ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/9 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibiremwa vy’impwemu bikorera iki abantu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/9 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Abamarayika boba bashobora kudufasha?

Umumarayika yarakingiye Daniyeli igihe yari mu cobo c’intambwe

Abamarayika barafashije Daniyeli, umwe yakorera Imana adahemuka. Muri kino gihe, abamarayika barafasha abantu kwungukira ku nkuru nziza

Yehova Imana yararemye abamarayika amamiliyoni imbere y’uko arema abantu. (Yobu 38:4, 7) Abo bamarayika ni ibiremwa bitaboneka bikorera Imana, kandi rimwe na rimwe Imana yarabatuma gukingira abasavyi bayo bo kw’isi no kubayobora. (Zaburi 91:10, 11) Muri kino gihe, abamarayika bariko barafasha abantu kwungukira ku nkuru nziza abayoboke ba Yezu bariko bamamaza.​—Soma Ivyahishuwe 14:6, 7.

Twoba dukwiye gusenga abamarayika kugira badufashe? Oya. Imana ni yo yonyene dukwiye gusenga. (Ivyahishuwe 19:10) Kubera ko abamarayika bakorera Imana, bakora ivyo Imana ibategetse ntibakora ivyo bategetswe n’abantu. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kwama dusenga Imana yonyene mw’izina rya Yezu.​—Soma Zaburi 103:20, 21; Matayo 26:53 26:53.

Hoba hariho abamarayika babi?

Cokimwe n’abantu, abamarayika na bo nyene baremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo. Barashobora rero guhitamwo iciza canke ikibi. Ikibabaje, hari abamarayika benshi bagararije Imana. (2 Petero 2:4) Shetani ni we yatanguye, mu nyuma abandi barakurikira baca baba amadayimoni. Haraheze imyaka Shetani n’amadayimoni yiwe birukanywe mw’ijuru, batabwa kw’isi.​—Soma Ivyahishuwe 12:7-9.

Ubukozi bw’ikibi bwongerekanye cane kuva mu 1914 ni icerekana yuko Imana vuba igiye kuboha Shetani n’amadayimoni yiwe. Imana izoca ituma isi isubira kuba Iparadizo.​—Soma Ivyahishuwe 12:12; 21:3, 4.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 10 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr2711.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika