ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 10
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ivuka ukwiye kwibuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Hoba vy’ukuri hari abanyabwenge batatu baje kuraba akana Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 10

Woba wari ubizi?

Ba Bamajusi baza kuraba Yezu akiri umwana bari bande?

▪ Twisunze inkuru ijanye n’ivuka rya Yezu iri mu Njili ya Matayo, hari abashitsi bo “mu mihingo yo mu buseruko” babonye inyenyeri y’umwami mushasha, maze bashikanira amashikanwa Yezu igihe yari akiri muto. Igisomwa c’ikigiriki c’iyo Njili, abo bashitsi kibita ngo maʹgoi, ni ukuvuga abamajusi. (Matayo 2:1) None abo bamajusi tubaziko iki?

Isôko rya kera kuruta ayandi yose ritanga amakuru atari make yerekeye Abamajusi, ni umutohozakahise w’umugiriki yitwa Herodote. Herodote, uwabayeho mu kinjana ca gatanu B.G.C. (bisobanura imbere y’igihe cacu), yanditse yuko Abamajusi bari abo mu mugwi w’abaherezi b’Ubuperesi, bakaba bari karuhariwe mu vyo kuragurira ku nyenyeri, gusobanura indoto no gutongera. Mu gihe ca Herodote, idini ry’Ubuperesi ryari iry’Abazorowasiteri. Ni co gituma abo Bamajusi Herodote yavuze bashobora kuba bari abaherezi b’Abazorowasiteri. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga giti: “Mu nsobanuro yagutse gusumba, uwo bita ngo mágos mu karere katwarwa n’Ubugiriki yaba afise ubumenyi n’ubushobozi budasanzwe kandi rimwe na rimwe wasanga akora ivya maji.”

Abasobanuzi ba Bibiliya batari bake bo mu ntango biyita abakirisu, nk’uwitwa Justin Martyr, Orijeni na Terituliyano, bavuze ko abo Bamajusi baje kuraba Yezu bari abaragurira ku nyenyeri. Nk’akarorero, Terituliyano yanditse mu gitabu ciwe (On Idolatry) ati: “Turazi ukuntu ivya maji be n’ivyo kuragurira ku nyenyeri bifitaniye isano. Abasobanura ivy’inyenyeri rero ni bo babaye aba mbere . . . mu kumushikanira [Yezu] ‘amashikanwa.’” Bibiliya nyinshi zisunze ivyo, uca usanga zihindura ijambo maʹgoi ngo “abaragurira ku nyenyeri.”

Ni kubera iki amajambo yo mu gitabu ca Zekariya, Matayo yayitiriye umuhanuzi Yeremiya?

▪ Ayo majambo turiko turavuga ari muri Matayo 27:9, 10, aho umwanditsi w’Injili yavuze ivya ya mahera Yuda Isikariyoti yahabwa kugira ngo agurishe Yezu. Iyo mirongo igira iti: “Maze ivyari vyaravuzwe biciye kuri Yeremiya umuhanuzi biraranguka, ivyavuga biti: ‘Batora nya biceri mirongo itatu vy’ifeza, ikiguzi c’umuntu yaciriwe ikiguzi, . . . babitanga ku bw’itongo ry’umubumvyi.’” Ubwo buhanuzi bwerekeye ibiceri 30 vy’ifeza bwavuzwe na Zekariya, si Yeremiya yabuvuze.​—Zekariya 11:12, 13.

Biboneka ko rimwe na rimwe umugwi w’ibitabu witwa ngo “Abahanuzi” watangurwa n’igitabu ca Yeremiya aho gutangurwa n’ica Yesaya. (Matayo 22:40) Ku bw’ivyo, igihe Matayo yavuga ngo “Yeremiya,” yariko yerekeza ku gihimba cose c’Ivyanditswe gifise izina ry’ico gitabu kiza imbere y’ibindi muri ico gihimba. Ico gihimba c’Ivyanditswe rero carimwo n’igitabu ca Zekariya.

Mu buryo busa n’ubwo, Yezu yakoresheje izina “Amazaburi” ashaka kuvuga ibitabu bitari bike vyo muri Bibiliya vyitwa kandi ngo Ivyandikano. Ni co gituma igihe yavuga ko ibintu vyose bimwerekeye vyanditswe “mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi” vyategerezwa kuranguka, yariko ashaka kuvuga ubuhanuzi buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyose uko vyakabaye.​—Luka 24:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika