo. Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, yarahaye Isirayeli Itegeko ryiwe, iryazigamye ugusenga kw’ukuri ryongera rirakingira Abayuda ngo ntibandure mu buryo bw’impwemu, mu vy’inyifato runtu, no ku mubiri. (Kuv. 31:18; 2 Kor. 3:3) Mu gihe c’Abacamanza, impwemu ya Yehova yaratumye abagabo bamwebamwe baronka ubushobozi bwo gukura Isirayeli mu vyara vy’abansi bayo. (Abac. 3:9, 10) Mu kiringo c’ibinjana vy’imbere y’ivuka rya Yezu, uno akaba ari we gihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu, impwemu nyeranda itegerezwa kuba yarakoze mu gukingira Yeruzalemu, Betelehemu, be n’urusengero, ivyo bibanza vyose bikaba vyogize ico biterereye mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye Yezu.
8. Ni igiki cerekana ko impwemu nyeranda yagize uruhara mu buzima bw’Umwana w’Imana no mu busuku yaranguye?
8 Impwemu nyeranda yaragize uruhara mu buzima bwa Yezu no mu busuku yaranguye. Impwemu nyeranda, ikoreye mu nda y’umwigeme w’isugi Mariya, yarakoze ikintu kitari bwigere gikorwa kandi kitasubiye gukorwa. Yaratumye umwigeme w’umunyagasembwa asama inda hanyuma avyara Umwana atagira agasembwa, uno akaba atari gushikirwa n’igihano c’urupfu. (Luka 1:26-31, 34, 35) Mu nyuma impwemu yarakingiye urwo ruhinja Yezu ngo ntirupfe hataragera. (Mat. 2:7, 8, 12, 13) Igihe Yezu yari afise nk’imyaka 30, Imana yaramurobanuje impwemu nyeranda, iba iramugenye kuba samuragwa w’ingoma ya Dawidi kandi iba iramushinze igikorwa co kwamamaza. (Luka 1:32, 33; 4:16-21) Impwemu nyeranda yaratumye Yezu aronka ubushobozi bwo gukora ibitangaro, harimwo gukiza abarwaye, kugaburira amasinzi y’abantu, no kuzura abapfuye. Mwene ivyo bikorwa vy’ububasha vyarerekanye imbere y’igihe imihezagiro twiteze kuzoronka ku ngoma ya Yezu.
9, 10. (a) Vyagaragaye gute ko impwemu nyeranda yari ku bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere? (b) Ni ikintu ikihe cahishuwe mu kinjana ca mbere G.C. mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova?
9 Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Yehova yarakoresheje impwemu yiwe kugira ngo arobanure igihimba c’inyongera c’abogize uruvyaro rwa Aburahamu, benshi muri bo bakaba batakomoka kuri Aburahamu. (Rom. 8:15-17; Gal. 3:29) Vyaragaragara ko impwemu nyeranda yari ku bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere, ikabashoboza kwamamaza n’umwete ikongera igatuma bagira ubushobozi bwo gukora ibikorwa vy’ububasha. (Ibik. 1:8; 2:1-4; 1 Kor. 12:7-11) Biciye kuri izo ngabirano zo gukora ibitangaro, impwemu nyeranda yarahishuye ikintu kidasanzwe mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Yehova ntiyari agikoresha ya ntunganyo y’ugusenga yari imaze ibinjana n’ibindi yari ishingiye ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Yari asigaye atonesha ishengero rya gikirisu ryari riherutse gushingwa. Kuva ico gihe, Yehova arakoresha iryo shengero ryarobanuwe kugira ngo arangure umugambi wiwe.
10 Gukingira, gutuma abantu baronka ubushobozi, kurobanura, ubwo ni bumwebumwe gusa mu buryo butandukanye Yehova yakoresheje impwemu nyeranda mu bihe vya Bibiliya kugira ngo atume umugambi wiwe uguma utera imbere ugana kw’iranguka ryawo. Tuvuge iki none muri iki gihe cacu? Yehova ariko akoresha gute impwemu yiwe muri iki gihe kugira ngo ashigikire umugambi wiwe? Turakeneye kubimenya, kuko twipfuza gukora duhuza n’iyo mpwemu. Nimuze rero twihweze uburyo bune Yehova ariko arakoreshamwo impwemu yiwe muri iki gihe.
Uruhara impwemu nyeranda igira muri iki gihe
11. Ni igiki cerekana ko impwemu nyeranda ari inguvu ituma abasavyi b’Imana baba abadahumanye, kandi wokwerekana gute ko usenyera ku mugozi umwe n’iyo mpwemu?
11 Ubwa mbere, impwemu nyeranda ni inguvu ituma abasavyi b’Imana baba abadahumanye. Abagira uruhara mu mugambi wa Yehova bategerezwa kuba abadahumanye mu vy’inyifato runtu. (Soma 1 Abakorinto 6:9-11.) Bamwebamwe mu bacika abakirisu b’ukuri usanga bahora bisuka mu ngeso z’ubuhumbu nk’ubusambanyi, ukurenga ibigo, n’uguhuza ibitsina n’abo babisangiye. Ivyipfuzo bivyara ibicumuro birashobora kuba bishinze imizi cane. (Yak. 1:14, 15) Ariko rero, mwene abo bantu ‘barogejwe,’ ivyo bikaba vyerekana ko bagize amahinduka mu buzima bwabo yari akenewe kugira ngo bahimbare Imana. None ni igiki gituma umukunzi w’Imana ashobora kunanira impengamiro yo gutwarwa n’ivyipfuzo bibi? Ni “impwemu y’Imana yacu,” nk’uko bivugwa muri 1 Abakorinto 6:11. Ugumye udahumanye mu vy’inyifato runtu, uba werekanye ko uriko urareka iyo mpwemu ngo igire akosho gakomeye mu buzima bwawe.
12. (a) Twisunze ivyo Ezekiyeli yeretswe, Yehova ayobora gute ishirahamwe ryiwe? (b) Wokwerekana gute ko ukora uhuza n’impwemu?
12 Ubugira kabiri, Yehova arakoresha impwemu yiwe mu kuyobora ishirahamwe ryiwe aho ashaka ko rija. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, igihimba co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kidondorwa ko ari umukogote wo mw’ijuru ugenda ata kiwutangira kugira ngo ushitse umugambi wa Yehova. Ni igiki gituma uwo mukogote ugenda werekeza ahantu hanaka? Ni impwemu nyeranda. (Ezk. 1:20, 21) Twibuke yuko ishirahamwe rya Yehova rigizwe n’ibihimba bibiri, kimwe kikaba kiri mw’ijuru ikindi na co kw’isi. Nimba igihimba co mw’ijuru kiyoborwa n’impwemu nyeranda, bibwirizwa kuba ari ukwo nyene biri no ku gihimba co kw’isi. Ugamburutse ukongera ukaba intahemuka ku buyobozi butangwa n’igihimba co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana, uba werekanye yuko uguma ujana n’umukogote wa Yehova wo mw’ijuru be n’uko uriko urakora uhuza n’impwemu nyeranda yiwe.—Heb. 13:17.
13, 14. (a) Ni bande bagize “iri yaruka” ryavuzwe na Yezu? (b) Tanga akarorero kerekana yuko impwemu nyeranda iriko iragira uruhara mu gutuma turushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Woba uriko urajana n’umuco urushiriza kwongerekana?”)
13 Ubugira gatatu, impwemu nyeranda iradufasha gutahura ukuri kwo muri Bibiliya. (Imig. 4:18) Iki kinyamakuru kiramaze igihe kirekire gikoreshwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” nka wo muhora nyamukuru acishako mu kurushiriza guhishura ukuri kwo muri Bibiliya. (Mat. 24:45) Nk’akarorero, rimbura ukuntu dutahura abagize “iri yaruka” ryavuzwe na Yezu. (Soma Matayo 24:32-34.) Ni iyaruka irihe Yezu yerekejeko? Ikiganiro kivuga ngo “Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?” carasiguye yuko Yezu atariko yerekeza ku banyakibi, ahubwo ko yariko yerekeza ku bigishwa biwe, bano bakaba bari bimirije kurobanuzwa impwemu nyeranda.a Abayoboke ba Yezu barobanuwe mu kinjana ca mbere no muri iki gihe, ni bo gusa bobonye ca kimenyetso bakongera bagatahura ico gisobanura, ni ukuvuga ko botahuye yuko Yezu “ari hafi ku muryango.”
14 Iyo nsobanuro ivuze iki kuri twebwe? Naho tudashobora guharura ikiringo nyezina “iri yaruka” rimara, vyoba vyiza dushize ku muzirikanyi ibintu nka bingahe vyerekeye ijambo “iyaruka”: Akenshi ryerekeza ku bantu b’imyaka itandukanye babayeho mu kiringo kinaka; si kirekire birenze, kandi kirafise aho kirangirira. (Kuv. 1:6) None dutegerezwa gutahura gute amajambo Yezu yavuze yerekeye “iri yaruka”? Biboneka yuko yashaka kuvuga ko abarobanuwe bari bariho igihe nya kimenyetso catangura kwibonekeza mu 1914 bobayeho mu kiringo nyene abandi barobanuwe bazobona intango ya ya makuba akomeye bobaye bariho. Iryo yaruka ryaragize intango, kandi ntirizobura kugira iherezo. Iranguka ry’imice itandukanye ya ca kimenyetso rirerekana neza yuko ayo makuba ategerezwa kuba ari hafi. Ugumye ubona ko ibintu vyihutirwa kandi ukaguma uri maso, uba werekanye ko uguma ujana n’umuco ugenda urushiriza kubonesha be n’uko ukurikira ubuyobozi bw’impwemu nyeranda.—Mrk. 13:37.
15. Ni igiki cerekana yuko impwemu nyeranda ari yo iduha ubushobozi bwo kwamamaza inkuru nziza?
15 Ubugira kane, impwemu nyeranda iraduha ubushobozi bwo kwamamaza inkuru nziza. (Ibik. 1:8) Hari ukundi none wosigura ingene inkuru nziza yamamajwe kw’isi yose? Zirikana gatoya. Woshobora kuba uri mu bantu bahora biyumvira ngo: ‘Sinokwigera nshobora kugenda namamaza inzu ku nzu!’, ivyo kumbure ukaba wavyiyumvira kubera amasoni menshi canke ubwoba. Yamara, ubu uragira uruhara n’umwete muri ico gikorwa.b Ivyabona vya Yehova benshi b’abizigirwa barabandanije kwamamaza bariko bararwanywa canke bariko barahamwa. Impwemu nyeranda y’Imana ni yo yonyene ishobora kuturonsa ubushobozi bwo gutsinda intambamyi ziteye ubwoba no gukora ibintu tutoshoboye gukora twishimikije inguvu zacu bwite. (Mika 3:8; Mat. 17:20) Ugize uruhara mu buryo bushitse mu gikorwa co kwamamaza, uba werekanye ko uriko urasenyera ku mugozi umwe n’iyo mpwemu.
Uruhara impwemu nyeranda izogira muri kazoza
16. Kubera iki dushobora kwemera tudakeka yuko Yehova azokingira abasavyi biwe mu gihe ca ya makuba akomeye?
16 Muri kazoza, Yehova azokoresha impwemu nyeranda yiwe mu buryo bukomeye kugira ngo ashitse umugambi wiwe. Tubanze twihweze ibijanye n’ugukingirwa. Nk’uko twabibonye, Yehova yarakoresheje impwemu yiwe kera kugira ngo akingire abantu umwumwe ukwiwe be n’ihanga rya Isirayeli uko rigize umugwi. Ku bw’ivyo, turafise imvo yumvikana yo kwemera yuko azokoresha iyo mpwemu nyene y’inyabubasha kugira ngo akingire abasavyi biwe mu gihe ca ya makuba akomeye ariko aregereza. Ntibikenewe ko twibaza ukuntu neza na neza Yehova azotwitwararika ico gihe. Ahubwo nyabuna, turashobora guhanga amaso kazoza umutima uri mu nda, tuzi yuko abakunda Yehova atazokwigera areka kubabona canke ngo impwemu nyeranda yiwe ireke kubashikira.—2 Ngo. 16:9; Zab. 139:7-12.
17. Yehova azokoresha gute impwemu nyeranda yiwe mw’isi nshasha?
17 Yehova azokoresha gute impwemu nyeranda yiwe mw’isi nshasha igiye kuza? Iyo mpwemu ni yo nguvu izotuma handikwa ya mizingo mishasha izozingururwa ico gihe. (Ivyah. 20:12) None iyo mizingo izoba irimwo iki? Biboneka ko izoba irimwo ibintu bitomoye Yehova azodusaba gukurikiza muri ya myaka igihumbi. Woba witeganye umushasharo kuzosuzuma ibizoba biri muri iyo mizingo? Si twe tuzobona iyo si nshasha irashitse. Birasiga ubwenge bwacu kwiyumvira ukuntu kuba muri ico kiringo giteye umunezero bizoba bimeze, igihe Yehova azokoresha impwemu nyeranda yiwe kugira ngo ashitse umugambi afitiye isi n’abantu baba kuri yo.
18. Ni igiki wiyemeje ushikamye?
18 Ntitwigere twibagira yuko umugambi wa Yehova ugenda urahishurwa uzororanirwa ata kabuza, kuko kugira ngo awushitse, akoresha impwemu nyeranda yiwe, ino ikaba ari inguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’ijuru no kw’isi. Uwo mugambi urakwerekeye. Ku bw’ivyo rero, niwiyemeze ushikamye kwinginga Yehova umusaba impwemu yiwe wongere ukore uhuza n’ubuyobozi itanga. (Luka 11:13) Gutyo, woshobora kwizigira kubaho nk’uko Yehova yari yarategekanije yuko abantu bobaho, ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi.
[Utujambo tw’epfo]
b Ku bijanye n’akarorero k’umuntu yatsinze isoni zirenze urugero akaba umunyamwete mu busuku, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1993, urupapuro rwa 19.
Woba uvyibuka?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yakoresheje impwemu nyeranda yiwe mu bihe vya Bibiliya kugira ngo atume umugambi wiwe uguma utera imbere?
• Yehova ariko akoresha gute impwemu yiwe muri iki gihe?
• Yehova azokoresha gute impwemu yiwe muri kazoza kugira ngo ashitse umugambi wiwe?
[Uruzitiro ku rup. 10]
Woba uriko urajana n’umuco urushiriza kwongerekana?
Yehova arabandanya kumurikira abasavyi biwe. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyaryohowe vyasohowe mu Munara w’Inderetsi?
▪ Ca kigereranyo Yezu yatanga kivuga ivy’umwambiro gishira ahabona icigwa ciza ikihe ku bijanye n’iterambere ryo mu vy’impwemu? (Mat. 13:33)—15 Mukakaro 2008, urupapuro rwa 19-20.
▪ Ihamagarwa ry’abakirisu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru rirangira ryari?—1 Rusama 2007, urupapuro rwa 30-31.
▪ Gusenga Yehova “mu mpwemu” bisobanura iki? (Yoh. 4:24)—15 Mukakaro 2002, urupapuro rwa 15.
▪ Rya sinzi rinini risukurira mu kihe kigo c’urusengero? (Ivyah. 7:15)—1 Rusama 2002, urupapuro rwa 30-31 (mu gifaransa no mu giswahili).
▪ Gutandukanya intama n’impene biba ryari? (Mat. 25:31-33)—1 Munyonyo 1995, urupapuro rwa 10-20.