Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Abacuraranzi n’ibicurarangisho vyabo
“[Imana] nimuyishemeze muvuza inzamba. Nimuyishemeze n’igicurarangisho c’imirya be n’inanga. Nimuyishemeze n’akagoma be n’intambo y’umuzingi. Nimuyishemeze n’imirya be n’umwironge. Nimuyishemeze n’ivyuma vy’umusāmīro uryoshe. Nimuyishemeze n’ivyuma vyasirana.”—ZABURI 150:3-5.
KUVA kera na rindi, umuziki n’abacuraranzi vyaragize uruhara ruhambaye cane mu bijanye n’ugusenga Yehova Imana. Nk’akarorero, igihe Yehova yarokora ku gitangaro Abisirayeli mu Kiyaga Gitukura, Miriyamu mushiki wa Musa yarayoboye abagore mu kuririmba ururirimbo n’intambo vy’intsinzi. Abatamvyi batamba bajanisha n’utugoma. Ivyo birerekana yuko umuziki wari uhambaye cane ku Bisirayeli; bari bahejeje guca mu myanya y’intoki ingabo z’Abanyamisiri, yamara abagore benshi bari bafise ibicurarangisho vyabo, biteguriye kubivuza. (Kuvayo 15:20) Mu nyuma, Umwami Dawidi yaratunganije abacuraranzi ibihumbi kugira ngo bavuze ibicurarangisho mu gihe c’ugusenga kuri rya hema ryitwa itaberenakulo. Iyo ntunganyo yarabandanije no kuri rwa rusengero umuhungu wiwe Salomo yubaka.—1 Ngoma 23:5.
None ivyo bicurarangisho vyari bikozwe mu ki? Vyasa gute? Vyasohora amajwi ameze gute? Kandi vyakoreshwa ryari?
Ubwoko bwavyo
Ibicurarangisho bivugwa muri Bibiliya vyari bikozwe mu biti vy’agaciro, mu nshato z’ibikoko bakanye, mu cuma, mw’ihembe no mu magufa. Bimwebimwe vyari vyometsweko amasenge y’inzovu. Imirya yari ikozwe mu bugwegwe bw’ibimera canke mu rura rw’igikoko. Naho ibicurarangisho nka vyose vyakoreshwa kera bitakiriho, amashusho yavyo aracariho.
Ibicurarangisho vyakoreshwa mu bihe vya Bibiliya bishobora kugaburwa mu migwi itatu: ibicurarangisho vy’imirya, nk’inanga (1), n’igitari (2); ibicurarangisho bavuza mu guhuha, nk’ihembe, ari ryo nzamba (3), urumbete (4), n’umwironge wakundwa cane (5); ibicurarangisho bakubita, nk’akagoma, (6), ipendo (7), ivyuma bisāma (8), n’udukengeri (9). Abacuraranzi bavuza ivyo bicurarangisho mu guherekeza indirimbo zitunganijwe mu buryo ndyoshamvugo, mu guherekeza intambo zirimwo igishika no mu guherekeza ukuririmba. (1 Samweli 18:6, 7) N’igihambaye kuruta, barabikoresha mu bijanye n’ugusenga Imana yari yarabahezagiye mu kubaronsa ingabirano y’umuziki. (1 Ngoma 15:16) Reka twihweze twitonze umugwi umwumwe wose w’ivyo bicurarangisho.
Ibicurarangisho vy’imirya Inanga cari igicurarangisho kiremurutse kandi coroshe gutwara gifise imirya inangiriye ku kintu gikozwe mu giti. Dawidi yaravuza igicurarangisho c’imirya kugira atururuze Umwami Sauli igihe yaba yabuze amahoro. (1 Samweli 16:23) Ico gicurarangisho carakoreshejwe n’umugwi w’abacuraranzi mu gihe co kwegurira Imana rwa rusengero rwa Salomo no mu bindi bihe vy’umunezero, nko mu misi mikuru.—2 Ngoma 5:12; 9:11.
Igitari cari kimeze nk’inanga, mugabo ntivyari bikozwe kumwe. Akenshi caba kigizwe n’imirya mikeyi inangiriye ku kintu c’igiti caba gifashe igikono gisohora ijwi. Iyo mirya ivugijwe ishobora kuba yarasohora utujwi turyoheye ugutwi nk’utw’igitari gisanzwe co mu gihe ca none. Imirya yari ikozwe mu tugwegwe tw’ibimera dutsivye canke mu rura rw’igikoko.
Ibicurarangisho bavuza mu guhuha Ivyo bicurarangisho biravugwa cane muri Bibiliya. Kimwe mu bicurarangisho mwene ivyo vya kera kuruta ibindi ni ihembe, ari ryo nzamba, ryakoreshwa n’Abayuda. Iryo hembe ryimburuye ry’impfizi y’intama ryasohora amajwi asamirana kandi akaze. Abisirayeli bakoresha iyo nzamba mu gukoranya ingabo ku bw’urugamba no mu kumenyesha ihanga ico rikwiye gukora.—Abacamanza 3:27; 7:22.
Ikindi gicurarangisho cavuzwa mu guhuha rwari urumbete rw’icuma rufise umuheha. Icandikano catowe muri ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu kirerekana ko abacuraranzi bashobora kuvuza amajwi menshi bimwe bitangaje bakoresheje ivyo bicurarangisho. Yehova yategetse Musa guhingura inzumbete zibiri z’ifeza zo gukoresha kuri ya itaberenakulo. (Guharūra 10:2-7) Mu nyuma, mu gihe c’ukwegurira Imana urusengero rwa Salomo, inzumbete 120 zarunganiye ibindi bicurarangisho n’ijwi ryazo rikomeye. (2 Ngoma 5:12, 13) Abahinguzi bakora inzumbete z’uburebure butandukanye. Zimwezimwe zararenza santimetero 91 kuva ku ntoboro bashirako umunwa gushika ku munwa wazo umeze nk’inkengeri.
Igicurarangisho cavuzwa mu guhuha Abisirayeli bakunda cane wari umwironge. Akajwi kawo k’umunezero kandi karyoheye ugutwi katuma ababa bateramiye hamwe mu muryango, ababa bitavye umusi mukuru n’ababa batashe ubukwe baryoherwa cane. (1 Abami 1:40; Yesaya 30:29) Akajwi kawo gakora ku mutima karashobora kwumvikana mu birori vy’amaziko, aho abacuraranzi bacuraranga indirimbo nk’uko vyagirwa mu migenzo y’ukugandarira uwapfuye (raba urupapuro rwa 14).—Matayo 9:23.
Ibicurarangisho bakubita Mu gihe c’imisi mikuru canke c’ibindi birori, Abisirayeli barakoresha ibicurarangisho bakubita bitandukanye. Amajwi avuga yavyo yisubiriza yaratuma abantu bagira urweze rwinshi. Akagoma kari kagizwe n’urushato rw’igikoko rukaniye ku kantu k’umuzingi gakozwe mu giti, kakaba kasohora ijwi nk’iry’ingoma igihe umucuraranzi canke uwutamba yaba agakubitishije ukuboko. Igihe umucuraranzi yaba akajegeje, udukengeri turekera twaba dufashe kuri ko twaca dusohora ijwi nk’iry’inzogera ryisubiriza.
Ikindi gicurarangisho bakubita citwa ipendo. Cari kigizwe n’icuma c’umuzingi nk’uw’irigi gifise ikirindi be n’utwuma duca muri nya muzingi twenenako utuntu tumeze nk’udusahani two mu cuma. Bayizungagije ningoga na ningoga yasohora ijwi ryumvikana cane rimeze nk’iry’inzogera.
Ivyuma bisāma vy’umujumpu vyasohora ijwi rikaze kuruta iry’ipendo. Vyaba ari ibisahani bibiri bitanganya ubunini. Ivyuma bisāma bininibinini barabikomanya n’inguvu nyinshi. Ivyuma bisāma bitobito babivuza bakoresheje intoke zibiri, bigatanga ijwi riryohera ugutwi. Ubwo bwoko bwompi bwaratanga amajwi asāma mugabo atangana.—Zaburi 150:5.
Na bo ni ko bagira
Muri iki gihe, amakoraniro ajanye no gusenga Ivyabona vya Yehova bagira bayatanguza bakongera bakayarangiza n’umuziki be n’ukuririmba. Umuziki bisunga mu kuririmba ku makoraniro yabo maninimanini uba wateguwe n’abacuraranzi, mu kuwutegura bakaba bakoresha n’ibicurarangisho vya none bigizwe n’ivy’imirya, ibivuzwa mu guhuha be n’ivyo bakutiba.
Mu gushiramwo umuziki n’ukuririmba mu gusenga kwabo, Ivyabona vya Yehova bisunga uko vyagirwa mu gihe c’Abisirayeli ba kera no mu gihe c’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. (Abanyefeso 5:19) Cokimwe n’abasavyi b’Imana ba kera, Ivyabona vya Yehova muri kino gihe barahimbarwa no kuririmba amajambo aryoshe bajanisha n’umuziki mu gushemeza Yehova.
[Amafoto ku rup. 23]
(Si yo migero yavyo nyezina)
(Raba iki kinyamakuru)