Ivyotuma mu rugo haba agahimbare
Igihe umwana wawe w’umuyabaga agize amakenga ku vyo wemera
Abakiri bato benshi, igihe bariko barakura, barahitamwo idini ry’abavyeyi babo. (2 Timoteyo 3:14) Ariko bamwebamwe si ko babigira. None wokora iki mu gihe umwana wawe ariko akura atanguye kugira amakenga ku bijanye n’ukwizera kwawe? Iki kiganiro kiraza kuvuga ukuntu Ivyabona vya Yehova bavyifatamwo.
“Singishaka gukurikira idini ry’abavyeyi banje. Numva nobivamwo.”—Cora w’imyaka 18.a
WEWE warajijutse ko idini urimwo ryigisha ukuri ku vyerekeye Imana. Uremera ko Bibiliya yigisha uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho. Ni ibisanzwe rero kuba ugerageza kwigisha umwana wawe ingingo ngenderwako wisunga. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Ariko none wokora iki nimba uko umwana wawe agenda arakura ari ko agenda aratakaza akayabagu k’ivy’Imana? Wokora iki aramutse atanguye kugira amakenga ku bijanye na kwa kwizera nyene yasa n’uwakirana urweze akiri muto?—Abagalatiya 5:7.
Nimba ivyo biriko birashika, ntuce ubona ko ibanga ry’ukuba umuvyeyi mukirisu ryagutaye ku w’amazi. Hari ibindi bintu bishobora kuba biriko birabitera, nk’uko tuza kubibona. Ariko rero, umenye iki kintu: Ukuntu utorera umuti izo nkeka vyoshobora gutuma uwo mwana wawe w’umuyabaga ahitamwo kurushiriza gukurikirana ivyo wizera canke kubica kure. Utanguye gutana mu mitwe na we kuri ico kibazo, uzoba winjiye mu rugamba rutoroshe, urugamba uzosanga udatsinze.—Abakolosayi 3:21.
Icorushiriza kuba ciza ni ukwumvira inkeburo intumwa Paulo yatanze. Yanditse ati: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose, ashoboye kwigisha, akaguma yiyumanganije.” (2 Timoteyo 2:24) None wokwerekana gute ko uri umuntu “ashoboye kwigisha” igihe umwana wawe w’umuyabaga agize amakenga ku bijanye n’ivyo wizera?
Gerageza gutahura igituma
Banza ugerageze gutahura ivyoba biriko biratuma uwo mwana wawe w’umuyabaga abona ibintu muri ubwo buryo. Nk’akarorero:
Mw’ishengero rya gikirisu, yoba yumva irungu kandi akumva ata mugenzi afise? “Kubera ko nashaka abagenzi, naracuditse n’abo twigana benshi, ivyo bikaba vyaratumye mara imyaka ntatera imbere mu vy’Imana. Abagenzi babi ni bo ahanini batumye ntaba nkiryoherwa n’ivy’Imana, kandi ubu ndicuza cane.”—Lenore w’imyaka 19.
Yoba yikengera bigatuma bimugora kuburanira ukwizera kwiwe? “Nkiri ku ntebe y’ishure, naratinya kubwira abo twigana ivyo nizera. Natinya yuko bohava babona ko ndi umuntu atabaho canke ko ndi pasitori. Umwana wese atameze nka bo wasanga bamukumira; ivyo ni vyo nanka ko binshikira.”—Ramón w’imyaka 23.
Yoba yumva umengo kubaho rukirisu ni amananiza? “Umuhango Bibiliya itanga w’ubuzima budahera mbona umengo ni nk’ikintu kiri nka hariya hejuru cane ku ngazi ya nyuma, ariko nkaba ntaranashika ku ngazi ya mbere; ndacari kure, emwe, kure cane yayo. Ndatinya rwose kuduga izo ngazi ku buryo niyumviriye guheba ukwizera kwanje.”—Renee w’imyaka 16.
Nimubiyage
Ni ingorane iyihe yihishije yoba ihanze umwana wawe w’umuyabaga? Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kuyimenya ni ukumubaza! Ariko rero, uriyubara ntutume ico kiyago kivamwo impari. Ahubwo nukurikire inkeburo iri muri Yakobo 1:19 igira iti: ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ Niwihangane igihe uyaga na we. Nukoreshe “ukwiyumanganya kwose n’ubuhanga bwo kwigisha,” nk’uko wobigenza uri kumwe n’umuntu atari uwo mu rugo rwawe.—2 Timoteyo 4:2.
Nk’akarorero, nimba umwana wawe w’umuyabaga adashaka kwitaba amakoraniro ya gikirisu, gerageza kumenya ko ata kindi kintu coba kiriko kiramubuza amahoro, mugabo ubigirane ukwihangana. Nta kintu kinini woshikako ubigenjeje nk’uwu muvyeyi.
Umwana: Singishaka kuja ku makoraniro.
Se: [n’ijwi ry’ugukara] Uti? Ushaka kuvuga iki?
Umwana: Arandambira, nta bindi!
Se: Ukwo ni ko ubona Imana? Irakurambira? Birababaje basi! Magingo ukiba iwanje, ubishake canke ureke utegerezwa kujana natwe!
Ni ivy’ukuri yuko Imana isaba abavyeyi kwigisha abana babo ibiyerekeye, abana na bo ikabasaba kwumvira abavyeyi babo. (Abanyefeso 6:1) Ariko rero, ntushaka ko umwana wawe apfa gukurikira nk’impumyi ivyo mwama mukora mu vy’Imana, agapfa kujana namwe ku makoraniro y’ivy’ugusenga kandi atabishaka. Ahubwo ico woshima ni uko nimba bishoboka yitaba ayo makoraniro abikuye ku mutima.
Ivyo woshobora kubishikako hamwe wogerageza gutahura ingorane zihishije zoba ziriko ziratuma abona ibintu muri ubwo buryo. Ufise ico kintu ku muzirikanyi, raba ukuntu ca kiyago cari kugirwa mu buryo bwiza kuruta.
Umwana: Singishaka kuja ku makoraniro.
Se: [atekanye] Kubera iki ga mwana wumva utabishaka?
Umwana: Arandambira, nta bindi!
Se: Ni ivy’ukuri yuko kumara isaha imwe canke amasaha abiri wicaye bishobora kurambira. Ni igiki ubona kikugora cane ku bijanye n’amakoraniro?
Umwana: Sinzi. Numva umengo noshima gusa kuba nibereye ahandi hantu.
Se: Kwoba ari ko abagenzi bawe babibona?
Umwana: Erega aho nyene ni ho ingorane iri! Nta mugenzi n’umwe mfise, ariko si ukuvuga ko ntigeze ndamugira. Kuva aho umugenzi wanje pfampfe yimukiye, numva umengo simfise uwo twoyaga! Abandi bose barinezererewe. Numva umengo nta wumbona!
Uwo sebibondo, mu gutuma umwana wiwe aserura iryo agona, ntamenya gusa ingorane yihishije ihanze umwana wiwe, ni ukuvuga irungu, ariko kandi aratuma haba ukwizigirana hagati yiwe n’umwana wiwe, akaba aciriye inzira n’ibindi biyago mu nyuma.—Raba uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “Nube uwihangana!”
Abakiri bato benshi barateba bakibonera yuko baramutse bahanganye n’ingorane iriko irababuza gutera imbere mu vy’Imana, akenshi baheza bakumva bamerewe neza, bakumva kandi bahimbawe n’ukwizera kwabo. Akarorero ni aka Ramón, wa musore twavuga yatinya kwimenyekanisha kw’ishure ko ari umukirisu. Ramón yaratevye arabona ko kuburanira ukwizera kwiwe kitari ikintu giteye ubwoba nk’uko yiyumvira, n’igihe mbere vyatuma abandi bamutwenga. Yigana ati:
“Igihe kimwe, umuhungu umwe kw’ishure yariko aranshinyaguriza kubera idini ndimwo. Vyarambujije amahoro vy’ukuri, kandi nabona ko ishure ryose ririko rirumviriza. Ni kwo guca mpindukiza ikiyago nkamubaza ivyo na we yizera. Igitangaje, yarabuze amahoro kundusha! Naciye ntahura yuko abakiri bato benshi bari n’ivyo bemera mu vy’Imana, mugabo nsanga bemera ivyo badatahura. Njanye nanje nshoboye gusigura ivyo nemera. Mvugishije ukuri, mu bijanye no kubwira abandi ivy’Imana, si je nkwiye kwumva ubuyega ahubwo riho abo twigana ni bo bakwiye kubwumva!”
GERAGEZA IKI KINTU: Nutume umwana wawe w’umuyabaga aserura iryo agona mu kumubaza uko yiyumva kubona ari umukirisu. We abona ko bimuzanira ivyiza ibihe? Ni ingorane izihe bisaba ko yihanganira? Ivyo vyiza vyoba biruta izo ngorane? Gute? (Mariko 10:29, 30) Umwana wawe w’umuyabaga yoshobora kwandika ku rupapuro ivyo yiyumvira, akavyandika mu nkingi zibiri: ibubamfu akandika ingorane bisaba ko yihanganira, iburyo na ho akandika ivyiza. Kuvyihweza biri ku rupapuro vyoshobora kumufasha kubona aho ingorane yiwe ihagaze maze akayironderera umuti.
Mufashe akoreshe ‘ububasha bwiwe bwo kwiyumvira’
Abavyeyi n’abahinga barabonye ko abana bato batandukanye cane n’imiyabaga mu buryo biyumvira. (1 Abakorinto 13:11) Abana bato bakunda kwiyumvira ibintu bifadika, vyoroshe, ariko imiyabaga yo ikunda kwiyumvira ibintu bidafadika canke bitaboneka. Nk’akarorero, umwana mutoyi arashobora kwigishwa yuko Imana ari yo yaremye vyose. (Itanguriro 1:1) Ariko umuyabaga yoshobora kunyinyana n’ibibazo nk’ibi: ‘Nemezwa n’iki ko Imana iriho? Kubera iki Imana y’urukundo yoreka hakabaho ikibi? Wosigura gute ko Imana yamyeho?’—Zaburi 90:2.
Hari aho wobona umengo ibibazo nk’ivyo vyerekena yuko umwana wawe w’umuyabaga ariko asubira inyuma mu kwizera. Ariko mu vy’ukuri, woshobora gusanga vyerekana ko ariko atera imbere. Nkako, kwibaza ibibazo birashobora kuba umuce uhambaye werekana ko umukirisu ariko arakura mu vy’Imana.—Ivyakozwe 17:2, 3.
Vyongeye, umwana wawe w’umuyabaga aba ariko ariga gukoresha “ububasha [bwiwe] bwo kwiyumvira.” (Abaroma 12:1, 2) Ivyo bituma ashobora gutahura “ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike” bw’ukwizera kwa gikirisu mu buryo atari gutahura akiri umwana muto. (Abanyefeso 3:18) Haba hageze rero ko umufasha kwiyumvira canke kuzirikana ku vyo yemera kugira ngo ajijuke koko ku bijanye n’ukwizera kwiwe.—Imigani 14:15; Ivyakozwe 17:11.
GERAGEZA IKI KINTU: Subira urabire hamwe n’umwana wawe w’umuyabaga ibintu vy’ishimikiro, mugaruke ku bintu mwempi mushobora kuba mutitayeho cane. Nk’akarorero, musabe azirikane ku bibazo nk’ibi: ‘Jewe ubwanje ni igiki kinjijura ko Imana ibaho? Ni ibiki jewe nibonera binyereka ko Imana imbabaye? Kubera iki mbona ko kugamburuka amategeko y’Imana ari jewe vyama bigirira akamaro?’ Uraba maso ntuhate umwana wawe w’umuyabaga ngo yemere uko wewe ubona ibintu. Ahubwo riho, numufashe agire ukwizera gushingiye ku vyo ubwiwe yajijutseko. Gutyo bizomworohera kugenda arushiriza kwizigira ivyo yemera.
‘Numwumvishe avyemere’
Bibiliya iravuga umusore yitwa Timoteyo yamenye ivyanditswe vyeranda “guhera mu buhinja.” Yamara, intumwa Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera.” (2 Timoteyo 3:14, 15) Umwana wawe w’umuyabaga yoshobora kuba yigishijwe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kuva mu bwana nk’ukwo kwa Timoteyo. Ariko ubu urakeneye kumwumvisha kugira ngo agire ukwizera gushingiye ku vyo ubwiwe yajijutseko.
Igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, kivuga giti: “Mu gihe umwana wawe w’umuyabaga akiba iwawe, urafise uburenganzira bwo gusaba ko akurikiza urutonde mufise mu bijanye no gusenga. Ariko uburuhiro, intumbero yawe ni iyo kwinjiza mu mutima w’umwana wawe ugukunda Imana, si iyo gutuma abigira mu buryo bwo guheza umwuga.” Ugumije iyo ntumbero ku muzirikanyi, urashobora kumufasha ‘gukomera mu kwizera’ kugira ngo kube bwo buryo bwiwe bwo kubaho, aho kuba gusa uburyo bwawe bwo kubaho.b—1 Petero 5:9.
a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
b Ushaka ayandi makuru, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2009, urupapuro rwa 10-12, n’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, urupapuro rwa 315-318.
NIWIBAZE UTI . . .
Ndavyifatamwo gute igihe umwana wanje avyuye amakenga ku vyo nemera?
Nokoresha gute ibivugwa muri iki kiganiro kugira ndyohore uburyo ndavyifatamwo?