INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Vyoba bishoboka ko umuntu atahura Bibiliya?
Bibiliya ni Ijambo ry’Imana. Imeze nk’ikete umuvyeyi munyarukundo yandikiye umwana wiwe. (2 Timoteyo 3:16) Muri Bibiliya, Imana irasigura ico twokora ngo tuyihimbare, igituma ireka hakabaho ikibi, be n’ico izokorera abantu muri kazoza. Ariko abigisha bo mu madini baragoretse ivyo Bibiliya yigisha. Ivyo vyatumye abantu benshi biyumvira yuko batopfa bashoboye gutahura Bibiliya.—Ivyakozwe 20:29, 30.
Yehova Imana yipfuza ko tumenya ukuri ku bimwerekeye. Ni co gituma yaduhaye igitabu dushobora gutahura, ari co Bibiliya.—Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.
Ushobora gute gutahura Bibiliya?
Uretse ko Yehova yaduhaye Bibiliya, aranadufasha kuyitahura. Yararungitse Yezu ngo aze kutwigisha. (Luka 4:16-21) Yezu yarafasha abamwumviriza gutahura Bibiliya mu kubigisha afatiye ku mirongo itandukanye yo muri yo.—Soma Luka 24:27, 32, 45.
Yezu yarashinze ishengero rya gikirisu kugira ngo igikorwa yatanguye gishobore kubandanya. (Matayo 28:19, 20) Muri iki gihe, abayoboke biwe b’ukuri barafasha abantu gutahura ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana. Nimba wipfuza gutahura Bibiliya, Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha.—Soma Ivyakozwe 8:30, 31.