ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/12 rup. 8-13
  • “Mwiyegereze Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwiyegereze Imana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mubandanye ‘Kwironsa Ubumenyi’ Bwerekeye Imana
  • Nuserure Urukundo Ukunda Yehova
  • Nutsimbataze Ubucuti Biciye kw’Isengesho
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • “Izobēgēra”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza»
    Niwiyegereze Yehova
  • Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/12 rup. 8-13

“Mwiyegereze Imana”

“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”​—YAKOBO 4:8.

1, 2. (a) Ni ibiki akenshi abantu bivugisha? (b) Ni inkeburo iyihe Yakobo yatanze, kandi ni kubera iki yari ikenewe?

“IMANA iri kumwe natwe.” Ayo majambo ni yo atātswe ku bimenyetso biranga igihugu eka mbere no ku myambaro y’igisoda. Icivugo ngo “Imana ni yo twizigiye” caranditswe ku bingorongoro vyinshi no ku noti nyinshi bikoreshwa ubu. Abantu barakunda kwivugisha yuko bafitaniye ubucuti bwa hafi n’Imana. Ntiwokwemera none yuko mu vy’ukuri kugira ubucuti nk’ubwo bidasaba gusa kuvuga ivyerekeye ubwo bucuti canke kwerekana ivyivugo?

2 Bibiliya irerekana yuko kugiranira ubucuti n’Imana bishoboka. Ariko rero bisaba akigoro. Mbere n’Abakirisu basizwe bo mu kinjana ca mbere barakenera gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova Imana. Yakobo, umucungezi mukirisu vyasavye ko agabisha bamwebamwe ku biraba impengamiro zabo z’umubiri no kubiraba ugutakaza ukudahumana mu vy’impwemu. Muri iyo mpanuro, yatanze iyi nkeburo ikomeye igira iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.” (Yakobo 4:1-12) Ni igiki Yakobo yashatse kuvuga mu gukoresha imvugo ngo “mwiyegereze”?

3, 4. (a) Ni ibiki bamwebamwe mu basomyi b’ikete rya Yakobo bo mu kinjana ca mbere bashobora kuba baribukijwe n’imvugo ngo “mwiyegereze Imana”? (b) Ni kubera iki twohera amazinda yuko kwegera Imana bishoboka?

3 Yakobo yakoresheje imvugo abantu benshi basoma ikete ryiwe bashobora kuba bari bamenyereye. Ivyagezwe vya Musa vyaraha abaherezi amacishabwenge atomoye y’ukuntu “bīgira hafi,” canke begera Yehova ku bw’abasavyi biwe. (Kuvayo 19:22) Gutyo, abasomyi b’ikete rya Yakobo bashobora kuba baribukijwe yuko kwegera Yehova atari ikintu co gufata minenegwe. Yehova ni we munyacubahiro ahambaye mw’ijuru no kw’isi.

4 Ku rundi ruhande, nk’uko incabwenge imwe mu vya Bibiliya ibivuga, “iyo nkeburo [iri muri Yakobo 4:8] irahishura ukubona ibintu mu buryo bwiza guhambaye.” Yakobo yari azi yuko Yehova yamye nantaryo atumira mu buryo buranga urukundo abantu b’abanyagasembwa kumwiyegereza. (2 Ngoma 15:2) Inkuka ya Yezu yaruguruye inzira yo kurushiriza kwegera Yehova mu buryo bushitse. (Abanyefeso 3:11, 12) Muri iki gihe, abantu amamiliyoni barugururiwe inzira yo kwegera Imana! Dushobora none kwungukira gute kuri ako karyo keza igitangaza? Tugiye kurimbura muri make uburyo butatu dushobora kwiyegerezamwo Yehova Imana.

Mubandanye ‘Kwironsa Ubumenyi’ Bwerekeye Imana

5, 6. Akarorero k’umwana Samweli kerekana gute ico ‘kwironsa ubumenyi’ bwerekeye Imana birimwo?

5 Nk’uko muri Yohana 17:3 havyerekana, Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” Ukuntu impinduro nyinshi zihindura uwo murongo kuratandukanye gatoyi n’ukuntu ya Bibiliya Traduction du monde nouveau iwuhindura. Aho kuvuga ngo ‘kwironsa ubumenyi’ bwerekeye Imana, zo zihahindura zikoresheje gusa irivuga “kumenya” Imana canke “ukumenya” Imana. Ariko rero, incabwenge nyinshi zivuga yuko insobanuro y’ijambo ryakoreshejwe mu Kigiriki co mu ntango ririmwo vyinshi, ni ukuvuga ikintu kibandanya, ikintu mbere gishobora gushikana ku kumenyana n’uwundi muntu bimwe vyimbitse.

6 Gushika ku kumenya Imana mu buryo bwimbitse nticari iciyumviro gishasha mu gihe ca Yezu. Nk’akarorero, mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, dusoma yuko igihe Samweli yari agahungu gatoyi, “[at]aribgamenye Uhoraho.” (1 Samweli 3:7) Ivyo vyoba vyasobanura yuko Samweli yari azi bike cane ku vyerekeye Imana yiwe? Oya. Nta gukeka ko abavyeyi biwe n’abaherezi bashobora kuba bari baramwigishije vyinshi. Ariko rero, nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ry’Igiheburayo ryakoreshejwe muri uwo murongo rirashobora “gukoreshwa ku bijanye n’ukumenya ikintu mu buryo bwimbitse cane.” Samweli ntiyari bwashike ku kumenya Yehova mu buryo bwimbitse, nk’uko mu nyuma yomumenye igihe yobaye akora bwa muvugizi wiwe. Uko Samweli yagenda arakura, ni ko mu vy’ukuri yashika ku kumenya Yehova, akagirana nawe ubucuti bwa hafi.​—1 Samweli 3:19, 20.

7, 8. (a) Ni kubera iki tudakwiye gucibwa intege n’inyigisho zimbitse za Bibiliya? (b) Ni ibintu vy’ukuri vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana bimwebimwe ibihe dukwiye kwiga?

7 Woba uriko urironsa ubumenyi bwerekeye Yehova kugira ngo umumenye mu buryo bwimbitse? Kugira ngo ubigire, urakeneye ‘kuremarema ugucambirwa’ imfungurwa z’ivy’impwemu Imana itanga. (1 Petero 2:2, NW) Ntubumbwe gusa n’inyigisho z’ishimikiro. Nugire akigoro ko kwiga zimwezimwe mu nyigisho zimbitse za Bibiliya. (Abaheburayo 5:12-14) Inyigisho nk’izo zoba ziguca intege, ukibwira yuko zigoye cane? Nimba ari ukwo biri, niwibuke yuko Yehova ari “Umucishabwenge . . . Mukuru.” (Yesaya 30:20, NW) Arazi ukuntu ashira ukuri kwimbitse mu mizirikanyi y’abantu b’abanyagasembwa. Vyongeye arashobora guhezagira utwigoro ugira tuvuye ku mutima kugira ngo utahure ivyo ariko arakwigisha.​—Zaburi 25:4.

8 Ni kubera iki utokwisuzuma ku biraba bimwebimwe mu “bintu [“vyimbitse,” NW] vy’Imana”? (1 Ab’i Korinto 2:10) Ivyo si ibiganiro bidakwegera nk’uko abanyatewolojiya be n’abakuru b’amadini bashobora kuba babiharirako. Ni inyigisho nzima zituma twiga ibintu bikwegera cane ku vyerekeye umuzirikanyi be n’umutima vya Data wa twese munyarukundo. Nk’akarorero, incungu, “ibanga ryeranda,” be n’amasezerano atandukanye Yehova yakoresheje kugira ngo ahezagire abasavyi biwe yongere ashitse imigambi yiwe, ivyo biganiro hamwe n’ibindi bimeze nka vyo, ni amayagwa aryoshe kandi avamwo ivyiza umuntu ashobora kugirako ubushakashatsi kandi akiyigisha.​—1 Ab’i Korinto 2:7.

9, 10. (a) Ni kubera iki ubwibone ari ingeramizi, kandi ni igiki kizodufasha kubwirinda? (b) Ku bijanye n’ubumenyi bwerekeye Yehova, ni kubera iki dukwiye kwihatira kuba abicisha bugufi?

9 Uko ukura mu bumenyi bwerekeye ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu, uraba maso ku ngeramizi yoshobora kuva muri ubwo bumenyi, na yo ikaba ari ubwibone. (1 Ab’i Korinto 8:1) Ubwibone ni ingeramizi, kubera bwonkora abantu ku Mana. (Imigani 16:5; Yakobo 4:6) Ibuka yuko ata muntu n’umwe afise imvo yo kwishimira ubumenyi afise. Tubitangire akarorero, rimbura aya majambo y’intangamarara y’igitabu kimwe gitohoza amaterambere yo mu vya siyansi abantu baherutse gushikako, agira ati: “Uko turushiriza gushika ku kumenya ikintu, ni ko turushiriza gutahura ko tuzi bike. . . . Ikintu cose twize nta co kivuze ukigereranije n’ivyo tutariga.” Ukwicisha bugufi nk’ukwo kureza umutima. Ubu na ho ku bijanye n’ubumenyi buhambaye, ari bwo bumenyi bwerekeye Yehova Imana, dusanga mbere dufise imvo ihambaye kuruta yo kuguma twicisha bugufi. Uti kubera iki?

10 Raba amajambo amwamwe Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova. “Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.” (Zaburi 92:5) “Ubgenge bg[a Yehova] n’akaburarugero.” (Zaburi 147:5) “Ubgenge bg[a Yehova] ntibuserangurika.” (Yesaya 40:28) “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana!” (Abaroma 11:33) Biratomoye yuko tutazokwigera tumenya ibintu vyose bihari vyari bikwiye kumenywa ku vyerekeye Yehova. (Umusiguzi 3:11) Yaratwigishije ibintu vyinshi vy’igitangaza, yamara tuzokwama nantaryo dufise imbere yacu ibintu bitagira aho bigarukira dukeneye kumenya, dushobora kwigiramwo vyinshi. Ntitubona none ko ico cizigiro gikora ku mutima kandi gituma twicisha bugufi? Uko twiga rero, nimuze twame nantaryo dukoresha ubumenyi dufise nka ryo shimikiro ryo kwiyegereza Yehova no gufasha abandi kugira ngo bagire nk’uko nyene, ntitukigere na rimwe tubukoresha nka bwo buryo bwo kwishira hejuru y’abandi.​—Matayo 23:12; Luka 9:48.

Nuserure Urukundo Ukunda Yehova

11, 12. (a) Ubumenyi twironsa ku vyerekeye Yehova bukwiye kugira ico bukoze gute kuri twebwe? (b) Ni igiki cerekana nimba urukundo umuntu akunda Imana ari nyakuri?

11 Intumwa Paulo yarerekanye mu buryo bubereye isano riri hagati y’ubumenyi be n’urukundo. Yanditse ati: “Ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu [“bumenyi ntagakosa be n’ubukerebutsi bushitse,” NW].” (Ab’i Filipi 1:9) Aho kwishira hejuru bitewe n’ubwibone, ukuri kwose kw’agaciro twiga ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe gukwiye kwongereza urukundo dukunda Data wa twese wo mw’ijuru.

12 Birumvikana ko benshi bivugisha yuko bakunda Imana ariko mu vy’ukuri batayikunda. Bashobora kuba ata buryarya bavugana bitumwe n’inyiyumvo zikomeye zuzuye mu mitima yabo. Inyiyumvo nk’izo ni nziza, mbere ziranashimwa igihe zihuje n’ubumenyi ntagakosa. Mugabo izo ubwazo ntizimeze nk’urukundo nyakuri umuntu akunda Imana. Kubera iki? Raba ukuntu Ijambo ry’Imana risigura urukundo nk’urwo: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo.” (1 Yohana 5:3) Urukundo umuntu akunda Yehova rero ruba nyakuri igihe gusa aruseruye mu bikorwa biranga ukugamburuka.

13. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha gute kugaragaza urukundo dukunda Yehova?

13 Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha kugamburukira Yehova. Ukwo gutinya kwimbitse be n’ico cubahiro kigera ibwina tugaragariza Yehova bizanwa n’ukwironsa ubumenyi bumwerekeye be no kwiga ivyerekeye ubweranda bwiwe, ubuninahazwa bwiwe, ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe be n’urukundo rwiwe bitagira akarimbi. Ugutinya nk’ukwo kurahambaye kugira tumwiyegereze. Kanatsinda, raba ivyo Zaburi ya 25:14, NW, ivuga: “Ukunywana na Yehova ni ukw’abamutinya.” Ku bw’ivyo, niba dufise ugutinya kwiza ko twohava tudahimbara Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo, turashobora kumwiyegereza. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha kwumvira impanuro iranga ubukerebutsi yanditse mu Migani 3:6, igira iti: “Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Ivyo none bisobanura iki?

14, 15. (a) Zimwezimwe mu ngingo duhangana mu buzima bwa misi yose ni izihe? (b) Dushobora gute gufata ingingo mu buryo bugaragaza ugutinya kurimwo ukwibanga Imana?

14 Utegerezwa gufata ingingo imisi yose, izihambaye n’izidahambaye. Nk’akarorero, ni ibiyago bwoko ki uzogirana n’abo mukorana, abo mwigana be n’ababanyi? (Luka 6:45) Woba uzokorana umwete ibikorwa wahawe, canke woba uzorondera uburyo bw’uko vyorangira ata kigoro kaboneka ugize? (Ab’i Kolosayi 3:23) Woba uzorushiriza kwiyegereza abantu bagaragaza ko bakunda buhoro Yehova canke batanamukunda na gato, canke uzorondera gukomeza ubucuti ufitaniye n’abantu bitwararika ivy’impwemu? (Imigani 13:20) Uzokora iki, mbere no mu tuntu dutoduto kugira ngo uteze imbere ivyungura Ubwami bw’Imana? (Matayo 6:33) Hamwe ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe nk’izo zivuzwe ngaha zoyobora ingingo za misi yose ufata, ico gihe uzoba koko uriko uramenya Yehova “mu ngendo zawe zose.”

15 Nkako, dukwiye kuyoborwa n’iki ciyumviro mu ngingo yose dufata: ‘Yehova yoba ashaka ko nkora iki? Ni ingendo iyihe yomuhimbara kuruta izindi zose?’ (Imigani 27:11) Kugaragaza ugutinya kurimwo ukwibanga Imana, muri ubwo buryo ni inzira irushirije kuba nziza yo guserura urukundo dukunda Yehova. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzotuma kandi tuguma tudahumanye mu buryo bw’impwemu, mu vy’inyifato runtu no mu buryo bw’umubiri. Niwibuke yuko muri wa murongo nyene Yakobo ahimirizamwo Abakirisu ‘kwiyegereza Imana,’ abakebura kandi ati: “Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.”​—Yakobo 4:8.

16. Igihe duhaye Yehova, ni igiki tudashobora kwigera dushitsa, yamara igihe tubigize, ni igiki nantaryo twoshikako?

16 Birumvikana ko guserura urukundo dukunda Yehova bitarimwo gusa kwirinda ikibi. Urukundo kandi ruradusunikira ku gukora ibigororotse. Nk’akarorero, twakira gute ubutanzi bwa cane Yehova agira? Yakobo yanditse ati: “Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico.” (Yakobo 1:17) Ikizwi coco ni uko igihe duhaye Yehova ubutunzi bwacu tutamutungisha. Ibintu vyose vyiza biriho n’ubutunzi bwose bwiza buriho biba vyari bisanzwe ari ivyiwe. (Zaburi 50:12) Vyongeye, igihe duhaye Yehova umwanya wacu n’inguvu zacu, ntituba tumuronkeje ikintu atoshobora kwironsa. Naho twokwanka kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, yoshobora gutuma amabuye asemerera! Ni kubera iki none duha Yehova ubutunzi bwacu, umwanya wacu n’inguvu zacu? Ahanini, ni kubera yuko tubigize gutyo tuba duseruye urukundo tumukunda n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose n’inkomezi zacu zose.​—Mariko 12:29, 30.

17. Ni igiki gishobora kudusunikira ku gutanga tunezerewe igihe duha Yehova?

17 Igihe duhaye Yehova, dukwiye kubigira tunezerewe “kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7) Ingingo ngenderwako yanditse mu Gusubira mu Vyagezwe 16:17 irashobora kudufasha gutanga tunezerewe, igira iti: “Umuntu wese az’atange ukw ashoboye, nk’uk’Uhoraho Imana yanyu azoba yabahaye umugisha.” Igihe tuzirikana ukuntu Yehova yatugaragarije ubutanzi bwa cane, turumva tugize icipfuzo co kumuha tutagoberewe. Ugutanga nk’ukwo gutuma umutima wiwe unezerwa, nka kurya nyene ingabirano ntoyi ivuye ku kana gakundwa ihimbara umuvyeyi. Uguserura urukundo rwacu muri ubwo buryo bizodufasha kwiyegereza Yehova.

Nutsimbataze Ubucuti Biciye kw’Isengesho

18. Ni kubera iki bibereye ko turimbura ukuntu tworyohora amasengesho yacu?

18 Ibihe tugira vyo gusenga turi ukwa twenyene biraduha akaryo kadasanzwe ko kuganira na Data wa twese wo mw’ijuru mu buryo bwimbitse kandi bw’akabanga. (Ab’i Filipi 4:6) Kubera yuko isengesho ari bwo buryo ngirakamaro bwo kwiyegereza Imana, birahambaye ko turuhuka maze tukarimbura ukuntu amasengesho yacu ameze. Si uko ategerezwa kuba adasanzwe mu buryo avugwa canke ameze, ariko akwiye kuba ari amajambo atarimwo uburyarya ava ku mutima. Dushobora gute kuryohora amasengesho yacu?

19, 20. Ni kubera iki twozirikana imbere yo gusenga, kandi ni ibiganiro bimwebimwe ibihe bibereye muri mwene ukwo kuzirikana?

19 Twoshobora kugerageza kuzirikana imbere yuko dusenga. Mu gihe tuzirikanye imbere y’igihe, turashobora gutuma amasengesho yacu aba ayatomoye kandi ari n’ico avuze, gutyo tukaba twirinze umugenzo wo gusubiramwo imvugo imenyerewe kandi ica iza ningoga mu muzirikanyi. (Imigani 15:28, 29) Kumbure kuzirikana ku bintu vy’ishimikiro bimwebimwe Yezu yavuze muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, maze tugaca turimbura ukuntu ivyo bifitaniye isano n’uko ivyacu bwite vyifashe, vyoshobora gufasha. (Matayo 6:9-13) Nk’akarorero, twoshobora kwibaza uruhara rutoyi tugomba kugira urwo ari rwo mu gukora ivyo Yehova agomba ngaha kw’isi. Twoba dushobora guserurira Yehova icipfuzo dufise co kumubera kirumara uko bishoboka kwose maze tugasaba ko adufasha mu kurangura igikebere ico ari co cose yadushinze? Twoba turemerewe n’ukwitwararika ivyo dukeneye mu vy’umubiri? Ni ivyaha ibihe dukeneye guharirwa, kandi ni bande canecane dukeneye kurushiriza guharira? Ni inyosha mbi izihe zitubangamira, kandi twoba dutahura ukuntu dukeneye bimwe vyihutirwa uburinzi bwa Yehova muri ivyo?

20 Ikigeretseko, twoshobora kwiyumvira ivyerekeye abantu tuzi bakeneye canecane gufashwa na Yehova. (2 Ab’i Korinto 1:11) Ariko rero, ico tudakwiye kwibagira ni ugukenguruka. Igihe duhagaze maze tukavyiyumvira, nta gukeka turashobora gushika ku mvo zotuma dukengurukira Yehova maze tukamushemeza ku musi ku musi kubera ukugira neza kwiwe kwinshi. (Gusubira mu Vyagezwe 8:10; Luka 10:21) Kubigenza gutyo birimwo akandi karusho, birashobora kudufasha kurushiriza kubona ubuzima mu buryo bwiza, mu buryo buranga ugukenguruka.

21. Ni ukwiga uturorero two mu Vyanditswe utuhe kwoshobora kudufasha igihe twiyegereza Yehova mw’isengesho?

21 Kwiga birashobora kuryohora n’amasengesho dutura. Hariho amasengesho yibonekeje yatuwe n’abagabo be n’abagore b’abizerwa yanditse mw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, igihe hari ingorane igoye iduhanze, ituma tugira amaganya kanaka, mbere tugatinyirira n’ukumererwa neza kwacu canke kw’abacu, twoshobora gusoma isengesho Yakobo yatuye ku biraba igihe yari yimirije guhura na mwenewabo Esau, uwashaka kumwihora. (Itanguriro 32:9-12) Canke twoshobora kwiga isengesho ryatuwe n’Umwami Asa igihe ingabo z’Abanyetiyopiya nk’umuliyoni umwe zari zigeramiye abasavyi b’Imana. (2 Ngoma 14:11, 12) Nimba turajwe ishinga n’ingorane yohava isiga iceyi izina ryiza rya Yehova, ico gihe isengesho Eliya yatuye imbere y’abasenga Bayali ku Musozi Karumeli ryoba ribereye kurimburwa, cokimwe n’isengesho Nehemiya yatuye ku biraba ukuntu Yeruzalemu hari hateye akagongwe. (1 Abami 18:36, 37; Nehemiya 1:4-11) Gusoma no kuzirikana ku masengesho nk’ayo birashobora gukomeza ukwizera kwacu maze bikaduha ivyiyumviro vy’ukuntu tworushiza gutura Yehova imyitwarariko ituremereye.

22. Icanditswe c’umwaka w’2003 ni ikihe, kandi ni igiki twoshobora kuza turibaza muri uwo mwaka wose?

22 Biragaragara yuko ata teka rihambaye ririho, ko ata mugambi mwiza uriho bisumba kwumvira impanuro ya Yakobo yo ‘kwiyegereza Imana.’ (Yakobo 4:8) Ese twobigira mu gutera imbere mu bumenyi tugira bwerekeye Imana, mu kurondera kuza turarushiriza guserura urukundo tuyikunda be no mu gutsimbataza ubucuti dufitaniye na yo mu masengesho dutura. Mu mwaka w’2003 wose, mu gihe tugumiza mu muzirikanyi Yakobo 4:8 bwa canditswe c’umwaka, nimuze tubandanye kwisuzuma turabe nimba vy’ukuri turiko turiyegereza Yehova. Ariko none, tuvuge iki ku vyerekeye igice gisigaye c’iryo ryungane? Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘azokwegera,’ biheze bikuzanire iyihe mihezagiro? Ikiganiro gikurikira kirarimbura ico kibazo.

Woba Uvyibuka?

• Ni kubera iki kwiyegereza Yehova ari ikintu co gufatana uburemere?

• Ni amahangiro amwamwe ayahe twoshobora kwishingira mu bijanye no kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova?

• Dushobora kugaragaza gute yuko dufitiye Yehova urukundo nyakuri?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora kurushiriza gutsimbataza ubucuti bukomeye na Yehova mw’isengesho?

[Iciyumviro ku rup. 12]

Icanditswe c’umwaka w’2003 kizoba ari: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”​—Yakobo 4:8.

[Amafoto ku rup. 9]

Uko yagenda arakura, Samweli yarashitse ku kumenya Yehova mu buryo bwimbitse

[Ifoto ku rup. 12]

Isengesho Eliya yatuye ku Musozi Karumeli ni akarorero keza kuri twebwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika