ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/6 rup. 7-11
  • Duhe agaciro cane kamere za Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Duhe agaciro cane kamere za Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA AREGEREKA
  • KAMERE Y’AGACIRO KANINI
  • KWEGEREKA NO KURONKEKA
  • YEHOVA NTAGIRA NKUNZI
  • TURASHOBORA KWIGANA YEHOVA
  • «Abantu isinzi bamusangayo»
    “Ingo unkurikire”
  • Niwigane ukutagira nkunzi kwa Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Niwigane Ukutarobanura kwa Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Niwigane Yehova, ya Mana yacu itagira nkunzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/6 rup. 7-11

Duhe agaciro cane kamere za Yehova

“Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda.”—EF. 5:1.

WOKWISHURA GUTE?

  • Dushobora gute kurushiriza guha agaciro kamere za Yehova?

  • Ni igiki gituma umuntu aba uwegereka?

  • Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye no kutagira nkunzi?

1. (a) Ni kamere za Yehova izihe umukirisu yoshobora kurimbura? (b) Tuzokwungukira gute ku gusuzuma kamere z’Imana?

IYO uzirikanye ku kuntu Yehova ameze, ni kamere izihe uca ubona mu bwenge? Benshi muri twebwe baca babona urukundo, ubutungane, ubukerebutsi n’ububasha. Yamara, turatahura ko Yehova afise kamere nyinshi z’igikundiro. Nkako, hoshobora kugirwa urutonde rwa kamere za Yehova zirenga 40, imwimwe yose muri zo ikaba imaze kwihwezwa mu bisohokayandikiro vyacu. Iyumvire gato itunga ry’amakuru ashimishije cane yerekeye kamere za Yehova turaririye kwubura biciye ku kwiyigisha canke ku nyigisho y’umuryango! Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwungukira kuri iyo nyigisho? Irashobora gutuma turushiriza gutahura Dawe wa twese wo mw’ijuru. Uko turushiriza gutahura Yehova, ni ko icipfuzo dufise co kumwiyegereza no kumwigana kirushiriza gukomera.—Yos. 23:8; Zab. 73:28.

2. (a) Tanga akarorero kerekana ukuntu twoshobora kurushiriza guha agaciro kamere za Yehova. (b) Twihweza iki?

2 Ariko none “guha agaciro” ikintu bisobanura iki? Nk’uko tuza gukoresha iyo mvugo ng’aha, bisobanura gutahura agaciro kabereye k’ikintu. Twoshobora kugenda turarushiriza guha agaciro ikintu. Tubitangire akarorero: Turarushiriza guha agaciro imfungurwa tutamenyereye igihe tubanje kuzimotereza, hanyuma tukazihonja, amaherezo twebwe ubwacu tukaziteka. Muri ubwo buryo nyene, turarushiriza guha agaciro kamere yinaka ya Yehova mu kuyimenya, tukayizirikanako, hanyuma tukayigana mu buzima bwacu. (Ef. 5:1) Intumbero y’iki kiganiro be n’ibiganiro bibiri bikurikira, ni iyo kudufasha kurushiriza guha agaciro kamere z’Imana twoshobora kuba tudakunda kuzirikanako nka za kamere ziwe nyamukuru. Kuri imwimwe yose, turihweza ibi bibazo: Isobanura iki? Yehova ayigaragaza gute? Dushobora gute kwigana Yehova mu kugaragaza iyo kamere?

YEHOVA AREGEREKA

3, 4. (a) Wodondora gute umuntu yegereka? (b) Yehova adusubiriza umutima mu nda gute ko yegereka?

3 Nimuze tubanze twihweze kamere y’ukwegereka. Wodondora gute umuntu yegereka? Woshobora kuvuga uti: ‘Ni umuntu w’umutima mwiza, aronkeka kandi yoroshe kuvugisha.’ Akenshi urashobora kumenya nimba umuntu yegereka canke ategereka mu kwumviriza ivyo avuga no mu kwihweza ibimenyetso vy’umubiri agira, ukuntu ameze mu maso be n’ibindi bimenyetso agira.

4 Yehova yerekana gute ko yegereka? Naho ari we Muremyi mushobora vyose yaremye iki kirere amahanga, aradusubiraza umutima mu nda yuko yiteguriye kandi ashashaye kwumviriza amasengesho yacu no kuyishura. (Soma Zaburi 145:18; Yesaya 30:18, 19.) Turashobora kumuyagira umwanya munini igihe ico ari co cose canke ahantu aho ari ho hose. Turashobora kumwegera tutitinya, tuzi ko atazokwigera aduhambarira. (Zab. 65:2; Yak. 1:5) Ijambo ry’Imana ridondora Yehova mu mvugo zikoreshwa ku bantu mu kwerekana ko yipfuza kuba uwegereka. Nk’akarorero, umwanditsi w’amazaburi Dawidi yanditse yuko “amaso ya Yehova ari ku[ri]” twebwe be n’uko ‘ukuryo kwiwe kutugumije.’ (Zab. 34:15; 63:8) Umuhanuzi Yesaya yagereranije Yehova n’umwungere mu kuvuga ati: “Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe; azoyitwara mu gikiriza ciwe.” (Yes. 40:11) Iyumvire ico kintu! Yehova yipfuza ko tumwegera nka kurya akagazi k’intama kiryamira mu gikiriza c’umwungere yitwararika ibitungwa vyiwe. Mbega Umuvyeyi yegereka twifitiye! Twokwigana gute Yehova muri ivyo?

KAMERE Y’AGACIRO KANINI

5. Ni kubera iki bihambaye ko abakurambere baba abegereka?

5 Haraciye igihe gito Ivyabona b’abanyamwete baba mu migabane y’isi itandukanye babajijwe ngo: “Ni iyihe kamere y’umukurambere uha agaciro kuruta izindi?” Benshi cane muri bo bishuye bati: “Kuba uwegereka.” Ni ivy’ukuri ko umukirisu wese akeneye gutsimbataza iyo kamere mu buryo bwuzuye, mugabo birahambaye canecane ko abakurambere baba abegereka. (Yes. 32:1, 2) Mushiki wacu umwe, mu kuvuga igituma abona ko iyo kamere ihambaye cane, yagize ati: “Mu gihe umukurambere yegereka ni ho gusa dushobora kwungukira ku zindi kamere izo ari zo zose nziza yoba afise.” Woba ubona ko ayo majambo ari ay’ukuri? Ariko none, ni igiki gituma umuntu aba uwegereka?

6. Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma umuntu aba uwegereka?

6 Ikintu nyamukuru gituma umuntu aba uwegereka ni ukuba yitwararika abandi abikuye ku mutima. Mu gihe umukurambere yitwararika abandi kandi akaba yiteguriye kwitanga ku bwabo, birashoboka rwose ko abo basangiye ukwemera, harimwo n’abakiri bato, babona ako gatima. (Mrk. 10:13-16) Uwitwa Carlos w’imyaka 12 avuga ati: “Iyo mbonye abakurambere mu ngoro bamwenyura bongera bagaragaza umutima mwiza, nca numva ndabakundiye ico kintu.” Birumvikana ko bidahagije yuko umukurambere avuga ko yegereka; akwiye no kubigaragaza. (1 Yoh. 3:18) None yobigaragaza gute?

7. Ni kubera iki kwambara agakarata k’ihwaniro bikunda gutuma haba ikiyago, kandi ivyo bishobora kutwigisha iki?

7 Zirikana kuri iki kigereranyo. Umuvukanyi umwe yari yambaye agakarata kiwe k’ihwaniro igihe yari atashe n’indege avuye kwitaba ihwaniro mu kindi gihugu, hakaba haciye igihe gito ivyo bibaye. Igihe umukozi wo muri iyo ndege yabona ako gakarata kanditseko ngo “Ubwami bw’Imana nibuze!” yabwiye uwo muvukanyi ati: “Egome nibuze, kandi turaza kwongera kuyaga kuri ico kintu.” Mu nyuma, barayaze maze uwo mukozi aremera ibinyamakuru vyacu anezerewe. Benshi muri twebwe bariboneye ikintu nk’ico. Kubera iki none agakarata k’ihwaniro gakunda gutuma haba ikiyago? Kubera yuko ari nk’aho kabwira abantu gati: “Ntimwitinye kunyegera. Nimumbaze iyo ngiye.” Ako gakarata ni ikimenyetso kiboneka kimenyesha abantu yuko twipfuza kubabwira ivyo twemera. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere bakirisu bipfuza kwerekana ibimenyetso biboneka bibwira abo basangiye ukwemera biti: “Ntimwitinye kunyegera.” Bimwebimwe muri ivyo bimenyetso ni ibihe?

8. Abakurambere berekana gute ko bitwararika abandi babikuye ku mutima, kandi ivyo bigira ico bikoze gute kw’ishengero?

8 Imico kama yoshobora gutandukana bivanye n’igihugu, mugabo akenshi igihe tumwenyuriye bene wacu na bashiki bacu tubigiranye igishika, igihe tubahaye ukuboko kigenzi, igihe tubaramukije mu buryo butuma bumva bisanze, tuba turiko turabereka ko tubitwararika bivuye ku mutima. Ni nde akwiye kwibwiriza kugira ivyo? Raba akarorero Yezu yatanze. Matayo avuga ko kw’ikoraniro rimwe Yezu yagiranye n’abigishwa biwe ‘yabegereye akagira ico ababwiye.’ (Mat. 28:18) Muri ubwo buryo nyene, abakurambere muri iki gihe baribwiriza kwegera abo basangiye ukwemera maze bakagira ico bababwiye. Ivyo bishobora kugira ico bikoze gute kw’ishengero? Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi afise imyaka 88 yavuze ati: “Kuba abakurambere bamwenyurira babigiranye igishika bakongera bakambwira amajambo yo kundemesha igihe ninjiye mu Ngoro y’Ubwami, bituma numva ndabakunze.” Hari uwundi mushiki wacu w’umwizigirwa yavuze ati: “Vyoshobora kubonwa yuko ari ikintu gitoyi, mugabo igihe umukurambere ampaye ikaze kw’ikoraniro amwenyura, biba biri n’ikintu kinini bivuze kuri jewe.”

KWEGEREKA NO KURONKEKA

9, 10. (a) Ni akarorero keza akahe Yehova atanga? (b) Abakurambere bashobora gute gutuma abandi babaronka?

9 Biraboneka ko abandi badashobora kutwegera mu gihe tutaronkeka. Yehova aratanga akarorero keza muri ivyo. “[N]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyak. 17:27) Uburyo bumwe abakurambere batuma abandi babaronka ni mu kurondera umwanya wo kuyaga n’abo basangiye ukwemera, abato n’abakuze, imbere n’inyuma y’amakoraniro. Umuvukanyi umwe w’umutsimvyi yavuze ati: “Igihe umukurambere ambajije ukuntu merewe maze agafata akanya ko kwumviriza ico ndamwishura, ndiyumvamwo yuko mfise agaciro.” Mushiki wacu umwe amaze imyaka ishika 50 akorera Yehova, yavuze ati: “Abakurambere bafata akanya ko kunyagisha inyuma y’amakoraniro batuma numva mfise agaciro.”

10 Birumvikana ko abungere bakirisu bakeneye no kwitwararika ibindi bikorwa. Ariko rero, bakwiye kwishingira umugambi wo kubanza kwitwararika intama igihe bari ku makoraniro.

YEHOVA NTAGIRA NKUNZI

11, 12. (a) Kutagira nkunzi bisobanura iki? (b) Bibiliya yerekana gute ko Yehova atagira nkunzi?

11 Kutagira nkunzi ni iyindi kamere ya Yehova y’igikundiro. Kutagira nkunzi bisobanura iki? Bisobanura kutarenganya, kudahengama canke kudakunda umuntu kumurutisha abandi. Ukutagira nkunzi kw’ukuri kurimwo ibintu bibiri: ukuntu tubona abandi be n’ivyo tubagirira. Ni kubera iki vyompi bikenewe? Ni kubera ko igihe umuntu atagira nkunzi mu kuntu abona abandi ari ho gusa avyurirwa umutima wo kubafata kumwe. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, imvugo ngo “kutagira nkunzi” isobanura ijambo ku rindi kutaba “uwutora mu maso,” ni ukuvuga kudakunda mu maso h’umwe kuharutisha ah’uwundi. (Ivyak. 10:34; Kingdom Interlinear) Ku bw’ivyo, umuntu atagira nkunzi ntiyubaha umuntu afatiye ku kuntu aboneka inyuma canke ku kuntu ivyiwe vyifashe, ahubwo amwubaha aravye kamere ziwe.

12 Yehova ni we karorero ntangere mu bijanye no kutagira nkunzi. Ijambo ryiwe rivuga ko “[a]tagira nkunzi.” (Soma Ivyakozwe 10:34, 35; Gusubira mu vyagezwe 10:17.) Ikintu cabaye mu gihe ca Musa kiravyerekana.

Abakobwa ba Zelofehadi bariboneye ukutagira nkunzi kw’Imana(Raba ingingo ya 13 n’iya 14)

13, 14. (a) Abakobwa ba Zelofehadi bashikiwe n’iyihe ngorane? (b) Yehova yerekanye gute ko atagira nkunzi?

13 Imbere gato y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, abakobwa batanu bavukana batari bwubake izabo baragize ingorane itoroshe. Yari iyihe? Bari bazi ko umuryango wabo, cokimwe n’iyindi miryango y’Abisirayeli, woronse itongo ryari ryarahawe se wabo. (Guh. 26:52-55) Ariko rero, se wabo Zelofehadi wo mu muryango wa Manase yari yarapfuye. Nk’uko vyari bisanzwe bigenda, uburenganzira bwo kwigabira itongo bwobaye ubw’abahungu ba Zelofehadi, mugabo yari afise abakobwa gusa. (Guh. 26:33) None ko ata muhungu yari muri uwo muryango kugira ngo ahabwe iryo tongo, itongo ry’uwo muryango ryoba ryari guhabwa incuti maze abo bakobwa ntibaronke intoranwa y’umuryango?

14 Abo bigeme batanu bavukana baregereye Musa bamubaza bati: “Kubera iki izina rya data ryokurwa hagati mu muryango wiwe ngo ni uko ataronse umuhungu?” Bamwinginze bati: “Enda nuduhe itongo twigabira hagati muri bene wabo na data.” Musa yoba yaciye ababwira ati: ‘Itegeko ribwirizwa gukurikizwa uko riri’? Oya, yaciye “ashikiriza ikibazo cabo imbere ya Yehova.” (Guh. 27:2-5) None Yehova yishuye iki? Yabwiye Musa ati: “Abakobwa ba Zelofehadi bavuga vyo. Ubwirizwa kubaha intoranwa bigabira hagati ya bene wabo na se, kandi uze ubahe intoranwa ya se.” Yehova yarashitse kure. Ico kintu yari avuze yaciye agihindura itegeko, mu kubwira Musa ati: “Nihagira umugabo apfa ataronse umuhungu, muze muhe umukobwa wiwe intoranwa yiwe.” (Guh. 27:6-8; Yos. 17:1-6) Kuva ico gihe, abakobwa b’Abisirayeli bose boshikiwe n’iyo ngorane nyene bokingiwe.

15. (a) Yehova afata gute abasavyi biwe, mbere n’abatagira gitabara? (b) Ni izindi nkuru zo muri Bibiliya izihe zerekana ko Yehova atagira nkunzi?

15 Mbega ingingo iranga ubuntu n’ukutagira nkunzi! Abo bakobwa bari bigorewe, Yehova yabafatanye icubahiro nk’uko yafata Abisirayeli ivyabo vyari vyifashe neza kuruta. (Zab. 68:5) Iyo ni imwe gusa mu nkuru nyinshi zo muri Bibiliya zishira ahabona uku kuri gukora ku mutima: Yehova afata kumwe abasavyi biwe bose.—1 Sam. 16:1-13; Ivyak. 10:30-35, 44-48.

TURASHOBORA KWIGANA YEHOVA

16. Dushobora gute kuba abantu batagira nkunzi no gutsimbataza iyo kamere?

16 Dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye no kutagira nkunzi? Uribuka yuko kutagira nkunzi birimwo ibintu bibiri. Nitwaba tutagira nkunzi ni ho gusa tuzofata abandi kumwe. Ni ivy’ukuri ko twese dukunda kwiyumvira ko turi abantu badahengama kandi batagira nkunzi. Ariko rero, ushobora kuba wemera ko bitama vyoroshe gusuzuma inyiyumvo zacu ata ho duhengamiye. Twokora iki none kugira ngo tumenye nimba turi abantu batagira nkunzi? Igihe Yezu yipfuza kumenya ivyo abantu bavuga ku bimwerekeye, yabajije abagenzi biwe yizigira ati: “Abantu bavuga ko Umwana w’umuntu ari nde?” (Mat. 16:13, 14) Ubona gute wiganye Yezu muri ivyo? Woshobora kubaza umugenzi ubona ko acisha aho ukuri kuri kugira ngo akubwire nimba abandi babona ko uri umuntu atagira nkunzi. Ukwiye gukora iki nimba akubwiye ko hari ukuntu usa n’uwugira nkunzi ufatiye ku bwoko, ku kibanza abantu bafise mu kibano canke ku butunzi? Nusenge Yehova ubigiranye ubwira ku bijanye n’inyiyumvo zawe, umwinginge agufashe kugira ico uhinduye ku gatima ufise kugira ngo urushirize kumwigana mu bijanye no kutagira nkunzi.—Mat. 7:7; Kol. 3:10, 11.

17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora gufata abandi mu buryo bwerekana ko tutagira nkunzi?

17 Mw’ishengero rya gikirisu, turerekana ko twipfuza kwigana Yehova mu bijanye no kutagira nkunzi mu gufatana icubahiro n’ubuntu bwuzuye urukundo abavukanyi na bashiki bacu bose. Nk’akarorero, ku bijanye no kugaragaza ubwakiranyi, twipfuza gutumira abo dusangiye ukwemera b’uburyo bwose, harimwo abaturuka mu mico kama itandukanye n’iyacu, abakene, impfuvyi canke abapfakazi. (Soma Abagalatiya 2:10; Yakobo 1:27.) Vyongeye, mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, turabwira inkuru nziza abantu bo mu mico kama yose, harimwo n’abava mu bindi bihugu. Turahimbarwa cane no kuba dushobora kuronka ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nka 600. Mbega ikimenyamenya kiboneka kijanye no kutagira nkunzi!

18. Wewe ubwawe uzogaragaza gute ko uha agaciro ukuba Yehova yegereka be n’ukuba atagira nkunzi?

18 Egome, igihe dufashe umwanya tukazirikana ku kuntu Yehova yegereka no ku kuntu atagira nkunzi, turarushiriza guha agaciro ukuntu ameze. Ivyo bikwiye guca bituvyurira umutima wo kurushiriza kwigana kamere ziwe, tukazigaragaza mu kuntu dufata abo dusangiye ukwemera be n’abo tubwira inkuru nziza.

“Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.”—Zab. 145:18 (Raba ingingo ya 9)

“Yehova Imana yanyu . . . [n]tagira nkunzi ku muntu n’umwe.”—Gus. 10:17 (Raba ingingo ya 17)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika