Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
VYAGENZE gute ngo umugabo umwe yakuriye mu muryango w’abagatolika b’imena, akaba kandi yari aroraniwe mu kazi kiwe yakora mu vy’ubutungane, abe Icabona ca Yehova? Ni igiki catumye gaterabwoba umwe aheba ubugizi bwa nabi agasigara akorera Imana? Umva ivyo abo bantu batuyagira.
“Nararushirije gutahura iciza n’ikibi.”—SEBASTIÃO ALVES JUNQUEIRA
YAVUTSE MU 1946
IGIHUGU AKOMOKAMWO: BREZILE
IVYO YACIYEMWO: YARI UMUGATOLIKA W’IMENA
KAHISE KANJE: Umuryango wacu waba mu gihugu hagati, nko ku bilometero bitandatu uvuye mu gisagara ca Piquete. Abavyeyi banje bari bafise itongo ritoyi ryaturonsa ivya nkenerwa mu buzima. Kubera ko amashure nigako yari i Piquete, nahavuye ngura agakinga gashaje kugira binyorohere kuza ndaja mu gisagara. Akarere kacu kabamwo abantu b’abakene, ariko igisagara cari gisukuye kandi nta bugizi bwa nabi bwinshi bwaharangwa. Benshi mu bagabo bo mu gisagara wasanga bakorera mw’ihinguriro ry’ibirwanisho vya gisirikare.
Kubera ko nakunda kwiga cane, nahavuye nemererwa kwinjira mw’ishure rimwe ry’ivya gisirikare ryigisha ivy’indege ryo mu gisagara co mu micungararo, maze mu 1966 ndaronka urupapuro rw’umutsindo rw’umusereja. Naciye nja kwigira ivy’amategeko, ndatahana urupapuro rw’umutsindo. Mu nyuma, narasavye akazi ko kuba umukuru w’igipolisi. Mu 1976, naratoye ikibazo ca Leta, nca ndahabwa ako kazi. Rimwe na rimwe, ako kazi kasaba ko mpagarikira ibohero. Muri ivyo bihe, Ivyabona vya Yehova barakunda kuza bagasaba uruhusha rwo kubwira inkuru nziza imbohe. Nanje bama bambwira ubutumwa bwo muri Bibiliya. Narubaha cane Imana. Naratangaye cane menye ko Imana ifise izina, ari ryo Yehova, be n’uko nshobora gucudika na yo.
Buhorobuhoro, nagiye ndaduzwa ipete mu rwego rw’ubutungane. Mu 1981, naratoye ikindi kibazo ca Leta nca mba umucamanza wa Leta. Maze mu 2005, narabaye umucamanza wa sentare isubiramwo imanza y’i São Paulo.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Haciye igihe gito ndangije kwigira ivy’amategeko, naratanguye gusoma Bibiliya, ivyo bikaba vyaragize ikintu kinini bihinduye ku vyiyumviro vyanje. Nari umugatolika w’imena. Mu muryango iwacu harimwo abapatiri be n’umusenyeri, nanje nkaba nari umukorezi. Imbere y’uko patiri yigisha, nabanza gusoma ibihimba vyaba vyategekanijwe vyo mu gitabu c’ibisabisho. Mu miryango y’abagatolika ni gake wasanga basoma Bibiliya. Igihe rero mawe yamenya ko nari nsigaye nsoma Bibiliya, vyaramuriye mu mutwe. Yaragerageje kuntesha mu kumbwira ko bishobora gutuma nsara. Ariko narabandanije kuyisoma, kandi ivyo nta co vyangira.
Nibaza ko inyota nari mfise yo kumenya ibintu ari yo yatumye ngira umwete wo gusoma Bibiliya. Nashaka kumenya vyinshi ku bijanye n’abapatiri be n’uruhara rwabo mw’idini ryacu. Naratanguye no gusoma ivy’umugwi w’abagatolika baharanira tewolojiya y’ukwikurako agakandamizo (théologie de la libération), mugabo ivyiyumviro vyabo vyarimwo amahinyu menshi ku buryo ntumva iyo biva n’iyo bija.
Muri ico gihe nyene, umuganga wanje w’amenyo, uno akaba yari uwo mw’idini ry’ababuda, yarampaye igitabu yari yarahawe. Cari igitabu citwa ngo L’homme est-il le produit de l’évolution ou de la création?a Naracakiriye nibwira yuko vyoba bishimishije ndagisomeye hamwe n’igitabu kirimwo inyigisho y’uko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika (L’origine des espèces) canditswe na Charles Darwin. Ivyiyumviro vyo muri ico gitabu L’homme est-il le produit de l’évolution ou de la création? vyari bikomeye, vyumvikana kandi bijijura. Naciye mbona neza ko inyigisho y’ihindagurika ata shingiro yari ifise.
Igihe nasoma ivyo ico gitabu kivuga ku bijanye n’irema, naciye numva nshashaye kumenya vyinshi. Naripfuje kuronka ibindi bitabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Narumvise yuko kw’ishure ryigisha ivy’indege hari umukanitsi w’Icabona ca Yehova. Twarayaze na we, arampa ibitabu vyo gusoma. Ico gihe sinemeye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Niyumvira yuko nshobora kuyiyigisha ubwanje.
Igihe natangura gusoma Bibiliya, nabonye ko vyoba vyiza ngiye ndayisomera hamwe n’umuryango wanje narirya nari nsigaye nubatse. Twaragira inyigisho y’umuryango buri ndwi tukongera tugasomera hamwe Bibiliya. Kubera ko mu muryango wacu twari abagatolika, abapatiri n’abasenyeri ni bo twama duhanga amaso. Igihe rero nasoma ibivugwa muri Yohani 14:6, vyarankabuye. Havuga ngo: “Yezu amubwira [ni ukuvuga umwigishwa wiwe Toma] ati: ‘Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.’” Maze kubitohoza neza, narajijutse yuko ubukiriro bwacu buva kuri Yehova biciye kuri Yezu. Kubera idini twarimwo, twabona ko ubukiriro tubukesha abapatiri.
Hari ibindi vyanditswe bibiri vyo muri Bibiliya vyatumye mpindura ukuntu nabona Ekeleziya gatolika n’inyigisho zayo. Kimwe ni ico mu Migani 1:7, ahagira hati: “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero.” Ikindi na co ni Yakobo 1:5, kigira giti: “Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” Nari mfise inyota nyinshi yo kuronka ubumenyi n’ubukerebutsi, ariko naho naja mu misa sinaronka ikiyinzimya. Ni kwo guca mpagarika kuja mu misa.
Mu 1980, umukenyezi wanje yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Igihe cose naba ndi muhira, naricara nkumviriza. Mu nyuma nanje naremeye kwiga Bibiliya. Ariko rero haraciye igihe kirekire tutarafata ingingo yo kubatizwa ngo tube Ivyabona vya Yehova. Umukenyezi wanje yabatijwe mu 1994, nanje mbatizwa mu 1998.
IVYIZA NAHAKUYE: Abana banje bane barahungukiye kuko bakuze bigishwa kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova. (Abanyefeso 6:4) Abahungu banje babiri barakora bagatama kugira bakomeze mu vy’impwemu Ivyabona vya Yehova bo mu mashengero barimwo. Abakobwa banje babiri na bo barabwira abandi inkuru nziza n’umwete mwinshi. Umukenyezi wanje aramara amasaha menshi buri kwezi afasha abantu kumenya ivyerekeye Bibiliya, nanje ngahimbarwa no kuba umukurambere mw’ishengero ry’aho tubaye.
Igihe naba Icabona ca Yehova, nararushirije gutahura iciza n’ikibi. Bwa mucamanza, ndagerageza kwigana Yehova mu kuntu ndangura umurimo wanje muri sentare mu kurimbura amakuru yose, mu kuba umuntu abona ibintu mu buryo buri ku rugero, maze nkagirira impuhwe uwakoze icaha igihe hari imvo zotuma icaha yakoze kiremuruka.
Ndamaze gutunganya imanza nyinshi z’ubukazi, ubukozi bw’ikibi, ukwonona abana, n’ibindi vyaha bikomakomeye. Naho ari ukwo, sinabaye umuntu atakibabazwa n’ikibi. Iyo ndavye amakuru ku mboneshakure, birantera ikinya kubona ubuhumbu n’ugutituka kw’inyifato runtu vyiraye muri iyi si. Ndakengurukira Yehova kubona naratahuye igituma ubukozi bw’ikibi butera bwongerekana, ngatahura n’icizigiro dufise ca kazoza keza.
“Agasho ntikansubije ku murongo.”—KEITH WOODS
YAVUTSE MU 1961
IGIHUGU AKOMOKAMWO: IRLANDE YA RUGURU
IVYO YACIYEMWO: YARI GATERABWOBA
KAHISE KANJE: Navutse mu 1961, mvukira i Portadown, igisagara gikorerwamwo vyinshi co muri Irlande ya Ruguru. Nakuriye mw’idini ry’abaporoti, nkurira mu kigwati cabamwo abagatolika n’abaporoti. Imiryango myinshi novuga ko yari ikenye. Nta mahera menshi yari yifitiye, kandi twese twabana neza.
Nari mbayeho mu buryo budahimbaye. Mu 1974, naragize uruhara mu ndyane zishingiye ku madini na politike zariho ico gihe muri Irlande ya Ruguru. Muri ico gihe, ibintu vyaradabutse mu kibano cacu. Nk’akarorero umusi umwe mw’ijoro dawe, uwari umuyobozi w’ihinguriro ry’amatapi ryo muri Irlande ya Ruguru, yari ku kazi ariko aramenyereza abasore babiri b’abagatolika baba mu nzu yakurikira iyacu mu kigwati cacu. Muri uwo mwanya, hari uwatereye ibombe mu nzu abo basore babamwo ayicishije mw’idirisha ryo muri salo, ica ihitana se, nyina na mutoya wabo.
Ibintu vyaciye vyunyuka, intambara yo ku mugaragaro iba iradutse. Inzu z’abaporoti baba mu turere tw’abagatolika zaraturiwe maze baromoka, abagatolika baba mu bigwati vy’abaporoti na bo baraburabuzwa. Ikigwati cacu casigaye ahanini ciganziwe n’abaporoti. Haciye igihe gito, narafashwe ncirwa umunyororo w’imyaka itatu kubera uruhara nagize mu vyo gutera amabombe.
Ndi mu munyororo, twarabaye abagenzi cane n’imbohe imwe izwi rwose yari mu mugwi w’abarwanya ubwigenge bwa Irlande ya Ruguru. Twari nk’abavukana, kandi mu nyuma nahavuye ndamubera icabona ku rubanza rwiwe rw’ubugeni. Agasho ntikansubije ku murongo, cokimwe n’uwo mugenzi wanje. Igihe twarekurwa, twaciye ubwo nyene dusubira mu mirimo yacu y’ivya politike, mbere ku rugero runini kuruta ubwa mbere. Ivyo vyatumye uwo mugenzi wanje asubira gupfungwa. Igihe yari ng’aho mw’ibohero, yaragandaguwe.
Nanje naratanguye guhigwa, kandi igihe kimwe imodoka yanje yaraturikijwe n’ibombe. Ariko ivyo nta co vyashitseko atari ukunyongereza inguvu zo gushishikara kurwanira “Imana n’igihugu.”
Ico gihe, naragize uruhara mu kiganiro cavuga ivy’izo ndyane cerekanywe ku mboneshakure yo mu Bwongereza. Ico kiganiro catumye ndushiriza kugira ingorane. Nk’akarorero, umusi umwe mw’ijoro naratashe maze nsanga umugore wanje yatekeye utwiwe arigira. Kubera ico kiganiro nyene, haciye igihe gito naratswe uburenganzira bwo kurera umuhungu wanje. Ndibuka ko niravye mu cirore hanyuma nkavuga nti: “Mana, nimba ubaho mfasha.”
Umusi wa gatandatu wakurikiye, narahuye n’umuntu umwe twari tuzinanye yitwa Paul, akaba yari asigaye ari Icabona ca Yehova. Yaciye atangura kumbwira ivyerekeye Bibiliya. Haciye imisi ibiri, Paul yarandungikiye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Ikiganiro kimwe co muri ico kinyamakuru carasubiramwo amajambo Yezu yavuze muri Yohani 18:36 ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” Ayo majambo yarankoze ku mutima cane. Uwo musi, ubuzima bwanje bwaciye butangura guhinduka.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Paul yaratanguye kunyigisha Bibiliya. Mu nyuma Bill, na we nyene akaba ari Icabona ca Yehova, ni we twabandanije kwiga. Ndazi ko nari umuntu agoye kwigisha; emwe, narabaza ibibazo vyinshi cane! Vyongeye, narazanye i muhira abavugabutumwa benshi kugira bahinyuze Bill. Ariko ukuri kw’Ijambo ry’Imana kwarigaragaje.
Ndibuka ko igihe kimwe nabwiye Bill ngo ntaze i muhira ngo twige kubera ko inzira zari zizibiye irya n’ino y’ikigwati cacu be n’uko yari guca yakwa imodoka yiwe igaturirwa. Ariko ivyo ntivyabujije ko Bill aza nk’uko yama abigira. Yasize imodoka yiwe i muhira iwe aca aza kw’ikinga ryiwe. Iyo wumva, ni nde yari kumwaka ikinga ga yemwe! Ikindi gihe, nari nicaranye na Bill iwanje mu nzu turiko turiga maze tuza tubona abapolisi n’abasoda baraje kumfata. Igihe bari banshoreye, Bill yarasemereye ambwira ngo nizigire Yehova. Ivyo bihe vyarankoze ku mutima cane.
Umusi wa mbere nitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ku Ngoro y’Ubwami, bamwe muri bo bategerezwa kuba barakubiswe n’inkuba bambonye. Nari mfise ibishatsi birebire n’ihereni ku gutwi, nambaye n’urukoti rwerekana umuhari w’ivya politike narimwo. Ariko naratangajwe cane n’ukuntu banyakiriye neza. Umutima mwiza bangaragarije waranyuze koko.
Naho ico gihe niga Bibiliya, nari nkibandanya kwifatanya n’abo twari twahoze tugendana. Ariko ukuri nariko ndiga kwo muri Bibiliya kwaratevye kuratangura kunyengetera mu mutima wanje. Naratahuye yuko kugira nkorere Yehova nategerezwa guhindura ivyiyumviro vyanje vya politike be n’abagenzi nari mfise. Emwe, ntivyari vyoroshe. Ariko uko nagiye ndarushiriza kumenya ivyerekeye Bibiliya no kuronka inkomezi zivuye kuri Yehova, narashoboye kugira amahinduka. Naramoye vya bishatsi, ndakura rya hereni nongera ndagura n’ikositime. Ivyo nariko ndiga vyaratumye ntangura guhindura n’ukuntu nabona abandi.
IVYIZA NAHAKUYE: Nari inkozi y’ikibi na gaterabwoba. Inyamiramabi zo mu kibano zari zinzi cane. Ariko ubu vyarahindutse. Nk’akarorero, igihe nitaba ari ryo rya mbere ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye mu gisagara ca Navan, inyamiramabi zaramperekeje kuva muri Irlande ya Ruguru gushika muri Irlande, zongera ziramperekeza mu kugaruka. Ariko ubu ndaja ku mahwaniro ata nyamiramabi imperekeje. Ariko kandi, ubu ndafadikanya ata nkomanzi n’Ivyabona vya Yehova bagenzi banje Paul na Bill be n’abandi bo mw’ishengero mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza.
Uko ubuzima bwanje bwagiye buraba bwiza, nahavuye nshinga imizi mw’ishengero. Ni na ho nahuriye n’Icabona ca Yehova yitwa Louise, turahava turubakana. Vyongeye, twe n’umuhungu wanje twahavuye dusubira kubana.
Ntereje amaso inyuma, ndicuza kuba narakoreye ikibi abandi kandi nkabababaza. Ariko nariboneye ko Bibiliya ifasha vy’ukuri abantu nkanje guhinduka, bakareka kubaho bakora ibintu bishingiye ku vyiyumviro bitari vyo, bagasigara bafise icizigiro n’ubuzima buri n’intumbero.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu ntikigicapurwa.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 12]
Igihe . . . mawe yamenya ko nari nsigaye nsoma Bibiliya, vyaramuriye mu mutwe