ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/4 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ni gute twumviriza Imana?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Kwoba ari ukwihenda gusanzwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Kubera iki twokwigishwa n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya yoba ishobora gutahurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/4 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Vyoba bishoboka ko umuntu atahura Bibiliya?

Bibiliya ni Ijambo ry’Imana. Imeze nk’ikete umuvyeyi munyarukundo yandikiye umwana wiwe. (2 Timoteyo 3:16) Muri Bibiliya, Imana irasigura ico twokora ngo tuyihimbare, igituma ireka hakabaho ikibi, be n’ico izokorera abantu muri kazoza. Ariko abigisha bo mu madini baragoretse ivyo Bibiliya yigisha. Ivyo vyatumye abantu benshi biyumvira yuko batopfa bashoboye gutahura Bibiliya.—Ivyakozwe 20:29, 30.

Yehova Imana yipfuza ko tumenya ukuri ku bimwerekeye. Ni co gituma yaduhaye igitabu dushobora gutahura, ari co Bibiliya.—Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.

Ushobora gute gutahura Bibiliya?

Uretse ko Yehova yaduhaye Bibiliya, aranadufasha kuyitahura. Yararungitse Yezu ngo aze kutwigisha. (Luka 4:16-21) Yezu yarafasha abamwumviriza gutahura Bibiliya mu kubigisha afatiye ku mirongo itandukanye yo muri yo.—Soma Luka 24:27, 32, 45.

Yezu yarashinze ishengero rya gikirisu kugira ngo igikorwa yatanguye gishobore kubandanya. (Matayo 28:19, 20) Muri iki gihe, abayoboke biwe b’ukuri barafasha abantu gutahura ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana. Nimba wipfuza gutahura Bibiliya, Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha.—Soma Ivyakozwe 8:30, 31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika