Gusukura mu gihe c’iyongerekana ryiza igitangaza
Nk’uko vyavuzwe na Harley Harris
Hari ku wa 2 Nyakanga 1950, mu gisagara ca Kennet, muri Missouri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Twari kw’iteraniro ry’umuzunguruko, dukikujwe n’umugwi w’abantu b’inkazi. Umukuru w’ico gisagara yaraje azananye n’umugwi w’abasoda bashobora gushirwa mu gisirikare c’igihugu igihe bikenewe, kugira ngo badukingire abo bantu b’intagondwa. Abasoda bafoye inkoho ziriko n’imbugita bari batonze umurongo muri iryo barabara. Twaciye tugenda ku miduga yacu abo bantu bariko baradutukagura hanyuma turayinyonga tuja i Cape Girardeau, muri Missouri kugira ngo dukurikirane ibiringo vyari bisigaye vy’iryo teraniro. Aho ni ho nabatirijwe mfise imyaka 14. Ariko reka ndabiganire ingene nahavuye nsukurira Yehova muri ako kajagari.
MU NTANGO z’imyaka ya 1930, sokuru na nyokuru be n’abana babo umunani barumvise insiguro zimwezimwe zafashwe amajwi z’umuvukanyi Rutherford maze barajijuka yuko bari bubuye ukuri. Abavyeyi banje, ari bo Bay Harris na Mildred, babatijwe mu 1935 kw’ihwaniro ryabereye i Washington, D.C. Ese ukuntu bahimbawe cane no kuba bari mu bagize “isinzi rinini” ryari rihejeje kumenyekana kuri iryo hwaniro!—Ivyah. 7:9, 14.
Navutse mu mwaka wakurikiye. Haciye umwaka umwe, abavyeyi banje barimukiye mu karere kari ukwa konyene muri Misisipi. Igihe twaba muri ako karere, nta n’umucungezi w’ingenzi yatugendera. Umuryango wacu warahanahana amakuru na Beteli ukongera ukitaba amateraniro, kandi haraciye igihe kinaka twifatanya n’umuryango w’abavukanyi muri ubwo buryo gusa.
Nihangana mu gihe c’uruhamo
Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, Ivyabona vya Yehova barahamwe cane bahorwa impagararo yabo yo kutagira aho bahengamiye. Twabwirijwe kwimukira i Mountain Home muri Arkansas. Umusi umwe, twe na dawe twariko turashinga intahe mw’ibarabara. Umugabo umwe yarashikuye bukwi na bukwi dawe ibinyamakuru, arabidomeka aca abituririra aho nyene. Yatwise ibinyabwoba kubera tutaja mu ntambara. Kubera yuko nari mfise imyaka itanu gusa, naciye ntangura kurira. Dawe yaritegereje atekanye uwo mugabo adakuyeko umunwa, gushika uwo mugabo agiye.
Hariho n’abantu bameze neza badufata neza. Igihe kimwe, hari akagwi k’abantu kari kadukikuje turi mu muduga wacu, maze umushikirizamanza wo muri ako karere ararengana aho hantu. Yaciye abaza ati: “Habaye iki ng’aha?” Umugabo umwe yishuye ati: “Ibi Vyabona vya Yehova ntibashaka kurwanira igihugu cabo!” Nya mushikirizamanza yaciye ahagarara ku muduga wacu kuri mwene ka kantu umuntu ahonyorako agira yurire mu muduga, aca avuga n’ijwi rirenga ati: “Nararwanye mu Ntambara ya mbere y’isi yose, kandi nzorwana no muri iyi! Nimureke aba bantu bigire. Nta n’umwe bagirira nabi!” Iryo sinzi ryaciye rishwiragira ridakoma. Ese ukuntu twakenguruka cane kuba abo bantu bameze neza baratugaragariza ubuntu!—Ivyak. 27:3.
Ingene amahwaniro yadukomeje
Ihwaniro ryabereye i St. Louis muri Missouri mu 1941, ryaje hageze. Vyagereranijwe yuko abaryitavye barenga 115.000. Habatijwe igitigiri gitangaje c’abantu 3.903! Ndibuka neza insiguro umuvukanyi Rutherford yashikirije yari ifise umutwe uvuga ngo “Abana b’Umwami.” Yavuze atubwira twebwe abari bakiri bato, kandi twese twararonse ikopi imwe ya ca gitabu ciza cane gisa n’ubururu kivuga ngo Abana (mu congereza). Iryo hwaniro ryarankomeje kugira ngo nzoshobore guhangana n’ivyanshikiye mu mwaka wakurikiye, uwo mwaka nkaba nategerezwa gutangura amashure y’intango. Twe na muvyaranje twarirukanywe mw’ishure kubera ko twanse kuramutsa ibendera. Twaraja kw’ishure buri musi kugira ngo turabe nimba abayobozi boba bahinduye ivyiyumviro. Akenshi mu gitondo twaraca mu bisaka tuja kw’ishure, dushitseyo bagaca batwirukana. Ariko rero, nabona yuko ubwo bwari uburyo bwo kwerekana ko tudahemukira Ubwami bw’Imana.
Ariko rero budakeye na kabiri, Sentare nkuru ya Leta Zunze Ubumwe yarasohoye itegeko rivuga yuko atari ngombwa ngo umuntu aramutse ibendera. Amaherezo twarashoboye kuja kw’ishure. Umwigisha yari ameze neza cane kandi yaratwemereye kwiga ivyigwa vyari vyaducitse. Abo twigana na bo nyene baradufatana icubahiro.
Ndibuka kandi ihwaniro ryabereye i Cleveland muri Ohio mu 1942, aho umuvukanyi Nathan H. Knorr yashikirije insiguro yavuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama?” Uwo mwihwezo ushingiye ku Vyahishuwe ikigabane ca 17 warerekanye yuko inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose hobaye ikiringo c’agahengwe. Gutyo, vyari vyitezwe ko hazorushiriza kuba iyongerekana. Mu ntumbero yo kwitegurira ico kintu, Ishure ry’i Gileyadi ryaratangujwe mu 1943. Sinari nzi ukuntu ico kintu cogize ico gikoze ku buzima bwanje muri kazoza. Inyuma y’intambara harabaye ikiringo c’amahoro koko kandi uruhamo rwaragabanutse. Ariko rero, igihe Intambara yo muri Koreya yatangura mu 1950, igikorwa cacu co kwamamaza carasubiye kurwanywa, nk’uko vyavuzwe mu ntango.
Ngira uruhara rushitse muri iryo yongerekana
Mu 1954, narahejeje amashure yisumbuye maze haciye ukwezi kumwe nca ntangura gukora ubutsimvyi. Maze gukorera i Kennett muri Missouri, hamwe ka kagwi kadukikuza mu 1950, naratumiwe ngo nje gusukurira kuri Beteli muri Ntwarante 1955. Mu cibare ishengero nasabwe kwifatanya na ryo ryari rifise harimwo ahitwa Times Square, akaba ari hagati mu gisagara ca New York. Ese ukuntu ibintu vyari vyarahindutse muri ako karere! Narashobora gukwegera ivyiyumviro vy’abantu bo muri ico gisagara ca New York bari bafise vyinshi bakora, mu kuzingurura ikinyamakuru ku kiganiro gituma umuntu azirikana maze nkavuga nti: “Woba umaze kwibaza iki kibazo?” Abantu benshi barakira ibinyamakuru.
Kimwe mu biringo nakunda cane kuri Beteli kwari ugusenga kwo mu gitondo kwahagarikirwa n’umuvukanyi Knorr. Urazi ukuntu yashobora gutuma imirongo yo muri Bibiliya iba iyikora ku mutima akongera akayihuza mu buryo ngirakamaro n’uko ivyacu vyifashe! Twebwe abavukanyi b’abirebange bari bakiri bato yatuyagisha nk’uko sebibondo yoyagisha umuhungu wiwe, akenshi akaduha impanuro nziza zijanye n’ingene twofata abo tudasangiye igitsina. Mu 1960, narafashe ingingo yo kwubaka urwanje.
Naramenyesheje Beteli yuko inyuma y’imisi 30 nohagaritse umurimo, ariko sinaronse inyishu. Iyo misi 30 iheze, naho nari mfise amasoni, narariye umutima amenyo ndabaza ibijanye n’igihe nzohagarikirako umurimo. Umuvukanyi Robert Wallen ni we yitavye telefone aca araza aho nariko ndakorera. Yarambajije ico niyumvira ku bijanye n’ubutsimvyi budasanzwe canke ku bijanye n’igikorwa c’umuzunguruko. Nishuye nti: “Ariko Bob, mfise imyaka 24 gusa kandi sindamenya utuntu n’utundi.”
Mu gikorwa c’umuzunguruko
Kuri uwo mugoroba, nasanze mu cumba canje hari ibahasha rinini. Harimwo urupapuro rumwe rwo gusaba ubutsimvyi budasanzwe be n’urundi rwo gusaba kuja mu gikorwa c’umuzunguruko. Emwe, narakubiswe n’inkuba! Naratewe rero agateka ntabereye ko gusukurira abavukanyi banje mu gikorwa c’umuzunguruko mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Missouri be no mu Buseruko bwa Kansas. Ariko rero imbere yo kuva kuri Beteli, naritavye inama y’abacungezi b’ingenzi. Mu majambo yo gusozera umuvukanyi Knorr yavuze, yagize ati: “Kuba muri abacungezi b’imizunguruko be n’ab’intara, ntibisigura yuko muzi ibintu vyinshi kuruta abavukanyi bo mu turere mukoreramwo. Bamwebamwe muri bo usanga babarusha cane kumenya utuntu n’utundi. Ariko uko ivyabo vyifashe ntibibakundira kuronka ako gateka mufise. Murashobora kubigirako vyinshi.”
Ese ukuntu ayo majambo yagaragaye ko ari ay’ukuri! Umuvukanyi Fred Molohan be n’umukenyezi wiwe hamwe na mwene wabo n’uwo muvukanyi ari we Charley b’i Parsons muri Kansas, bari uburorero budasanzwe bwerekana ico kintu. Bari bize ukuri mu ntango z’imyaka ya 1900. Ese ukuntu vyari biteye umunezero kwumva ivyari vyarabashikiye ntaranavuka! Uwundi muvukanyi yari John Wristen, uno akaba yari umuvukanyi ameze neza ageze mu zabukuru w’i Joplin muri Missouri, akaba yari yaramaze imyaka mirongo ari umutsimvyi. Abo bavukanyi bakundwa barubaha cane urutonde rwa gitewokarasi. Baratumye numva mfise agaciro kubera ko nari umucungezi wabo w’umuzunguruko, naho nari nkiri muto.
Mu 1962, narubakanye na Cloris Knoche, uno akaba yari umutsimvyi ashwashwanutse afise imishatsi igomba gutukura. Narabandanije igikorwa c’umuzunguruko ndi kumwe na Cloris. Igihe twaba tumaze igihe turi kumwe n’abavukanyi, twarabamenya. Twarashobora kuremesha abakiri bato ngo batangure umurimo w’igihe cose. Hari abana b’imiyabaga babiri bo mu muzunguruko, ari bo Jay Kosinski na JoAnn Kresyman, bari bakeneye gusa indemesho nk’iyo. Gukorana na bo mu murimo no kubabwira umunezero umuntu akura mu kubaho yitanga vyarabavyuriye umutima wo kwishingira imigambi. JoAnn yarabaye umutsimvyi adasanzwe, Jay na we yarasukuriye kuri Beteli. Mu nyuma, abo babiri barubakanye, ubu bakaba bamaze imyaka nka 30 bari mu gikorwa c’umuzunguruko.
Umurimo w’ubumisiyonari
Mu 1966, umuvukanyi Knorr yaratubajije nimba twarashimishwa no gusukurira mu mahanga. Twishuye duti: “Aho turi haraduhimbaye, mugabo nimba hari inkenero ahandi hantu, turiteguye.” Haciye indwi imwe, twaratumiwe mw’Ishure ry’i Gileyadi. Ese ukuntu vyari biteye umunezero gusubira kuri Beteli igihe twari muri iryo shure maze nkabonana n’abantu benshi nakunda kandi nubaha! Twaragiraniye kandi ubugenzi n’abanyeshure twigana, abo na bo bakaba basukura ari abizigirwa gushika n’uyu musi.
Twe na Cloris twarungitswe muri Équateur muri Amerika y’Epfo, turi kumwe na Dennis Crist n’umukenyezi wiwe Edwina, Ana Rodríguez be na Delia Sánchez. Umuryango wa Crist wagiye gukorera ku murwa mukuru Quito. Cokimwe natwe, Ana na Delia barungitswe gukorera i Cuenca, kino kikaba ari co gisagara kigira gatatu mu bunini muri Équateur. Ico cibare carimwo intara zibiri. Ishengero rya mbere ry’i Cuenca ryatanguriye mu nzu twabamwo. Ryari rigizwe na twebwe bane hamwe n’abandi bantu babiri. Twaribaza ukuntu igikorwa co kwamamaza coranguwe.
I Cuenca hari huzuye amadini, kandi ku misi bita ngo ni myeranda, ico gisagara caba cuzuyemwo abantu baba bariko baragira ingendo zijanye n’ivy’idini. Ariko rero, abantu b’i Cuenca bari bafise ibibazo vyinshi. Nk’akarorero, igihe nabonana ari bwo bwa mbere na Mario Polo, akaba ari we yari rurangiranwa mu vyo gusiganwa ku makinga i Cuenca, yarantangaje mu kumbaza ati: “Wa mumaraya avugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe ni nde?”
Ikindi gihe, Mario yaraje i muhira iwacu mw’ijoro yahagaritse cane umutima. Hari umupasitori wo mw’ishengero rimwe ry’abaporotisanti yari yamuhaye ibitabu bimwe vyagiriza mu buryo bukomeye Ivyabona vya Yehova. Naramufashije kuzirikana ndamubwira yuko uwagirizwa yari akwiye guhabwa akaryo ko kwiregura. Bukeye rero, Mario yaradutumiye iwe twe na wa mupasitori kugira ngo tugire ico tuvuze kuri ivyo vyagirizo. Ico gihe, nasavye yuko twoshimikira ku nyigisho y’Ubutatu. Igihe uwo mupasitori yasoma muri Yohani 1:1, Mario ubwiwe yaciye asigura neza ico uwo murongo usobanura. Kandi ukwo ni ko vyagenze ku mirongo yose yo muri Bibiliya uwo mupasitori yaba avuze. Birumvikana ko uwo mupasitori atashoboye kwerekana ko iyo nyigisho y’Ubutatu ari iy’ukuri. Ivyo vyarajijuye Mario n’umukenyezi wiwe yuko twigisha ukuri, kandi bahavuye baba abantu baburanira neza cane inyigisho zo muri Bibiliya. Ese ukuntu twagize umunezero wo kubona amashengero yo mu gisagara ca Cuenca yongerekana akava kuri 33 muri ico cibare amahero twatanguye gukoreramwo, agashika kuri 63, iryo rikaba vy’ukuri ryari iyongerekana ryiza igitangaza!
Nibonera iyongerekana ndi ku biro vy’ishami
Mu 1970, narasabwe kuja ku biro vy’ishami i Guayaquil ndi kumwe na Al Schullo. Twempi twitwararika igikorwa co ku biro vy’ishami. Joe Sekerak yaza rimwe na rimwe arapakira ibisohokayandikiro vy’amashengero 46 yari muri ico gihugu cose. Rimwe na rimwe Cloris yakora ari umumisiyonari asukurira mu ndimiro mu gihe jewe naba ndiko nkorera kuri Beteli. Yarashoboye gufasha abantu 55 gushika ku kubatizwa, akenshi kw’iteraniro rimwe hakaba harabatizwa abatohoji bari hagati ya batatu na batanu bigana na we Bibiliya.
Nk’akarorero, Cloris yariganye Bibiliya n’umukenyezi umwe yitwa Lucresia, uno akaba yari afise umugabo amurwanya. Naho vyari ukwo, Lucresia yahavuye abatizwa maze atangura gukora ari umutsimvyi asanzwe. Yarigishije abana biwe inzira za Yehova. Abahungu biwe babiri ubu ni abakurambere, kandi umwe ni umutsimvyi adasanzwe; umukobwa wiwe na we ni umutsimvyi. Umwuzukuru wiwe yubakanye n’umuvukanyi ameze neza, kandi abo babiri basukura ari abatsimvyi badasanzwe. Uwo muryango warafashije abantu benshi kumenya ukuri.
Mu 1980, muri Équateur hari abamamaji nka 5.000. Ibiro vy’ishami vyacu bitoyi vyari bitanguye kwaga. Hari umuvukanyi yaduhaye itongo rya hegitari 32 ritari i Guayaquil. Mu 1984, twaratanguye kwubaka muri iryo tongo ibiro vy’ishami bishasha hamwe n’Ingoro y’amateraniro, ivyo bikaba vyeguriwe Imana mu 1987.
Abantu b’umutima ukunze bagira ico baterereye muri iryo yongerekana
Uko imyaka yahaca, vyareza umutima kubona abamamaji benshi n’abatsimvyi benshi bo mu bindi bihugu baza muri Équateur gufasha ahari hakenewe cane abamamaji b’Ubwami. Akarorero kamwe ncibuka ni ak’uwitwa Andy Kidd, uno akaba yari umwigisha yakukurutse yaturuka muri Kanada. Yimukiye muri Équateur mu 1985 afise imyaka 70, maze asukurirayo adahemuka gushika apfuye mu 2008 afise imyaka 93. Igihe namubona ari bwo bwa mbere ari aho yakorera, ni we wenyene yari umucungezi mw’ishengero ritoya yarimwo. Ariko arinanata ngo avuge igisupanyoli, yarashikirije insiguro y’icese aca arayobora n’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Yarahagarikira kandi Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi akongera agashikiriza ibiganiro nka vyose vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo! Muri ako karere, ubu hariyo amashengero abiri ateye imbere, afise hafi abamamaji 200 n’abakurambere benshi bo muri ako karere nyene.
Uwundi muvukanyi yitwa Ernesto Diaz, uwari yimutse ava muri Leta Zunze Ubumwe ari kumwe n’umuryango wiwe, amaze amezi umunani muri Équateur yavuze ati: “Abana bacu batatu barize ururimi rw’aho kandi barabaye abigisha beza cane. Narashitse ku mugambi usa n’uwudashoboka kuri sebibondo muri iyi si, uwo na wo ukaba ari uwo kuba umutsimvyi asanzwe, nkagira uruhara mu busuku bw’igihe cose ndi kumwe n’umuryango wanje. Twese hamwe tuyobora inyigisho za Bibiliya 25. Ivyo vyose vyatumye umuryango wacu urushiriza kwunga ubumwe, kandi ikiruta vyose vyatumye twiyegereza Yehova ku rugero ntari bwigere mbona.” Ese ukuntu dukengurukira cane abo bene wacu na bashiki bacu twikundira!
Mu 1994, ibiro vy’ishami vyarasubiye kwagurwa, hubakwa izindi nyubakwa zingana n’izari zihasanzwe. Mu 2005, twararenze igitigiri c’abamamaji 50.000 bica biba ngombwa ko ibiro vy’ishami vyongera kwagurwa. Aho harimwo kwubaka Ingoro y’amateraniro nini cane, inyubakwa nshasha y’uburaro be n’ibiro vy’ubuhinduzi. Izo nyubakwa nshasha zeguriwe Imana ku wa 31 Gitugutu 2009.
Igihe nirukanwa kw’ishure mu 1942, muri Leta Zunze Ubumwe hari Ivyabona nka 60.000. Ubu hari abarenga umuliyoni. Igihe twaza muri Équateur mu 1966, hari abamamaji b’Ubwami bashika 1.400. Ubu bararenga 68.000. Kandi nta gukeka yuko hari abandi bazoza bavuye mu batohoji ba Bibiliya 120.000 be no mu bantu barenga 232.000 bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu mu 2009. Mu vy’ukuri, Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu buryo tutokwigeze twiyumvira. Ese ukuntu biteye umunezero kubaho mu gihe c’iyongerekana ryiza igitangaza no kuba ahantu ririko rirabera!a
[Akajambo k’epfo]
a Igihe iki kiganiro cariko kirategurwa kugira ngo gisohorwe, Harley Harris yarapfuye ari umwizigirwa kuri Yehova.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 5]
Iteraniro ryabereye ku gahinga (1981) be n’Ingoro y’amateraniro y’i Guayaquil (2009) yubatswe muri ico kibanza nyene