Internet—Nukoreshe neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose
UBURYO bwo gucapura bwubuwe mu myaka amajana iheze bwarahinduye ukuntu abantu bahanahana amakuru. Iyuburwa rya Internet mu bihe vya none na ryo nyene ryarahinduye ukuntu abantu bahanahana amakuru. Ico gikoresho ngirakamaro ciswe igikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose, kandi ivyo birabereye. Uko ugira ubushakashatsi mu mihora ya Internet, urashobora kuhasanga amakuru, ibitigiri be n’ivyiyumviro vyatanzwe ku bintu bitandukanye!
Ubushobozi bwo guhanahana amakuru ni ingabirano nziza igitangaza iva ku Muremyi wacu. Buratuma dushobora guhanahana ivyiyumviro. Yehova ni we yabaye uwa mbere mu guhanahana amakuru n’umuryango wiwe w’abantu, arawuha amakuru atomoye ku bijanye n’ukuntu wogira ubuzima buri n’ico buvuze. (Ita. 1:28-30) Ariko rero, nk’uko ivyabaye mu ntango y’ukubaho kw’abantu vyavyerekanye, iyo ngabirano yo guhanahana amakuru irashobora gukoreshwa nabi. Shetani yarahaye Eva amakuru atari yo na gato. Eva yaremeye ivyo Shetani avuze maze abibwira Adamu, uno akaba yaratumye umuryango w’abantu ushikirwa n’ivyago.—Ita. 3:1-6; Rom. 5:12.
Tuvuge iki ku bijanye no gukoresha Internet? Naho Internet ishobora gutanga amakuru y’agaciro, igatuma tudatakaza umwanya, kandi igatuma dukora ibintu bifise akamaro, irashobora no kuduha amakuru atari yo, ikadutwara umwanya urenze urugero, kandi ikonona inyifato runtu yacu. Nimuze twihweze ukuntu twokoresha neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose.
Ayo makuru yoba ari ayo kwizigirwa canke si ay’ukuri?
Ntiwigere wibwira yuko amakuru yose ari kuri Internet ari meza be n’uko ari ngirakamaro. Imihora yo kuri Internet yoshobora kugereranywa n’umugwi w’abantu banobagura ibizinu baguma begeranya ubwoko bwose bw’ibizinu, ibiribwa n’ibitaribwa kubera birimwo ubumara, bakaza barabiterera mu kintu kimwe maze bakabiduha ngo tubiteke hanyuma tubifungure. Woba wotangura guteka ivyo bizinu utabanje gusuzuma witonze kimwekimwe cose? Oya nawe! Imihora yo kuri Internet irakoresha orodinateri nyinshi cane mu gutororokanya amakuru mu bibanza vyo kuri Internet birimwo amakuru yerekeye ibintu vyose, uhereye kuri vyiza kuruta ibindi ugashika ku vy’agahomerabunwa. Turakeneye ubukerebutsi kugira dutandukanye icatsi n’ururo, kugira ngo ntiduhave dushira ubumara mu mizirikanyi yacu biciye ku makuru atari yo.
Mu 1993, hari ikinyamakuru kizwi cane cari kiriko igicapo gitwenza cerekana imbwa zibiri ziri imbere ya orodinateri. Imbwa imwe irasigurira iyindi iti: “Kuri Internet, nta n’umwe amenya yuko uri imbwa.” Haraciye igihe kirekire Shetani ahishije ico ari, nk’uko abantu benshi babigira kuri Internet muri iki gihe, mu kuvugana na Eva akoresheje inzoka maze amubwira ko yari gushobora kumera nk’Imana. Muri iki gihe, umuntu uwo ari we wese afise umuhora kuri Internet arashobora kuvuga ko ari umuhanga mu kintu kinaka, atarinze no guhishura izina ryiwe. Kandi nta mategeko ahari yerekana umuntu afise uburenganzira bwo gusohora kuri Internet ivyiyumviro, amakuru, amashusho be n’impanuro.
Igihe uriko urakoresha Internet ntuhendwe nka Eva. Ntupfe kwemera amakuru yose. Imbere y’uko uyemera, niwibaze uti: (1) Ni nde yasohoye aya makuru? Uwo muntu afise ubumenyi ubuhe ku bijanye n’aya makuru yanditse? (2) Ni kubera iki yayasohoye? Ni igiki catumye ayandika? Yoba yaragize aho ahengamira? (3) Uwo muntu yakuye hehe ayo makuru? Yoba yerekana isôko ryayo ku buryo umuntu ashobora kuyahinyuza? (4) Ayo makuru yoba ari aya vuba? Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yarahaye Timoteyo impanuro ikora no muri iki gihe. Yanditse ati: “Rinda ico wabikijwe, uhunge amajambo agaragara asiga iceyi ibintu vyeranda, uhunge n’amajambo avuguruzanya y’ivyitwa ngo ni ‘ubumenyi.’”—1 Tim. 6:20.
Yoba icungura umwanya canke irawurya?
Igihe Internet ikoreshejwe neza, nta gukeka ko ishobora gutuma ducungura umwanya, inguvu be n’amahera. Turashobora kugura ikintu bitatugoye tutiriwe turava i muhira. Kugereranya ibiciro vyoshobora kudufasha kuziganya amahera. Kwitwararika ibijanye n’amahera biciye kuri Internet vyaratumye ubuzima bw’abantu benshi burushiriza kworoha; umwanya uwo ari wo wose turashobora gutorera umuti ibibazo bijanye n’amahera twibereye i muhira. Internet iratanga ibikoresho vya nkenerwa bidufasha gutunganya ibijanye n’inzira ibereye kandi ituma dukoresha amahera make ku bw’urugendo twoba dutegekanya gufata ikongera ikadufasha kubikisha ibibanza dukeneye. Ata kigoro kanini turinze kugira, turashobora kurondera inomero za telefone, aderese, be n’inzira zitandukanye zodufasha gushika iyo twipfuza kuja. Hirya no hino kw’isi, ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova birakoresha vyinshi muri ivyo bikoresho kugira ngo bicungure umwanya, amahera vyongere bikoreshe abakozi bake.
Ariko rero, hariho n’ibibi biva ku gukoresha Internet tubwirizwa kurimbura. Ivyo bibi vyerekeye umwanya ivyo gukoresha Internet vyoshobora kudutwara. Kuri bamwe, Internet isigaye ari igikinisho gishimishije aho kuba igikoresho ngirakamaro. Baramara umwanya urenze urugero bariko barakina, basuma, baganira, barungika ubutumwa, bagira ubushakashatsi, bongera bugurura imihora itandukanye kuri Internet. Amaherezo, boshobora gutangura gufata minenegwe ibintu bihambaye kuruta bijanye n’umuryango, abagenzi be n’ishengero. Internet irashobora mbere kutugira abaja bayo. Nk’akarorero, ibitigiri vyo kugereranya vyasohowe mu 2010 vyerekanye ko abana b’imiyabaga bo muri Koreya bashika ibice 18,4 kw’ijana bari baracitse abaja ba Internet. Abashakashatsi b’Abadagi bavuze yuko “abagore barushiriza kuba benshi bidoga bavuga yuko abo bubakanye basigaye ari abaja” ba Internet. Hari umugore yidoze avuga yuko kuba umunega wiwe asigaye ari umuja wa Internet vyatumye ahinduka bimwe bikomeye gushika n’aho umubano wabo wononekara.
Ibiro vy’ishami bimwe vy’Ivyabona vya Yehova vyararonse ikete rivuye ku muntu yavuze yuko yari yarigeze kuba umuja wa Internet. Vyarashika akamara amasaha cumi ku musi ariko arakoresha Internet. Amaze kuvuga ko “mu ntango, yabona ko ata co bitwaye na gato,” yongeyeko ati: “Mu nyuma, naragabanije ivyo kwitaba amakoraniro ndongera ndahagarika gusenga.” Igihe yaba agiye ku makoraniro, wasanga atayateguye kandi yaguma yiyumvira igihe ari butahire, ashashaye “gusubira gukoresha Internet.” Igishimishije, yaratahuye yuko iyo ngorane ikomeye maze aragira ico akoze kugira ngo ayitorere umuti. Ese tutokwigera dushika aho tuba abaja ba Internet!
Ayo makuru yoba abereye canke ntabereye?
Mu 1 Abatesalonika 5:21, 22, dusoma duti: “Mwiyemeze neza ibintu vyose; mugumye ivyiza. Mwirinde ubwoko bwose bw’ububisha.” Turakeneye kwiyemeza yuko amakuru dusanga kuri Internet ashimwa n’Imana, ahuye n’ingingo mfatirwako zayo ziri hejuru. Akwiye kuba atonona inyifato runtu kandi abereye ku mukirisu. Amashusho yerekana ubushegabo yo kuri Internet asigaye yariraye, kandi tutabaye maso, turashobora kugwa bitagoranye mu mutego wo kuyaraba.
Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ivyo ndiko ndaraba kuri Internet vyoba ari ibintu noca mpisha uwo twubakanye, abavyeyi banje, canke abo dusangiye ukwemera hamwe bokwinjira aho ndi?’ Nimba inyishu ari egome, vyoba vyiza dukoresheje Internet igihe gusa abandi baba ari ho bari. Internet yarahinduye vy’ukuri uburyo duhanahana amakuru n’uburyo dusuma. Ariko kandi, yaratumye haboneka uburyo bushasha bwo ‘kurenga ibigo mu mutima wacu.’—Mat. 5:27, 28.
Ndayarungike canke ndayareke?
Gukoresha Internet birimwo kuronka amakuru no kuyarungikira abandi. Naho dufise umwidegemvyo wo kuronka no kurungika amakuru, turafise kandi ibanga ryo kwiyemeza neza ko ari ay’ukuri be n’uko abereye. Twoba dushobora gutanga ibimenyamenya vyerekana ko ivyo twandikira abandi canke tubarungikira bitagiramwo amakosa? Twoba dufise uburenganzira bwo kurungika ayo makuru?a Yoba ari ngirakamaro kandi yubaka? Ni ibiki bituma tugomba kuyarungikira abandi? Twoba twipfuza kuyarungika kugira gusa dutangaze abandi?
Mu gihe ubuhinga bwo kurungika ubutumwa biciye kuri Internet bukoreshejwe neza, burashobora kuba ngirakamaro. Ariko rero, burashobora no gutuma turonka amakuru y’umurengera. Twoba dupfa kurungikira abandi amakuru menshi cane, kumbure tugatuma batakaza umwanya wabo w’agaciro bariko barayasoma? Ntidukwiye none gusuzuma igituma tugira turungike ayo makuru imbere y’uko tuyarungika? Ni igiki vy’ukuri twipfuza gushikako? Kera wasanga abantu bandikira amakete umuryango canke abagenzi kugira ngo babamenyeshe ibibashikira, bakaguma bababwira ukuntu ivyabo vyifashe mu buzima. Ivyo none si vyo ahanini dukwiye gushira mu butumwa turungika biciye kuri Internet? Kubera iki none tworungikira abandi ikintu tudashobora kwemeza ko ari ic’ukuri?
Ni ibiki none dukwiye gukora ku bijanye na Internet? Twoba dukwiye kuyiheba buhere? Ivyo vyoshobora kuba bikenewe mu bihe bimwebimwe. Ivyo ni vyo wa muntu yigeze kuba umuja wa Internet twavuga mu ntango yakoze kugira ngo atsinde iyo ngorane yari amaranye imyaka myinshi. Ariko rero, gukoresha Internet birashobora kutubera ngirakamaro mu gihe turetse ‘ubushobozi bwo kwiyumvira bukaguma buducungera, ugutahura na kwo kukatuzigama.’—Imig. 2:10, 11.
[Akajambo k’epfo]
a Ico kibazo nyene kirerekeye amafoto. Naho twoshobora gutora amafoto kugira ngo tuyikoreshereze, hari aho tutoba dufise uburenganzira bwo kuyarungikira abandi, icibagiwe co ni ugutanga amazina y’abantu bari kuri yo no kwerekana aho baba.
[Ifoto ku rup. 4]
Ushobora gute kwirinda kuronka amakuru atari yo?
[Ifoto ku rup. 5]
Ni ibiki ukwiye kurimbura imbere y’uko urungika amakuru kanaka?