Woba ugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka?
“Iyo mukoraniye hamwe, . . . vyose nibibe ku bw’ukwubaka.”—1 KOR. 14:26.
1. Nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto ikigabane ca 14, amakoraniro ya gikirisu afise intumbero ihambaye iyihe?
‘IRYO koraniro ryubaka pe!’ Woba warigeze guserura inyiyumvo nk’izo uhejeje kwitaba ikoraniro rinaka ku Ngoro y’Ubwami? Nta nkeka ko umaze kuziserura! Mu vy’ukuri, amakoraniro y’ishengero ni isoko ry’indemesho, ariko ivyo ntibitangaje. Nakare, nk’uko nyene vyari mu gihe c’abakirisu bo mu ntango, intumbero ihambaye y’amakoraniro tugira muri iki gihe ni iyo gukomeza mu buryo bw’impwemu abantu bose baba bayitavye. Raba ukuntu intumwa Paulo ashimika kuri iyo ntumbero itomoye y’amakoraniro ya gikirisu mw’ikete rya mbere yandikiye Abakorinto. Mu kigabane ca 14, cose, aravuga akatari gake yuko ikiganiro cose gishikirizwa ku makoraniro y’ishengero gikwiye kuba gifise iyo ntumbero nyene, iyo na yo ikaba ari yo “kugira ngo ishengero ryubakwe.”—Soma 1 Abakorinto 14:3, 12, 26.a
2. (a) Ni igiki gituma amakoraniro aba ayubaka? (b) Ni ikibazo ikihe tugiye kwihweza?
2 Turatahura yuko impwemu y’Imana ari co kintu ca mbere na mbere gituma amakoraniro aba ayubaka canke ayakomeza. Ni co gituma dutangura buri koraniro ry’ishengero mu gutura Yehova isengesho rivuye ku mutima, muri ryo tukaba dusaba uwo Dawe wa twese wo mw’ijuru ngo ahezagire amakoraniro yacu abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda. Naho ari ukwo, turazi yuko abagize ishengero bose bashobora kugira uruhara mu vyo gutuma porogarama z’amakoraniro ziba izubaka uko bishoboka kwose. None ni ibintu bimwebimwe ibihe twebwe ubwacu dushobora gukora kugira ngo twiyemeze neza ko amakoraniro ayoborwa buri ndwi ku Ngoro y’Ubwami yacu yama nantaryo ari isôko ry’ukuruhurirwa n’ukuremeshwa mu buryo bw’impwemu?
3. Amakoraniro ya gikirisu ahambaye ku rugero rungana iki?
3 Kugira ngo twishure ico kibazo, tugira turimbure imice imwimwe igize amakoraniro yacu abayahagarikira bakwiye kuguma bibuka. Turaza kandi kwihweza ukuntu ishengero ryose uko ringana rishobora kugira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro aba ibiringo biremesha ku bantu bose baba bayitavye. Birahambaye cane ko twitwararika ico kintu kubera ko amakoraniro yacu ari imitororokano myeranda. Mu vy’ukuri, kwitaba amakoraniro no kuyagiramwo uruhara ni ibintu bihambaye biri mu bigize ugusenga Yehova kwacu.—Zab. 26:12; 111:1; Yes. 66:22, 23.
Ikoraniro rigenewe kwiga Bibiliya
4, 5. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ifise intumbero iyihe?
4 Twese turipfuza kwungukira bimwe bishitse ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi tugira buri ndwi. Kugira ngo rero dutahure neza intumbero nyamukuru y’iryo koraniro, nimuze twihweze bimwebimwe mu bintu vyahinduwe ku kinyamakuru Umunara w’Inderetsi no ku biganiro vyo kwiga.
5 Guhera ku nteguro ya mbere y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi, ni ukuvuga inomero yo ku wa 15 Nzero 2008, hari ikintu gifise ico gisobanura cashizwe ku gipfukisho gitangura. Woba umaze kukibona? Niwihweze neza igipfukisho c’ico kinyamakuru ufise. Kuri ico gipfukisho, mu ntango y’uwo munara ucapuyeko, urahabona Bibiliya izinguruye. Uwo muce wongeweko urashimika ku gituma tugira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ni kugira ngo twige Bibiliya twifashishije ico kinyamakuru. Egome, mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi tugira buri ndwi, Ijambo ry’Imana “rirasigurwa,” kandi nk’uko vyagirwa kera mu gihe ca Nehemiya, ‘riratangirwa insobanuro.’—Neh. 8:8; Yes. 54:13.
6. (a) Ni igiki cahinduwe ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi? (b) Ni ibiki dukwiye kwama twibuka ku bijanye n’ivyanditswe biriko akajambo kavuga ngo “soma”?
6 Kubera ko Bibiliya ari co gitabu nyamukuru dukoresha, hari ikintu cahinduwe ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ivyanditswe bitari bike bitangwa mu biganiro vyo kwiga, usanga biriko akajambo kavuga ngo “soma.” Twese turemeshwa gukurikira igihe ivyo vyanditswe biba biriko birasomwa mw’ikoraniro, tugakoresha Bibiliya yacu bwite. (Ivyak. 17:11) Uti kubera iki? Igihe tubonye impanuro z’Imana muri Bibiliya yacu bwite, ziragira ikintu gikomeye zikoze kuri twebwe. (Heb. 4:12) Ku bw’ivyo rero, imbere y’uko mwene ivyo Vyanditswe bisomwa n’ijwi ryumvikana, uwuba ahagarikiye iryo koraniro akwiye guha abari ng’aho bose umwanya uhagije wo kurondera ivyo vyanditswe no gukurikira igihe iyo mirongo iriko irasomwa.
Twararonse umwanya wiyongereye wo guserura ukwizera kwacu
7. Ni akaryo akahe turonka mu kiringo c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi?
7 Ikindi kintu cahinduwe ku biganiro vyo kwiga vyo mu Munara w’Inderetsi kijanye n’ukuntu bireha. Muri iyi myaka, vyararushirije kuba bigufi. Ku bw’ivyo, mu kiringo c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, harakoreshwa umwanya muto mu gusoma ingingo tukaba turonka umwanya wiyongereye wo gutanga insasanuro. Ubu benshi mw’ishengero bararonka akaryo ko guserura ku mugaragaro ukwizera kwabo mu kwishura ku kibazo canditse, mu kwerekana ukuntu icanditswe kinaka coshirwa mu ngiro, mu kwigana icabonywe kigufi cerekana ubukerebutsi buri mu gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke mu bundi buryo. Dukwiye kandi kumara umwanya munaka turiko turaca irya n’ino amashusho.—Soma Zaburi 22:22; 35:18; 40:9.
8, 9. Uruhara rw’uwuhagarikira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ni uruhe?
8 Ariko rero, uwo mwanya wiyongereye wo gutanga insasanuro zitandukanye uzoboneka mu gihe gusa abantu batanze insasanuro ngufi, uwuhagarikiye iryo koraniro na we akirinda gutanga insasanuro kenshi cane mu kiringo c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ni igiki none cofasha uwuhagarikiye ikoraniro rinaka kugira uburimbane hagati y’insasanuro atanga be n’izo ishengero ritanga kugira ngo iryo koraniro ribe iryubaka kuri bose?
9 Kugira ngo twishure ico kibazo, rimbura iki kigereranyo. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ihagarikiwe neza imeze nk’umugwi w’amashurwe ari hamwe aryoheye ijisho. Nka kurya nyene umugwi munini w’amashurwe ari hamwe uba ugizwe n’amashurwe menshi atandukanye, ni ko n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi iba igizwe n’insasanuro nyinshi zitandukanye. Vyongeye, nka kurya nyene amashurwe ari mu mugwi usanga atandukanye mu kuntu angana no mu kuntu asa, ni ko n’insasanuro zitangwa mu gihe c’ikoraniro usanga zitandukanye mu kuntu zireha no mu kuntu zishikirizwa. None uruhara rw’uwuhagarikira ikoraniro ni uruhe? Insasanuro aza ara- cishamwo zimeze nk’uduterwa tuza turongerwa mu buryo bwitondewe kuri uwo mugwi w’amashurwe. Utwo duterwa usanga tutaboneka cane; ahubwo, turatuma ayo mashurwe arushiriza kuba ayaryoheye ijisho akongera akaba ayaberanye uyafatiye hamwe. Muri ubwo buryo nyene, uwuhagarikiye ikoraniro arakeneye kuguma yibuka yuko uruhara rwiwe, atari urwo kunigira mu menshi amajambo yo gushemeza Imana avugwa n’ishengero, ahubwo ko ari urwo kuyunganira. Ego cane, igihe insasanuro nyinshi zitandukanye zitangwa n’ishengero be n’amajambo avuzwe mu mwanya ubereye n’uwuhagarikiye ikoraniro bishizwe hamwe mu buryo burimwo ubuhanga, bica bigira umugwi w’amajambo meza cane ahimbara abitavye iryo koraniro bose.
“Twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo”
10. Abakirisu bo mu ntango babona gute amakoraniro y’ishengero?
10 Ukuntu Paulo adondora amakoraniro ya gikirisu mu 1 Abakorinto 14:26-33 biratuma dutahura neza ukuntu iyo mitororokano yahagarikirwa mu kinjana ca mbere. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya, mu kugira ico ivuze ku bijanye n’iyo mirongo, yandika iti: “Ikintu cari gihambaye vy’ukuri ku bijanye n’ikiringo c’ivy’ugusenga mw’ishengero ryo mu ntango gitegerezwa kuba cari ic’uko abantu nka bose baza biyumvamwo yuko bafise agateka ko kugira ico baterereye kuri ico kiringo be n’uko babwirizwa kubigira. Umuntu ntiyaza afise intumbero yo kwumviriza gusa; ntiyazanwa no guhabwa gusa ariko yaza kugira ngo agire ico atanze.” Ego cane, abakirisu bo mu ntango babona ko amakoraniro y’ishengero ari uturyo two guserura ukwizera kwabo.—Rom. 10:10.
11. (a) Ni igiki gifasha cane kugira ngo amakoraniro abe ayubaka, kandi kubera iki? (b) Ni ivyiyumviro ibihe twoshira mu ngiro bigatuma insasanuro dutanga ku makoraniro zirushiriza kuba nziza? (Raba akajambo k’epfo.)
11 Guserura ukwizera kwacu igihe turi ku makoraniro birafasha cane kugira ngo “ishengero ryubakwe.” Nta gukeka ko wemera yuko naho twoba tumaze imyaka myinshi twitaba amakoraniro, biguma bihimbaye vy’ukuri kwumviriza insasanuro zitangwa n’abavukanyi be na bashiki bacu. Turakorwa ku mutima n’inyishu ivuye ku mutima itanzwe n’uwo dusangiye ukwemera w’umwizigirwa ageze mu zabukuru; turumva tweze umutima igihe umukurambere yitwararika ibintu avuze amajambo yerekana yuko abona kure; vyongeye turamwenyura igihe akana gatanze insasanuro ivuye ku mutima iserura urukundo nyakuri gakunda Yehova. Biragaragara yuko igihe dutanga insasanuro, twese tuba turiko turagira uruhara mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka.b
12. (a) Ni igiki twokwigira ku burorero bwa Musa na Yeremiya? (b) Isengesho rirangura uruhara uruhe mu bijanye no gutanga insasanuro?
12 Ariko rero, ku bantu bafise amasoni, gutanga insasanuro vyoshobora kubabera urugamba rukomeye. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, vyoshobora kugufasha wibutse yuko atari wewe wenyene. Nkako, mbere n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa nka Musa na Yeremiya baraseruye ko batizigira ubushobozi bwabo bwo kuvugira ku mugaragaro. (Kuv. 4:10; Yer. 1:6) Yamara, nka kurya nyene Yehova yafashije abo basavyi biwe ba kera kumushemeza ku mugaragaro, Imana izogufasha gutanga ibimazi vy’ishemezo. (Soma Abaheburayo 13:15.) Ushobora gute none gufashwa na Yehova mu bijanye no gutsinda ubwoba ufise bwo gutanga insasanuro? Ubwa mbere, nutegure neza ikoraniro. Hanyuma, imbere y’uko uja ku Ngoro y’Ubwami, niwiture Yehova mw’isengesho maze umusabe udomako ngo aguhe uburindutsi bwo gutanga insasanuro. (Flp. 4:6) Kubera yuko uba uriko urasaba Yehova ikintu gihuye n’‘ukugomba kwiwe,’ urashobora guhera amazinda yuko azokwishura isengesho ryawe.—1 Yoh. 5:14; Imig. 15:29.
Amakoraniro afise intumbero yo ‘kwubaka, kuremesha, no kwirura’
13. (a) Amakoraniro yacu akwiye kugira ico akoze gute ku baba bayitavye? (b) Ni ikibazo ikihe gihambaye bimwe bidasanzwe ku bakurambere?
13 Paulo avuga yuko intumbero ihambaye y’amakoraniro y’ishengero ari ‘ukwubaka, ukuremesha, n’ukwirura’ ababa bayitavye.c (1 Kor. 14:3) None abakurambere bakirisu bo muri iki gihe bashobora gute kwiyemeza neza yuko ibiganiro bashikiriza ku makoraniro biremesha vy’ukuri abavukanyi n’abavukanyikazi babo kandi bigatuma birurwa? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze twihweze ikoraniro Yezu yahagarikiye inyuma gato y’aho azukiye.
14. (a) Ni ibintu ibihe vyashitse imisi mikeyi imbere y’ikoraniro ryatunganijwe na Yezu? (b) Ni kubera iki intumwa zitegerezwa kuba zarahumurijwe igihe ‘Yezu yazegera, akavugana na zo’?
14 Ubwa mbere, raba ibintu vyashitse imisi mikeyi imbere y’uko iryo koraniro riba. Imbere gato y’uko Yezu yicwa, intumwa ‘zaramutaye zirahunga,’ kandi nk’uko vyari vyaravuzwe, ‘zarasanzaye umwe wese aja ku muhana iwe.’ (Mrk. 14:50; Yoh. 16:32) Maze, Yezu amaze kuzuka, yaratumiye izo ntumwa ziwe zari zavunitse umutima ngo zize kw’ikoraniro ridasanzwe.d Mu kwitaba ubwo butumire, ‘abo bigishwa cumi n’umwe baragiye i Galilaya ku musozi aho Yezu yari yababwiye.’ Bashitse, ‘Yezu yarabegereye, avugana na bo.’ (Mat. 28:10, 16, 18) Iyumvire ukuntu izo ntumwa zitegerezwa kuba zarahumurijwe igihe Yezu yibwiriza gukora ico kintu! None Yezu yabashikirije ibiki?
15. (a) Ni ivyiyumviro ibihe Yezu yaciye irya n’ino, mugabo ni ibiki atashikirije? (b) Iryo koraniro ryagize ico rikoze gute ku ntumwa?
15 Yezu yatanguye mu kumenyesha iki kintu: “Ububasha bwose narabuhawe.” Yaciye abashinga igikorwa ati: “Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa.” Mu nyuma, yarabasubirije umutima mu nda mu buryo burimwo igishika ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose.” (Mat. 28:18-20) Ariko none woba wabonye ico Yezu atakoze? Ntiyahambariye izo ntumwa ziwe; eka kandi ntiyakoresheje iryo koraniro kugira ngo akekeranye ku mvo zituma bakora ibintu canke kugira ngo atume barushiriza kwiyagiriza mu kuvuga ibijanye n’uko kaciyemwo bakagoyagoya mu kwizera. Aho kubigenza gutyo, Yezu yarabasubirije umutima mu nda yuko we na Se wiwe babakunda mu kubashinga igikorwa gihambaye. None ukwo kuntu Yezu yavyifashemwo vyagize ico bikoze gute kuri izo ntumwa? Barubatswe cane, bararemeshwa cane, bongera barirurwa cane ku buryo haciye igihe gitoyi iryo koraniro ribaye, basubiye “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza.”—Ivyak. 5:42.
16. Muri iki gihe, abakurambere bakirisu bigana gute akarorero ka Yezu mu bijanye no guhagarikira amakoraniro atuma abayitavye baruhurirwa?
16 Mu kwigana Yezu, abakurambere bo muri iki gihe babona ko amakoraniro ari uturyo two gukura amazinda abo basangiye ukwemera yuko Yehova akunda abasavyi biwe urukundo rudahera. (Rom. 8:38, 39) Ni co gituma mu biganiro abakurambere bashikiriza ku makoraniro bibanda aho abavukanyi babo bakomeye, aho kwibanda ku bugoyagoye bwabo. Ntibakekeranya ku mvo zituma abavukanyi babo bakora ibintu. Ahubwo nyabuna, ivyo bavuga birahishura yuko babona ko abo basangiye ukwemera ari abantu bakunda Yehova kandi bipfuza gukora ibigororotse. (1 Tes. 4:1, 9-12) Ego ni ko, rimwe na rimwe abakurambere boshobora kuba bakeneye guha ishengero muri rusangi impanuro yo kugira ico rikosoye, mugabo igihe abantu bakeyi gusa ari bo baba bakeneye kubogorwa, mwene iyo mpanuro akenshi birarushiriza kuba vyiza abakurambere bayitangiye mu kiyago co mu mwiherero bari kumwe n’abo ico kibazo cega. (Gal. 6:1; 2 Tim. 2:24-26) Igihe abakurambere bariko barabwira ishengero ryose, baragerageza gukeza igihe cose biba bibereye. (Yes. 32:2) Barihatira kuvuga ku buryo iryo ikoraniro riheze, ababa baryitavye bose basigara bumva baruhuriwe kandi bakomejwe.—Mat. 11:28; Ivyak. 15:32.
Ubwugamo butagira inkomanzi
17. (a) Ni kubera iki bihambaye kuruta ikindi gihe cose ko amakoraniro yacu aba ubwugamo butagira inkomanzi? (b) Ni igiki wewe ubwawe wokora kugira ngo utume amakoraniro aba ayubaka? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ibintu cumi wokora kugira ngo utume amakoraniro aba ayubaka kuri wewe no ku bandi.”)
17 Kubera ko isi ya Shetani irushiriza kuba iyikandamiza, turakeneye kwiyemeza neza yuko imitororokano yacu ya gikirisu ari ubwugamo butagira inkomanzi, ni ukuvuga isôko ry’uruhoza kuri bose. (1 Tes. 5:11) Mushiki wacu umwe yashoboye kwihanganira ikigeragezo gikomeye ari kumwe n’umunega wiwe, ubu hakaba haciye imyaka nk’ingahe, avuga ivyo yibuka ati: “Kuba turi ku Ngoro y’Ubwami vyari bimeze nko gutengatirwa mu maboko ya Yehova we yitwararikana. Mu masaha twamara ng’aho, dukikujwe n’abavukanyi be na bashiki bacu bakirisu, twariyumvamwo yuko dushoboye guterera umuzigo wacu kuri Yehova, kandi twarumva ko dutekanye mu mutima ku rugero runaka.” (Zab. 55:22) Ese abo bose bitaba amakoraniro yacu bokwumva baremeshejwe kandi biruwe muri ubwo buryo nyene! Kugira ngo twiyemeze neza yuko bizogenda gutyo nyene, nimuze tubandanye kurangura uruhara rutwega mu vyo gutuma amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka.
[Utujambo tw’epfo]
a Vyari vyaravuzwe yuko ibintu bimwebimwe vyagirwa mu makoraniro ya gikirisu yo mu kinjana ca mbere vyohagaze. Nk’akarorero, ‘ntitukivuga mu zindi ndimi’ canke ngo ‘tuvuge ubuhanuzi.’ (1 Kor. 13:8; 14:5) Naho ari ukwo, ubuyobozi Paulo atanga buratuma dutahura neza ukuntu amakoraniro ya gikirisu akwiye kuyoborwa muri kino gihe.
b Nimba ushaka ivyiyumviro vyerekana ukuntu tworyohora insasanuro dutanga ku makoraniro, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2003, urupapuro 19-22.
c Ku bijanye n’itandukaniro riri hagati yo “kuremesha” no “kwirura,” inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) isigura yuko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwirura” ririmwo “ikibabarwe cinshi kuruta [kuremesha].”—Gereranya na Yohani 11:19.
d Ico kiringo coshobora kuba ari co Paulo mu nyuma yerekejeko igihe yavuga yuko Yezu ‘yiyeretse abarenga amajana atanu.’—1 Kor. 15:6.
Wokwishura gute?
• Amakoraniro ya gikirisu ahambaye ku rugero rugana iki?
• Ni kubera iki insasanuro zitangwa mu makoraniro zituma ‘ishengero ryubakwa’?
• Twokwigira iki kw’ikoraniro Yezu yahagarikiye ari kumwe n’abayoboke biwe?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22, 23]
IBINTU CUMI WOKORA KUGIRA NGO UTUME AMAKORANIRO ABA AYUBAKA KURI WEWE NO KU BANDI
Nuyategure hakiri kare. Wize hakiri kare amayagwa azokwihwezwa mu Ngoro y’Ubwami, amakoraniro azorushiriza kukuryohera yongere agire ikintu kinini akoze kuri wewe.
Nuyitabe udahorereza. Kubera yuko igihe amakoraniro yitabwe n’abantu benshi usanga arushiriza kuremesha umuntu wese aba ahari, ukuba wayitavye biragira ikintu kinini biterereye.
Nushike hakiri kare. Porogarama itanguye wamaze gufata icicaro, urashobora kwifatanya n’abandi mu kuririmba ururirimbo rutangura be n’igihe hashikirizwa isengesho ry’intango, ivyo bikaba biri mu bigize ugusenga Yehova kwacu.
Nuze ufise ibikoresho vyose. Nuzane Bibiliya yawe be n’igisohokayandikiro canke ibisohokayandikiro bikoreshwa mu gihe c’ikoraniro kugira ngo ushobore gukurikira maze urushirize gutahura ibiriko birihwezwa.
Niwirinde ibisamaza. Nk’akarorero, aho gusoma mu kiringo c’amakoraniro ubutumwa bakurungikiye kuri telefone, nubusome amakoraniro aheze. Muri ubwo buryo uba ugumije ivyawe mu kibanza kibereye.
Nuyagiremwo uruhara. Igihe abantu benshi batanze insasanuro, benshi bararemeshwa bakongera bakubakwa n’amajambo atandukanye aserura ukwizera abandi bashikiriza.
Nutange insasanuro ngufi. Ivyo bituma abantu benshi bashoboka baronka akaryo ko gutanga insasanuro.
Nushikirize ibiganiro ushingwa. Mwebwe abanyeshure bo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi canke abashikiriza ibiganiro mw’Ikoraniro ry’umurimo, nimubitegure neza, mwimenyereze kubishikiriza imbere y’igihe kandi mukore uko mushoboye kwose kugira ngo mubishikirize.
Nukeze abagize uruhara. Nubwire abashikiriza ibiganiro mw’ikoraniro canke abatanga insasanuro ukuntu utwigoro bagira dukengurukwa.
Niwifatanye n’abandi. Kuramutsa abandi ubigiranye umutima mwiza no kuyaga na bo ibintu vyubaka imbere n’inyuma y’amakoraniro biratuma ababa bahari barushiriza kugira agahimbare no kuhungukira.