Gukwiza Ibisabwa Kugira Umuntu Abatizwe Rukirisu
“Ikimbuza kubatizwa n’iki?”.—IVYAKOZWE N’INTUMWA 8:36.
1, 2. Filipo yatanguye gute kuganira n’umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya, kandi ni igiki cerekana ko uwo mugabo yakunda ivy’impwemu?
HASHIZE umwaka umwe canke ibiri Yezu apfuye, hari umutegetsi wo mu vy’intwaro yari ku rugendo agana mu Bumanuko mu nzira iva i Yeruzalemu ikaja i Gaza. Yabwirizwa kugenda urugendo ruruhisha rw’ibilometero nka 1.500 ari mu mukogote ukwegwa n’amafarasi. Uwo mugabo w’ishaka yari yafashe urugendo rurerure rwo kuva muri Etiyopiya gushika i Yeruzalemu, agiye gusenga Yehova. Igihe yari kuri urwo rugendo rurerure asubira inyuma, yariko akoresha neza umwanya wiwe mu gusoma Ijambo ry’Imana, ico kikaba ari icerekana ko yari umuntu afise ukwizera. Yehova yarabonye uwo mugabo w’inziraburyarya, maze abacishije ku mumarayika, arayobora umwigishwa Filipo kugira aje kumwigisha.—Ivyakozwe n’intumwa 8:26-28.
2 Filipo vyaramworoheye gutangura kuganiriza uwo mutegetsi w’Umunyetiyopiya kubera ko uwo mutegetsi yariko arasoma n’ijwi ryumvikana, ico kikaba ari ikintu cakunda kugirwa muri ico gihe. Filipo rero yarashoboye kwumva ko uwo mutegetsi yariko asoma mu muzingo wa Yesaya. Yarabajije uwo mugabo ikibazo kimwe coroshe camuvyuriye ugushimishwa. Yamubajije ati: “Ivyo usoma urabitahuye?”. Ivyo vyabashikanye ku kuganira ku biri muri Yesaya 53:7, 8. Amaherezo, Filipo “[yaramubwiye] ubutumwa bgiza bga Yesu”.—Ivyakozwe n’intumwa 8:29-35.
3, 4. (a) Ni kubera iki Filipo yaciye ubwo nyene abatiza wa Munyetiyopiya? (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?
3 Mu mwanya mutoyi, uwo Munyetiyopiya yaratahuye uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana, yongera aratahura yuko bikenewe ko aba umwigishwa yabatijwe wa Kirisitu. Igihe uwo Munyetiyopiya yabona ahantu habereye hari amazi, yaciye abaza Filipo ati: “Ikimbuza kubatizwa n’iki?”. Ariko ntiwumve, ivyo vyari ibintu bidasanzwe. Uwo mutegetsi w’Umunyetiyopiya yari umugabo afise ukwizera asanzwe asenga Imana, yahindukiriye idini ry’Abayuda. Birashoboka ko hociye igihe kirekire kugira ashobore kuronka akandi karyo ko kubatizwa. N’igihambaye kuruta, uwo mugabo yaratahura ivyo Imana imusaba, akaba kandi yashaka kugira ico akoze atiziganya. Filipo yaremeye n’umutima ukunze ico uwo Munyetiyopiya yari amusavye, maze uno ahejeje kubatizwa, ‘ashishikara kugenda anezerewe’. Nta gukeka ko yabaye umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete mu gihugu ciwe c’amavukiro.—Ivyakozwe n’intumwa 8:36-39.
4 Naho ukwiyegura n’ukubatizwa ari intambwe umuntu adakwiye gufata minenegwe canke ngo azitere gihutihuti, akarorero k’uwo mutegetsi w’Umunyetiyopiya karerekana ko vyigeze kuba bishika abantu bakabatizwa haciye umwanya mutoyi bumvise ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imanaa. Ku bw’ivyo rero, birabereye ko turimbura ibibazo bikurikira: Ni ukwitegura nyabaki umuntu akwiye kugira imbere y’uko abatizwa? Imyaka umuntu afise ikwiye kwisungwa ku rugero rungana iki? Ni iterambere irihe ryo mu vy’impwemu umuntu akwiye kuba amaze kugira imbere y’uko abatizwa? N’ikiruta vyose, ni kubera iki Yehova asaba abasavyi biwe gutera iyo ntambwe?
Isezerano rigirwa ata gufyina
5, 6. (a) Abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera bitabiriye gute urukundo rwa Yehova? (b) Ni ubucuti bwa hafi ubuhe tugiranira n’Imana iyo tubatijwe?
5 Inyuma y’aho Yehova arokoreye Abisirayeli mu kubakura mu Misiri, yari yiteguriye kubafata nk’“inyegu yiharije”, kubakunda, kubakingira no kubagira “ihanga ryera”. Ariko rero, kugira batoneshwe gutyo, bategerezwa kwitabira urukundo rw’Imana mu buryo buboneka. Ivyo babigize mu kwemera gukora ‘ivyo Uhoraho yari yavuze vyose’ no mu kugirana na we isezerano (Kuvayo 19:4-9). Mu kinjana ca mbere, Yezu yategetse abayoboke biwe guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, kandi ico gihe abemera inyigisho ziwe barabatizwa. Kugira ngo umuntu agiranire ubucuti bwiza n’Imana, yategerezwa kwizera Yezu Kirisitu hanyuma akabatizwa.—Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe n’intumwa 2:38, 41.
6 Izo nkuru zo mu Vyanditswe zirerekana ko Yehova ahezagira abasezerana badafyina kumukorera kandi bakaguma bumiye kuri iryo sezerano. Ku bakirisu, ukwiyegura n’ukubatizwa ni intambwe zihambaye zishikana umuntu ku guhezagirwa na Yehova. Dufise umwiyemezo wo gukurikiza ingingo mfatirwako ziwe no kurondera ubuyobozi bwiwe (Zaburi 48:14). Yehova na we, mu buryo bw’ikigereranyo, aca adufata ukuboko maze akatuyobora mu nzira dukwiye kugenderamwo.—Zaburi 73:23; Yesaya 30:21; 41:10, 13.
7. Ni kubera iki kwiyegura no kubatizwa ari ingingo umuntu ategerezwa kwifatira we ubwiwe?
7 Urukundo dukunda Yehova be n’icipfuzo dufise co kumukorera ni vyo bikwiye kutuvyurira umutima wo gutera izo ntambwe. Nta n’umwe akwiye gupfa kubatizwa kubera ko hari uwamubwiye ko amaze igihe gihagije yiga canke ko abagenzi biwe bagiye kubatizwa. Mu bisanzwe, abavyeyi hamwe n’abandi bakirisu bahumuye boshobora kuremesha umuntu kwiyumvira ibijanye n’ukwiyegura be n’ukubatizwa. Kuri Pentekote, intumwa Petero yarahimirije abamwumvirije ngo ‘babatizwe’ (Ivyakozwe n’intumwa 2:38). Yamara rero, ukwiyegura ni ikintu kituraba twebwe ubwacu, kandi nta wundi muntu n’umwe ashobora kwiyegura mu kibanza cacu. Ingingo yo gukora ivyo Imana igomba ni twe dutegerezwa kuyifatira.—Zaburi 40:8.
Ukwitegura guhagije kugira ngo umuntu abatizwe
8, 9. (a) Ni kubera iki ivy’ukubatiza inzoya bidahuje n’Ivyanditswe? (b) Ni amaterambere yo mu vy’impwemu ayahe abakiri bato bakwiye kuba bamaze kugira imbere y’uko babatizwa?
8 Abana boba bashoboye kwiyegura bazi neza ico bariko baragira? Ivyanditswe ntibivuga imyaka umuntu akwiye kuba afise kugira abatizwe. Yamara, urumva nawe ko inzoya zitoshobora kwizera canke ngo zifate ingingo yo kwiyegurira Imana (Ivyakozwe n’intumwa 8:12). Umutohozakahise umwe yitwa Augustus Neander, mu gitabu ciwe (General History of the Christian Religion and Church) avuga ku bijanye n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Mu ntango abakuze gusa ni bo babatizwa, kubera yuko abantu bari basanzwe babona ko ibatisimu n’ukwizera bifitaniye isano rwose”.
9 Ku bijanye n’urwaruka, bamwebamwe usanga hari ukuntu batahura ivy’impwemu bakiri bato, mu gihe abandi bo usanga babitahura bamaze kwigira haruguru. Ariko rero, imbere y’uko uwukiri muto abatizwa, akwiye kuba afitaniye ubucuti na Yehova, akaba atahura neza ibintu vy’ishimikiro vyo mu Vyanditswe, kandi akaba ategera mu buryo butomoye ico kwiyegura bisobanura, nk’uko nyene bisabwa abakuze.
10. Ni intambwe izihe umuntu ategerezwa gutera imbere y’ukwiyegura n’ukubatizwa?
10 Yezu yategetse abigishwa biwe kwigisha abashasha ivyo yari yarabageze vyose (Matayo 28:20). Ubwa mbere na mbere rero, abashasha barakeneye kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ukuri, ubwoca bubafasha kwizera Yehova n’Ijambo ryiwe (Abaroma 10:17; 1 Timoteyo 2:4; Abaheburayo 11:6). Mu nyuma, igihe ukuri kwo mu Vyanditswe gukoze umuntu ku mutima, guca kumuvyurira umutima wo kwigaya no guhindukira agaheba uburyo yari asanzwe abayeho (Ivyakozwe n’intumwa 3:19). Amaherezo, uwo muntu aragera aho yipfuza kwiyegurira Yehova no kubatizwa, nk’uko Yezu yabitegetse.
11. Ni kubera iki bihambaye ko tugira uruhara tudahorereza mu gikorwa co kwamamaza imbere y’uko tubatizwa?
11 Iyindi ntambwe ihambaye umuntu ategerezwa gutera agana ku kubatizwa ni ukugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ico ni co gikorwa nyamukuru Yehova yashinze abasavyi biwe muri iyi misi y’iherezo (Matayo 24:14). Abamamaji batarabatizwa baraheza rero bakagira umunezero wo kubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwabo. Vyongeye, kugira uruhara muri ico gikorwa birabafasha kuba abiteguriye kuzokora ubusuku bwo mu ndimiro badahorereza kandi n’umwete igihe bazoba bamaze kubatizwa.—Abaroma 10:9, 10, 14, 15.
Hoba hari ikikubuza kubatizwa?
12. Ni igiki gishobora gutuma bamwebamwe bagonanwa kubatizwa?
12 Bamwebamwe boshobora kugonanwa kubatizwa kubera ko hari ukuntu batinya kwemera ibanga bizana. Baratahura ko kugira ngo bahuze n’ingingo mfatirwako za Yehova bazotegerezwa kugira ibintu bihambaye bahinduye mu buzima bwabo. Canke na ho boshobora kuba batinya ko kubaho bisunga ivyo Imana isaba bizohava bibagora inyuma y’ukubatizwa. Hari mbere n’abashobora kwiyumvira bati: “Kumbure bizoshika nkore ikintu kibi hanyuma nce ncibwa mw’ishengero”.
13. Mu gihe ca Yezu, ni ibiki vyabujije bamwebamwe kuba abayoboke biwe?
13 Mu gihe ca Yezu, bamwebamwe bararetse inyungu zabo bwite be n’ubucuti bwo mu muryango birababuza gucika abigishwa biwe. Umunyabwenge w’ivyanditswe umwe yavuze ko yokurikiye Yezu aho yogiye hose. Ariko Yezu yamubwiye yuko akatari gake ataronka n’aho akika umusaya. Igihe Yezu yasaba uwundi muntu yariko amwumviriza kuba umuyoboke wiwe, uno mugabo yishuye avuga ko yari akeneye kubanza ‘guhamba’ se wiwe. Biboneka ko uwo muntu yashimye kwigumira i muhira akarindira ko se wiwe apfa aho gukurikira Yezu maze akazokwitaho iryo banga ryo guhamba se aramutse apfuye. Uwugira gatatu na we yabwiye Yezu ko imbere y’ukumukurikira yari akeneye “gusezera” abo mu rugo iwe. Ukwo kwigiza ibintu inyuma Yezu yavuze ko ari ‘ukuraba inyuma’. Biboneka rero ko abashima kuguma bigiza inyuma ivy’ukubatizwa bazoguma barondera ingene bisigura kugira bahunge ibanga ryabo rya gikirisu.—Luka 9:57-62.
14. (a) Petero, Andereya, Yakobo na Yohani bavyakiriye gute igihe Yezu yabasaba ngo babe abaroba abantu? (b) Ni kubera iki tudakwiye kugonanwa kwemera ingogo ya Yezu?
14 Akarorero ka Petero, Andereya, Yakobo na Yohani koko nta ho gahuriye n’ak’abo bahejeje kuvugwa. Igihe Yezu yabasaba ngo bamukurikire maze babe abaroba abantu, Bibiliya ivuga ko “bac[iye] bareka insenga, baramukurikira” (Matayo 4:19-22). Kubera ko baciye bafata iyo ngingo badatebaganye, bariboneye ivyo Yezu yababwiye mu nyuma ati: “[Nimwishireko ingogo, NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw [“ingogo”, NW] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:29, 30). Naho ibatisimu ituma umuntu aca azezwa ibanga ryovugwa ko ari ingogo, Yezu adusubiriza umutima mu nda yuko iyo ngogo itababaza kandi itagoye gutwara izoturuhurira rwose.
15. Akarorero ka Musa be n’aka Yeremiya butwereka gute ko dushobora kwizigira ko Imana izodufata mu mugongo?
15 Ariko ntiwumve, ni ibisanzwe ko umuntu yumva umengo iryo banga nta ryo yoshobora. Musa na Yeremiya bompi mu ntango bumvise umengo ntibashoboye kurangura ibikorwa Yehova yari abashinze (Kuvayo 3:11; Yeremiya 1:6). None Imana yabasubirije umutima mu nda gute? Yabwiye Musa iti: “Nzoba ndi kumwe nawe”. Yeremiya na we yamusezeraniye iti: “Ndi kumwe nawe ngo nkurokore” (Kuvayo 3:12; Yeremiya 1:8). Natwe turashobora kwizigira ko Imana izodufata mu mugongo. Urukundo dukunda Imana be n’ukuntu tuyizigira birashobora kudufasha gutsinda ugukekeranya kudahera ku bijanye n’ukuba tuzoshobora canke tutazoshobora kubaho duhuza n’ukwiyegura kwacu. Intumwa Yohani yanditse ati: “Nta bgoba buba mu rukundo, arik’urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba” (1 Yohana 4:18). Agahungu gatoyi koshobora guhagarika umutima mu gihe kabwirizwa kugenda ari konyene, mugabo iyo kariko kagendana na se bafatanye amaboko, karumva umutima uri mu nda. Na twebwe nyene, nitwizigira Yehova n’umutima wacu wose, adusezeranira ‘kuzogorora inzira zacu’ uko tugendana na we.—Imigani 3:5, 6.
Igihe giteye iteka
16. Ni kubera iki kubatizwa bisaba kwibizwa wese mu mazi?
16 Ibatisimu ubwayo ikunze kuba habanje gushikirizwa insiguro ishingiye ku Vyanditswe isigura akamaro k’ibatisimu ya gikirisu. Iyo nsiguro iri mu kurangira, abagiye kubatizwa barasabwa kwatura icese ukwizera kwabo mu kwishura vya bibazo bibiri babazwa (Abaroma 10:10; raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 22.). Abagira babatizwe rero baribizwa mu mazi, gutyo bagakurikiza icitegererezo Yezu ubwiwe yasize. Bibiliya iravuga yuko Yezu ahejeje kubatizwa ‘yaciye ava mu mazi’ (Matayo 3:16; Mariko 1:10). Biribonekeza ko Yohani Umubatizi yari yamwibije wese mu mazib. Kwibizwa wese mu mazi bigereranya mu buryo bubereye ihinduka rikomeye twagize mu buzima bwacu; ivyo bigereranya ko tuba dupfuye ku bijanye n’uburyo twari dusanzwe tubayeho, maze tugatangura kubaho dukora umurimo w’Imana.
17. Baba abagiye kubatizwa canke abarorerezi, bose bashobora gute gutuma igihe c’ibatisimu kiba igiteye iteka?
17 Igihe c’ibatisimu ni igihe gihambaye cane kandi giteye umunezero. Bibiliya yerekana yuko Yezu amaze kwibizwa na Yohani mu Ruzi Yorodani yaciye asenga (Luka 3:21, 22). Mu kwigana ako karorero muri iki gihe, ababa bagiye kubatizwa bakwiye kugaragaza inyifato ibereye. N’ikindi kandi, ko Bibiliya iduhimiriza kwambara mu buryo buranga urupfasoni mu buzima bwacu bwa misi yose, wumva none tudakwiye kurushiriza kwumvira iyo mpanuro mu gihe c’ukubatizwa (1 Timoteyo 2:9)? Abarorerezi na bo nyene barashobora kwerekana ko bubaha igihe c’ibatisimu mu gutega yompi insiguro y’ibatisimu no mu kurorera batekanye ico gihe c’ibatisimu.—1 Ab’i Korinto 14:40.
Imihezagiro abigishwa babatijwe baronka
18, 19. Kubatizwa bizana utuhe duteka be n’iyihe mihezagiro?
18 Tumaze kwiyegurira Imana hanyuma tukabatizwa, duca tuba mu bagize umuryango udasanzwe. Ica mbere coco, Yehova aca aba Data akaba n’Umugenzi wacu. Tutarabatizwa twari twonkowe ku Mana; ariko ico gihe duca twuzura na yo (2 Ab’i Korinto 5:19; Ab’i Kolosayi 1:20). Biciye ku nkuka ya Kirisitu, twariyegereje Imana, kandi na yo iraheza ikatwiyegereza (Yakobo 4:8). Umuhanuzi Malaki arerekana yuko Yehova atega amatwi akumviriza abakoresha izina ryiwe kandi bakaryitirirwa, maze akabandika mu gitabu ciwe c’icibutso. Imana ivuga iti: “Bazoba abanje . . . ; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’umuntu akigirira umwana wiwe amukorera”.—Malaki 3:16-18.
19 Ikigira kabiri, ibatisimu iratuma tuba mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Igihe intumwa Petero yabaza imihezagiro abigishwa ba Kirisitu boronse ku bw’ivyo bari baremeye guheba iyo ari yo, Yezu yasezeranye ati: “Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’abana cank’itongo kubg’izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’azoragwa ubu[zima] budashira” (Matayo 19:29). Imyaka inyuma y’aho, Petero yaranditse ku vyerekeye “umuryango wose w’abavukanyi” wari umaze gukwira “mw isi”. Petero ubwiwe yarafashwe mu mugongo n’umuryango w’abavukanyi ukundana yongera arawuronkeramwo imihezagiro. Na twebwe ni ko bishobora kutugendera.—1 Petero 2:17, NW; 5:9.
20. Ibatisimu ituma tugira ikihe cizigiro ciza igitangaza?
20 N’ikindi kandi, Yezu yarerekanye ko abamukurikira ‘bazoragwa ubuzima budahera’. Vy’ukuri, ukwiyegura n’ukubatizwa bituma umuntu agira icizigiro co ‘kuzocakira ubuzima nyakuri’, ari bwo buzima budahera mw’isi nshasha y’Imana (1 Timoteyo 6:19). Wumva none hari uwundi mushinge mwiza wa kazoza twoshobora kwiyubakira tukongera tukawubakira n’imiryango yacu, woza uruta uwo? Ico cizigiro ciza igitangaza kizodufasha “[ku]gendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira”.—Mika 4:5.
[Utujambo tw’epfo]
a Ba bantu 3.000 bakurikiye ya nsiguro Petero yashikiriza kuri Pentekote, abari bagizwe n’Abayuda be n’abahindukiriye idini ry’Abayuda, na bo nyene baciye babatizwa badatebaganye. Ariko ntiwumve, cokimwe na ya nkone y’Umunyetiyopiya, bari basanzwe bazi inyigisho z’ishimikiro be n’ingingo ngenderwako vyo mw’Ijambo ry’Imana.—Ivyakozwe n’intumwa 2:37-41.
b Igitabu c’inyizamvugo c’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words) kivuga ko ijambo ry’ikigiriki baʹpti·sma (ni ukuvuga ibatisimu) risobanura “igikorwa co kwibiza, kurengerwa n’amazi no kwiburuka”.
Woshobora kubisigura?
• Dukwiye kwitabira gute urukundo rwa Yehova, kandi kubera iki?
• Ni iterambere irihe ryo mu vy’impwemu umuntu akwiye kuba amaze kugira imbere y’uko abatizwa?
• Ni kubera iki ugutinya ko ibintu bitazogenda neza be n’ugutinya kwemera ibanga rya gikirisu, bidakwiye gutuma tugonanwa kubatizwa?
• Ni imihezagiro idasanzwe iyihe abigishwa babatijwe ba Yezu Kirisitu bironkera?
[Ifoto ku rup. 26]
“Ikimbuza kubatizwa n’iki?”
[Ifoto ku rup. 29]
Igihe c’ibatisimu ni igihe gihambaye cane kandi giteye umunezero