ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/07 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Internet—Nukoreshe neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Uburyo bwo kubafasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 7/07 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Ni ingeramizi izihe ziri mu gukoresha Internet kugira twunge ubucuti n’umuntu tutazi?

Imihora itari mike yo kuri Internet yashizweho kugira ngo ihuze abantu bongere baze barandikiranira. Myinshi muri iyo mihora ikozwe ku buryo abantu bashobora kuyishiramwo amakuru aberekeye. Ayo makuru ashobora kuba agizwe n’amafoto be n’ibindi bidondora ivy’abo bantu. Ababonye ayo makuru barashobora guca bahanahana amakuru n’abo bantu. Mwene iyo mihora usanga abakiri bato bayikunda cane, kandi abakiri bato bamwebamwe bo mw’ishengero barayikoresheje mu kuganira n’abandi bakiri bato bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova.

Biroroshe ko umuntu tumenyaniye kuri Internet aduhenda ku bijanye n’uko ari, ku bijanye n’uko ameze mu vy’impwemu, canke ku bijanye n’intumbero afise (Zab. 26:4). Umuntu yivugisha ko ari Icabona ca Yehova ushobora gusanga ari umuntu vy’ukuri atizera, uwaciwe, canke mbere ugasanga ni umuhuni ariko arakora yivuye inyuma arondera kuzimiza abakirisu (Gal. 2:4). Biravugwa ko abantu benshi bonona abana bakoresha iyo mihora kugira ngo baronke abo bonona.

Naho twoba tuzi neza ko abo tuganira bahagaze neza mw’ishengero, kuganira muri ubwo buryo vyoshobora kudutwara akayombekere mu bintu bibi. Ivyo birashoboka kubera ko abantu bakunda kutigumya igihe bavugana n’abo batarigera bakubita ijisho. Boshobora kandi kubona ko, biciye kuri iyo Internet, bariko baganira ari babiri gusa, maze bakiyumvira yuko naho bovuga ivyo bigombeye ata bandi bazobimenya, nk’abavyeyi babo canke abakurambere. Ikibabaje ni uko abakiri bato batari bake bo mu miryango y’abakirisu baguye muri uwo mutego, maze bakisuka mu vyo kuvuga amajambo ateye isoni (Ef. 5:3, 4; Kol. 3:8). Abandi barafashe amafoto yabo avyura inambu y’umubiri, amazina y’amatazirano ateye isoni, canke imiziki yo kuri videwo ivyura inambu y’umubiri, babishira muri orodinateri ahantu bashira amakuru aberekeye.

Twisunze ivyo bihejeje kuvugwa, abavyeyi barakwiye gucungera neza ingene abana babo bakoresha orodinateri (Imig. 29:15). Vyoba birimwo ingeramizi dutumiye i muhira iwacu umuntu tutazi, canke tumurekeranye abana bacu ari wenyene. Mu buryo busa n’ubwo, birimwo ingeramizi kuri twebwe canke ku bana bacu kugira abagenzi abantu tutazi biciye kuri Internet, naho mbere boba bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova.—Imig. 22:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika