ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/07 rup. 8
  • Ntukibagire abahororokewe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntukibagire abahororokewe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • “Nimungarukeko”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Urashobora kuremesha uwahororokewe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 2/07 rup. 8

Ntukibagire abahororokewe

1. Ni kubera iki dukwiye kurondera akaryo ko kuremesha abahororokewe?

1 Woba uzi umuntu yoba yarahororokewe? Kumbure ashobora kuba yarahagaritse kwifatanya n’ishengero maze aratwarwa akayombekere. Ushobora kuba warahuye n’uwo muntu igihe wari mu busuku bw’inzu ku nzu. Dutegerezwa kuguma twibuka ko umuntu nk’uwo aguma ari umuvukanyi wacu wo mu vy’impwemu. Dushaka kugaragaza urukundo tumufitiye no kumufasha kugaruka mw’ishengero be no ku ‘mwungere atuzigamira imitima’.—1 Pet. 2:25, UB.

2. Twoshobora gute kuremesha umuntu yahororokewe?

2 Nugaragaze ko umwitwararika: Kwakura kuri telefone akanya gato uwahororokewe canke kumugendera gato, vyoshobora kumwereka yuko tutamwibagiye. None twovuga iki? Twoshobora kuremesha uwo muntu mu kumumenyesha gusa yuko twari twamye tumuzirikana. Nugume uyaga na we ibintu vyiza kandi vyubaka (Flp. 4:8). Twoshobora kuvuga iciyumviro caturyoheye cashikirijwe mw’ikoraniro riherutse. Twoshobora kandi kumutumira kw’ikoraniro canke kw’iteraniro ryimirije, tukanamusaba nimba twomufatira ikibanza canke twomufasha kwiyunguruza.

3. Umuvukanyikazi umwe yafashijwe gute gusubira kugira umwete?

3 Hari umuvukanyikazi yari amaze imyaka irenga 20 yarahororokewe umwamamaji umwe yasanze mu cibare. Naho atashaka kwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, umuvukanyikazi bahuye yarasubiye kumugendera, amusigira ibinyamakuru vyari biherutse gusohoka. Ihwaniro ry’intara ryararangiye, uwo mwamamaji yaraganiriye na wa muvukanyikazi yahororokewe ivyiyumviro nyamukuru bimwebimwe vyashikirijwe kuri iryo hwaniro, kandi amaherezo yarasubiye kugira umwete.

4. Dukwiye gufata gute umuntu asubiye kwifatanya natwe mu kwitaba amakoraniro?

4 Igihe hari uwugarutse: Igihe umuvukanyi yari yarahororokewe atanguye gusubira kwitaba amakoraniro, dukwiye kumufata gute? None, Yezu yafashe gute abigishwa biwe inyuma y’aho bamariye igihe gito bamutaye? Abigiranye igishika, yabise “bene Data” yongera aragaragaza ko abizigiye. Yaranabashinze igikorwa gihambaye (Mat. 28:10, 18, 19). Hadaciye na kabiri, bari basigaye bafise vyinshi bakora mu gikorwa co gutangaza inkuru nziza ‘badahorereza’.—Ivyak. 5:42.

5. Ni mu bihe ibihe dukwiye kumenyesha abakurambere ivyerekeye umuntu yahororokewe?

5 Imbere yo gusaba umuntu yari yarahororokewe niba twokwigana na we Bibiliya canke imbere yo gusaba umuvukanyi yari amaze igihe kirekire yarahororokewe ngo aduherekeze mu busuku, dukwiye kubanza kurondera ubuyobozi ku bakurambere. Bishitse tugahura n’umwamamaji yahororokewe mu cibare, dukwiye kubimenyesha abakurambere kugira ngo batange imfashanyo ikenewe.

6. Ni umunezero uwuhe twokwironkera dufashije abahororokewe?

6 Nk’uko Bibiliya ivyerekana mu buryo butomoye, abaguma mw’isiganwa gushika kw’iherezo bonyene ni bo bazoronka ubukiriro (Mat. 24:13). Ku bw’ivyo, niwitwararike aboba baratsitaye canke abagiye akayombekere. Mu gihe twogaragaza twihanganye urukundo rwa Yehova mu kwitwararika bene abo bantu tubikuye ku mutima, twoshobora kugira umunezero wo kubabona basubira kwifatanya natwe mu murimo mweranda.—Luka 15:4-10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika