Ukuremeshanya Kudasanzwe
1 Nta musi wijana abasavyi ba Yehova badahanganye n’ibigerageza ukwizera kwabo. Kubera azi ko asigaje igihe gito, Shetani ariko aratera ibitero vya nyuma kugira ngo atume tudohoka kuri Yehova. (Ivyah. 12:12) Ni ntahara ko “[t]uremesherezw[a] mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi” kugira ngo “[d]ushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni [t]waheza vyose [du]hagarar[e d]ushikamye.”—Ef. 6:10, 13.
2 Gukoranira hamwe n’abo dusangiye ukwizera ni intunganyo iva kuri Yehova igenewe kudufasha kuronka inkomezi. Ivyo intumwa Paulo yarabitahuye. Yaripfuza kuba ari kumwe n’abavukanyi biwe b’Abakirisu kugira ngo bashobore ‘kuremeshanya’ no ‘gukomezwa.’ (Rom. 1:11, 12) Kugira idukomeze mu gukora ivyo Imana igomba, Inama Nyobozi yaratunganije mu buryo buranga urukundo akaryo ko kwungukira ku kuremeshanya kw’Ihwaniro ry’Intara ryimirije ryataziriwe ngo: “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete.”
3 Nube Ari Ho Uri Kugira ngo Wunguke: Nubigire umugambi kuba ari ho uri mu misi yose rizomara uko ari itatu. ‘Turunguka ubwacu’ dushitse imbere y’uko ururirimbo rwa mbere rutangura no mu kuhaguma gushika aho tuvuga “Amen” ivuye ku mutima igihe c’isengesho risozera. (Yes. 48:17, 18) Benshi barakeneye gutunganya neza urutonde rw’igikorwa cabo imbere y’igihe kugira ngo baronke umwanya wo kwitaba iyo misi itatu yose. Ego ni ko, birashobora kuba bitoroshe gusaba umukoresha wawe ngo aguhe umwanya w’akaruhuko, ariko Yehova aradukura amazinda yuko azodufasha gukora ivyo agomba. (1 Yoh. 5:14, 15) Nimba tutari bwabikore, ubu ni co gihe co guheraheza kuringaniza ivy’ukwiyunguruza n’ivy’uburaro, ntihagire ico tureka twizigiye yuko kizopfa kwizana ku gihamana. Turashobora kwizigira yuko Yehova azohezagira utwigoro tugira kugira ngo twitabe iyo misi yose uko ari itatu.—Imig. 10:22.
4 Niwitege Indemesho: Woba urigera uva kw’ihwaniro ry’intara uvuga uti: “Iryo ryari ryiza kuruta ayandi yose!” Ni kubera iki woshobora kuba wariyumviriye nk’uko? Ni kubera yuko kuba turi abantu badatunganye dushobora kudendebukirwa buhorobuhoro, tugasanga dukeneye indemesho yo mu vy’impwemu. (Yes. 40:30) Umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “Uru runkwekwe rw’ibintu ruramvuna inkokora, maze amahwaniro agatuma nsubira gushinga ijisho ivy’impwemu, akanyongereza inkomezi z’ivy’impwemu mba nkeneye. Bisa n’uko indemesho iba ije igihe nyene ndayikeneye kurusha ikindi gihe cose.” Na wewe woshobora kuba waragize inyiyumvo zisa n’izo.
5 Turaronka indemesho zikenewe, bidaciye ku nsiguro no ku biganiro vyo kubaza ibibazo gusa ariko kandi biciye ku bindi bintu vyungura mu vy’impwemu bigize amahwaniro yacu. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Jewe ndashimishwa vy’ukuri n’uburyo butomoye kandi bw’ingirakamaro bwo gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya. Nta nkeka, ibikino vy’ivya Bibiliya nta co vyogereranywa mu vyo kwerekana ukuntu dushobora kwungukira ku burorero bw’ivyabaye kera, bwaba bwiza na bubi. Ibisohokayandikiro ni ibintu nama niteze na ntaryo, kandi nkabinezerererwa cane iyo ntahutse.”
6 Amahwaniro ni intunganyo ntahara iva kuri Yehova muri ibi “bihe bigoye.” (2 Tim. 3:1) Aradufasha kwitondera iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.” (1 Kor. 16:13) Nuko, nimuze twiyemeze kwitaba ikiringo kimwekimwe cose maze twinovore indemesho z’akaroruhore tuzohanahana kw’Ihwaniro ryacu ry’Intara ryataziriwe ngo: “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete.”
[Box on page 3]
Nutegekanye Kwitaba Imisi Yose Uko Ari Itatu
■ Nusabe ikonji ku kazi.
■ Nubikishe uburaro mu gisagara kizoberamwo ihwaniro.
■ Nutunganye ivy’ukwiyunguruza uja kw’ihwaniro.