Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi
“Ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana, kugira ngo tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze.”—1 KOR. 2:12.
1, 2. (a) Ni mu buryo ubuhe abakirisu b’ukuri bari mu ntambara? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
ABAKIRISU b’ukuri bari mu ntambara! Umwansi wacu ni umunyabubasha, umunyamayeri, kandi aramenyereye indwano. Arafise ikirwanisho akoresha bikamugendera neza ku buryo camufashije kwigarurira abantu benshi. Ariko si ngombwa ngo twiyumvemwo ko ata co dushoboye canke ko tubwirizwa kuneshwa. (Yes. 41:10) Turafise ikintu kidukingira kidashobora kumenwa canke ngo gitsindwe.
2 Intambara turwana si intambara nya ntambara; ni intambara yo mu buryo bw’impwemu. Umwansi wacu ni Shetani wa Mubesheranyi, ikirwanisho nyamukuru akoresha na co kikaba ari “impwemu y’isi.” (1 Kor. 2:12) Ikintu nyamukuru kidukingira ibitero vyiwe ni impwemu y’Imana. Kugira ngo ntidusige agatwe muri iyo ntambara kandi tugume dukomeye mu buryo bw’impwemu, turakeneye gusaba impwemu y’Imana maze tukagaragaza icamwa c’iyo mpwemu mu buzima bwacu. (Gal. 5:22, 23) Ariko none impwemu y’isi ni iki, kandi vyagenze gute ngo igire akosho ukuri aho? Twomenya gute yuko impwemu y’isi yoba iriko iratugirako akosho? Kandi twokwigira iki kuri Yezu ku bijanye no kuronka impwemu y’Imana be no kunanira impwemu y’isi?
Kubera iki impwemu y’isi ikwiye hose ukuri aho?
3. Impwemu y’isi ni iki?
3 Impwemu y’iyi si ikomoka kuri Shetani, wa “mutware w’isi,” kandi irarwanya impwemu nyeranda y’Imana. (Yoh. 12:31; 14:30; 1 Yoh. 5:19) Ni agatima kiganje mw’isi, kandi iratuma abantu bagira ico bakoze. Iyo nguvu ikoresha abantu iratuma ikibano c’abantu kirwanya ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo.
4, 5. Vyagenze gute ngo impwemu Shetani aremesha ikwire hose ukuri aho?
4 None vyagenze gute ngo impwemu Shetani aremesha ikwire hose ukuri aho? Ubwa mbere, Shetani yarahenze Eva mu murima wa Edeni. Yaramujijuye yuko kutisunga Imana vyotumye ubuzima bwiwe bumera neza. (Ita. 3:13) Mbega ukuntu yabaye umunyakinyoma! (Yoh. 8:44) Ubukurikira, abicishije kuri uwo mugore, yaratumye Adamu ahemukira Yehova. Kubera ihitamwo Adamu yagize, abantu baragurishijwe mu gicumuro, ivyo bikaba bituma bagira impengamiro yo gukurikira impwemu ya Shetani y’ubugambarazi.—Soma Abanyefeso 2:1-3.
5 Shetani yaroheje kandi abamarayika benshi, bano bakaba bacitse amadayimoni. (Ivyah. 12:3, 4) Ukwo guhemukira Imana kwabaye imbere gato ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Abo bamarayika biyumvira yuko vyobagiriye akamaro baramutse bahevye ibibanza bari bafise mw’ijuru bakaza kw’isi maze bagakurikira mu buryo bw’agaterasoni ivyipfuzo vyononekaye. (Yuda 6) Shetani afashijwe n’ayo madayimoni, ano ubu akaba yarasubiye mu karere k’ibiremwa vy’impwemu, ariko “a[ra]zimiza isi yose.” (Ivyah. 12:9) Ikibabaje ni uko abantu benshi badatahura yuko amadayimoni agira akosho ku bantu.—2 Kor. 4:4.
Impwemu y’isi yoba iriko irakugirako akosho?
6. Ni ryari gusa impwemu y’isi ishobora kugira ico idukozeko?
6 Benshi ntibatahura yuko Shetani agira akosho ku bantu, mugabo si ngombwa ngo abakirisu b’ukuri bayoberwe uburyo akoresha mu kwosha abantu. (2 Kor. 2:11) Nkako, impwemu y’isi ntishobora kutugirako akosho tutayikundiye. Nimuze twihweze ibibazo bine bizodufasha kumenya nimba turiko turoshwa n’impwemu y’Imana canke impwemu y’isi.
7. Ni uburyo bumwe ubuhe Shetani agerageza kudutandukanya na Yehova?
7 Uburyo bwo kwinezereza mpitamwo buhishura iki ku binyerekeye? (Soma Yakobo 3:14-18.) Shetani aragerageza kudutandukanya n’Imana mu gutuma dukunda ubukazi. Shetani arazi yuko Yehova yanka uwo wese akunda ubukazi. (Zab. 11:5) Ku bw’ivyo rero, Shetani aragerageza gukoresha ibitabu, amasinema, imiziki n’udukino two kuri videwo, bimwebimwe muri ivyo bintu bikaba vyerekana abantu basa n’abariko bakora ubusambanyi bw’agahomerabunwa be n’ibikorwa vy’ubunyamaswa, kugira ngo akabure ivyipfuzo vyacu vy’umubiri. Shetani arahimbarwa igihe dukunda ibintu bibi aremesha, naho twoba tugikunda ibigororotse.—Zab. 97:10.
8, 9. Ni ibibazo ibihe bijanye n’ukwinezereza dukwiye kwibaza?
8 Ariko rero, impwemu y’Imana iratuma abayironka baba abatanduye, abanyamahoro n’abuzuye imbabazi. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Uburyo bwo kwisamaza mpitamwo bwoba butuma ngira kamere nziza?’ Ubukerebutsi buva hejuru “ntibwiyorobeka.” Abo impwemu y’Imana igirako akosho ntibigisha bagenzi babo ukutandura n’amahoro hanyuma ngo bahimbarwe no kuraba bari ahiherereye mu ngo zabo ibintu vyerekana ubukazi bugirwa ku bwo kwinezereza be n’ivyerekana ubuhumbu.
9 Yehova yiteze ko tumwihebera wenyene gusa. Ariko rero, Shetani we azokwemera ko tumusenga naho ryoba rimwe gusa, nk’uko yabirondeye kuri Yezu. (Luka 4:7, 8) Twoshobora kwibaza duti: ‘Uburyo bwo kwinezereza mpitamwo bwoba butuma nshobora kwihebera Imana yonyene gusa? Uburyo mpitamwo bwoba butuma bingora kunanira impwemu y’isi canke bwoba butuma binyorohera? Noba nkwiye kuzohindura uburyo bwo kwinezereza nzohitamwo muri kazoza?’
10, 11. (a) Ni agatima akahe impwemu y’isi iremesha ku bijanye n’amatungo y’ivy’umubiri? (b) Ijambo ry’Imana ryahumetswe n’impwemu riremesha agatima akahe?
10 Mbona gute amatungo y’ivy’umubiri? (Soma Luka 18:24-30.) Impwemu y’isi iraremesha “icipfuzo c’amaso” mu gutuma abantu batsimbataza agatima k’umunoho no gukunda amaronko. (1 Yoh. 2:16) Yaratumye benshi biyemeza kuba abatunzi. (1 Tim. 6:9, 10) Iyo mpwemu yipfuza ko twemera yuko kwirundaniriza amatungo y’umubiri bizotuma turonka ugutekanirwa kuramba. (Imig. 18:11) Ariko rero, nitwashira imbere ugukunda amahera tukabirutisha Imana, Shetani azoba atahukanye intsinzi. Turakwiye kwibaza duti: ‘Mu buzima bwanje noba nitwararika cane ivyo gutekanirwa mu vy’umubiri be n’ibinezereza?’
11 Igitandukanye n’ivyo, Ijambo ry’Imana ryahumetswe n’impwemu rituremesha kubona amahera mu buryo buri ku rugero no gukora cane kugira ngo twironse ivyo dukeneye mu vy’umubiri twongere tubironse umuryango wacu. (1 Tim. 5:8) Impwemu y’Imana irafasha abayironka kwigana kamere ya Yehova yo gutanga cane. Mwene abo bantu barazwi yuko ari abatanzi, atari abarondera guhabwa. Baraha agaciro cane abantu kuruta ibintu kandi bagasabikanya n’abandi ivyo bafise banezerewe igihe babishoboye. (Imig. 3:27, 28) Vyongeye, ntibigera bareka ngo ivyo gukurikirana amahera bibe ari vyo biba ibihambaye kuruta gukorera Imana.
12, 13. Mu buryo butandukanye n’impwemu y’isi, impwemu y’Imana ishobora kugira ikintu ciza idukozeko gute?
12 Ni impwemu iyihe ngaragaza? (Soma Abakolosayi 3:8-10, 13.) Impwemu y’isi iraremesha ibikorwa vy’umubiri. (Gal. 5:19-21) Usanga vyoroshe kumenya impwemu itwosha iyo ari yo igihe ibintu vyifashe neza, mugabo ugasanga ntivyoroshe igihe ibintu bigoye, nk’igihe umuvukanyi canke mushiki wacu mukirisu atwirengagije, igihe atubabaje canke mbere igihe aducumuyeko. Vyongeye, igihe turi ahiherereye mu ngo zacu, impwemu itwosha yoshobora kwigaragaza. Vyoshobora kuba ngombwa ko twisuzuma. Niwibaze uti: ‘Mu mezi atandatu aheze, kamere yanje yoba yararushirije kuba nk’iya Kristu canke noba narasubiye mu ngeso zimwezimwe mbi mu vyo mvuga no mu vyo nkora?’
13 Impwemu y’Imana irashobora kudufasha “[k]wambur[a] wa muntu wa kera n’ingeso ziwe” maze tukambara “wa muntu mushasha.” Ivyo bizodufasha kurushiriza kuba abantu bakundana kandi b’abanyabuntu. Tuzogira agatima ko kubabarirana ata gahigihigi, mbere n’igihe dusa n’abafise imvo yumvikana yo kwidoga. Ntituzoba tukiri abantu baca bagira “umururazi ubabaza . . . n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana” nivyashika hakagira abaturenganya. Ahubwo nyabuna, tuzokwihatira kugira “impuhwe z’ikibabarwe.”—Ef. 4:31, 32.
14. Abantu benshi bo mw’isi babona gute Ijambo ry’Imana?
14 Noba nubaha nkongera nkakunda ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu? (Soma Imigani 3:5, 6.) Impwemu y’isi iraremesha agatima ko kugarariza impwemu y’Imana. Aboshwa n’iyo mpwemu barirengagiza ibice vyo muri Bibiliya babona ko bitaborohereza, bagahitamwo imigenzo be n’amafilozofiya vy’abantu. (2 Tim. 4:3, 4) Bamwebamwe barasuzugura Ijambo ry’Imana uko ryakabaye. Mwene abo bantu barakekeranya ku vy’uko Bibiliya ifise akamaro be n’uko ari iyo kwizigirwa, gutyo bakaba inkerebutsi mu maso yabo bwite. Baratitura ingingo mfatirwako zo muri yo zityoroye zijanye n’ukurenga ibigo, uguhuza ibitsina kw’ababisangiye be n’ukwahukana. Bigisha yuko “iciza ari kibi, n’ikibi ko ari ciza.” (Yes. 5:20) Twoba twarohejwe n’iyo mpwemu? Igihe dushikiwe n’ingorane, twoba twiheka ku bukerebutsi bw’abantu, harimwo n’ivyiyumviro vyacu bwite? Canke twoba twihatira gukurikira impanuro Bibiliya itanga?
15. Aho kwiheka ku bukerebutsi bwacu bwite, dukwiye gukora iki?
15 Impwemu y’Imana iratuma tugira agatima ko kwubaha Bibiliya. Cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi, tubona yuko Ijambo ry’Imana ari itara rimurikira ikirenge cacu rikaba n’umuco utumurikira mw’ibarabara ryacu. (Zab. 119:105) Aho kwiheka ku bukerebutsi bwacu bwite, tubigiranye ukwizigira turiheka kw’Ijambo ry’Imana ryanditse kugira ngo ridufashe gutandukanya ikibi n’iciza. Uretse ko twiga kwubaha Bibiliya turiga no gukunda itegeko ry’Imana.—Zab. 119:97.
Niwigire ku karorero ka Yezu
16. Kugira ngo tugire “umuzirikanyi wa Kristu” bisaba iki?
16 Kugira ngo turonke impwemu y’Imana, dutegerezwa gutsimbataza “umuzirikanyi wa Kristu.” (1 Kor. 2:16) Kugira ngo tugire “wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise” bisaba ko tumenya uburyo yiyumvira n’uburyo yakora maze tukamwigana. (Rom. 15:5; 1 Pet. 2:21) Rimbura uburyo bumwebumwe dushobora kubigira.
17, 18. (a) Twigira iki kuri Yezu ku vyerekeye isengesho? (b) Ni kubera iki dukwiye ‘kuguma dusaba’?
17 Nusenge usaba impwemu y’Imana. Imbere y’uko Yezu ashikirwa n’ibigeragezo, yarasenga asaba impwemu y’Imana ngo imufashe. (Luka 22:40, 41) Na twebwe nyene turakeneye gusaba Imana impwemu nyeranda yayo. Yehova arayiha atitangiriye itama abayimusaba bose babigiranye ukwizera. (Luka 11:13) Yezu yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. Kuko umuntu wese asaba ahabwa, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.”—Mat. 7:7, 8.
18 Igihe turiko turasaba Yehova ngo aduhe impwemu yiwe yongere adufashe, ntitukihutire guhagarika gusaba. Vyoshobora kuba ngombwa ko dusenga kenshi kandi tukamara umwanya muremure turiko turasenga. Birashika Yehova akareka abamutakambira bakerekana nimba ibibaraje ishinga bihambaye, bakerekana kandi nimba ukwizera kwabo ari nyakuri, imbere y’uko yishura amasengesho yabo.a
19. Yezu yama nantaryo akora iki, kandi ni kubera iki dukwiye kumwigana?
19 Nugamburukire Yehova uherejeko. Yezu yama nantaryo akora ibihimbara Se wiwe. N’imiburiburi igihe kimwe, ukuntu Yezu yabona ingene akwiye kuvyifatamwo mu ngorane kwari gutandukanye n’ivyo Se wiwe yipfuza. Yamara, abigiranye ukwizigira yabwiye Se wiwe ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.” (Luka 22:42) Niwibaze uti: ‘Noba ngamburukira Imana n’igihe nyene kubigira biba bitoroshe?’ Kugamburukira Imana birahambaye kugira ngo turonke ubuzima. Tubwirizwa kuyigamburukira tudaca ku ruhande kubera yuko ari yo Muremyi wacu, Sôko ry’ubuzima bwacu ikaba ari na yo ibuzigama. (Zab. 95:6, 7) Nta kintu na kimwe cosubirira ukugamburuka. Ntidushobora gutoneshwa n’Imana mu gihe tutagamburuka.
20. Ubuzima bwa Yezu bwari bushingiye ku ki, kandi dushobora kumwigana gute?
20 Numenye neza ibiri muri Bibiliya. Igihe Yezu yariko ararwanya igitero Shetani yari amugavyeko imbonankubone arondera gusenyura ukwizera kwiwe, yarasubiyemwo Ivyanditswe. (Luka 4:1-13) Igihe Yezu yaba ariko arahangana n’abanyamadini bamurwanya, yarakoresha Ijambo ry’Imana nka co kintu yisunga. (Mat. 15:3-6) Ubuzima bwa Yezu bwose bwari bushingiye ku kumenya itegeko ry’Imana no kurishitsa. (Mat. 5:17) Na twebwe nyene twipfuza kuguma tugaburira imizirikanyi yacu Ijambo ry’Imana rikomeza ukwizera. (Flp. 4:8, 9) Kuronka umwanya wo kwiyigisha no kugira inyigisho y’umuryango vyoshobora kuba urugamba kuri bamwebamwe muri twebwe. Ariko rero, aho kurondera umwanya woshobora kuboneka mu bikorwa dusanzwe dukora, vyoshobora kuba ngombwa ko duheba ibikorwa bimwebimwe bidahambaye muri ivyo kugira tuwuronke.—Ef. 5:15-17.
21. Ni intunganyo iyihe dushobora gukoresha kugira ngo idufashe kurushiriza kumenya Ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro?
21 “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yaradufashije kuronka umwanya wo kwiyigisha no kugira inyigisho y’umuryango mu gushiraho intunganyo y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango buri ndwi. (Mat. 24:45) Woba uriko urakoresha neza iyo ntunganyo? Kugira ngo ushobore kuronka umuzirikanyi wa Kristu, mu biringo umara uriko uriyigisha woba woshobora kuza urarimbura ivyo Yezu yigishije ku vyiyumviro binaka woba wahisemwo? Woshobora gukoresha Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi kugira ngo utore amakuru ajanye n’iciyumviro wipfuza kwiga. Nk’akarorero, kuva mu 2008 gushika mu 2010, integuro ya bose y’iki kinyamakuru yarimwo urukurikirane rw’ibiganiro 12 vyari bifise umutwe uvuga ngo “Ivyo twigira kuri Yezu.” Hari aho woshima gukoresha ivyo biganiro nka ryo shimikiro ry’iyo nyigisho. Guhera mu 2010, mu kinyamakuru Be maso! hasigaye harimwo ikiganiro kivuga ngo “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe.” Ibibazo biri muri ico kiganiro vyagenewe kugufasha kwongereza ubumenyi ufise ku vyerekeye Ijambo ry’Imana. Ubona gute muri porogarama y’Ugusenga kwo mu muryango ugiye urashiramwo amayagwa nk’ayo?
Turashobora gutsinda isi
22, 23. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo dutsinde isi?
22 Kugira ngo tuyoborwe n’impwemu y’Imana, dutegerezwa kunanira impwemu y’isi. Ukwo kuyinanira ntigupfa kwizana. Birashobora kuba urugamba rukomeye. (Yuda 3) Mugabo turashobora gutahukana intsinzi! Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.”—Yoh. 16:33.
23 Na twebwe nyene turashobora gutsinda isi mu gihe twonanira impwemu yayo kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo turonke impwemu y’Imana. Mu vy’ukuri, “nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya?” (Rom. 8:31) Igihe turonse impwemu y’Imana tukongera tugakurikiza ubuyobozi bwayo nk’uko buri muri Bibiliya, turashira akanyota, tukagira amahoro, agahimbare, tukongera tugahera amazinda yuko tuzoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha yegereje.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka kumenya vyinshi, raba urupapuro rwa 170-173 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki impwemu y’isi ikwiye hose ukuri aho?
• Ni ibibazo bine ibihe dukwiye kwibaza?
• Ni ibintu bitatu ibihe twigira kuri Yezu ku bijanye no kuronka impwemu y’Imana?
[Ifoto ku rup. 8]
Vyagenze gute ngo abamarayika bamwebamwe bacike amadayimoni?
[Ifoto ku rup. 10]
Shetani arakoresha impwemu y’isi kugira yigarurire abantu, mugabo turashobora kwiganzura akosho kayo