Yehova aramenyereza abungere b’ubusho bwiwe
“Uhoraho atanga [“ubukerebutsi”, “NW”], mu kanwa kiwe havamw’ukumenya n’ugutahura”.—IMIGANI 2:6.
1, 2. Ni kubera iki abagabo babatijwe barondera kuzezwa amabanga yiyongereye mw’ishengero?
“NARANEZEREWE cane igihe nagenwa kuba umukurambere. Nabona ko ako gateka ari akaryo kadasanzwe ko kwagura umurimo ndangurira Yehova. Numva ko mfitiye Yehova umwenda wo kumukengurukira ku vyiza vyose yari amaze kungirira. Vyongeye, nipfuza gufasha uko nshoboye kwose abagize ishengero, nkabafasha nka kurya nyene abandi bakurambere bamfashije”. Ukwo ni ko uwitwa Nick amaze imyaka indwi ari umukurambere avuga. Ariko rero, naho yari anezerewe, hariho ivyari bimuhagaritse umutima. Nick abandanya ati: “Narirya igihe nagenwa nari ngifise imyaka yababa 30, narahagaritse umutima kuko ntari mfise ubuhanga bukenewe, ni ukuvuga kuba umuntu azi gutahura ibintu kandi w’inkerebutsi, kugira ndagire ishengero mu buryo kirumara”.
2 Abo Yehova agena kugira bitwararike ubusho bwiwe barafise imvo nyinshi zituma banezerwa. Intumwa Paulo yaribukije abakurambere b’i Efeso imwe muri izo mvo, igihe yavuga asubiramwo amajambo ya Yezu ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare”, NW] kuruta guhabga” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere biraronsa abagabo babatijwe ubundi buryo bwo kugira ico bahaye Yehova be n’ishengero. Nk’akarorero, abakozi b’ishengero barasahiriza abakurambere. Vyongeye, abakozi b’ishengero bararangura ibindi bikorwa vyinshi bashingwa bibatwara umwanya munini yamara bikenewe. Urukundo abo bavukanyi bakunda Imana n’abantu nka bo ni rwo rubavyurira umutima wo kurangura uwo murimo w’agaciro.—Mariko 12:30, 31.
3. Ni kubera iki bamwebamwe boshobora gutinyatinya kurondera gushikira uduteka mw’ishengero?
3 Tuvuge iki ku vyerekeye umuvukanyi yabatijwe yoshobora gutinyatinya kurondera gushikira agateka ko kuba umukozi w’ishengero mu nyuma akazoba n’umukurambere, kubera yuko yumva umengo ntabereye? Cokimwe na Nick, yoshobora guhagarika umutima yibaza ko adafise ubuhanga bukenewe kugira abe umwungere kirumara. None ga muvukanyi wabatijwe, woba nawe ari ko wiyumva? Ukwo guhagarika umutima kurumvikana. Nakare Yehova ari n’ico abaza abungere bagenywe ku bijanye n’ukuntu bafata ubusho. Yezu yavuze ati: “Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi”.—Luka 12:48.
4. Yehova afasha gute abo agena ngo bitwararike intama ziwe?
4 Yehova yoba yitega ko abo agena kuba abakozi b’ishengero canke abakurambere barangura ayo mabanga yiyongereye ata wubafasha? Ahubwo nyabuna, arabaronsa imfashanyo ngirakamaro idatuma gusa bashobora kurangura ayo mabanga, ariko kandi ituma bibagendera neza. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova arabaronsa impwemu yera yiwe, iyo na yo ikaba yama ivyamwa bibafasha kwitwararikana ikibabarwe intama (Ivyakozwe n’intumwa 20:28; Ab’i Galatiya 5:22, 23). N’ikindi kandi, Yehova arabaronsa ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura (Imigani 2:6). None ivyo abibaronsa gute? Nimuze turimbure uburyo butatu Yehova akoresha mu kumenyereza abo agena ngo bitwararike intama ziwe.
Baramenyerezwa n’abungere bazi utuntu n’utundi
5. Ni kubera iki Petero na Yohani bari abungere kirumara?
5 Igihe intumwa Petero na Yohani bari imbere y’Ikombe, abacamanza b’iyo sentare babonwa n’abantu ko ari abanyabwenge, babona ko abo bagabo ‘batari barize, bakaba n’abantu basanzwe’ (NW). Mu bisanzwe, Petero na Yohani bari bazi gusoma no kwandika, mugabo ntibari baraciye mu mashure y’abarabi ngo abe ari ho bigishirizwa Ivyanditswe. Naho ari ukwo, vyari bimaze kwibonekeza ko Petero na Yohani hamwe n’abandi bigishwa ari abigisha kirumara, kuko batuma benshi mu babumviriza bizera. None abo bagabo basanzwe babaye gute abigisha badasanzwe? Inyuma y’aho iyo sentare yumviririje Petero na Yohani, yaciye ‘imenya ko babana na Yezu’ (Ivyakozwe n’intumwa 4:1-4, 13). Mu vy’ukuri, bari bararonse impwemu yera (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Ariko kandi, vyaribonekeza, mbere no kuri abo bacamanza bari barahumye mu vy’impwemu, yuko Yezu yari yarigishije abo bagabo yongera arabamenyereza. Igihe Yezu yari kumwe n’izo ntumwa ngaha kw’isi, ntiyabigishije gusa uburyo bwo gutororokanya abantu bameze nk’intama, ariko kandi yarabigishije n’uburyo bwo kubaragira bamaze kuba abo mu bagize uruhongore.—Matayo 11:29; 20:24-28; 1 Petero 5:4.
6. Yezu na Paulo badusigiye akarorero akahe mu bijanye no kumenyereza abandi?
6 Yezu amaze kuzuka, yarabandanije kumenyereza abari baragenywe kuba abungere (Ivyahishuriwe 1:1; 2:1–3:22). Nk’akarorero, Yezu ubwiwe yaricaguriye Paulo yongera arahagarikira ukumenyerezwa kwiwe (Ivyakozwe n’intumwa 22:6-10). Paulo yaraha agaciro ukwo kumenyerezwa yaronse kandi ivyo yize yaravyigisha abandi bakurambere (Ivyakozwe n’intumwa 20:17-35). Nk’akarorero yarakoresheje umwanya munini, aragira n’akigoro gakomeye mu kumenyereza Timoteyo kugira ngo abe “umukozi” arangura umurimo w’Imana “atarinda gutētērwa” (2 Timoteyo 2:15). Abo bagabo babiri bahavuye bacika abagenzi somambike. Paulo yari yaranditse ivyerekeye Timoteyo ati: “Nk’uk’umwana amereranira na se, [ni] ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza” (Ab’i Filipi 2:22). Paulo ntiyarondera ko Timoteyo canke uwundi muntu uwo ari we wese aba umwigishwa wiwe. Ahubwo, yaremesha abo bari basangiye ukwizera ‘kumwigana nk’uko na we yigana Kirisitu’.—1 Ab’i Korinto 11:1.
7, 8. (a) Ni akarorero akahe kerekana ko igihe abakurambere biganye Yezu na Paulo havamwo ivyiza? (b) Ni ryari abakurambere bakwiye gutangura kumenyereza abo babona ko bashobora kuzoba abakozi b’ishengero canke abakurambere?
7 Mu kwigana Yezu na Paulo, abungere bazi utuntu n’utundi baribwiriza kumenyereza abavukanyi babatijwe, kandi haravamwo ivyiza nka kurya nyene vyabaye ku bo Yezu na Paulo bamenyereje. Raba nk’akarorero ivyerekeye uwitwa Chad. Yarerewe mu rugo rugizwe n’abavyeyi badasangiye idini yamara akaba aherutse kuba umukurambere. Avuga ati: “Uko imyaka yagiye irahaca, abakurambere batari bake bazi utuntu n’utundi bagiye baramfasha gutera imbere mu vy’impwemu. Kubera ko dawe atari Icabona, abo bakurambere baranyitwararika mu buryo budasanzwe ku buryo bambera nka ba dawe bo mu buryo bw’impwemu. Baza bararondera umwanya bakamenyereza mu busuku, kandi mu nyuma, hari umukurambere umwe canecane yaza aramenyereza mu bijanye no kurangura ibikorwa nagiye ndashingwa mw’ishengero”.
8 Nk’uko ako karorero ka Chad kavyerekana, abungere batahura ibintu baratangura kumenyereza abavukanyi babona ko bashobora kuzoba abakozi b’ishengero canke abakurambere, ivyo bakabagira kare rwose imbere y’uko abo bavukanyi batera imbere bihagije bagakwiza ibisabwa kugira ngo baterwe utwo duteka. Uti ni kubera iki none ivyo bikenewe? Ni uko Bibiliya ivuga ko bose, baba abakozi b’ishengero canke abakurambere, bategerezwa kuba abantu bigenza runtu kandi bakomeye mu vy’impwemu ku rugero ruri hejuru imbere y’uko bagenwa. Bategerezwa ‘kubanza kugezwa’.—1 Timoteyo 3:1-10.
9. Ni ibanga irihe abungere bazi utuntu n’utundi bajejwe, kandi kubera iki?
9 Niba abavukanyi babatijwe bategerezwa kugezwa, vyoba vyiza babanje kumenyerezwa. Reka tubitangire akarorero: Hamwe umunyeshure kanaka yosabwa gukora ikibazo kigoye ku cigwa abigisha batigeze bamwigisha ngo bongere bakimumenyerezemwo neza, ubwo uwo munyeshure yotora ico kibazo? Birashoboka rwose ko comunanira. Uca ubona rero ko kwigishwa no kumenyerezwa bikenewe. Ariko rero, abigisha bakora akazi kabo neza ntibigisha abanyeshure kugira ngo bazokore ikibazo gusa, ariko kandi babigisha kugira ngo bamenye uko bokoresha ubumenyi baronka. Abakurambere b’abanyamwete na bo nyene barafasha abavukanyi babatijwe gutsimbataza kamere zisabwa ku bagabo bagenwa, mu kubamenyereza mu bintu binaka. Ntibamenyereza abo bavukanyi kubera ko gusa bipfuza yuko bagenwa, ariko kandi babamenyereza kugira ngo babafashe kuba abashoboye kwitwararika ubusho mu buryo bubereye (2 Timoteyo 2:2). Ego ni ko, abo bavukanyi babatijwe na bo nyene bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bakwize kamere zisabwa ku mukozi w’ishengero canke ku mukurambere (Tito 1:5-9). Ariko rero, igihe abungere bazi utuntu n’utundi bamenyereza babikunze abarondera gushikira amabanga mw’ishengero, barashobora kubafasha kurushiriza gutera imbere ningoga.
10, 11. Abungere bashobora gute kumenyereza abandi ku bw’uduteka twiyongereye?
10 Neza na neza, ni gute abungere bazi utuntu n’utundi bashobora kumenyereza abandi kurangura ibikorwa bashingwa mw’ishengero? Imbere ya vyose, barakwiye kwitwararika abavukanyi bo mw’ishengero mu kuza barakorana na bo mu busuku bwo mu ndimiro no mu kuza barabafasha kuryohora ubuhanga bwabo bwo kuramiriza “neza mw ijambo ry’ukuri” (2 Timoteyo 2:15). Abungere bahumuye baraganira n’abo bavukanyi ivyerekeye umunezero umuntu aronka mu gusukurira abandi be n’ukuntu ubwabo bumva bashize akanyota igihe bishingira imigambi yo mu buryo bw’impwemu bakongera bakayishikako. Vyongeye, babigiranye umutima mwiza, barereka umuvukanyi ukuntu yoshobora kugira ivyo aryohoye kugira ngo abe ‘icitegererezo c’ubusho’.—1 Petero 5:3, 5.
11 Mu gihe hari umuvukanyi agenywe kuba umukozi w’ishengero, abungere b’inkerebutsi barabandanya kumumenyereza. Umuvukanyi yitwa Bruce, uwumaze hafi imyaka 50 ari umukurambere, avuga ati: “Ndakunda kwicarana n’umukozi w’ishengero aba aheruka kugenwa maze tukarabira hamwe ubuyobozi butangwa na wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge. Vyongeye, turasomera hamwe inyobozo zose zijanye n’igikorwa nyezina aba yashinzwe, maze rero ngaca nza ndakorana na we gushika amenyere ibikorwa yashinzwe”. Mu gihe umukozi w’ishengero amaze kumenyera ibikorwa yashinzwe, arashobora guca amenyerezwa mu gikorwa co kugendera cungere abavukanyi. Bruce abandanya ati: “Igihe njanye n’umukozi w’ishengero kugendera cungere umuntu kanaka canke umuryango munaka, ndamufasha gutora ivyanditswe bitomoye biza kubaremesha no kubavyurira umutima wo kugira ico bakoze. Kugira umukozi w’ishengero azobe umwungere kirumara, birahambaye cane ko amenya gukoresha Ivyanditswe mu buryo bukora ku mutima”.—Abaheburayo 4:12; 5:14.
12. Abungere bazi utuntu n’utundi bashobora gute kumenyereza abakurambere baheruka kugenwa?
12 Abungere baheruka kugenwa na bo nyene barungukira cane ku kumenyerezwa kwiyongereye. Nick, umwe twavuga mu ntango, avuga ati: “Ukuntu namenyerejwe canecane n’abakurambere babiri bamboneye izuba vyaramfashije cane. Abo bavukanyi akenshi barabona ingene ibibazo bimwebimwe bikwiye gutunganywa. Bama nantaryo bantega ugutwi bitonze bakongera bagafatana uburemere iciyumviro naba nshikirije naho nyene bataba bagishigikiye. Narigiye cane ku kwihweza ukuntu bafata abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero mu buryo buranga ukwicisha bugufi n’ukwubaha abandi. Abo bakurambere baramfashije cane kubona ko gukoresha Bibiliya ubigiranye ubuhanga bikenewe mu gutunganya ingorane canke mu gutanga indemesho”.
Baramenyerezwa n’Ijambo ry’Imana
13. (a) Ni ibintu ibihe umuvukanyi akeneye kugira ngo abe umwungere kirumara? (b) Ni kubera iki Yezu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje”?
13 Mu vy’ukuri, Ijambo ry’Imana Bibiliya ririmwo amabwirizwa, ingingo ngenderwako be n’uburorero umwungere akeneye kugira ngo abe “ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 3:16, 17). Umuvukanyi ashobora kuba yarize amashure menshi, mugabo ubumenyi afise ku bijanye n’Ivyanditswe be n’ukuntu abukoresha ni vyo bituma aba umwungere kirumara. Rimbura akarorero ka Yezu. Nta wundi mukurambere yabayeho kw’isi yogereranywa na we mu bumenyi, mu gutahura ibintu no mu bukerebutsi. Yamara, ntiyigeze yishimikiza ubukerebutsi bwiwe igihe yaba ariko yigisha intama za Yehova. Yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye”. Ni kubera iki ivyo yigisha yavyitirira Se wiwe wo mw’ijuru? Yasiguye ati: “Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro” ciwe bwite.—Yohana 7:16, 18.
14. Abungere birinda gute kurondera icubahiro cabo bwite?
14 Abungere b’intahemuka baririnda kurondera icubahiro cabo bwite. Impanuro n’indemesho batanga ntibabishingira ku bukerebutsi bwabo, ariko babishingira kw’Ijambo ry’Imana. Baratahura yuko ibanga umwungere ajejwe ari iryo gufasha intama kugira “ivyiyumviro vya Kristo”, aho kugira ivyiyumviro vy’abakurambere (1 Ab’i Korinto 2:14-16). Nk’akarorero, tuvuge iki igihe umukurambere umwe ariko arafasha umugabo n’umugore gutunganya ingorane zijanye n’umubano wabo, yoshingira impanuro ziwe ku bumenyi bwiwe aho kuzishingira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya no ku vyo wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” amaze gusohora (Matayo 24:45)? Impanuro yiwe ishobora kuba ishingiye cane ku mico y’aho iwabo no ku bumenyi bwiwe gusa buri n’aho bugarukira. Ego ni ko, imico imwimwe ubwayo si mibi, kandi uwo mukurambere ashobora kuba amaze kubona utuntu n’utundi mu buzima. Mugabo intama zirahungukira cane igihe abungere baziremesha gutega yompi ijwi rya Yezu be n’amajambo ya Yehova, aho kwumviriza ivyiyumviro vy’abantu canke ngo bisunge imico kama y’aho iwabo.—Zaburi 12:6; Imigani 3:5, 6.
Baramenyerezwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”
15. Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, kandi ni impamvu imwe iyihe ituma umugwi w’uwo mushumba uroranirwa?
15 Intumwa Petero, Yohani na Paulo bose bari abungere bo mu bagize wa mugwi Yezu yavuga ko ari “umushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45). Umugwi w’uwo mushumba ugizwe n’abavukanyi ba Yezu basizwe bari kw’isi, abo bakaba bafise icizigiro co kuzoganzanya na Kirisitu bari mw’ijuru (Ivyahishuriwe 5:9, 10). Muri iyi misi y’iherezo y’ivy’iyi si, igitigiri c’abo bavukanyi ba Kirisitu bakiri kw’isi caramaze kugabanuka nk’uko n’ubundi bitegerezwa kugenda. Ariko rero, igikorwa Yezu yabashinze co kwamamaza inkuru y’Ubwami imbere y’uko umuhero uza, ubu ni ho cagutse cane kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Naho ari ukwo, umugwi w’uwo mushumba wararoraniwe koko! None ni igiki catumye uroranirwa? Kimwe mu vyabitumye ni uko abagize uwo mugwi bamenyereje abo mu “zindi ntama” kugira babasahirize muri ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha abantu (Yohana 10:16; Matayo 24:14; 25:40). Muri iki gihe, igice kinini c’ico gikorwa kirangurwa n’uwo mugwi w’abagize izindi ntama b’intahemuka.
16. Umugwi wa wa mushumba umenyereza gute abagabo bagenywe?
16 None umugwi w’uwo mushumba ubamenyereza gute? Mu kinjana ca mbere, abaserukira umugwi w’uwo mushumba bari bararekuriwe kumenyereza no kugena abakurambere mw’ishengero, abagenywe na bo bagaca bamenyereza intama (1 Ab’i Korinto 4:17). No muri iki gihe ni ko bigenda. Inama Nyobozi, ari wo wa mugwi mutoyi ugizwe n’abakurambere basizwe baserukira umugwi w’uwo mushumba, iremerera abayiserukira kumenyereza no kugena abakozi b’ishengero be n’abakurambere mu mashengero ibihumbi mirongo yo hirya no hino kw’isi. N’ikindi kandi, Inama Nyobozi iratunganya amashure yo kumenyereza abagize Amakomite y’amashami, abacungezi b’ingenzi, abakurambere be n’abakozi b’ishengero, mu bijanye n’uburyo bwiza kuruta bwo kwitwararika intama. Hari n’ubundi buyobozi butangwa biciye mu makete, mu biganiro bisohorwa mu Munara w’Inderetsi, be no mu bindi bitabu, nka kimwe citwa Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agombaa.
17. (a) Yezu yerekanye gute ko yizigira umugwi wa wa mushumba? (b) Abungere bo mu vy’impwemu bashobora gute kwerekana ko bizigira umugwi wa wa mushumba?
17 Yezu yarizigiye cane abagize umugwi w’uwo mushumba ku buryo yabahaye kugaba “ivy’afise vyose”, ni ukuvuga ibintu vyose vyo mu vy’impwemu afise kw’isi (Matayo 24:47). Abungere bagenywe barerekana ko na bo nyene bizigira umugwi w’uwo mushumba mu gukurikiza ubuyobozi baronswa buvuye ku Nama Nyobozi. Mu vy’ukuri, igihe abungere bamenyereza abandi, bakemera ubwabo kumenyerezwa n’Ijambo ry’Imana bakongera bagashira mu ngiro ivyo bigira ku kumenyerezwa n’umugwi wa wa mushumba, baratuma mu busho harangwa ubumwe. Ese ukuntu dukurira ubwatsi Yehova kubona yaramenyereje abagabo bitwararika cane umwumwe wese mu bagize ishengero rya gikirisu!
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura gute?
• Abungere bahumuye mu vy’impwemu bamenyereza gute abandi?
• Ni kubera iki ivyo abungere bigisha batabishingira ku vyiyumviro vyabo bwite?
• Abungere berekana gute ko bizigira umugwi wa wa mushumba, kandi ivyo babigira kubera iki?
[Ifoto ku rup. 24, 25]
Abakurambere bakirisu baramenyereza imisore yo mw’ishengero
[Ifoto ku rup. 26]
Wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” aramenyereza cane abakurambere