ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/6 rup. 3-6
  • Abakiri bato boba bakwiye kubatizwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakiri bato boba bakwiye kubatizwa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuba umwigishwa ni co kintu nyamukuru gisabwa
  • Icerekana ko umwana wawe ari umwigishwa
  • Abakiri bato barashobora gushemeza Yehova
  • Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Amayagwa y’inyongera
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Yemwe bakiri bato, mwoba mwiteguriye kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/6 rup. 3-6

Abakiri bato boba bakwiye kubatizwa?

“NDAHIMBAWE n’uko umukobwa wanje ubu ari umusavyi wa Yehova, kandi ndazi yuko na we nyene ahimbawe.” Ivyo vyavuzwe na Carlos,a uno akaba ari sebibondo mukirisu wo muri Filipine. Sebibondo umwe wo mu Bugiriki yanditse ati: “Twe n’umukenyezi wanje turahimbawe kubona abana bacu batatu barabatijwe bakaba Ivyabona vya Yehova igihe bari bakiri imiyabaga. Bariko baratera imbere mu vy’impwemu kandi barahimbawe no gukorera Yehova.

Abavyeyi bakirisu baba bafise imvo yo kunezerwa cane igihe abana babo babatijwe, mugabo birashika uwo munezero ukajana n’uguhagarika umutima. Inabibondo umwe yavuze ati: “Narahimbawe cane ndongera ndahagarika umutima cane.” Kubera iki none yagize izo nyiyumvo zihushanye? Avuga ati: “Naratahura yuko ico gihe umuhungu wanje yari akwije ibisabwa vyose vyari gutuma agira ico abazwa na Yehova.”

Gukorera Yehova uri Icabona ciwe yabatijwe ni ihangiro abakiri bato bose bakwiye kuba bafise. Yamara, abavyeyi batinya Imana boshobora kwibaza bati: ‘Ndazi ko umwana wanje yagize iterambere ryiza, mugabo none yoba akomeye bihagije ku buryo yonanira ibintu vyorondera gutuma yisuka mu bushegabo akaguma adahumanye imbere ya Yehova?’ Abandi boshobora kwibaza bati: ‘Umwana wanje niyakwegakwegwa n’amaronko, yoba azobandanya gukorera Yehova abigiranye umunezero n’umwete?’ Ku bw’ivyo none, ni ubuyobozi bwo muri Bibiliya ubuhe bwofasha abavyeyi kumenya nimba abana babo bageze kubatizwa?

Kuba umwigishwa ni co kintu nyamukuru gisabwa

Ijambo ry’Imana ntiritomora imyaka umuntu akwiye kuba afise kugira ngo abatizwe, ahubwo riravuga ukuntu abakwije ibisabwa ngo batere iyo ntambwe bakwiye kuba bifashe mu vy’impwemu. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza.” (Mat. 28:​19) Ku bw’ivyo, ibatisimu ihabwa abamaze kuba abigishwa ba Kristu.

Umwigishwa ni iki? Igitabu Étude perspicace des Écritures gisigura giti: “Iyo mvugo ahanini yerekeza kuri abo bose batemera gusa inyigisho za Kristu ariko kandi bazikurikiza neza.” None abantu baboneka ko bakiri bato boba bashobora kuba abigishwa nyakuri ba Kristu? Mushiki wacu umwe yamaze imyaka irenga 40 ari umumisiyonari muri Amerika y’Epfo, yandika ku bimwerekeye no ku vyerekeye bene wabo babiri ati: “Twari dukuze bihagije ku buryo twari tuzi yuko twipfuza gukorera Yehova no kuba mw’Iparadizo. Ukwiyegura kwacu kwaradufasha kwumira kw’ibanga igihe twaba dushikiwe n’ibigeragezo bikunda gushikira abakiri bato. Ntitwicuza kuba twariyeguriye Imana tukiri bato.”

Womenya gute yuko umwana wawe yoba amaze kuba umwigishwa wa Kristu? Bibiliya ivuga iti: “Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.” (Imig. 20:​11) Rimbura ibikorwa bimwebimwe vyerekana yuko uwukiri muto ariko aratuma ‘iterambere ryiwe ryibonekeza’ bwa mwigishwa.​​—⁠1 Tim. 4:​15.

Icerekana ko umwana wawe ari umwigishwa

Umwana wawe yoba akugamburukira? (Kol. 3:​20) Yoba akora udukorwa ashingwa i muhira? Bibiliya iravuga ibijanye na Yezu igihe yari afise nk’imyaka 12 iti: ‘Yaguma ayobokera abavyeyi biwe.’ (Luka 2:​51) Ego ni ko, muri iki gihe nta mwana n’umwe yogamburukira abavyeyi biwe ijana kw’ijana. Mugabo abakirisu b’ukuri babwirizwa ‘gukurikira neza intambuko za Yezu.’ Ku bw’ivyo, abakiri bato bipfuza kubatizwa bakwiye kuba bazwi yuko bagamburukira abavyeyi babo.​​—⁠1 Pet. 2:​21.

Rimbura ibibazo bikurikira: Umwana wawe yoba ‘aguma abanza kurondera Ubwami’ mu kugira uruhara rushitse mu busuku? (Mat. 6:​33) Yoba afise umutima ukunze wo kubwira abandi inkuru nziza, canke yoba asohoka mu murimo wo mu ndimiro akongera akaganira n’abo asanze ku mihana ari uko urinze kumuremesha bimwe bikomeye? Yoba yitwararika ibanga ajejwe ryo kuba umwamamaji atarabatizwa? Yoba afise icipfuzo co gusubira kugendera abashimishijwe bahura mu cibare? Yoba amenyesha abo bigana be n’abigisha yuko ari Icabona ca Yehova?

Kwitaba amakoraniro y’ishengero vyoba bihambaye kuri we? (Zab. 122:1) Yoba aryoherwa no gutanga insasanuro ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi no ku Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero? Yoba agira uruhara mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi abishashaye?​​—⁠Heb. 10:24, 25.

Umwana wawe yoba yihatira kuguma adahumanye mu nyifato runtu mu kwirinda abagenzi babi kw’ishure n’ahandi? (Imig. 13:​20) Ni ibiki akunda mu bijanye n’umuziki, amasinema, ibiganiro vyo kuri televiziyo, udukino two kuri videwo be no mu bijanye n’ugukoresha Internet? Ivyo avuga n’ivyo akora vyoba vyerekana ko yipfuza kubaho yisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya?

Umwana wawe azi Bibiliya ukungana iki? Yoba ashobora kuvuga mu majambo yiwe bwite ivyo yiga mu kiringo c’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango? Yoba ashobora gusigura ukuri kwo muri Bibiliya kw’ishimikiro? (Imig. 2:​6-9) Gusoma Bibiliya no kwiga ibisohokayandikiro vya wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge vyoba bimushimisha? (Mat. 24:​45) Yoba abaza ibibazo bijanye n’inyigisho be n’imirongo vyo muri Bibiliya?

Ivyo bibazo vyoshobora kugufasha kumenya iterambere ryo mu vy’impwemu ry’umwana wawe. Umaze kubirimbura, hari aho woshika ku ciyumviro c’uko akwiye kugira ivyo aryohoye mu muce munaka imbere y’uko abatizwa. Ariko rero, nimba ukuntu abayeho vyerekana yuko ari umwigishwa akaba kandi yaramaze koko kwegurira Imana ubuzima bwiwe, hari aho wobona ko ushobora kumureka akabatizwa.

Abakiri bato barashobora gushemeza Yehova

Abasavyi b’Imana benshi barerekanye ko ari abizigirwa n’intahemuka igihe bari bakiri imiyabaga canke imbere y’aho. Zirikana ivyerekeye Yozefu, Samweli, Yosiya, na Yezu. (Ita. 37:2; 39:​1-3; 1 Sam. 1:​24-​28; 2:​18-​20; 2 Ngo. 34:​1-3; Luka 2:​42-​49) Vyongeye, ba bakobwa bane ba Filipo, bano bakaba baravuga ubuhanuzi, bategerezwa kuba bari baramenyerejwe neza kuva bakiri bato.​​—⁠Ivyak. 21:​8, 9.

Hari Icabona wo mu Bugiriki yavuze ati: “Nabatijwe mfise imyaka 12. Sinigeze nicuza iyo ngingo nafashe. Ubu haraciye imyaka 24, nkaba maze 23 muri yo ndi mu murimo w’igihe cose. Urukundo nkunda Yehova rwamye nantaryo rumfasha guhangana n’ingorane zikunda gushikira abakiri bato. Ico gihe nari mfise imyaka 12, sinari mfise ubumenyi bwo mu Vyanditswe nk’ubwo mfise ubu. Mugabo nari nzi ko nkunda Yehova be n’uko nipfuza kumukorera ibihe vyose. Ndahimbawe kuba yaramfashije nkabandanya kumukorera.”

Umuntu yerekana ko ari umwigishwa nyakuri, yaba akiri muto canke akuze, arakwiye kubatizwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha kugira ngo aronke ubugororotsi, mugabo akanwa kakaba ari ko yaturisha icese kugira ngo aronke ubukiriro.” (Rom. 10:​10) Igihe umwigishwa wa Kristu akiri muto ateye iyo ntambwe ihambaye yo kubatizwa, we hamwe n’abavyeyi biwe baba bashitse ku kintu c’intibagirwa. Ese hatogira ikintu na kimwe gituma wewe n’abana bawe muhomba umunezero ubarindiriye!

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

[Uruzitiro ku rup. 5]

Kubona ibatisimu mu buryo bubereye

Hari abavyeyi babona ko igihe abana babo babatijwe baba bateye intambwe ngirakamaro irimwo akaga, isa cane no kuronka urupapuro rwemeza ko umuntu ashoboye gutwara umuduga. Ariko none ibatisimu be n’umurimo mweranda vyoba bituma umuntu ashobora kutaroranirwa muri kazoza? Bibiliya yishura yuko atari ko biri. Mu Migani 10:​22 hagira hati: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.” Paulo na we yandikiye wa musore Timoteyo ati: “Nkako, ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye.”​​—⁠1 Tim. 6:6.

Ego ni ko, gukorera Yehova ntivyoroshe. Yeremiya yarashikiwe n’ingorane nyinshi mu gikorwa yarangura ari umuhanuzi w’Imana. Yamara, yanditse ku vyerekeye ukuba yarasenga Imana y’ukuri ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova Mana nyen’ingabo!” (Yer. 15:​16) Yeremiya yari azi yuko gukorera Imana vyatuma agira umunezero. Isi ya Shetani yoyo ituma abantu bashikirwa n’ingorane. Abavyeyi barakwiye gufasha abana babo gutahura ubwo budasa. ​​—⁠Yer. 1:​19.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 6]

Umwana wanje yoba akwiye kuba araretse kubatizwa?

Rimwe na rimwe, n’igihe nyene abana baba bakwije ibisabwa kugira ngo babatizwe, abavyeyi babo boshobora kubona yuko bakwiye kuba bararetse. None boba babitumwa n’iki?

Ndatinya yuko umwana wanje abatijwe, yohava akora igicumuro gikomeye maze agacibwa. Vyoba none vyumvikana kwiyumvira ko uwukiri muto abaye arareka kubatizwa atazogira ico abazwa n’Imana ku bijanye n’inyifato yiwe? Salomo yabwiye abakiri bato aya majambo akurikira: “Umenye ko kubera ivyo [ukora] Imana y’ukuri izogushira mu rubanza.” (Umus. 11:9) Vyongeye, Paulo ntiyerekeje ku myaka minaka igihe yavuga aya majambo yo kutwibutsa ati: “Umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.”​​—⁠Rom. 14:​12.

Abasavyi b’Imana babatijwe hamwe n’abatarabatizwa hari ico babazwa na yo. Ntiwibagire ko Yehova akingira abasavyi biwe mu ‘kutareka ngo bageragezwe ibirenze ivyo bashobora kwihanganira.’ (1 Kor. 10:​13) Magingo mwene abo bantu ‘bazigama ubwenge bwabo’ bakongera bakarwanya inyosha mbi, barashobora kwizigira yuko Imana izobashigikira. (1 Pet. 5:​6-9) Inabibondo mukirisu umwe yanditse ati: “Abana babatijwe bararushiriza kugira imvo zo kuguma bitandukanije n’ibintu bibi vyo muri iyi si. Umuhungu wanje, uno akaba yabatijwe afise imyaka 15, abona yuko ibatisimu imukingira. Yavuze ati: ‘Iyo umuntu yabatijwe ntiyiyumvira gukora ikintu giteye kubiri n’itegeko rya Yehova.’ Ibatisimu ni ikintu gikomeye gituma umuntu akora ibigororotse.”

Nimba warigishije abana bawe kugamburukira Yehova biciye ku vyo uvuga no ku karorero utanga, urashobora kwizigira yuko bazobandanya kubigenza gutyo nyene bamaze kubatizwa. Mu Migani 20:7 hagira hati: “Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe. Hahiriwe abana biwe mu nyuma ziwe.”

Noshima kubona umwana wanje abanje kugira ico ashitseko mu buzima. Abakiri bato barakwiye kwiga gukora kugira ngo mu nyuma bazoshobore kwibako. Mugabo kubaremesha ngo bagire ubuzima bushingiye ku kwiga amashure no gutekanirwa mu vy’amahera aho kugira ubuzima bushingiye ku gusenga kw’ukuri, birimwo akaga. Ku vyerekeye ico twokwita imbuto zidakura, zino zikaba ari ijambo ry’Ubwami, Yezu yavuze ati: “Uwabibwe mu mahwa na we, uwo ni uwumva iryo jambo, mugabo amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, maze agacika ikirumbirane.” (Mat. 13:​22) Kuremesha uwukiri muto kubaho ashira imbere imigambi yo mw’isi aho gushira imbere ivy’impwemu birashobora kunyoha icipfuzo afise co gukorera Imana.

Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi, mu kugira ico avuze ku bijanye n’abakiri bato bakwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe mugabo abavyeyi babo ntibabakundire, yagize ati: “Kubuza uwukiri muto kubatizwa birashobora guhagarika iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu bigatuma acika intege.” Umucungezi w’ingenzi umwe na we yanditse ati: “Uwukiri muto yoshobora gutangura kwiyumvamwo yuko adakomeye mu vy’impwemu canke ko hari ico ahajije. Yoshobora guhanga amaso isi kugira ngo yumve ko hari ico yashitseko.”

[Ifoto]

Kwiga kaminuza vyoba ari vyo bikwiye kuja imbere?

[Ifoto ku rup. 3]

Uwukiri muto arashobora kwerekana ko ari umwigishwa

[Amafoto ku rup. 3]

Gutegura amakoraniro no kuyagiramwo uruhara

[Ifoto ku rup. 4]

Kugamburukira abavyeyi

[Ifoto ku rup. 4]

Kugira uruhara mu busuku

[Ifoto ku rup. 4]

Gusenga uri wenyene

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika