ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/03 rup. 4
  • Nutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • “Mwiyegereze Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ukwiga Kurazana Impera
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwiyigishe mu buryo kirumara
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 11/03 rup. 4

Nutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova

1. Umuvukanyikazi umwe yatahuye iki ku vyerekeye ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu yama akora?

1 Umuvukanyikazi mukirisu umwe yiyemereye ati: “Maze imyaka irenga 20 mu kuri, nja ku makoraniro nongera nja mu busuku bwo mu ndimiro mu buryo bwo guheza umwuga”. Ariko rero, abandanya ati: “Naho kuja ku makoraniro no mu busuku bwo mu ndimiro ari ibintu bihambaye, nahavuye nshika ku ciyumviro c’uko ivyo vyonyene bidashobora kunshigikira igihe ibintu bitanguye kumera nabi. . . . Ubu ndatahura yuko ntegerezwa guhindura ivyiyumviro kandi nkatangura porogarama y’ukwiga iri n’ico ivuze kugira ngo nshobore vy’ukuri kumenya Yehova no kumukunda, nshobore no gukenguruka ivyo Umwana wiwe yaduhaye”.

2. Ni kubera iki bihambaye gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova?

2 Kugira ngo umuntu atsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova bisaba akigoro. Si ugupfa gukurikiza urutonde rw’ibikorwa vya gikirisu. Mu gihe twonanirwa kwama dutsimbataza ubucuti dufitaniye na Yehova, amaherezo arashobora kutubera nk’umuntu yigeze kuba umugenzi wacu wa hafi tukaba tutagihanahana amakuru (Ivyah. 2:4). Nimuze dusuzume ingene ukwiyigisha Bibiliya be n’isengesho bishobora kudufasha gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova.—Zab. 25:14.

3. Kugira twiyegereze Imana dukwiye kwiyigisha gute?

3 Isengesho no kuzirikana birahambaye cane: Ukwiyigisha kugaburira umutima, ntigusaba gusa guca imirongo ku vyiyumviro nyamukuru biri mu mayagwa yo kwigwa no kurondera ivyanditswe vyatanzwe. Gusaba kuzirikana ku co amakuru ahishura ku vyerekeye inzira za Yehova, ingingo mfatirwako ziwe be na kamere ziwe (Kuv. 33:13). Gutahura ibintu vy’impwemu biradushika ku mutima maze bigatuma tuzirikana ku kuntu tubayeho (Zab. 119:35, 111). Dukwiye kwiyigisha dufise intumbero yo kwiyegereza Yehova (Yak. 4:8). Kwiyigisha ata gufyina bisaba umwanya n’ahantu habereye, kandi kubigira ubudahorereza bisaba ukwigora (Dan. 6:10). Naho woba ufise vyinshi ukora mu buzima bwawe, woba ku musi ku musi urondera akanya ko kuzirikana kuri kamere z’akaroruhore za Yehova?—Zab. 119:147, 148; 143:5.

4. Gusenga imbere y’uko dutangura kwiyigisha bidufasha gute gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova?

4 Isengesho rivuye ku mutima ni umuce ntahara mu kwiyigisha kuri n’ico kuvuze. Kugira ngo ukuri kwo muri Bibiliya kudukore ku mutima maze gutume “dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya”, turakeneye impwemu yera y’Imana (Heb. 12:28). Ku bw’ico, dukwiye gutangura ikiringo cose co kwiga mu gusaba Yehova impwemu yiwe (Mat. 5:3). Igihe tuzirikana ku Vyanditswe tukongera tugakoresha ibisohokayandikiro bidufasha kwiga duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova, turugururira Yehova umutima wacu (Zab. 62:8). Kwiyigisha muri ubwo buryo, ni igikorwa kijanye n’ugusenga twerekaniramwo ko twibanda kuri Yehova kikongera kikadufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na we.—Yuda 20, 21.

5. Ni kubera iki bihambaye ko tuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi?

5 Nk’uko bimeze ku bucuti bwose abantu bagiranira, ubucuti dufitaniye na Yehova butegerezwa kubandanya kwitwararikwa kugira ngo bugume bukura mu buzima bwacu bwose. Nimuze rero ducungure umwanya ku musi ku musi wo kwiyegereza Imana, tuzi yuko na yo izoheza ikatwiyegereza.—Zab. 1:2, 3; Ef. 5:15, 16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika