Tumenyereze abandi kugira bakwize ibisabwa
“Umuntu wese yigishijwe bimwe bitunganye azoba nk’umwigisha wiwe.”—LUKA 6:40.
1. Mu gihe c’ubusuku Yezu yaranguye kw’isi, ni gute yasize atanguje ishengero ridasanzwe?
MU GUSOZERA inkuru yiwe yo mu Njili, intumwa Yohani yanditse ati: “Kukaba nkako, hari n’ibindi vyinshi Yezu yakoze, iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi ubwayo itoshoboye gukwirwamwo imizingo yokwanditswe.” (Yoh. 21:25) Mu bintu vyose Yezu yaranguye mu busuku bwiwe bwamaze igihe gito mugabo akaba yaburanguranye ingoga, harimwo kurondera abagabo bobandanije ico gikorwa amaze kuva kw’isi, kubamenyereza no kubungunganya. Igihe Yezu yasubira mw’ijuru mu 33 G.C., yasize atanguje ishengero ridasanzwe ritatevye kwongerekana, risigara rigizwe n’abantu ibihumbi.—Ivyak. 2:41, 42; 4:4; 6:7.
2, 3. (a) Ni kubera iki bikenewe cane ko abagabo babatijwe bakwiza ibisabwa? (b) Tugira twihweze iki muri iki kiganiro?
2 Kubera ko muri iki gihe hariho abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete barenga imiliyoni indwi bari mu mashengero arenga 100.000 ari hirya no hino kw’isi, harabandanya gukenerwa abagabo baja imbere abandi mu vy’impwemu. Nk’akarorero, abakurambere bakirisu barakenewe cane. Abarondera guterwa ako gateka k’umurimo barakwiye gukezwa, kuko baba “[b]ipfuje igikorwa ciza.”—1 Tim. 3:1.
3 Ariko rero, kuba umuntu ari umugabo ntibisigura ko aba akwije ibisabwa kugira ngo aterwe uduteka mw’ishengero. Kwiga amashure yo mw’isi canke kumenya utuntu n’utundi mu buzima si vyo bituma umugabo aba uwiteguriye gukora ico gikorwa. Kugira ngo umugabo yitwararike neza iryo banga, ategerezwa gukwiza ibisabwa mu buryo bw’impwemu. Ububangukirwe afise canke ivyo yashitseko si vyo bihambaye; ategerezwa kuba afise kamere z’ivy’impwemu. Twofasha gute abagabo bo mw’ishengero kugira ngo bakwize ibisabwa? Yezu yavuze ati: “Umuntu wese yigishijwe bimwe bitunganye azoba nk’umwigisha wiwe.” (Luka 6:40) Muri iki kiganiro, tugira twihweze uburyo bumwebumwe wa Mwigisha w’Umuhanga Yezu Kristu yafashije abigishwa biwe gukwiza ibisabwa kugira ngo bashingwe amabanga arushirije kuba ayahambaye, twongere turabe ivyigwa twokura ku vyo yakoze.
“Nabise abagenzi”
4. Yezu yerekanye gute ko ari umugenzi nyakuri w’abigishwa biwe?
4 Yezu yafata abigishwa biwe nk’abagenzi, ntiyabona ko abaruta. Yaramaranye umwanya na bo, arabizigira, yongera ‘arabamenyesha ibintu vyose yumvise kuri Se wiwe.’ (Soma Yohani 15:15.) Iyumvire ukuntu banezerewe cane igihe Yezu yishura ikibazo bamubajije, kigira giti: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3, 4) Yarabwira kandi abayoboke biwe ivyo yiyumvira be n’ukuntu yiyumva. Nk’akarorero, mw’ijoro Yezu yaguriwemwo, yaratwaye Petero, Yakobo na Yohani mu murima wa Getsemani, aho yasenganye ubwira umutima wiwe wuzuye amaganya. Izo ntumwa zitatu zoshobora kuba zitumvise ivyo Yezu yariko aravuga mw’isengesho, mugabo zitegerezwa kuba zaratahuye yuko ico kiringo kitari coroshe. (Mrk. 14:33-38) Iyumvire kandi ukuntu kwa guhinduka ukundi kwaba imbere y’aho gutegerezwa kuba kwaragize ico gukoze kuri abo batatu. (Mrk. 9:2-8; 2 Pet. 1:16-18) Ubugenzi somambike Yezu yari yaragiraniye n’abigishwa biwe bwarabafashije cane kurangura amabanga ahambaye bahavuye bashingwa.
5. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe abakurambere bakirisu bashobora gufasha abandi?
5 Nk’uko Yezu yabigize, muri iki gihe abakurambere bakirisu baragiranira n’abandi ubugenzi bakongera bakabafasha. Baragiranira n’abo basangiye ukwemera ubucuti somambike kandi burangwa igishika mu kurondera umwanya wo kubitwararika. Naho abakurambere bazi ko bategerezwa kugumya ibanga, ntibareka kuvuga ibikenewe. Abakurambere barizigira abavukanyi babo kandi barababwira ukuri kwo mu Vyanditswe bamenye. Abakurambere ntibigera bakengera umukozi w’ishengero yoshobora kuba akiri muto umugereranije na bo. Ahubwo, babona ko ari umuntu akomeye mu vy’impwemu afise kazoza keza, arangura igikorwa kigirira akamaro ishengero.
“Ndabahaye icitegererezo”
6, 7. Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abigishwa biwe, kandi kagize ico gakoze gute kuri bo?
6 Naho abigishwa ba Yezu bari abantu bakunda ibintu vy’impwemu, vyarashika ivyiyumviro vyabo bikoshwa n’ivyo bakuriyemwo be n’imico kama yabo. (Mat. 19:9, 10; Luka 9:46-48; Yoh. 4:27) Ariko rero, Yezu ntiyabahambarira canke ngo abashavurire. Ntiyabasaba amananiza canke ngo abasabe gukora ikintu we ubwiwe atokora. Ahubwo nyabuna, Yezu yabigisha biciye ku karorero.—Soma Yohani 13:15.
7 Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abigishwa biwe? (1 Pet. 2:21) Yaguma yoroheje ubuzima kugira ngo ashobore gusukurira abandi atakimutangira. (Luka 9:58) Yezu yarifata ruto kandi yama ashingira inyigisho ziwe ku Vyanditswe. (Yoh. 5:19; 17:14, 17) Yari umuntu adatinyitse kandi w’umutima mwiza. Ikintu cose yakora yagitumwa n’urukundo. (Mat. 19:13-15; Yoh. 15:12) Akarorero ka Yezu karagize ikintu ciza gakoze ku ntumwa ziwe. Nk’akarorero, Yakobo yaragize umutima rugabo maze arasukurira Imana adahemuka gushika yishwe. (Ivyak. 12:1, 2) Yohani yaramaze imyaka irenga 60 akurikira intambuko za Yezu adahemuka.—Ivyah. 1:1, 2, 9.
8. Ni akarorero akahe abakurambere baha abagabo bakiri bato hamwe n’abandi?
8 Abakurambere bitanga, bicisha bugufi, kandi bakundana barabera akarorero keza abagabo bakiri bato. (1 Pet. 5:2, 3) Vyongeye, abakurambere b’intangakarorero mu kwizera, mu kwigisha, mu kubaho rukirisu, no mu busuku barahimbarwa no kumenya yuko abandi bashobora kubigana.—Heb. 13:7.
‘Yarabahaye amategeko maze arabatuma’
9. Tumenya dute ko Yezu yamenyereje abigishwa biwe kurangura igikorwa co kwamamaza Injili?
9 Yezu amaze nk’imyaka ibiri arangura ubusuku bwiwe n’umwete, yaraguye igikorwa co kwamamaza mu gutuma intumwa ziwe 12 kwamamaza. Ariko rero, yabanje kuziha ubuyobozi. (Mat. 10:5-14) Igihe yagira agaburire ku gitangaro isinzi ry’abantu ibihumbi, yarabwiye abigishwa biwe ukuntu yipfuza ko bicarika abo bantu maze bakabagaburira ibifungurwa. (Luka 9:12-17) Biragaragara rero ko Yezu yamenyereza abigishwa biwe mu kubaha ubuyobozi butomoye. Kuba intumwa zaramenyerejwe muri ubwo buryo zikongera zigafashwa n’impwemu nyeranda, vyatumye mu nyuma zishobora gutunganya igikorwa kinini co kwamamaza caranguwe mu 33 G.C. n’inyuma y’aho.
10, 11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abashasha bashobora kumenyerezwa intambwe ku yindi?
10 Muri iki gihe, umugabo atangura kuronka ubuyobozi bwo mu vy’impwemu igihe yemeye kwiga Bibiliya. Hari aho vyoba ngombwa ko tumufasha kumenya gusoma neza. Turabandanya kumufasha uko twigana na we Bibiliya. Igihe atanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza, arabandanya kumenyerezwa mu buryo bw’impwemu igihe agira uruhara mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, akaba umwamamaji atarabatizwa, n’ibindi n’ibindi. Amaze kubatizwa, muri ukwo kumenyerezwa kwiwe harashobora kujamwo ibikorwa bimwebimwe nko kubungabunga Ingoro y’Ubwami. Mu nyuma, umuvukanyi arashobora gufashwa kumenya ivyo akeneye gukora kugira ngo akwize ibisabwa vyotuma aba umukozi w’ishengero.
11 Igihe umukurambere ashinze umuvukanyi yabatijwe igikorwa kinaka, aramusigurira ahimbawe ukuntu ico gikorwa kirangurwa akongera akamuha ubuyobozi akeneye. Uwo muvukanyi ariko aramenyerezwa ategerezwa gutahura ivyo yitezweko. Mu gihe ivyo yasabwe gukora bimugoye, umukurambere munyarukundo ntaca abona yuko adakwije ibisabwa. Ahubwo, uwo mukurambere aramwereka abigiranye umutima mwiza ibintu binaka akwiye gukora be n’ukuntu yobikora. Kwibonera ukuntu abagabo bashira mu ngiro ubuyobozi baba bahawe gutyo bakironkera umunezero uva ku gusukurira abandi, biratuma abakurambere bahimbarwa.—Ivyak. 20:35.
“Uwumviriza impanuro ni inkerebutsi”
12. Ni ibiki vyatuma impanuro Yezu yatanga ziba ngirakamaro?
12 Yezu yaramenyereza abigishwa biwe mu kubaha impanuro yisunze ukuntu ivyabo vyifashe. Nk’akarorero, yarahambariye Yakobo na Yohani kubera bashaka guhamagara umuriro ngo umanuke uvuye mw’ijuru urigate Abasamariya bamwebamwe batari bamwakiriye. (Luka 9:52-55) Igihe nyina wa Yakobo na Yohani yegera Yezu kugira ngo asabe ko bohabwa ibibanza vy’iteka mu Bwami, Yezu yaciye abwira abo bavukana ati: “Ivy’ukwo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange, ahubwo ni ivy’abo Dawe yabiteguriye.” (Mat. 20:20-23) Yezu yama atanga impanuro zitomoye, ngirakamaro kandi zishingiye cane ku ngingo ngenderwako ziva ku Mana. Yarigishije abigishwa biwe kuzirikana mwene izo ngingo ngenderwako. (Mat. 17:24-27) Yezu yaratahura kandi yuko abayoboke biwe bari bafise aho bagarukiriza kandi ntiyitega ko baba abatagira agasembwa. Yatanga impanuro abitumwe n’urukundo nyakuri.—Yoh. 13:1.
13, 14. (a) Ni bande bakeneye guhanurwa? (b) Ni impanuro zimwezimwe izihe umukurambere yoshobora guha umuntu atariko aratera imbere mu vy’impwemu?
13 Umugabo wese arondera gukwiza ibisabwa kugira ngo ashingwe amabanga mw’ishengero rya gikirisu, rimwe na rimwe biraba ngombwa ko ahabwa impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Mu Migani 12:15 hagira hati: “Uwumviriza impanuro ni inkerebutsi.” Umuvukanyi umwe akiri muto avuga ati: “Nasanze ingorane nyamukuru nari mfise yari iyo gucibwa intege n’udusembwa twanje bwite. Impanuro umukurambere umwe yampaye yaramfashije kubona ibintu mu buryo bubereye.”
14 Mu gihe abakurambere babonye ko hari inyifato iteye amakenga iriko irabuza umugabo munaka gutera imbere mu vy’impwemu, baribwiriza kumubogora n’umutima w’ubwitonzi. (Gal. 6:1) Rimwe na rimwe, biraba ngombwa ko umuntu ahanurwa kubera akanenge kanaka aba afise. Nk’akarorero, mu gihe umuvukanyi asa n’uwurera amaboko, umukurambere yoshobora kubona ko vyomufasha amweretse yuko Yezu yari umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete yashinze abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20; Luka 8:1) Mu gihe umuvukanyi asa n’uwuhahamira ubukuru, umukurambere yoshobora kumwereka ukuntu Yezu yafashije abigishwa biwe kubona akaga kari mu kurondera kuba abantu bahambaye. (Luka 22:24-27) Bite ho mu gihe umuvukanyi afise agatima ko kutababarira abandi? Ikigereranyo ca wa mushumba yanka guheba umwenda mutoyi naho nyene we yari yahebewe umwenda munini coshobora kumufasha cane. (Mat. 18:21-35) Igihe bikenewe ko abakurambere batanga impanuro, vyoba vyiza bayitanze mu maguru masha.—Soma Imigani 27:9.
‘Niwimenyereze’
15. Abagize umuryango w’umugabo bashobora gute kumufasha gusukurira abandi?
15 Naho abakurambere baja imbere mu bijanye no kumenyereza abagabo kugira ngo bakwize ibisabwa, abandi barashobora gushigikira utwigoro bagira. Nk’akarorero, abagize umuryango w’uwo mugabo barashobora kumufasha gukwiza ibisabwa kandi barakwiye kubigira. Vyongeye, nimba asanzwe ari umukurambere, azokwungukira ku gufashwa n’umukenyezi wiwe be n’abana biwe banyarukundo. Birahambaye cane ko bemera kumusangira n’ishengero kugira ngo ashobore kwitwararika amabanga ajejwe. Agatima k’ukwitanga bafise karatuma agira umunezero kandi abandi baragakenguruka cane.—Imig. 15:20; 31:10, 23.
16. (a) Gukwiza ibisabwa ahanini vyega nde? (b) Umugabo yokora iki kugira ngo akwize ibisabwa vyotuma aterwa uduteka mw’ishengero?
16 Naho abandi bashobora gushigikira umugabo kugira ngo akwize ibisabwa, ni we ahanini vyega. (Soma Abagalatiya 6:5.) Ego ni ko, kugira ngo umuvukanyi afashe abandi yongere agire uruhara mu busuku bimwe bishitse, si ngombwa ngo abe ari umukozi w’ishengero canke umukurambere. Ariko rero, kugira ngo ashobore guterwa uduteka mw’ishengero ategerezwa kwihatira gukwiza ibisabwa vyo mu Vyanditswe. (1 Tim. 3:1-13; Tito 1:5-9; 1 Pet. 5:1-3) Nimba rero umugabo yipfuza kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere mugabo akaba ataragenwa, arakwiye kwitwararika imice akeneye kuryohora. Ivyo bisaba ko asoma Bibiliya adahorereza, yiyigisha n’umwete, azirikana ata gufyina, asenga abikuye ku mutima, akongera akagira uruhara n’umwete mu busuku bwa gikirisu. Muri ubwo buryo, arashobora gushira mu ngiro impanuro Paulo yahaye Timoteyo igira iti: “Wimenyereze, ukwihebera Imana kube yo ntumbero yawe.”—1 Tim. 4:7.
17, 18. Umuvukanyi yabatijwe yokora iki mu gihe abona ko atabishoboye canke mu gihe adafise icipfuzo co gusukurira abandi?
17 Ariko none tuvuge iki mu gihe umugabo atarondera gukwiza ibisabwa abitumwe n’uko abona yuko atabishoboye? Vyoba vyiza yibutse yuko Yehova Imana na Yezu Kristu badufasha. Nkako, Yehova “atwikorerera umutwaro ku musi ku musi.” (Zab. 68:19) Ku bw’ivyo, Data wa twese wo mw’ijuru arashobora gufasha umuvukanyi kwemera gushingwa amabanga mw’ishengero. Umuvukanyi atari umukozi w’ishengero canke umukurambere azofashwa kandi no kwibuka ko hakenewe cane abagabo bahumuye bemera guterwa uduteka tw’umurimo mw’ishirahamwe ry’Imana. Kuzirikana ivyo bintu vyoshobora kumuvyurira umutima wo kwihatira gutsinda agatima ko kwiyumvamwo ko atabereye. Arashobora gusenga asaba impwemu nyeranda, yibuka yuko mu camwa cayo harimwo n’amahoro be n’ukwigumya, izo zikaba ari kamere umuntu akeneye kugira ngo atsinde agatima ko kubona ko atabishoboye. (Luka 11:13; Gal. 5:22, 23) Kandi arashobora kwizigira aherejeko yuko Yehova ahezagira abo bose barondera gukwiza ibisabwa babitumwe n’imvo ibereye.
18 Vyoba vyoshoboka ko umugabo yabatijwe atarondera gukwiza ibisabwa abitumwe n’uko ata vyo yipfuza? Hamwe vyoba ari ukwo biri, ni igiki comufasha? Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana [ni] yo iriko ikorera muri mwebwe, nk’uko biyihimbara, kugira ngo mugire ugushaka mwongere mukore.” (Flp. 2:13) Imana ni yo ituma umuntu agira icipfuzo co gusukurira abandi, kandi impwemu ya Yehova irashobora kumukomeza kugira ngo arangure umurimo mweranda. (Flp. 4:13) Vyongeye, umukirisu arashobora gusaba Imana ngo imufashe gukora ikibereye.—Zab. 25:4, 5.
19. Kuba Yehova azohagurutsa “abungere indwi, egome, abatware umunani” bidukura amazinda ku biki?
19 Yehova arahezagira utwigoro abagabo b’inararibonye bagira mu kumenyereza abandi. Arahezagira kandi abavyakira neza maze bakarondera gukwiza ibisabwa kugira ngo baterwe uduteka mw’ishengero. Ivyanditswe biradukura amazinda yuko mu basavyi b’Imana hohagurukijwe “abungere indwi, egome, abatware umunani,” ni ukuvuga igitigiri gikwiye c’abagabo babishoboye, kugira ngo baje imbere abandi mw’ishirahamwe rya Yehova. (Mika 5:5) Ese ukuntu ari umuhezagiro kubona abagabo bakirisu benshi cane bariko baramenyerezwa kandi bakaba bariko bararondera bicishije bugufi gukwiza ibisabwa kugira ngo baterwe uduteka tw’umurimo, ivyo bikaba bituma Yehova ashemezwa!
Wokwishura gute?
• Yezu yafashije gute abigishwa biwe gukwiza ibisabwa kugira ngo bashingwe amabanga arushirije kuba ayahambaye?
• Abakurambere bokwigana gute Yezu igihe bafasha abagabo bo mw’ishengero gukwiza ibisabwa?
• Abagize umuryango w’umugabo barangura uruhara uruhe mu bijanye no kumufasha gukwiza ibisabwa?
• Umugabo ubwiwe yokora iki kugira ngo akwize ibisabwa vyotuma aterwa uduteka?
[Amafoto ku rup. 31]
Ushobora gute kumenyereza uwo mwigana Bibiliya igihe ariko ararondera gutera imbere?
[Ifoto ku rup. 32]
Abagabo bokwerekana gute yuko bariko bararondera gukwiza ibisabwa?